-
Kugaburira benshi biciye kuri bakeUmunara w’Inderetsi—2013 | 15 Mukakaro
-
-
8. Abacitse abemera kuri Pentekoti berekanye gute ko batahura neza umuhora Kristu yariko arakoresha?
8 Guhera kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Kristu uwari yazutse yarakoresheje intumwa ziwe bwa muhora acishako mu kugaburira abandi bigishwa biwe barobanuwe. (Soma Ivyakozwe 2:41, 42.) Abayuda n’abahindukiriye idini ryabo bacitse abakirisu barobanujwe impwemu ico gihe, baratahura neza uwo muhora. “Babandanya kwihebera inyigisho y’intumwa” badakekeranya. Nk’uko incabwenge imwe ibivuga, irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “babandanya kwihebera” rishobora gusobanura “gushikama mu ngendo kanaka.” Abo bari baherutse gucika abemera bari banyotewe cane ivy’impwemu, kandi bari bazi neza aho bobikura. Barahanga amaso intumwa badahemuka kugira ngo zibasigurire amajambo n’ibikorwa vya Yezu zongere zibafashe gutahura insobanuro y’ivyanditswe bimwerekeye.c—Ivyak. 2:22-36.
-
-
Kugaburira benshi biciye kuri bakeUmunara w’Inderetsi—2013 | 15 Mukakaro
-
-
c Ingingo ya 8: Kuba abo bari baherutse gucika abemera “ba[ra]bandanya kwihebera inyigisho y’intumwa” vyerekana ko intumwa zigisha zidahorereza. Zimwezimwe mu nyigisho z’intumwa zaranditswe mu bitabu vyahumetswe biri mu bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, kandi zaragumyemwo.
-