Dushikanire Yehova ibimazi tutiziganya
“Ico mukora cose, mugikore ata kwiziganya, nk’abakorera Yehova.”—KOL. 3:23.
1-3. (a) Kuba Yezu yapfiriye ku giti co kubabarizwako vyoba bisobanura yuko ata kimazi na kimwe Yehova akidusaba? Sigura. (b) Ni ikibazo ikihe kivyuka ku bijanye n’ibimazi muri iki gihe?
MU KINJANA ca mbere G.C., Yehova yarahishuriye abasavyi biwe yuko inkuka y’incungu ya Yezu yari yarakuyeho Itegeko rya Musa. (Kol. 2:13, 14) Amashikanwa y’ibimazi yose Abayuda bari bamaze imyaka amajana batanga ntiyari agikenewe kandi nta gaciro na gato yari agifise. Itegeko ryari ryarashikije igikorwa caryo co kuba “umurezi [ajana] kuri Kristu.”—Gal. 3:24.
2 Ivyo ntibisobanura ko abakirisu batacitwararika ibijanye n’ibimazi. Ahubwo nyabuna, intumwa Petero yaravuze yuko bikenewe “[gushikana] ibimazi vyo mu buryo bw’impwemu vyemerwa ku Mana biciye kuri Yezu Kristu.” (1 Pet. 2:5) Vyongeye, intumwa Paulo yari yaratomoye yuko ubuzima bw’umukirisu yiyeguye, ni ukuvuga imice yose yabwo, bwoshobora mu buryo bubereye kubonwa ko ari “ikimazi.”—Rom. 12:1.
3 Ku bw’ivyo rero, umukirisu arashikanira Yehova ibimazi, haba mu kumuha ibintu binaka canke mu guheba ibintu binaka kugira ngo amusukurire. Twisunze ivyo tuzi ku bijanye n’ivyasabwa Abisirayeli, dushobora gute kwiyemeza neza ko ibimazi vyose dutanga muri iki gihe vyemerwa kuri Yehova?
MU BUZIMA BWA MISI YOSE
4. Dutegerezwa kwibuka iki ku bijanye n’ibikorwa dukora mu buzima bwa misi yose?
4 Uko turangura ibikorwa vyo mu buzima bwacu bwa misi yose, vyoshobora gusa n’ibigoye kubona yuko ivyo dukora bifitaniye isano no gushikanira Yehova ibimazi. Ibikorwa vy’i muhira, ivyo kw’ishure, akazi dukora, kuja gusuma n’ibindi nk’ivyo, ubiravye umenga nta sano bifitaniye n’ivy’impwemu. Ariko rero, nimba wareguriye ubuzima bwawe Yehova canke wipfuza kubigira mu gihe kiri imbere, agatima ukorana ibikorwa vy’umubiri karahambaye. Turi abakirisu amasaha 24 kuri 24. Dutegerezwa gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe mu mice yose y’ubuzima bwacu. Ni co gituma Paulo yaduhimirije ati: “Ico mukora cose, mugikore ata kwiziganya, nk’abakorera Yehova, atari nk’abakorera abantu.”—Soma Abakolosayi 3:18-24.
5, 6. Ni ibiki tworimbura vyodufasha kumenya ukuntu twokwambara n’ukuntu twokwigenza ku musi ku musi?
5 Ibikorwa umukirisu akora ku musi ku musi ntibiri mu bigize umurimo mweranda arangura. Yamara, kuba Paulo aduhimiriza gukora “ata kwiziganya nk’abakorera Yehova” biratuma tuzirikana ukuntu dukwiye kwigenza mu bihe vyose. Ivyo none bitwigisha iki? Twoba twigenza neza kandi tukambara mu buryo buranga urupfasoni ibihe vyose? Canke igihe turiko turakora ibikorwa vya misi yose, twoba twoterwa ubuyega no kumenyesha abandi ko turi Ivyabona vya Yehova, bitumwe n’ukuntu twigenza canke ukuntu twambaye? Ntibikabe! Abasavyi ba Yehova ntiboshima gukora ikintu cosiga iceyi izina ry’Imana.—Yes. 43:10; 2 Kor. 6:3, 4, 9.
6 Nimuze twihweze ukuntu icipfuzo co gukora “ata kwiziganya nk’abakorera Yehova” kigira ico gikoze ku mice itari mike y’ubuzima bwacu. Uko twihweza ico kintu, tugume twibuka yuko ibimazi vyose Abisirayeli bashikanira Yehova vyategerezwa kuba ari vyiza kuruta ibindi vyose mu vyo bari batunze.—Kuv. 23:19.
INGENE BIGIRA ICO BIKOZE KU BUZIMA BWAWE
7. Kwiyegurira Imana kwacu bisobanura iki?
7 Igihe wiyegurira Yehova, wafashe iyo ngingo ata co wisigarije, si ko none? Ni nk’aho wavuze yuko mu mice yose y’ubuzima bwawe, uzoshira Yehova mu kibanza ca mbere. (Soma Abaheburayo 10:7.) Iyo ni ingingo nziza wafashe. Nta gukeka ko wiboneye yuko havamwo ivyiza igihe urondeye kumenya ico Yehova yiyumvira ku bijanye n’ikintu kinaka maze ukihatira kwisunga ivyo agomba. (Yes. 48:17, 18) Abasavyi b’Imana ni beranda kandi barafise umunezero kubera ko bagaragaza kamere z’Umwe abigisha.—Lew. 11:44; 1 Tim. 1:11.
8. Ni kubera iki bihambaye ko twibuka yuko Yehova yabona ko ibimazi Abisirayeli batanga vyari vyeranda?
8 Ibimazi Abisirayeli bashikanira Yehova yabona ko ari vyeranda. (Lew. 6:25; 7:1) Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ubweranda” ritanga iciyumviro c’ukuba ikintu caratandukanijwe n’ibindi, ciharijwe canke cerejwe Imana. Kugira ngo ibimazi vyacu bibe ivyemerwa kuri Yehova, bitegerezwa gutandukanywa n’ikintu cose co muri iyi si gihumanye. Nta kintu na kimwe mu vyo Yehova yanka dukwiye gukunda. (Soma 1 Yohani 2:15-17.) Ivyo bisobanura ko dutegerezwa kwirinda kwifatanya n’umuntu uwo ari we wese canke ikintu ico ari co cose cotuma Imana ibona ko duhumanye. (Yes. 2:4; Ivyah. 18:4) Bisobanura kandi ko tudashobora kuguma turaba canke twiyumvira ikintu gihumanye canke kijanye n’ubushegabo.—Kol. 3:5, 6.
9. Ukuntu umukirisu afata abandi bihambaye ukungana iki, kandi kubera iki?
9 Paulo yahimirije abo bari basangiye ukwemera ati: “Ntimwibagire gukora iciza be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose.” (Heb. 13:16) Ku bw’ivyo, kuba umuntu ameze neza no gukorera iciza abandi ni ikintu Yehova abona ko ari ikimazi cemerwa kuri we. Kwitwararika abandi ubigiranye urukundo ni ikintu kiranga abakirisu b’ukuri.—Yoh. 13:34, 35; Kol. 1:10.
IBIMAZI DUTANGA MU GUSENGA KWACU
10, 11. Yehova abona gute ubusuku turangura be n’ugusenga kwacu, kandi ivyo bikwiye kugira ico bidukozeko gute?
10 Bumwe mu buryo bwibonekeje kuruta ubundi twebwe abakirisu dukorera abandi iciza ni mu “gushingira intahe icese icizigiro cacu.” Woba utagisha akaryo na kamwe ko gushinga intahe? Ico gikorwa gihambaye c’abakirisu Paulo yacise “ikimazi c’ishemezo, [ari] co camwa c’iminwa ishingira intahe icese izina [ry’Imana].” (Heb. 10:23; 13:15; Hos. 14:2) Vyoshobora kudufasha tuzirikanye ukuntu umwanya tumara turiko turamamaza inkuru nziza y’Ubwami ungana hamwe n’ukuntu tworyohora uburyo twamamaza. Ibiganiro vyinshi bishikirizwa kw’Ikoraniro ry’umurimo biradufasha kubigira. Ariko rero, tubivuze muri make, kubera ko umurimo wo mu ndimiro turangura be n’ibikorwa bijanye no kwamamaza akaryo kizanye ari “ikimazi c’ishemezo,” ni ukuvuga ko biri mu bigize ugusenga kwacu, ico kimazi gikwiye kuba ari ciza kuruta ibindi vyose dushobora gutanga. Ego ni uko, ivyacu usanga vyifashe mu buryo butandukanye, mugabo umwanya tumara turiko turamamaza inkuru nziza akenshi urerekana agaciro duha ibintu vy’impwemu.
11 Abakirisu bama basenga Yehova bari i muhira canke bari kumwe n’abandi mw’ishengero. Yehova arabidusaba. Ego ni ko, ntibikiri ngombwa ko twubahiriza akaruhuko k’Isabato canke ko twama tugira ingendo tuja ku misi mikuru i Yeruzalemu. Ariko rero, ivyo bintu vyagirwa mu bihe vya kera birafise ico bitwigisha. N’ubu Imana yitega ko tuza turahagarika ibikorwa vy’umubiri maze tukiga Ijambo ryayo, dusenge twongere twitabe amakoraniro ya gikirisu. Vyongeye, ba serugo bakirisu baribwiriza guhagarikira ugusenga kwo mu muryango bari kumwe n’abo mu ngo zabo. (1 Tes. 5:17; Heb. 10:24, 25) Ku bijanye n’ibikorwa vyacu vy’impwemu, vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba noshobora kuryohora uburyo nsenga Imana?’
12. (a) Kwosa imibavu kwagirwa kera mu bijanye n’ugusenga kwogereranywa n’iki muri iki gihe? (b) Ukwo kugereranya ibintu gukwiye kugira ico gukoze gute ku vyo dushira mu masengesho yacu?
12 Umwami Dawidi yaririmbiye Yehova ati: “Isengesho ryanje niribe iriteguwe nk’imibavu imbere yawe.” (Zab. 141:2) Nufate akanya uzirikane amasengesho utura, ni ukuvuga incuro uyatura be n’ukuntu ameze. Igitabu c’Ivyahishuwe kigereranya “amasengesho y’aberanda” n’imibavu mu buryo bw’uko amasengesho yemerwa aduga kuri Yehova nka kurya kw’akamoto keza, gahimbaye. (Ivyah. 5:8) Muri Isirayeli ya kera, imibavu yoswa ubudasiba ku gicaniro ca Yehova yabwirizwa kuba yateguwe neza. Mu gihe iyo mibavu yaba itanzwe hisunzwe ubuyobozi Yehova yari yarashizeho, ni ho gusa yayemera. (Kuv. 30:34-37; Lew. 10:1, 2) Muri ubwo buryo nyene, mu gihe dutura amasengesho avuye ku mutima, turashobora rero guhera amazinda yuko Yehova ayemera.
GUTANGA NO GUHABWA
13, 14. (a) Ni igiki Epafurodito n’ishengero ry’i Filipi bakoreye Paulo, kandi iyo ntumwa yakiriye gute ico kintu? (b) Dushobora gute kwigana akarorero ka Epafurodito n’Abafilipi?
13 Intererano z’amahera dutanga kugira ngo dushigikire igikorwa kirangurirwa kw’isi yose zirashobora kugereranywa n’ikimazi, twaba dutanga menshi canke makeyi. (Mrk. 12:41-44) Mu kinjana ca mbere mu G.C., ishengero ry’i Filipi ryararungitse Epafurodito i Roma kugira ngo yitwararike ivyo Paulo yari akeneye mu vy’umubiri. Biragaragara ko uwo muntu Abafilipi barungitse yagiye atwaye ingabirano y’amahera iryo shengero ryari ryatanze. Ntibwari bwo bwa mbere Abafilipi bagaragariza Paulo agatima ko gutanga batitangiriye itama. Barungikiye Paulo iyo ngabirano kubera ko batashaka ko agira imyitwarariko y’amahera, gutyo ashobore kumara umwanya wiyongereye mu busuku. None Paulo yakiriye gute iyo ngabirano? Yayise “akamoto keza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana rwose.” (Soma Abafilipi 4:15-19.) Paulo yarakengurutse vy’ukuri ico kintu kiranga umutima mwiza Abafilipi bamukoreye kandi na Yehova yaragikengurutse.
14 No muri iki gihe nyene, Yehova arakenguruka cane intererano dutanga kugira dushigikire igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Vyongeye, asezerana yuko nitwabandanya gushira ivyungura Ubwami imbere y’ibindi mu buzima bwacu, azoturonsa ivyo dukenera vyose vyaba ivy’impwemu canke ivy’umubiri.—Mat. 6:33; Luka 6:38.
NIWEREKANE KO UKENGURUKA
15. Ni ibintu bimwebimwe ibihe ukengurukira Yehova?
15 Hamwe twovuga imvo dufise zo gukengurukira Yehova bwokwira bugaca. Si ivy’ukuri none ko dukwiye kumukengurukira buri musi ku ngabirano y’ubuzima yaduhaye? Araduha ivyo dukenera vyose kugira ngo tubandanye kubaho: uri ibifungurwa, ivyambarwa, uburaro hamwe n’impemu duhema. Vyongeye, ukwizera kwacu, kuno kukaba gushingiye ku bumenyi butagira amakosa, kuratuma tugira icizigiro. Birabereye ko dusenga Yehova kandi tukamushikanira ibimazi vy’ishemezo, kubera gusa uwo ari be n’ivyo yadukoreye.—Soma Ivyahishuwe 4:11.
16. Twerekana dute ko dukenguruka inkuka y’incungu ya Kristu?
16 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, ingabirano y’agaciro kadasanzwe Imana yahaye abantu ni inkuka y’incungu ya Kristu. Ubwo ni uburyo budasanzwe Imana yatugaragarije urukundo. (1 Yoh. 4:10) Twerekana gute none ko dukenguruka iyo nkuka? Paulo yavuze ati: “Urukundo Kristu afise ru[ra]tugobera, kubera ko iki ari co twabonye, yuko umuntu umwe yapfiriye bose; . . . kandi yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.” (2 Kor. 5:14, 15) Ni nk’aho Paulo yariko aravuga yuko nimba dukenguruka ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana, tuzokoresha ubuzima bwacu mu kuyitera iteka no mu kuritera Umwana wayo. Turerekana ko dukunda Imana na Yezu be n’uko tubakengurukira mu kubagamburukira no mu kugira icipfuzo co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa.—1 Tim. 2:3, 4; 1 Yoh. 5:3.
17, 18. Ni mu buryo butandukanye ubuhe bamwebamwe bongereje ikimazi c’ishimwe bashikanira Yehova? Tanga akarorero.
17 Vyoba vyogushobokera kwongereza ikimazi c’ishemezo ushikanira Imana? Aho abantu benshi bamariye kuzirikana ivyiza vyose Yehova yabakoreye, baravyuriwe umutima wo kugira ivyo bahinduye kugira ngo bongereze umwanya bamara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami canke mu bindi bikorwa vya gitewokarasi. Bamwe barashoboye kuza barakora ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi kumwe canke arenga buri mwaka, abandi na bo barashobora kuba abatsimvyi basanzwe. Hari n’abagiye mu bwubatsi bw’inyubakwa zijanye n’ivy’Ubwami. None ubwo si uburyo bwiza igitangaza umuntu yerekana ko akenguruka? Igihe dukora ivyo bikorwa vy’umurimo mweranda tubitumwe n’imvo ibereye, iyo na yo akaba ari ukwerekana ko dukenguruka, Imana iravyemera.
18 Abakirisu benshi bariyumvisemwo ko babwirizwa gukengurukira Yehova kandi barabigize. Umwe muri abo ni uwitwa Morena. Yararondeye inyishu z’ibibazo yari afise mu vy’Imana mw’idini rya Gatolika yakuriyemwo, no muri filozofiya ikomoka muri Aziya. Mugabo nta na hamwe yaronse inyishu imara akanyota. Igihe yatangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova ni ho gusa yumva ko aheze inyota yari afise mu vy’impwemu. Morena yarakengurukiye cane Yehova kubera yuko ibibazo vyose yari afise yabironkeye inyishu zishingiye ku Vyanditswe no kubera ko izo nyishu zatumye agira agahimbare nyakuri, ku buryo yaciye yumva yipfuje kumushimira mu gukoresha inguvu ziwe zose mu murimo amurangurira. Akimara kubatizwa, yaciye atangura gukora ubutsimvyi bwo gufasha adahorereza, kandi igihe ivyiwe vyabimukundira, yaciye aba umutsimvyi asanzwe. Haraciye imyaka 30 ivyo bibaye, kandi Morena aracari mu murimo w’igihe cose.
19. Woshobora gute kwongereza ibimazi ushikanira Yehova?
19 Ariko ntiwumve, hariho abasavyi ba Yehova b’abizigirwa benshi badashobora kuba abatsimvyi kubera ukuntu ivyabo vyifashe. Uko ivyo dukora mu murimo wa Yehova bingana kwose, twese turashobora gutanga ibimazi vyo mu buryo bw’impwemu yemera. Mu kuntu twigenza, turakwiye gukurikiza neza ingingo ngenderwako zigororotse, twibuka yuko duserukira Yehova mu bihe vyose. Mu kwizera, turizigira duherejeko yuko imigambi y’Imana izoranguka. Mu bikorwa vyiza, turafasha gukwiragiza inkuru nziza. Kubera ko dukengurukira cane Yehova ku bintu vyose yadukoreye, nimuze tubandanye kumushikanira ibimazi tutiziganya.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 25]
Ukumera neza kwa Yehova kwoba kukuvyurira umutima wo kwongereza ikimazi cawe c’ishemezo?
[Ifoto ku rup. 23]
Woba utagisha akaryo na kamwe ko gushinga intahe?