ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/2 rup. 13-17
  • Gushimwa n’Imana bishikana ku buzima budahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gushimwa n’Imana bishikana ku buzima budahera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Urabereye gusengwa’
  • “Abantu bawe bazokwitanga babikunze”
  • Ibimazi bishimwa n’Imana
  • ‘Yehova ubwiwe azohezagira umuntu wese w’umugororotsi’
  • Wa mupfakazi w’i Zarefati yarahawe impera kubera ukwizera kwiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ibimazi vy’Ugushemeza Bihimbara Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Nuhere amazinda ko Yehova agushima
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Yehova yoba abona ivyo ukora?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/2 rup. 13-17

Gushimwa n’Imana bishikana ku buzima budahera

“Ubwawe uzohezagira umuntu wese w’umugororotsi, ewe Yehova! Uzobakikuza ugushimwa, nk’aho ukoresheje inkinzo yagutse.”​—ZAB. 5:12.

1, 2. Ni igiki Eliya yasavye wa mupfakazi w’i Zarefati, kandi yamukuye amazinda ku biki?

UWO mugore n’umuhungu wiwe bari bashonje, kandi n’uwo muhanuzi w’Imana yari ashonje. Igihe uwo mupfakazi w’i Zarefati yagira acane umuriro ngo ateke, umuhanuzi Eliya yaramusavye amazi n’umukate. Uwo mugore yaremeye n’umutima ukunze kumuha amazi yo kunywa, mugabo nta bindi bifungurwa yari afise atari “agafu kari ku rushi kari mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi mu gakarabo.” Yabona ko ata bifungurwa bihagije afise vyo gusabikanya n’uwo muhanuzi, kandi yarabimubwiye.​—1 Abm. 17:8-12.

2 Eliya yarabandanije kuvuga ashimitse ati: “Ku biriyo ubanze untegurire agatsima k’umuzingi gatoyi uheze ukanzanire, mu nyuma urashobora kugira ico uteguye ku bwawe no ku bw’umuhungu wawe. Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Uwo mubindi munini w’ifu ntuzohera, kandi ako gakarabo k’amavuta ntikazogabanuka.’”​—1 Abm. 17:13, 14.

3. Ni ikibazo gihambaye ikihe kiduhanze?

3 Ikibazo cari gihanze uwo mupfakazi cari gihambaye kuruta kumenya nimba yari guhitamwo gusabikanya canke kudasabikanya n’uwo muhanuzi udufungurwa tw’intica ntikize yari asigaranye. Yoba yari kwizigira ko Yehova yomuzigamye we n’umuhungu wiwe, canke ibintu vy’umubiri yari akeneye yari kubirutisha ugushimwa n’Imana be n’ukugiranira ubugenzi na yo? Twese turahanganye n’ikibazo nk’ico. Twoba tuzokwitwararika gushimwa na Yehova kuruta kurondera gutekanirwa mu vy’umubiri? Turafise imvo yumvikana yo kwizigira Imana no kuyikorera. Kandi hariho ibintu dushobora gukora kugira ngo turondere gushimwa na yo.

‘Urabereye gusengwa’

4. Ni kubera iki Yehova abereye ko tumusenga?

4 Yehova arafise uburenganzira bwo kwitega ko abantu bamukorera mu buryo yemera. Umugwi umwe ugizwe n’abasavyi biwe bo mw’ijuru waremeje ico kintu mu kuvugira icarimwe bati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.” (Ivyah. 4:11) Kubera ko Yehova ari Umuremyi, arabereye ko tumusenga.

5. Ni kubera iki urukundo Imana idukunda rukwiye kutuvyurira umutima wo kuyikorera?

5 Iyindi mvo ituma dukorera Yehova ni uko adukunda kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Bibiliya ivuga iti: “Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, imurema mw’ishusho y’Imana; ibarema ari umugabo n’umugore.” (Ita. 1:27) Umuntu arafise uburenganzira bwo guhitamwo ikibereye n’ikitabereye akaba kandi afise ubushobozi Imana yamuhaye bwo kwiyumvira no gufata ingingo. Kuba Yehova yaraduhaye ubuzima vyatumye aba Se w’abantu bose. (Luka 3:38) Nk’uko sebibondo mwiza uwo ari we wese abigenza, Yehova yarakoze ikintu cose gishoboka kugira aronse abahungu biwe n’abakobwa biwe ivyo bakeneye ngo binovore ubuzima. ‘Atuma izuba rirasa, agatuma n’imvura igwa,’ kugira ngo isi yimbuke ibifungurwa umukimba dufungura twibereye ahantu heza igitangaza.​—Mat. 5:45.

6, 7. (a) Adamu yagiriye nabi gute abantu bose bakomotse kuri we? (b) Abarondera gushimwa n’Imana bazokwungukira gute ku nkuka ya Kristu?

6 Yehova yaradukijije kandi ingaruka zibabaje z’igicumuro. Igihe Adamu yacumura yabaye nk’umukinyi w’akamari yiba umuryango wiwe kugira ngo aje gukina akamari. Igihe Adamu yagarariza Yehova, yarivye abana biwe icizigiro bari bafise co kugira agahimbare kamaho. Ubwikunzi bwiwe bwatumye abantu baba abaja b’agasembwa kogereranywa na shebuja w’inkazi. Abantu bose rero babwirizwa kurwara, gushikirwa n’imibabaro, uburuhiro bagapfa. Kugira ngo umuntu akurwe mu buja bisaba ko harihwa ikintu kinaka, ari co gituma Yehova yarishe ikintu gishobora kudukiza izo nkurikizi z’agahomerabunwa. (Soma Abaroma 5:21.) Mu gukora ahuza n’ivyo Se agomba, Yezu Kristu yaratanze “ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Ubu bwa vuba, abantu bashimwa n’Imana bazokwungukira mu buryo bushitse kuri iyo ncungu yarishwe.

7 Umuremyi wacu Yehova yarakoze ibintu vyinshi kuruta uwundi muntu uwo ari we wese kugira ngo aduhe ubuzima burangwa agahimbare kandi buri n’intumbero. Nimba dushimwa na we, tuzoshobora kubona ingene azogira ico akoze kugira ngo akureho amabi yose ashikira umuryango w’abantu. Yehova azobandanya kutwereka umwumwe wese ukwiwe ingene ‘ahemba abamuronderana ubwira.’​—Heb. 11:6.

“Abantu bawe bazokwitanga babikunze”

8. Ivyashikiye Yesaya bitwigisha iki ku bijanye no gukorera Imana?

8 Kugira ngo Imana idushime bisaba ko dukoresha mu buryo bubereye umwidegemvyo dufise wo kwihitiramwo. Ivyo ni ukwo biri kubera ko Yehova ata n’umwe ahata ngo amukorere. Mu gihe ca Yesaya, yabajije iti: “Ntume nde, kandi ni nde atugira?” Yehova yarerekanye ko yubaha uwo muhanuzi mu kwemera icese uburenganzira uno yari afise bwo kwihitiramwo. Iyumvire umunezero Yesaya yari afise igihe yishura ati: “Ndi hano! Ntuma.”​—Yes. 6:8.

9, 10. (a) Dukwiye gukorera Imana dufise agatima kameze gute? (b) Ni kubera iki bibereye ko dukorera Yehova n’ubuzima bwacu bwose?

9 Abantu barafise uburenganzira bwo gukorera Imana canke kutayikorera. Yehova yipfuza ko tumukorera tubikunze. (Soma Yosuwa 24:15.) Abo bose bakorera Imana batabikuye ku mutima, ugusenga kwabo ntigushobora kuyihimbara; eka kandi ntiyemera abayiyobokera mugabo intumbero yabo nyakuri ari iyo guhimbara abantu. (Kol. 3:22) Hamwe tworangura umurimo mweranda ‘tugonanwa’ mu kureka ibikorwa vyo mw’isi bikabangamira ugusenga kwacu, ntitwoshimwa n’Imana. (Kuv. 22:29) Yehova arazi yuko kumukorera n’ubuzima bwacu bwose bitugirira akamaro. Musa yahimirije Abisirayeli guhitamwo ubuzima “mu gukunda Yehova Imana ya[bo], mu kwumviriza ijwi ryiwe no mu kumata kuri we.”​—Gus. 30:19, 20.

10 Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaririmbiye Yehova ati: “Abantu bawe bazokwitanga babikunze ku musi w’inteko zawe za gisirikare. Mu bwiza bwakaka bw’ubweranda, ufise igitero cawe c’imisore nk’amama y’ikime, bakaza bavuye mu gitereko c’umutwenzi.” (Zab. 110:3) Muri iki gihe abantu benshi usanga bashira imbere mu buzima bwabo ivyo gutekanirwa mu vy’amahera be n’ivyo kwinezereza. Abakunda Yehova bobo, umurimo mweranda barangura ni co kintu kiza imbere y’ibindi vyose. Umwete bagira mu kwamamaza inkuru nziza urerekana ivyo bashira imbere y’ibindi ivyo ari vyo. Barizigira bagaherezako ubushobozi Yehova afise bwo kubaronsa ivyo bakenera ku musi ku musi.​—Mat. 6:33, 34.

Ibimazi bishimwa n’Imana

11. Ni ivyiza ibihe Abisirayeli bizigira kuronka igihe baba bashikaniye Yehova ibimazi?

11 Mu gihe c’isezerano ry’Itegeko, abasavyi b’Imana barashikana ibimazi yemera kugira ngo ibashime. Mu Balewi 19:5 havuga hati: “Nimwashikanira Yehova ikimazi c’ugusangira, mukwiye kugishikana kugira mushimwe.” Muri ico gitabu nyene ca Bibiliya, dusoma duti: “Nimwashikanira Yehova ikimazi c’ugukenguruka, mukwiye kugishikana kugira mushimwe.” (Lew. 22:29) Igihe Abisirayeli baba bashikanye ku gicaniro ca Yehova ibimazi vy’ibitungwa bibereye, umwotsi waduga waba umeze nk’“akamoto karuhura” ku Mana y’ukuri. (Lew. 1:9, 13) Ubwo buryo abasavyi biwe bagaragazamwo ko bamukunda bwaramuhimbara kandi akabwemera. (Ita. 8:21.) Muri iyo mice y’Itegeko, turabonamwo ingingo ngenderwako ikora muri iki gihe. Abashikanira Yehova ibimazi yemera arabashima. Ni ibimazi ibihe none yemera? Rimbura imice ibiri y’ubuzima, iyo na yo ikaba ari ingeso zacu be n’imvugo yacu.

12. Ni ingeso izihe zotuma ‘gushikiriza imibiri yacu nk’ikimazi’ bibabaza Imana?

12 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma, yagize ati: “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana, igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.” (Rom. 12:1) Kugira ngo umuntu ashimwe n’Imana bisaba ko atuma umubiri wiwe uguma wemewe ku Mana. Hamwe yokwihumanya mu kunywa itabi, ubugoro, inconco, ibiyayuramutwe, canke inzoga zirenze urugero, ico kimazi nticoba gifise agaciro. (2 Kor. 7:1) Vyongeye, kubera yuko “uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite,” inyifato iranga ubuhumbu iyo ari yo yose iratuma ikimazi ciwe kibabaza Yehova. (1 Kor. 6:18) Kugira ngo umuntu ahimbare Imana, ategerezwa ‘kuba mweranda mu ngeso ziwe zose.’​—1 Pet. 1:14-16.

13. Ni kubera iki bibereye ko dushemeza Yehova?

13 Ikindi kimazi gihimbara Yehova kijanye n’imvugo yacu. Abakunda Yehova bamye nantaryo bamuvuga neza bari kumwe n’abandi bantu be n’igihe baba ari bonyene mu ngo zabo. (Soma Zaburi 34:1-3.) Soma Zaburi 148-150, maze urabe incuro ayo mazaburi uko ari atatu aturemesha gushemeza Yehova. Mu vy’ukuri, “ku bagororotse, ishemezo rirabereye.” (Zab. 33:1) Vyongeye, Karorero wacu Yezu Kristu yarashimitse ku vy’uko bihambaye gushemeza Imana mu kwamamaza inkuru nziza.​—Luka 4:18, 43, 44.

14, 15. Hoseya yahimirije Abisirayeli gushikana ibimazi bwoko ki, kandi Yehova yabafata gute?

14 Igihe twamamaza n’umwete, tuba turiko turatanga ikimenyamenya c’uko dukunda Yehova be n’uko twipfuza gushimwa na we. Nk’akarorero, rimbura ingene umuhanuzi Hoseya yahimirije Abisirayeli bari bagiye mu vy’ugusenga kw’ikinyoma bigatuma bataba bagishimwa n’Imana. (Hos. 13:1-3) Hoseya yababwiye ngo batakambire Yehova bati: “Nuharire ikosa; wemere iciza, natwe tuzotanga ibimasa vy’iminwa yacu.”​—Hos. 14:1, 2.

15 Ikimasa ni co gitungwa cari kizimvye kuruta ibindi Umwisirayeli yashobora gushikanira Yehova. Ku bw’ivyo, imvugo ngo “ibimasa vy’iminwa yacu” yerekeza ku majambo avuye ku mutima kandi yiyumviriwe neza avugwa mu gushemeza Imana y’ukuri. Yehova yafata gute abantu bashikana ibimazi nk’ivyo? Yavuze ati: “Nzobakunda ndavyigombeye.” (Hos. 14:4) Abantu bashikana ibimazi vy’ishemezo nk’ivyo, Yehova yarabababarira, akabashima akongera akabagira abagenzi.

16, 17. Igihe ukwizera Imana kuvyuriye umuntu umutima wo kwamamaza inkuru nziza, Yehova yakira gute ishemezo ry’uwo muntu?

16 Gushemeza Yehova ku mugaragaro camye ari ikintu gihambaye mu gusenga kw’ukuri. Kuninahaza Imana y’ukuri vyari n’ikintu kinini bivuze ku mwanditsi wa Zaburi ku buryo yatakambiye Imana ati: “Ndakwinginze uhimbarwe n’amashikanwa atangwa ku bushake y’akanwa kanje, ewe Yehova.” (Zab. 119:108) Tuvuge iki muri iki gihe? Mu kuvuga ibijanye n’isinzi rinini ry’abantu bo mu gihe cacu, Yesaya yashikirije ubuhanuzi bugira buti: “[Ba]zotangaza amashemezo ya Yehova. . . . [Ingabirano zabo] zizoduga ku gicaniro canje [ni ukuvuga c’Imana] kandi zemerwe.” (Yes. 60:6, 7) Mu gushitsa ubwo buhanuzi, abantu amamiliyoni bariko barashikanira Imana “ikimazi c’ishemezo, ni co camwa c’iminwa ishingira intahe icese izina ryayo.”​—Heb. 13:15.

17 Weho bite? Woba uriko urashikanira Imana ibimazi yemera? Nimba utariko urabigira, woba uzogira amahinduka akenewe maze ugatangura gushemeza Yehova ku mugaragaro? Ukwizera nikwakuvyurira umutima wo gutangura kwamamaza inkuru nziza, ishikanwa ryawe “[r]izohimbara Yehova kuruta ishūri.” (Soma Zaburi 69:30, 31.) Nuhere amazinda ko “akamoto karuhura” k’ikimazi cawe c’ishemezo kazomushikira be n’uko azogushima. (Ezek. 20:41) Uzoca ugira umunezero ntangere.

‘Yehova ubwiwe azohezagira umuntu wese w’umugororotsi’

18, 19. (a) Abantu benshi babona gute ivyo gukorera Imana muri iki gihe? (b) Kudashimwa n’Imana bishikana ku ki?

18 Muri kino gihe, abantu benshi barashika ku ciyumviro nk’ico bamwebamwe bo mu gihe ca Malaki bashitseko, ico na co kikaba ari iki: “Gukorera Imana nta co bimaze. Bitwungura iki kuba twaragumije ibwirizwa ryiwe?” (Mal. 3:14) Kubera ko batwawe n’ivyipfuzo vyo guhahamira amaronko, babona yuko umugambi Imana ifise idashobora kuwushikako be n’uko amategeko yayo atagikora. Kuri bo, kwamamaza inkuru nziza ni uguta umwanya kandi biratera ubuyega.

19 Mwene ako gatima katanguriye mu murima wa Edeni. Shetani ni we yoheje Eva ngo akengere agaciro nyakuri k’ubuzima bwiza igitangaza Yehova yari yaramuhaye yongere asuzugure ivyo gushimwa na we. Muri iki gihe, Shetani arosha abantu ngo bemere ko gukora ivyo Imana igomba ata co bimaze. Ariko rero, Eva n’umugabo wiwe barabonye ko kudashimwa n’Imana vyatumye batakaza ubuzima. Abakurikira ako karorero kabo kabi muri iki gihe na bo nyene ntibazoteba gutahura ico kintu nyene kibabaje.​—Ita. 3:1-7, 17-19.

20, 21. (a) Wa mupfakazi w’i Zarefati yakoze iki, kandi ibintu vyahavuye bimugendera gute? (b) Twigana gute uwo mupfakazi w’i Zarefati, kandi ni kubera iki dukwiye kubigira?

20 Zirikana kw’itandukaniro riri hagati y’ibintu bibabaje vyashikiye Adamu na Eva be n’icavuye muri vya bintu twavuga mu ntango y’iki kiganiro vyerekeye Eliya na wa mupfakazi w’i Zarefati. Uwo mugore amaze kwumva amajambo aremesha Eliya amubwiye, yaciye atangura guteka agakate maze abanza guha uwo muhanuzi kuri ako gakate. Yehova yaciye ashitsa ivyo yasezeranye biciye kuri Eliya. Iyo nkuru ivuga iti: “Amara imisi arya, we n’urugo rwiwe hamwe na Eliya. Nya mubindi munini w’ifu ntiwahera, na nya gakarabo k’amavuta ntikagabanuka, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yavuze biciye kuri Eliya.”​—1 Abm. 17:15, 16.

21 Uwo mupfakazi w’i Zarefati yakoze ikintu abantu bake mu bantu amamiliyaridi bariho muri iki gihe usanga biteguriye gukora. Yarizigiye Imana y’agakiza araherezako, kandi na yo ntiyamuhevye. Iyo nkuru yo muri Bibiliya be n’izindi ziremeza ko Yehova abereye ko tumwizigira. (Soma Yosuwa 21:43-45; 23:14.) Ukuntu Ivyabona vya Yehova babayeho muri iki gihe biratanga ikindi kimenyamenya c’uko atazokwigera aheba abo ashima.​—Zab. 34:6, 7, 17-19.a

22. Ni kubera iki vyihutirwa ko turondera gushimwa n’Imana?

22 Umusi w’urubanza Imana izozana “ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera” uri hafi. (Luka 21:34, 35) Nta wuzowuhunga. Nta butunzi canke ukumererwa neza mu vy’umubiri vyokwigera bigereranywa no kwumva Umucamanza yagenywe n’Imana ariko aravuga ati: “Nimuze, mwebwe abahezagiwe na Dawe, mutorane ubwami mwateguriwe.” (Mat. 25:34) Vyemere, ‘Yehova ubwiwe azohezagira umuntu wese w’umugororotsi, amukikuze ugushimwa, nk’aho akoresheje inkinzo yagutse.’ (Zab. 5:12) Wumva none tudakwiye kurondera gushimwa n’Imana?

[Akajambo k’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2005, urupapuro rwa 13, ingingo ya 15; be n’uwo ku wa 1 Myandagaro 1997 (mu gifaransa), urupapuro rwa 20-25.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki Yehova abereye ko tumusenga tubikuye ku mutima?

• Ni ibimazi ibihe Yehova yemera muri iki gihe?

• Imvugo ngo “ibimasa vy’iminwa yacu” yerekeza ku ki, kandi ni kubera iki dukwiye kubishikanira Yehova?

• Ni kubera iki dukwiye kurondera gushimwa n’Imana?

[Ifoto ku rup. 13]

Umuhanuzi w’Imana yasavye inabibondo umwe w’umworo ngo afate ingingo iyihe?

[Ifoto ku rup. 15]

Ni ivyiza ibihe twironkera mu gushikanira Yehova ikimazi c’ishemezo?

[Ifoto ku rup. 17]

Niwizigira Yehova ubikuye ku mutima ntuzokwigera utaha zirayoye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika