ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bt ikig. 3 rup. 22-30
  • «Buzuzwa impwemu nyeranda»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Buzuzwa impwemu nyeranda»
  • “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • «Bari hamwe bose muri ca kibanza nyene» (Ivyak. 2:1-4)
  • «Umwe wese yumva bavuga mu rurimi rwiwe bwite» (Ivyak. 2:5-13)
  • “Petero yarahagurutse” (Ivyak. 2:14-37)
  • «Umwe wese muri mwebwe [n]abatizwe» (Ivyak. 2:38-47)
  • Ubukirisu bukwiragira mu bayuda bo mu kinjana ca mbere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abantu “bo mu ndimi zose” barumva inkuru nziza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Kubatizwa mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu Nyeranda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
bt ikig. 3 rup. 22-30

IKIGABANE CA 3

«Buzuzwa impwemu nyeranda»

Ivyabaye igihe impwemu nyeranda yasukwa kuri Pentekoti

Bishingiye ku Vyakozwe 2:1-47

1. Dondora ukuntu ibintu vyaba vyifashe ku Musi mukuru wa Pentekoti.

AKANYAMUNEZA ni kose mu mabarabara y’i Yeruzalemu.a Umwotsi uguma uduga uvuye ku gicaniro c’urusengero magingo Abalewi bariko baririmba amashemezo yitwa Haleli (Zaburi ya 113 gushika ku ya 118), kumbure bakaba bariko baririmba bahanahana. Muri ayo mabarabara, ingenzi zakubise harazima. Zaje zivuye mu turere twa kure cane: i Elamu, i Mezopotamiya, i Kapadosi, i Ponto, mu Misiri be n’i Roma.b None hari iki? Hari umusi mukuru wa Pentekoti, uwitwa kandi «umusi wo gushikana ivyimburwa vyeze ubwa mbere.» (Guh. 28:26) Uwo musi mukuru uhimbazwa uko umwaka utashe, werekana ko iyimbura rya sayiri rirangiye be n’uko iyimbura ry’ingano ritanguye. Ni umusi uteye akamwemwe koko.

Ikarata yerekana ahantu abumvirije inkuru nziza kuri Pentekoti yo muri 33 inyuma ya Kristu bava. 1. Uturere: Libiya, Misiri, Etiyopiya, Bitiniya, Ponto, Kapadosi, Yudaya, Mezopotamiya, Babiloniya, Elamu, Ubumedi, na Paritiya. 2. Ibisagara: Roma, Alegizandiriya, Memfisi, Antiyokiya (h’i Siriya), Yeruzalemu, na Babiloni. 3. Ibiyaga: ikiyaga Mediterane, ikiyaga Cirabura, ikiyaga Gitukura, ikiyaga Kasupiyene, n’ikigobe c’Abarabu.

YERUZALEMU​—ICICARO GIKURU C’IDINI RY’ABAYUDA

Vyinshi mu bintu vyiganwa mu bigabane vya mbere vy’igitabu c’Ivyakozwe, bibera i Yeruzalemu. Ico gisagara kiri ku turambi turi ku runani rw’imisozi yo hagati i Yudaya, nko ku bilometero 55 mu buseruko bw’ikiyaga Mediterane. Mu 1070 imbere ya Kristu, Umwami Dawidi yarigaruriye agace gakingijwe ibihome kari ku musozi Siyoni. Igisagara cubatswe hirya no hino yawo caciye kiba umurwa mukuru w’ihanga rya Isirayeli ya kera.

Hafi y’uwo musozi Siyoni, hari umusozi Moriya. Inkuru mpererekanwa za kera z’Abayuda zivuga yuko kuri uwo musozi ari ho Aburahamu yagira atangire Izahaki nk’ikimazi, ivyo bikaba vyabaye hagisigaye imyaka nka 1.900 ngo ibidondorwa mu gitabu c’Ivyakozwe bibe. Umusozi Moriya wahavuye uba mu bigize ico gisagara igihe Salomo yubaka kw’isonga ryawo urusengero rwa mbere rwa Yehova. Urwo rusengero rwahavuye ruba ho hantu nyamukuru Abayuda barangurira imirimo yabo nka yose, be n’aho basengera.

Abayuda bose b’abizigirwa bama bahurira kuri urwo rusengero rwa Yehova bavuye mu mihingo yo hirya no hino kw’isi kugira ngo batange ibimazi, basenge, bongere bahimbaze imisi mikuru itandukanye. Babigenza gutyo kugira ngo bagamburuke itegeko ry’Imana rigira riti: «Gatatu mu mwaka, abagabo bose bakwiye kuza imbere ya Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye.» (Gus. 16:16) Aho i Yeruzalemu ni ho kandi hari Inama nkuru, ni ukuvuga sentare nkuru y’Abayuda ikaba n’inama nkuru y’igihugu ijejwe ivy’intwaro.

2. Ni ibintu bitangaje ibihe biba kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu?

2 Nk’igihe c’isaha zitatu zo muri ico gitondo gipfutse co mu mpeshi yo mu 33 inyuma ya Kristu, haraba ikintu kizotuma mu binjana n’ibindi abantu bumirwa. Bukwi na bukwi harumvikana «urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta.» (Ivyak. 2:2) Urwo rwamo rurakwira hose mu nzu ikoraniyemwo abigishwa ba Yezu bashika 120. Haca haba ikintu gitangaje. Haraboneka imbeya z’umuriro zimeze nk’indimi, rumwerumwe rwose rukaja ku mwigishwa umwumwe.c Abo bigishwa baca rero «buzuzwa impwemu nyeranda» maze bagatangura kuvuga mu zindi ndimi! Abo bigishwa basohotse iyo nzu, ingenzi bahura mu mabarabara y’i Yeruzalemu zirumirwa, kubera ko bashobora kuvugana na zo! Emwe, umwe wese muri izo ngenzi arumva abo bigishwa «bavuga mu rurimi rwiwe bwite.»​—Ivyak. 2:1-6.

3. (a) Ni kubera iki Pentekoti yo mu 33 ishobora kuvugwa ko ari ikintu c’intibagirwa muri kahise kerekeye ugusenga kw’ukuri? (b) Insiguro Petero yashikirije yari ifitaniye isano gute n’ikoreshwa rya za «mpfunguruzo z’Ubwami»?

3 Iyo nkuru ikora ku mutima iradondora ikintu c’intibagirwa cerekeye ugusenga kw’ukuri, na co kikaba ari ishingwa ry’ihanga rya Isirayeli ryo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ishengero ry’abakirisu barobanujwe impwemu. (Gal. 6:16) Ariko rero, hariho n’ibindi. Igihe Petero yashikiriza insiguro isinzi ry’abantu kuri uwo musi, yarakoresheje urupfunguruzo rwa mbere muri za «mpfunguruzo z’Ubwami» zitatu, rumwerumwe rwose rukaba rwotumye umugwi munaka w’abantu uterwa uduteka tudasanzwe. (Mat. 16:18, 19) Urwo rupfunguruzo rwa mbere rwaratumye bishoboka ko Abayuda be n’abari binjiye idini ry’Abayudad bakiriza yompi inkuru nziza kandi barobanuzwa impwemu nyeranda y’Imana. Baciye rero baba abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, kandi biciye kuri ako gateka, bogize icizigiro co kuganza ari abami n’abaherezi mu Bwami burongowe na Mesiya. (Ivyah. 5:9, 10) Haciye igihe, Abasamariya botewe ako gateka, mu nyuma na ho kagaterwa Abanyamahanga, ni ukuvuga abatari Abayuda. Ni igiki none abakirisu bo muri iki gihe bokwigira kuri ivyo bintu bihambaye vyabaye kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu?

«Bari hamwe bose muri ca kibanza nyene» (Ivyak. 2:1-4)

4. Ni mu buryo ki ishengero ryo mu gihe ca none ari rya shengero nyene ryashingwa mu 33 ryabandanije gutera imbere?

4 Ishengero ry’abakirisu ryatanguye rigizwe n’abigishwa bashika 120 «bari hamwe bose muri ca kibanza nyene,» ni ukuvuga mu cumba co hejuru, kandi bari barobanujwe impwemu nyeranda. (Ivyak. 2:1) Uwo musi warangiye iryo shengero risigaye rigizwe n’abantu ibihumbi bari bahejeje kubatizwa. Iyo ni yo yabaye intango y’ishirahamwe rikibandanya ritera imbere muri iki gihe. Ni vyo, abagize ishengero ryo mu gihe ca none, ni ukuvuga abagabo n’abagore batinya Imana, ni bo bariko barakoreshwa kugira ngo «inkuru nziza y’Ubwami [yamamazwe] mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose,» imbere y’uko iherezo ry’ivy’iyi si rishika.​—Mat. 24:14.

5. Ni ivyiza ibihe umuntu yoronse biciye ku kwifatanya n’ishengero ry’abakirisu mu kinjana ca mbere be no muri iki gihe?

5 Iryo shengero ryobereye kandi isôko ry’inkomezi zo mu buryo bw’impwemu abobaye barigize, baba abarobanujwe impwemu canke abohavuye baba abo mu «zindi ntama.» (Yoh. 10:16) Pawulo yarerekanye ko akenguruka ingene abagize iryo shengero bashigikirana. Yandikiye abakirisu b’i Roma ati: « [Nda]shashaye kubabona kugira ndabahe ingabire y’ivy’impwemu, ngo mukomezwe mu kwizera, canke riho duhanahane indemesho biciye ku kwizera kw’umwe wese, kwaba ukwanyu canke ukwanje.»​—Rom. 1:11, 12.

ROMA​—UMURWA MUKURU W’INGANJI

Ikiringo cose ibivugwa mu gitabu c’Ivyakozwe vyamaze biriko biraba, Roma ni co cari igisagara kinini kuruta ibindi vyose vyari bizwi kw’isi ico gihe. Ni na co gisagara cari gihambaye mu vy’intwaro kuruta ibindi vyose. Ico gisagara ni co cari umurwa mukuru w’inganji yigeze kuba iganza ibihugu vyinshi kuva mu Bwongereza gushika muri Afrika yo mu Buraruko, no kuva kw’ibahari Atlantike gushika mu kigobe c’Abarabu.

Igisagara ca Roma carimwo uruvange rw’abantu badasangiye imico kama, ibara ry’urukoba, indimi kandi bemera ibintazi. Amabarabara menshi mezameza yatuma ingenzi be n’ibidandazwa bishika muri ico gisagara bivuye mu turere twose twaganzwa n’iyo nganji. Ku kivuko c’i Ositiya co hafi y’i Roma, amato yaracanacanako azanye ibifungurwa n’ibindi bintu vy’agaciro vy’ababa muri ico gisagara.

Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, i Roma haba abanyagihugu barenga umuliyoni. Bishoboka ko ica kabiri c’abo banyagihugu bari abaja. Bamwe wasanga ari inkozi z’ikibi zamaze gucirwa urubanza, abana bagurishijwe canke batawe n’abavyeyi babo, canke abantu baba bagizwe imbohe mu bitero vy’ingabo z’Abaroma. Mu bazanywe i Roma ari abaja, harimwo Abayuda b’i Yeruzalemu bazanywe inyuma y’aho umujenerali umwe w’Umuroma yitwa Pompée yigaruriye ico gisagara mu 63 imbere ya Kristu.

Abanyagihugu benshi batari abaja wasanga ari abakene baba mu bizu vy’amagorofa ari benshi kandi batunzwe n’agafashanyo gatangwa na Leta. Naho vyari ukwo, imirwa mikuru y’abami b’abami bayubakamwo inyubakwa rusangi z’ubwiza bw’akataraboneka. Aho haba harimwo inzu zaberamwo ibikino be n’ibibuga amahero vyaberamwo inkino zitandukanye, nk’izo kunyinyurana canke gusiganwa ku mafarasi. Ivyo vyose abantu babirorera ku buntu kugira ngo binezereze.

6, 7. Ishengero ririko rirangura gute igikorwa Yezu yarishinze co kwamamaza inkuru nziza mu mahanga yose?

6 Muri iki gihe, ishengero rifise ihangiro nka rimwe nyene ryari rifise mu kinjana ca mbere. Yezu yarashinze abigishwa biwe igikorwa kitoroshe ariko giteye umunezero. Yababwiye ati: «Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda. Mubigishe kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.»​—Mat. 28:19, 20.

7 Ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ni ryo Imana iriko irakoresha kugira ngo ico gikorwa kirangurwe muri iki gihe. Ego ni ko usanga ari urugamba gushikira abantu bavuga indimi zitandukanye. Yamara rero, Ivyabona vya Yehova baramaze gusohora amayagwa ashingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 1.000. Niba wama wifatanya n’iryo shengero kandi ukagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, urafise imvo zotuma unezerwa. Uri mu bantu bakeyi bo kw’isi muri iki gihe batewe agateka ko gushinga intahe inogangije ku vyerekeye izina rya Yehova!

8. Ni imfashanyo iyihe turonka biciye kwʼishengero?

8 Kugira ngo Yehova Imana adufashe kwihanganira ibi bihe bitoroshe tunezerewe, yaraduhaye umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Pawulo yandikiye abakirisu b’Abaheburayo ati: «Twiyumvirane kugira duterane intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. Ntiduhebe gukoranira hamwe nk’uko bamwe bahora babigira, ahubwo turemeshanye kandi turushirize kubigira uko tubona wa musi wegereza.» (Heb. 10:24, 25) Ishengero ni intunganyo Yehova yashizeho kugira ngo ushobore kuremesha abandi kandi na wewe ubwawe uremeshwe. Nugume wiyegereje abavukanyi na bashiki bawe. Ntiwigere uheba guhurira hamwe n’abandi ku makoraniro.

«Umwe wese yumva bavuga mu rurimi rwiwe bwite» (Ivyak. 2:5-13)

Intumwa za Yezu ziriko zamamaza ku Bayuda no ku binjiye idini ry’Abayuda mw’ibarabara ricamwo abantu benshi.

«Twumva bavuga mu ndimi zacu ivyerekeye ibintu vy’agatangaza vy’Imana.»​—Ivyakozwe 2:11

9, 10. Abantu bamwebamwe bitanze gute kugira ngo babwire inkuru nziza abavuga urundi rurimi?

9 Iyumvire akanyamuneza gategerezwa kuba karangwa mu ruvange rw’abantu rwari rugizwe n’abari barinjiye idini ry’Abayuda hamwe n’Abayuda kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu. Abenshi mu bari bahari bashobora kuba bari basanzwe bavuga ururimi rwari rumenyerewe cane, kumbure rukaba rwari ikigiriki canke igiheburayo. Ariko ico gihe hoho «umwe wese yumva [abigishwa] bavuga mu rurimi rwiwe bwite.» (Ivyak. 2:6) Nta gukeka yuko abantu bariko bumviriza abo bigishwa bategerezwa kuba barakozwe ku mutima no kwumva inkuru nziza mu rurimi rwabo kavukire. Ni ivy’ukuri yuko muri iki gihe abakirisu batahawe ubushobozi bwo kuvuga izindi ndimi ku gitangaro. Naho ari ukwo, abenshi muri bo baritanga kugira ngo babwire ubutumwa bw’Ubwami abantu bo mu mahanga yose. Uti none ivyo babigira gute? Hariho abize urundi rurimi kugira ngo bashobore gukorera mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga riri hafi y’aho baba, canke mbere bakaja gukorera mu kindi gihugu. Abo bamamaji akenshi basanze ababumviriza bakorwa cane ku mutima n’utwigoro bagize.

10 Rimbura ivyerekeye Christine, uwize ururimi rw’ikigujarati ari kumwe n’ibindi Vyabona indwi. Igihe yahura n’umwigeme bakorana avuga ikigujarati, yaramuramukije mu rurimi rwiwe kavukire. Uwo mwigeme yaratangaye cane yongera aripfuza kumenya igituma Christine yariko arihatira kwiga ururimi rugoye gutyo rwʼikigujarati. Christine yarashoboye kumubwira inkuru nziza. Uwo mwigeme yaciye abwira Christine ati: «Mu vy’ukuri, ubutumwa mushikiriza abantu butegerezwa kuba buhambaye.»

11. Twokwitegurira gute kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami ku bantu bavuga urundi rurimi?

11 Mu vy’ukuri, si twese dushobora kwiga urundi rurimi. Naho ari ukwo, turashobora kwitegurira kubwira ubutumwa bw’Ubwami abantu bavuga izindi ndimi. Uti ivyo twobigira gute? Uburyo bumwe bwodufasha kubishikako ni ugukoresha ka ga programa ka JW Language® kugira twige uburyo bworoshe bwo kuramukanya mu rurimi ruvugwa mu karere turimwo. Urashobora no kwiga amungane makeya yo muri urwo rurimi ashobora kuvyurira ugushimishwa abavuga urwo rurimi. Nuberekeze ku rubuga rwa jw.org, kandi bishobotse ubereke amavidewo n’ibitabu bitandukanye biboneka muri urwo rurimi rwabo. Dukoresheje ivyo bikoresho mu ndimiro, turashobora kugira umunezero nk’uwo abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere bagize igihe abantu bava mu bindi bihugu batangazwa no kwumva inkuru nziza «umwe wese . . . mu rurimi rwiwe bwite.»

ABAYUDA MURI MEZOPOTAMIYA NO MU MISIRI

Igitabu Kahise k’Abayuda mu gihe ca Yezu Kristu (co mu kidagi, canditswe mu 175 imbere ya Kristu–135 inyuma ya Kristu), kivuga giti: «Muri Mezopotamiya, mu Bumedi no muri Babiloniya haba abakomotse ku bantu bo muri bwa bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi [ya Isirayeli], hamwe n’abo muri bwa bwami bw’Ubuyuda. Bagiye kubayo batwawe n’Abashuri be n’Abanyababiloni.» Muri Ezira 2:64 havuga yuko Abisirayeli 42.360 gusa ari bo bagarutse i Yeruzalemu bavuye mu bunyagano i Babiloni. Ivyo vyabaye mu 537 imbere ya Kristu. Umutohozakahise Flavius Josèphe avuga yuko mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, «muri Babiloniya haba» Abayuda ibihumbi mirongo. Hagati y’ikinjana ca gatatu n’ica gatanu inyuma ya Kristu, abo Bayuda baranditse igitabu citwa ngo Talimudi y’i Babiloni.

Hariho ivyandikano vyemeza yuko Abayuda babaye mu Misiri nko kuva mu ntango z’ikinjana ca gatandatu imbere ya Kristu. Muri ico gihe, Yeremiya yararungikiye ubutumwa Abayuda baba mu turere dutandukanye two mu Misiri, harimwo n’ababa i Memfisi. (Yer. 44:1, akajambo k’epfo) Abayuda benshi cane bashobora kuba bimukiye mu Misiri nko mu 323-330 imbere ya Kristu. Josèphe avuga yuko Abayuda bari mu bantu batanguye kugerera i Alegizandiriya. Mu nyuma, igice kinini c’ico gisagara cahavuye kibegukira . Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, umwanditsi w’Umuyuda yitwa Philon yaremeje ko Abayuda bagenziwe bashika umuliyoni baba hirya no hino mu Misiri, uhereye «ku rugabano rwa Libiya gushika ku mbibe za Etiyopiya.»

“Petero yarahagurutse” (Ivyak. 2:14-37)

12. (a) Ni gute umuhanuzi Yoweli yari yaravuze imbere y’igihe ivyerekeye igitangaro cabaye kuri Pentekoti yo mu 33? (b) Ni kubera iki iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yoweli ryari ryitezwe mu kinjana ca mbere?

12 “Petero yarahagurutse” kugira ngo ashikirize insiguro isinzi ry’abantu bari ng’aho bavuga indimi zitandukanye. (Ivyak. 2:14) Yasiguriye abariko baramwumviriza bose ko Imana ari yo yari yatanze ubwo bushobozi bwo kuvuga indimi zitandukanye ku gitangaro, kugira ngo haranguke ubuhanuzi bwari bwaravuzwe na Yoweli, bwagira buti: «Nzosuka impwemu yanje ku bantu b’ubwoko bwose.» (Yow. 2:28) Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yari yabwiye abigishwa biwe ati: «Nzosaba Data kugira abahe uwundi mufasha.» Yezu yavuze ko uwo mufasha ari «impwemu.»​—Yoh. 14:16, 17.

13, 14. Ni gute Petero yihatiye gukora ku mutima abariko baramwumviriza? Twomwigana gute?

13 Petero mu gusozera insiguro yariko ashikiriza rya sinzi ry’abantu, yavuze adacisha ku ruhande ati: «Abisirayeli bose nibamenye ata gukeka yuko uwo Yezu mwamanitse ku giti, Imana yamugize Umukama na Kristu.» (Ivyak. 2:36) Ego ni ko, benshi mu bariko bumviriza Petero ntibari baragize uruhara mu bijanye no kwicira Yezu ku giti co kubabarizwako. Yamara rero, Abayuda bose uko bari bagize ihanga baragirwa n’ako kabi. Naho vyari ukwo, Petero yabwiye Abayuda bagenziwe abigiranye urupfasoni, bituma abakora ku mutima. Intumbero Petero yari afise ntiyari iyo kwagiriza abariko baramwumviriza, ahubwo yari iyo gutuma bigaya. None iryo sinzi ry’abantu ryariko ryumviriza Petero ryoba ryarababajwe n’ivyo yavuze? Habe na buhoro. Aho kubabara, abo bantu “barasogoswe mu mutima.” Baciye babaza bati: «Dukore iki?» Biboneka ko ubwo buryo bwiza Petero yakoresheje mu kuvugisha iryo sinzi bwagize ico buterereye mu gutuma ashika ku mutima abantu benshi, ku buryo vyatumye bigaya.​—Ivyak. 2:37.

14 Na twebwe turashobora kwigana ubwo buryo Petero yakoresheje kugira ngo akore abantu ku mutima. Igihe tubwira abandi inkuru nziza, ntidukwiye guca turwanya iciyumviro cose boshikiriza kidashingiye ku Vyanditswe. Aho kubigenza gutyo, vyoba vyiza dushimikiye ku bintu duhurizako. Tumaze kuronka ico duhurizako n’uwo turiko turayaga, turashobora guca tuzirikana na we kw’Ijambo ry’Imana tubigiranye ubugenge. Igihe ukuri kwo muri Bibiliya gushikirijwe abantu muri ubwo buryo bwiza, akenshi usanga abantu b’umutima ugororotse barushiriza kukwakira neza.

ABAKIRISU B’I PONTO

Mu bakurikiye insiguro Petero yashikirije kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu harimwo Abayuda bari baje bava i Ponto, intara yo mu buraruko bwa Aziya Ntoya. (Ivyak. 2:9) Bigaragara ko bamwe muri bo bagarutse ng’aho iwabo bazanye inkuru nziza, kubera ko mu bo Petero yandikiye ikete ryiwe rya mbere harimwo n’abemera «[ba]sabagiye» mu ntara zitandukanye ushizemwo n’i Ponto.g (1 Pet. 1:1) Iryo kete yanditse rirerekana ko abo bakirisu bariko «[bara]shikirwa n’ibigeragezo bitandukanye» bahorwa ukwizera kwabo. (1 Pet. 1:6) Bishoboka yuko muri ivyo bigeragezo harimwo ukurwanywa be n’uguhamwa.

Ibindi bigeragezo vyashikiye abakirisu b’i Ponto biravugwa mu makete buramatari Pline le Jeune yandikiranye n’Umwami w’abami Trajan. Pline yatwara intara y’Uburoma yari igizwe na Bitiniya be na Ponto. Mw’ikete Pline yandikiye i Ponto nko mu 112 inyuma ya Kristu, yavuze yuko abantu bose bari bageramiwe n’ico yise ngo ni ikiza c’abakirisu. Ngo bose bari bageramiwe ata kuraba igitsina, imyaka canke ikibanza bafise mu kibano. Abagirizwa ko ari abakirisu Pline yarabaha akaryo ko kwihakana Kristu, abanka kubikora agaca abica. Umuntu wese yemera kuvuma Kristu canke gusenga ibimana kibure igishusho ca Trajan, yaca arekurwa. Pline yariyemereye ko ivyo vyari ibintu «abakirisu b’ukuri batorose bakora.»

g Iyo mvugo ngo “basabagiye” ikomoka kw’ijambo ry’ikigiriki ryerekeza ku Bayuda «baba mu mahanga.» Iyo mvugo irafitaniye isano n’igiheburayo, ivyo bikaba vyerekana yuko abatanguye kuba abakirisu benshi bava mu Bayuda.

«Umwe wese muri mwebwe [n]abatizwe» (Ivyak. 2:38-47)

15. (a) Ni amajambo ayahe Petero yavuze, kandi abariko baramwumviriza bayakiriye gute? (b) Ni kubera iki abantu ibihumbi bumvise inkuru nziza kuri Pentekoti bari bakwije ibisabwa vyatuma babatizwa kuri uwo musi nyene?

15 Kuri uwo musi wari uteye umunezero wa Pentekoti yo mu 33, hari amajambo Petero yabwiye abantu bari bakiriye neza inkuru nziza, bakaba bari bagizwe n’Abayuda be n’abari barinjiye idini ry’Abayuda. Yababwiye ati: «Nimwigaye, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe.» (Ivyak. 2:38) Ivyo vyatumye abantu nka 3.000 babatizwa, bakaba kumbure babatirijwe mu bidengeri vyari i Yeruzalemu canke mu micungararo yaho.e None abo bantu boba bafashe iyo ngingo batabanje kuzirikana? Iyi nkuru yoba ikwiye gutuma abatohoji ba Bibiliya be n’abana bakuriye mu miryango y’abakirisu bihutira kubatizwa bataravyitegurira neza? Habe na buhoro. Niwibuke yuko abo Bayuda be n’abari binjiye idini ryabo babatijwe kuri Pentekoti yo mu 33 bari basanzwe batohoza Ijambo ry’Imana babigiranye umwete, bakaba kandi bari bagize ihanga ryari ryariyeguriye Yehova. N’ikindi kandi, bari bamaze kugaragaza umwete bari bafise. Mu biringo bimwebimwe ivyo babigira mu kugira ingendo ndende kugira ngo baje guhimbaza uwo musi mukuru wagirwa uko umwaka utashe. Inyuma y’aho bakiriye ukuri guhambaye ku vyerekeye uruhara Yezu Kristu afise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana, bari biteguriye kubandanya bakorera Imana, ariko ico gihe bakaba bobigize ari abayoboke ba Kristu babatijwe.

ABINJIYE IDINI RY’ABAYUDA BARI BANDE?

«Abayuda canke abinjiye idini ry’Abayuda» barumvise inkuru nziza Petero yamamaje kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu​—Ivyak. 2:10.

Mu bagabo bari bakwije ibisabwa bagenywe kugira ngo bitwararike «igikorwa gikenewe» kijanye no kugabura ibifungurwa vya buri musi harimwo uwitwa Nikola w’i Antiyokiya, «yari yarinjiye idini ry’Abayuda.» (Ivyak. 6:3-5) Abinjiye idini ry’Abayuda bari abanyamahanga, ni ukuvuga abantu batari Abayuda bemeye kuja muri iryo dini. Babonwa nk’Abayuda mu mice yose y’ubuzima, kuko bemera Imana be na ya mategeko Isirayeli yahabwa, bakiyamiriza ibindi bimana vyose, bakagenyegerwa (mu gihe baba ari ab’igitsina-gabo), kandi bakaba barifatanya n’ihanga rya Isirayeli.

Inyuma y’aho Abayuda barekuriwe bakava mu bunyagano i Babiloni mu 537 imbere ya Kristu, abenshi baciye baja kugerera kure cane y’igihugu ca Isirayeli ariko baguma muri iryo dini ryabo. Ukwo ni ko abantu bo mu karere kose k’ibihugu vy’Abarabu no mu tundi turere two mu micungararo bamenye ivyerekeye iryo dini ry’Abayuda. Abanditsi bo mu bihe vya kera, nka Horace na Sénèque, baremeza yuko abantu benshi mu bihugu bitandukanye wasanga bakunda Abayuda be n’ivyo bemera, bagaca bifatanya na bo. Abo bantu babita abinjiye idini ry’Abayuda.

16. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bagaragaje gute agatima ko kwitanga?

16 Nta mazinda ko Yehova yahezagiye abo bantu. Iyo nkuru yigana iti: «Abemeye Yezu bose bari kumwe kandi basangira vyose. Baragurisha amatongo yabo n’ivyo batunze, bakagaburira bose ibivuyemwo, bisunze ivyo umwe wese yaba akeneye.»f (Ivyak. 2:44, 45) Nta gukeka ko abakirisu bose b’ukuri bipfuza kwigana ako gatima karanga urukundo n’ukwitanga.

17. Ni intambwe izihe umuntu ategerezwa gutera kugira ngo akwize ibisabwa bituma abatizwa?

17 Ivyanditswe birerekana intambwe umuntu ategerezwa kubanza gutera imbere y’uko yiyegurira Imana maze akabatizwa. Ategerezwa kubanza kwironsa ubumenyi bwo mw’Ijambo ry’Imana. (Yoh. 17:3) Ubukurikira na ho, ategerezwa kwizera kandi akigaya ingendo yahorana, gutyo akaba agaragaje ko mu vy’ukuri atuntuzwa n’iyo ngendo. (Ivyak. 3:19) Ubwa nyuma, ategerezwa guhindukira, hanyuma agatangura gukora ibikorwa bigororotse bihuje n’ivyo Imana igomba. (Rom. 12:2; Ef. 4:23, 24) Amaze gutera izo ntambwe, aca yiyegurira Imana mw’isengesho hanyuma akabatizwa.​—Mat. 16:24; 1 Pet. 3:21.

18. Ni agateka akahe abigishwa ba Kristu babatijwe baterwa?

18 Woba uri umwigishwa wa Yezu Kristu yiyeguye kandi yabatijwe? Niba ari ukwo biri, nukenguruke ako gateka watewe. Cokimwe na ba bigishwa bo mu kinjana ca mbere buzuzwa impwemu nyeranda, na wewe urashobora gukoreshwa mu buryo bukomeye kugira ngo ushinge intahe bimwe bishitse kandi ukore ivyo Yehova agomba!

a Raba uruzitiro ruvuga ngo «Yeruzalemu​—Icicaro gikuru c’idini ry’Abayuda.»

b Raba uruzitiro ruvuga ngo «Roma​—umurwa mukuru w’inganji,» uruvuga ngo «Abayuda muri Mezopotamiya no mu Misiri,» be n’uruvuga ngo “Abakirisu b’i Ponto.”

c Izo «mbeya» ntizari iz’umuriro nya muriro, ariko zari “zimeze nk’indimi z’umuriro,” ata gukeka ivyo bikaba vyerekana ko ico kintu caboneka ku mwigishwa wese casa n’umuriro kandi kikabengerana nka wo.

d Raba uruzitiro ruvuga ngo «Abinjiye idini ry’Abayuda bari bande?».

e Ku wa 7 Myandagaro 1993, abantu 7.402 barabatirijwe mu bidengeri bitandatu kw’ihwaniro mpuzamakungu ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Kiev muri Ukraine. Vyasavye amasaha abiri n’iminuta cumi n’itanu kugira ngo bose babatizwe.

f Iyo ntunganyo y’igihe gito yaratumye izo ngenzi zari zaje aho i Yeruzalemu zironka ivyo zari zikeneye kubera ko zamaze igihe muri ico gisagara kugira ngo zirushirize kumenya ivyerekeye Imana. Umuntu yatanga ivyiwe avyishakiye kugira ngo asabikanye n’abandi, akaba ari co gituma ukwo gusabikanya kudakwiye kwitiranywa na ya politike y’ubukomunisita yo gushira hamwe ibintu bikegukira bose.​—Ivyak. 5:1-4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika