ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/6 rup. 29-rup. 31 ing. 8
  • Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Baroma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Baroma
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BITWA ABAGOROROTSI MU BURYO KI?
  • (Rom. 1:1–11:36)
  • BABAHO BAHUZA N’UKUBA BITWA ABAGOROROTSI
  • (Rom. 12:1–16:27)
  • Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Mwagizwe abidegemvya biciye ku buntu ata wari abukwiriye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/6 rup. 29-rup. 31 ing. 8

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mw’ikete ku Baroma

NI NKO mu 56 G.C., intumwa Paulo igihe ari ku rugendo rwiwe rwa gatatu rw’ubumisiyonari, arashika mu gisagara c’i Korinto. Yamenye ko abakirisu b’Abayuda be n’abakirisu atari Abayuda b’i Roma batabona ibintu kumwe. Kubera ko Paulo yipfuza kubafasha kwunga ubumwe muri Kristu bimwe bishitse, afata ingingo yo kubandikira ikete.

Muri iryo kete Paulo yandikira Abaroma, arasigura ukuntu abantu bitwa abagororotsi be n’ingene mwene abo bantu bakwiye kubaho. Iryo kete riratwungura mu bijanye n’ubumenyi bwerekeye Imana be n’Ijambo ryayo, rirashimika ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana rikongera rigashira hejuru uruhara Kristu afise mu bijanye n’ukurokoka kwacu.​—Heb. 4:12.

BITWA ABAGOROROTSI MU BURYO KI?

(Rom. 1:1–11:36)

Paulo yandika ati: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” “Ni nk’ingabirano ya gusa kubona bariko bitwa [n’Imana] abagororotsi ku buntu ata wari abukwiriye bwayo, mu kubohorwa biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu.” Paulo avuga kandi ati: “Umuntu yitwa umugororotsi bivuye ku kwizera bitavuye ku bikorwa vy’itegeko.” (Rom. 3:23, 24, 28) Biciye ku kwizera “igikorwa kimwe c’ukuregurwa”, abakirisu basizwe be n’abagize “isinzi rinini” ry’“izindi ntama” barashobora “kwitwa abagororotsi.” Ivyo bituma abo basizwe baba ababereye kuba mw’ijuru ari abaraganwa na Kristu, abo bagize isinzi rinini na bo, ni abakunzi b’Imana biteze kurokoka ya “makuba akomeye.”​—Rom. 5:18; Ivyah. 7:9, 14; Yoh. 10:16; Yak. 2:21-24; Mat. 25:46.

Paulo abaza ati: “Dukore igicumuro kubera ko tutagabwa n’itegeko mugabo tugabwa n’ubuntu ata wari abukwiriye?” Aca yishura ati: “Ntibikabe!” Asigura ati: “Muri abashumba . . . b’igicumuro ku bw’urupfu canke ab’ubugamburutsi ku bw’ubugororotsi.” (Rom. 6:15, 16) Avuga ati: “Nimba ibikorwa vy’umubiri muvyicisha impwemu, muzobaho.”​—Rom. 8:13.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:24-32​—Ukwononekara kuvugwa ngaho, kwoba kwari kwerekeye Abayuda canke abatari Abayuda? Naho ibivugwa muri iyo mirongo bishobora kuba vyari vyerekeye iyo migwi yompi, ahanini Paulo yariko yerekeza ku Bisirayeli b’abahuni bo mu gihe ca kera. Naho nyene bari bazi ingingo igororotse yashinzwe n’Imana, “[ntibashimye] kugira Imana mu bumenyi butagira amakosa.” Ku bw’ivyo, bari barononekaye.

3:24, 25​—“Incungu yarishwe na Kristu Yezu” ishobora gute gupfuka “ibicumuro vyabaye kera” imbere yuko irihwa? Ubuhanuzi bwa mbere bwerekeye Mesiya, uburi mw’​Itanguriro 3:15, bwarangutse mu 33 G.C. igihe Yezu yicirwa ku giti co gusinzikarizwako. (Gal. 3:13, 16) Ariko rero, igihe Yehova yavuga ubwo buhanuzi, ni nk’aho kuri we incungu yari irishwe, kubera ko ata kintu na kimwe gishobora kubuza imigambi yiwe kuranguka. Hishimikijwe rero incungu Yezu Kristu yatanze mu nyuma, Yehova yarashoboye guharira ibicumuro abakomotse kuri Adamu bari bizeye uwo muhango. Iyo ncungu kandi iratuma bishoboka ko abapfuye imbere y’ubukirisu bazuka.​—Ibik. 24:15.

6:3-5​—Kubatizwa muri Kristu Yezu no kubatizwa mu rupfu rwiwe bisobanura iki? Igihe Yehova arobanuje impwemu nyeranda abayoboke ba Kristu, barunga ubumwe na Yezu bakaba abagize ishengero, ni ukuvuga umubiri wa Kristu, na we akaba ari Umutwe waryo. (1 Kor. 12:12, 13, 27; Kol. 1:18) Ukwo ni kwo babatizwa muri Kristu Yezu. Abakirisu basizwe kandi ‘barabatizwa mu rupfu rwa Kristu’ mu buryo bw’uko babaho bitanga bagaheba icizigiro ico ari co cose co kubaho ibihe bidahera kw’isi. Ni co gituma urupfu rwabo ari urwo kwitanga, nka rumwe rwa Yezu, naho ata we rushobora gucungura. Ukwo kubatizwa mu rupfu rwa Kristu kurangira neza na neza igihe bapfuye maze bakazurirwa kuba mw’ijuru.

7:8-11​—Ni gute ‘igicumuro caronse akaryo biciye kw’ibwirizwa’? Itegeko ryarafasha abantu gutahura bimwe bishitse igicumuro ico ari co, bakarushiriza kumenya ko ari abanyabicumuro. Ivyo vyatumye babona ko ari abanyabicumuro mu mice myinshi, kandi abantu benshi barabonye ko ari abanyabicumuro kuruta uko bahora babibona. Birashobora rero kuvugwa yuko igicumuro caronse akaryo biciye kw’Itegeko.

Ivyigwa tuhigira:

1:14, 15. Turafise imvo nyinshi zo kumenyesha inkuru nziza tubishashaye. Imwe muri izo mvo n’uko dufitiye umwenda abantu baguzwe amaraso ya Yezu, kandi tubwirizwa kubafasha mu vy’impwemu.

1:18-20. Abantu batibanga Imana kandi batagororoka ntibagira “ico bireguza”, kuko kamere z’Imana zitaboneka zibonekera neza mu vyo yaremye.

2:28; 3:1, 2; 7:6, 7. Paulo ahejeje kuvuga amajambo asa n’ayobabaza Abayuda, yaciye akoresha imvugo yo kuyorosha. Ivyo biraduha akarorero mu bijanye n’ukuntu dukwiye kwiyubara tukongera tugakoresha ubuhanga igihe tuvuga ibintu vyohava bibabaza abandi.

3:4. Igihe umuntu avuze amajambo ateye kubiri n’ivyo Imana ivuga mw’Ijambo ryayo, turareka “Imana [ikaboneka] ko ari iy’ukuri” mu kwizigira ivyo Bibiliya ivuga be no mu gukora mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba. Dukoranye umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, turashobora gufasha abandi kubona ko Imana ari iy’ukuri.

4:9-12. Ukwizera Aburahamu yari afise yaguharuweko nk’ubugororotsi imbere y’uko agenyerwa amaze imyaka 99. (Ita. 12:4; 15:6; 16:3; 17:1, 9, 10) Mu kubigenza gutyo, Imana yarerekanye mu buryo bukomeye ikintu gishobora gutuma umuntu agira impagararo igororotse imbere yayo.

4:18. Ukwizigira ni ikintu gihambaye cane kigize ukwizera. Ukwizera kwacu gushingiye ku kwizigira.​—Heb. 11:1.

5:18, 19. Mu kwerekana mu buryo bwumvikana ingene Yezu asa na Adamu, Paulo arasigura mu buryo burashe ukuntu umuntu umwe ashobora “[gutanga] ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Gufasha abantu kuzirikana mu buryo bwumvikana kandi burashe, ni uburyo bwiza cane bwo kwigisha twokwigana.​—1 Kor. 4:17.

7:23. Ibihimba vy’umubiri wacu nk’amaboko, amaguru be n’ururimi birashobora ‘kutujana turi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro’. Ni co gituma dukwiye kwirinda kubikoresha nabi.

8:26, 27. Igihe turi mu bihe bitesha umutwe ku buryo tutamenya ico twosenga dusaba, “impwemu ubwayo iratakamba ku bwacu.” Yehova rero, Umwe ‘yumva ivyo asabwa’, aremera amasengesho ahuye n’uko ivyacu vyifashe ari mw’Ijambo ryiwe nk’aho ari twebwe tuyatuye.​—Zab. 65:2.

8:38, 39. Amarushwa, ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha be n’intwaro z’abantu, ntibishobora gutuma Yehova areka kudukunda canke ngo natwe tureke kumukunda.

9:22-28; 11:1, 5, 17-26. Ubuhanuzi bwinshi bwerekeye ugusubizwa umutamana kwa Isirayeli buraranguka biciye kw’ishengero ry’abakirisu basizwe, abarigize bakaba “[bahamagarwa] atari mu Bayuda gusa ariko no mu mahanga.”

10:10, 13, 14. Urukundo dukunda Imana n’abagenzi bacu rufatanije n’ukwizera Yehova n’imihango yiwe bimwe bikomeye, birashobora kutuvyurira umutima wo kugira uruhara n’umwete mu busuku bwa gikirisu.

11:16-24, 33. Ese ukuntu “ubuntu n’ubuhambazi bw’Imana” biri ku burimbane mu buryo bwiza utoraba! Vy’ukuri, “ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse.”​—Gus. 32:4.

BABAHO BAHUZA N’UKUBA BITWA ABAGOROROTSI

(Rom. 12:1–16:27)

Paulo avuga ati: “Ku bw’ivyo rero ndabinginga, bavukanyi, ku bw’impuhwe z’Imana, ngo mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana.” (Rom. 12:1) “Ku bw’ivyo rero”, canke, ko abakirisu bitwa abagororotsi kubera ukwizera kwabo, ibikurikira Paulo avuga birakwiye kugira ico bikoze ku kuntu bifata, ku kuntu bafata abandi be no ku kuntu bafata abakuru mu vy’intwaro.

Paulo yandika ati: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira.” Ahimiriza ati: “Urukundo rwanyu rube urutagiramwo ubwiyorobetsi.” (Rom. 12:3, 9) “Umuntu wese nayobokere abakuru bari hejuru.” (Rom. 13:1) Ku bintu bisaba gukoresha ijwi ryo mu mutima, aremesha abakirisu ‘kudaciranira urubanza.’​—Rom. 14:13.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

12:20​—Ni gute ‘turunda amakara’ ku mutwe w’umwansi? Mu bihe vya Bibiliya, ubutare bwarashirwa mw’itanure munsi no hejuru yabwo hari amakara. Ubushuhe bubaye bwinshi hejuru y’ubutare bwatuma ubwo butare bushonga maze inkamba zigaca zibuvamwo. Mu buryo busa n’ubwo, turarunda amakara ku mutwe w’umwansi mu kumukorera ibikorwa vyiza ku buryo ubukomantare bwiwe bushonga, maze bigatuma kamere nziza yoba afise ziseruka.

12:21​—Ni mu buryo ki ‘tuguma dutsindisha ikibi iciza’? Uburyo bumwe tubigira ni mu kuguma twumiye n’umutima rugabo ku gikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami Imana yadushinze gushika ku rugero ishaka.​—Mrk. 13:10.

13:1​—Ni mu buryo ubuhe abakuru bari hejuru “bashizwe n’Imana mu bibanza birutarutana bitigenga”? Abategetsi “bashizwe n’Imana mu bibanza birutarutana bitigenga” mu buryo bw’uko ibareka bagategeka, kandi mu bihe bimwebimwe ugutegeka kwabo yaba yakubonye imbere y’igihe. Ivyo biremezwa neza n’ivyo Bibiliya yamenyesheje vyerekeye igitigiri c’abategetsi bobayeho.

Ivyigwa tuhigira:

12:17, 19. Kugera ingere ku yindi ni ukwifatira mu minwe ibintu vyari bikwiye kurekerwa mu maboko ya Yehova. Ese ukuntu twoba twishize hejuru turamutse ‘twishuye ikibi ku kindi’!

14:14, 15. Ntidukwiye gutuntuza umuvukanyi wacu canke kumutsitaza biciye ku vyo kurya kibure ivyo kunywa tumuha.

14:17. Kwemerwa n’Imana ntibihagaze ahanini ku vyo umuntu arya canke anywa, kibure ku vyo yirinda kurya canke kunywa. Ahubwo bihagaze ku bugororotsi, amahoro n’umunezero.

15:7. Turakwiye guha ikaze mw’ishengero ata kugira nkunzi abantu bose barondera n’umutima nziraburyarya ukuri, tukongera tugatangaza ubutumwa bw’Ubwami ku bantu bose.

[Amafoto ku rup. 31]

Incungu yoba ishobora gukora ku bicumuro vyakozwe imbere yuko irihwa?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika