Woba Ushobora “Gutandukanya Ikibi n’Iciza”?
“Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu.”—ABANYEFESO 5:10.
1. Ni mu buryo ki ubuzima bwo muri iki gihe bushobora kutuzazanira, kandi ni kuki?
“UHORAHO, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yeremiya 10:23) Umwihwezo uranga ubukerebutsi Yeremiya yagize uratwerekeye muri iki gihe mu buryo bukomeye kuruta. Kubera iki? Kubera yuko tubayeho mu “bihe bigoye,” nk’uko Bibiliya yabibuye. (2 Timoteyo 3:1) Imisi yose, turahangana n’ibintu bituzazanira bisaba yuko dufata ingingo. Zaba ari izihambaye canke izidahambaye, izo ngingo zirashobora kugira ico zikoze gikomeye ku neza yacu haba mu buryo bw’umubiri, mu buryo bw’akanyengetera canke mu buryo bw’impwemu.
2. Ni amahitamwo ayahe yoshobora kubonwa nk’ay’adahambaye, yamara Abakirisu biyeguye bayabona gute?
2 Amahitamwo menshi tugira mu buzima bwa misi yose ashobora kubonwa ko ari ayo twama tugira canke ko adahambaye. Nk’akarorero, imisi yose turahitamwo impuzu twambara, imfungurwa dufungura, abantu tugendera, n’ibindi. Ayo mahitamwo tugira ni nk’aho yizana, tutarinze kuyazirikanako cane. Mugabo ibintu nk’ivyo vyoba bidahambaye koko? Kuri twebwe Abakirisu twiyeguye, dukwiye kwitwararika bimwe bigera kure amahitamwo tugira mu vyo twambara no mu kuntu tuboneka, mu vyo dufungura no mu vyo tunywa, mu vyo tuvuga no mu buryo twigenza kugira ngo yame nantaryo agaragaza uruhara dufise rwo kuba abasavyi b’Umwe asumba vyose, Yehova Imana. Tuributswa ivyerekeye amajambo y’intumwa Paulo agira ati: “Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.”—1 Ab’i Korinto 10:31; Ab’i Kolosayi 4:6; 1 Timoteyo 2:9, 10.
3. Ni amahitamwo ayahe akwiye mu vy’ukuri kwitwararikwa bimwe bikomeye?
3 Maze hariho amahitamwo akwiye kwitwararikwa bimwe mbere bikomeye kuruta. Nk’akarorero, gufata ingingo yo kwubaka canke kuguma uri umwirebange, nta nkeka biragira ico bikoze gikomeye kandi kimara igihe ku buzima bw’umuntu. Tuvugishije ukuri, guhitamwo umuntu abereye kugira ngo muzokwubakane, akubere umugenzi mu buzima bwawe bwose, si aho gutuma umwana.a (Imigani 18:22) Turetse ivyo, amahitamwo tugira mu vyerekeye abagenzi be n’abo twifatanya, amashure twiga, akazi dukora mbere n’uburyo duhitamwo kwisamaza no kwiruhura, aragira uruhara rukomeye mbere ruhambaye ku kuntu twifashe mu vy’impwemu, ku bw’ivyo bikarugira no ku neza yacu y’ibihe bidahera.—Abaroma 13:13, 14; Abanyefeso 5:3, 4.
4. (a) Ni ubushobozi ubuhe bwoba ari ngirakimazi kuruta? (b) Ni ibibazo ibihe bikeneye kurimburwa?
4 Duhanganye n’ivyo vyose, nta nkeka ko ari ngirakamaro kuri twebwe yuko tugira ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi, canke ikiboneka ko ari iciza be n’ikiri ciza koko. Bibiliya iragabisha iti: “Harih’inzira umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu.” (Imigani 14:12) Ni co gituma twokwibaza duti: ‘Dushobora gute gutsimbataza ubushobozi bwo gutandukanya ikibi n’iciza? Ni hehe dushobora guhindukirira kugira ngo turonke ubuyobozi bukenewe mu ngingo dufata? Ni ibiki abantu bo muri kahise n’abo muri iki gihe bakoze muri ivyo, kandi vyavuyemwo iki?’
‘Filozofiya be n’Ibihendo vy’Ubusa’ vy’Isi
5. Abakirisu bo mu ntango baba mw’isi imeze gute?
5 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba mw’isi iganzwa n’ingeso z’Abaroma n’Abagiriki be n’ivyo abo babona ko bikwiriye. Ku ruhande rumwe, mu buryo bwo kubaho bw’Abaroma hariho ukudibama n’ukwibera mu bihinda, ivyo abantu benshi babona ko ari ikintu co guhahamira. Ku rundi ruhande, incabwenge zo muri ico gihe ntizanezerezwa gusa n’ivyiyumviro vya filozofiya ya Pulato na Aristote ahubwo kandi baranezerwa n’ivy’abandi bari baherutse kwaduka bayobokera inyigisho z’Abepikureyo n’Abasitoyiko. Igihe intumwa Paulo yaja i Atenayi ku rugendo rwiwe rugira kabiri rw’ubumisiyonari, yarahanganye n’abafilozofe b’Abepikureyo n’Abasitoyiko bumva yuko baruta uwo Paulo bavuga ko “adedemba.”—Ivyakozwe 17:18.
6. (a) Bamwebamwe mu Bakirisu bo mu ntango bashikirwa n’ikigeragezo co gukora iki? (b) Ni ingabisho iyihe Paulo yatanze?
6 Rero, ntibigoye gutahura igituma bamwebamwe mu Bakirisu bo mu ntango bakwegerwa n’ingendo y’abantu bari babakikuje be n’ukuntu babaho bishira hejuru. (2 Timoteyo 4:10) Abari muri urwo runkwekwe basa n’uko bahakura inyungu nyinshi, kandi amahitamwo bagira wamenga arafise ishingiro. Isi yasa n’uko ifise ikintu c’agaciro co gutanga, ico uburyo bwo kubaho bw’Umukirisu yiyeguye butashobora gutanga. Ariko rero, intumwa Paulo yagabishije iti: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije [“filozofiya,” NW] [be n]’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.” (Ab’i Kolosayi 2:8) Ni kuki Paulo yavuze ivyo?
7. Ubukerebutsi bw’isi mu vy’ukuri bufise agaciro akahe?
7 Paulo yatanze iyo ngabisho kubera yatahuye ingeramizi nyayo yari yinyegeje mu vyiyumviro vy’abakwegerwa n’isi. Uburyo akoresha imvugo ngo ‘filozofiya be n’ibihendo vy’ubusa’ buri n’ico buvuze bidasanzwe. “Filozofiya” ijambo ku rindi bisobanura “ugukunda be n’ugukurikirana ubukerebutsi.” Ivyo ubwavyo vyoshobora kuba ngirakimazi. Kukaba nkako, Bibiliya na canecane mu gitabu c’Imigani, iraremesha gukurikirana ubumenyi be n’ubukerebutsi bibereye. (Imigani 1:1-7; 3:13-18) Ariko rero, Paulo “filozofiya” yayishize hamwe n’“ibihendo vy’ubusa.” Mu yandi majambo, ubukerebutsi isi yari ifise itanga, Paulo yabona ko ari ubw’ubusa be n’ubw’uruhendo. Nka kurya kw’igipurizo gipomfye, bwaboneka ko bukomeye, ariko ataco burimwo. Nta nkeka ko vyoba ari ivy’ubusa mbere bikaba n’akaga umuntu ahisemwo iciza n’ikibi yishimikije ikintu kidafashe, nka za ‘filozofiya be n’ibihendo vy’ubusa’ vy’isi.
Abita “Ikibi Iciza, Iciza Bakacīta Ikibi”
8. (a) Abantu bahindukirira bande kugira ngo baronke impanuro? (b) Ni impanuro bwoko ki ziriko ziratangwa?
8 Muri iki gihe ibintu ntibitandukanye cane n’ivyariho muri ico gihe. Nko mu bintu vyose abantu birukangamwo, hariho abahinga indiri muri vyo. Abahanuzi mu vy’imibano y’ababiranye n’imiryango, abanditsi b’ibinyamakuru, abiyita abaganga, abaragurisha inyenyeri, abapfumu n’abandi biteguriye gutanga impanuro barinze kubihemberwa. Ariko ni impanuro bwoko ki itangwa? Kenshi na kenshi, ingingo mfatirwako za Bibiliya zigenga inyifato runtu zirashirwa ku ruhande zigasubirizwa ivyitwa ngo ni uburyo bushasha bw’ukwifata runtu. Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe (The Globe and Mail) gikunda gusohoka muri Kanada, mu kuvuga ivyerekeye ukuntu leta yanse kwandika “imibano y’abubakana basangiye igitsina,” kigira giti: “Mu mwaka w’2000, ntivyumvikana ukuntu abantu babiri bakundana kandi badahemukiranira bakwiye kwankirwa gushitsa icipfuzo kibarutira ibindi ngo ni uko basangiye igitsina.” Impengamiro yo muri iki gihe ni iyo kurenza uruho rw’amazi ku bintu bibi, ata kubinegura. Ikintu cose gifatwa ko kiva ku kuntu ibintu biba vyifashe; ivyo kuvuga ngo iki ni ciza iki na co ni kibi nta bikiriho—Zaburi 10:3, 4.
9. Ni ibiki abantu bubahwa mu kibano bakunda gukora?
9 Abandi bahanga amaso abantu berewe mu kibano no mu vy’ubutunzi, ni ukuvuga abatunzi n’abantu bakomakomeye, bakabafata nk’icitegererezo mu ngingo bafata. Naho abatunzi be n’abantu bakomakomeye bubahwa mu kibano co muri iki gihe, kenshi bavuga ku karimi gusa ingeso nziza nk’ukutagunga be n’ukwizigira. Mu gukurikirana ububasha be n’inyungu, benshi nta n’umutima usimba igihe bifatira inzira yoroshe canke barenga ku ngingo ngenderwako z’ivy’ukwigenza runtu. Kugira ngo bashikire ukuba rurangiranwa n’ukumenyekana, bamwebamwe kurenga ku ndero kama be no ku ngingo mfatirwako babifata minenegwe, bakihitiramwo ingeso z’agahomerabunwa ziteye isoni. Bituma haba ikibano gisunikwa no kurondera inyungu, kirenza uruho rw’amazi ku bintu vyose, aho icivugo ari: “Ibintu vyose birarekuwe.” Ntibitangaje kubona abantu babura ico bafata n’ico bareka ku biraba iciza n’ikibi?—Luka 6:39.
10. Amajambo ya Yesaya yerekeye iciza n’ikibi yagaragaye gute ko ari ay’ukuri?
10 Inkurikizi zibabaje ziva ku ngingo mbi zifatwa hishimikijwe ubuyobozi butari bwo turazibona hirya no hino, nk’akarorero ingo zisambuka be n’imiryango icanamwo, kunywa ibiyayura umutwe be n’akaborerwe, imigwi y’inkazi y’abakiri bato, ubushurashuzi, indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, n’ibindi bitari bike. Mu vy’ukuri, dushobora gute kwitega yuko ibintu bimera ukundi kandi abantu batera akagere ingingo mfatirwako zose canke ivyiyumviro bokwisunga mu biraba iciza n’ikibi? (Abaroma 1:28-32) Bimeze nk’uko nyene umuhanuzi Yesaya yabivuze, agira ati: “Bazobona ibara, abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi; bagashira umwiza mu gishingo c’umuco, n’umuco mu gishingo c’umwiza; bagashira ibirura mu gishingo c’ibisosa, n’ibisosa mu gishingo c’ibirura! Bazobona ibara, abīyita abanyabgenge ubgabo, bakībgira kw ar’abahanga!”—Yesaya 5:20, 21.
11. Ni kuki umuntu yihetse ku vyiyumviro vyiwe igihe ashaka kumenya iciza n’ikibi bitaba biranga ubukerebutsi?
11 Kuba Imana yaragize ico ibaza Abayuda ba kera “bīyita abanyabgenge ubgabo” bituma kuri twebwe biba ibihambaye kuruta ko twirinda kwiheka ku vyiyumviro vyacu mu vyo kumenya iciza n’ikibi. Abantu benshi muri iki gihe bemeranya n’iciyumviro kivuga ngo “niwumvirize gusa ico umutima wawe ukubwira,” canke ngo “nukore ico ubona ko ari ciza.” Kubona ibintu gutyo vyoba bifise ishingiro? Ekaye ukurikije uko Bibiliya ivuga, yo ivuga mu buryo butomoye iti: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?” (Yeremiya 17:9) Woba wokwiheka ku muntu atari umwizigirwa kandi w’inkazi ngo akuyobore mu ngingo ufata? Nta vyo wokwubahuka. Nta nkeka, kumbure woca ugira ibihushanye n’ivyo umuntu nk’uyo akubwiye. Ni co gituma Bibiliya itwibutsa ibi: “Uwizigira uwiwe mutima aba ar’igipfu, arik’ūgendana ubgenge azorokorwa.”—Imigani 3:5-7; 28:26.
Tumenye Ibihimbara Imana
12. Ni kuki dukeneye kwiyemeza ubwacu “ivy’Imana igomba” ivyo ari vyo?
12 Kubera tudakwiye kwiheka ku bukerebutsi bw’isi canke ku bukerebutsi bwacu ku biraba iciza n’ikibi, dukwiye gukora iki none? Raba iyi mpanuro itomoye itangwa n’intumwa Paulo igira ati: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” (Abaroma 12:2) Ni kuki dukeneye kumenya neza ivyo Imana igomba? Muri Bibiliya, Yehova aratanga imvo irashe yamara ikomeye, avuga ati: “Nk’ukw ijuru ryītāngūye isi, ni kw inzira zanje zītāngūye inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje vyītāngūye ivyiyumviro vyanyu.” (Yesaya 55:9) Ni co gituma aho kwiheka ku bukerebutsi bwacu bwite canke ku vyo twumva ko ari vyiza, duhanurwa gutya: “Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu.”—Abanyefeso 5:10.
13. Amajambo ya Yezu yanditse muri Yohana 17:3 ashimika gute ko dukeneye kumenya ibihimbara Imana?
13 Yezu Kirisitu yarashimitse ko ivyo tubikeneye igihe yavuga ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Imvugo ngo “bamenya” irafise insobanuro igera ibwina atari “ukumenya gusa.” Nk’uko inyizamvungo imwe (Vine’s Expository Dictionary) ibivuga, iyo mvugo yerekana “ubucuti buri hagati y’umuntu be n’ikintu azi; muri ubwo buryo, ico kintu kiragira agaciro canke akamaro kuri nyene kukimenya, n’ubwo bucuti bikagenda ukwo.” Kugiranira ubucuti n’umuntu ntibisobanura gusa kumenya uwo muntu uwo ari we canke kumenya izina ryiwe. Birimwo kandi kumenya ivyo uwo muntu akunda n’ivyo yanka, kumenya ivyo aha agaciro, ingingo mfatirwako akurikiza, maze ukavyubahiriza.—1 Yohana 2:3; 4:8.
Tumenyereze Ububasha Bwacu bwo Gutegera
14. Paulo yavuze ko itandukaniro nyamukuru riri hagati y’impinja zo mu buryo bw’impwemu be n’abantu bakuze ari irihe?
14 None, dushobora gute kuronka ubushobozi bwo gutandukanya ikibi n’iciza? Amajambo Paulo yandikiye Abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere aratanga inyishu. Yanditse ati: “Ūtunzwe n’amata aba ataramenya ijambo ry’ukugororoka, kukw aba ar’uruhinja. Ariko, ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise [“ububasha bwo gutegera,” NW], maze kubgo kwama babukoresha, [“bumenyerezwa,” NW] gutandukanya ikibi n’iciza.” Hano Paulo yaratanze itandukaniro ry’“amata,” ayo yandondoye ku murongo w’imbere y’uwo ko ari “ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana” hamwe n’“ivyo kurya bigumye,” ibiribwa n’“abakuze,” bafise “ububasha bwo gutegera [bwamenyerejwe] gutandukanya ikibi n’iciza.”—Abaheburayo 5:12-14.
15. Ni kuki ugukora umuntu yivuye inyuma bikenewe kugira ngo aronke ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana?
15 Imbere ya vyose, ivyo bisobanura yuko dutegerezwa gukora twivuye inyuma kugira ngo dutahure mu buryo butagira agakosa ivyerekeye ingingo mfatirwako z’Imana nk’uko ziri mw’Ijambo ryayo, Bibiliya. Ntituriko turarondera urutonde rw’amabwirizwa rutubwira ivyo twokora n’ivyo tutokora. Bibiliya si igitabu kimeze ukwo. Ahubwo, Paulo yasiguye ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.” (2 Timoteyo 3:16, 17) Kugira ngo twungukire kuri ukwo kwigishwa, guhanwa no gutonzwa indero, dutegerezwa gukoresha umuzirikanyi wacu be n’ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira. Ivyo bisaba akigoro, kandi ntikaba ak’impfagusa kubera bituma umuntu aba “ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw’ akore igikorwa ciza cose.”—Imigani 2:3-6.
16. Kugira ububasha bwo gutegera bwamenyerejwe bisobanura iki?
16 Rero, nk’uko Paulo yavyerekanye, abantu bahumuye “barafise ububasha bwo gutegera [bwamenyerejwe] gutandukanya ikibi n’iciza.” Hano dushitse ku ciyumviro nyamukuru c’ico kibazo. Imvugo ngo “bafise ububasha bwo gutegera bwamenyerejwe,” ijambo ku rundi isobanura “kugira ibihimba bifasha kumenya ibidukikije vyamenyerejwe (cokimwe n’umukinyi w’agatebetebe).” (Kingdom Interlinear Translation) Umukinyi w’agatebetebe abimenyereye arashobora kwisimbaguritsa mu kanya isase, akizunguriza mu kirere, nk’uwutigera agira impungenge. Ibihimba vy’umubiri abikoresha uko yishakiye igihe cose, kandi ivyo agira bisa n’ivyizana kugira ngo anonosore ikarashishi yiwe neza. Ivyo vyose biva ku kumenyerezwa gukomeye be no ku kubigira ubudasiba.
17. Ni mu buryo ki dukwiye kuba nk’abakinyi b’agatebetebe?
17 Na twebwe dutegerezwa kumenyerezwa nk’umukinyi w’agatebetebe tubivuze mu buryo bw’impwemu, nimba dushaka kumenya neza ko ingingo be n’amahitamwo tugira vyama nantaryo bifise ishingiro. Ibihe vyose dutegerezwa kuyobora neza ubwenge bwacu be n’ibihimba vy’umubiri. (Matayo 5:29, 30; Ab’i Kolosayi 3:5-10) Nk’akarorero, ubwo woba ubuza amaso yawe ngo ntarabe ibintu birimwo ivy’ubushegabo canke amatwi yawe ngo ntiyumvirize imiziki be n’ibiyago bitesha ubuntu? Ni ko ibintu bibi nk’ivyo vyose biradukikije. Ariko rero, biracari ivyacu kuraba nimba tubireka ngo bishinge imizi mu mutima wacu no mu muzirikanyi wacu. Turashobora kwigana umwanditsi wa Zaburi, we yavuze ati: “Sinzogira ikibi nshira imbere y’amaso yanje: nanka igikorwa c’ibigoryi; ntikizomatana nanje. . . . Ūbesha ntazocimbatara imbere y’amaso yanje.”—Zaburi 101:3, 7.
Numenyereze Ububasha Bwawe bwo Gutegera Biciye ku Kubukoresha
18. Imvugo ngo “biciye ku kubukoresha” iri mu nsobanuro ya Paulo yerekeye ukuntu umuntu yomenyereza ububasha bwiwe bwo gutegera, yerekana iki?
18 Tugumize mu muzirikanyi yuko “biciye ku kubukoresha” ari ho dushobora kugira ububasha bwo gutegera bwamenyerejwe gutandukanya ikibi n’iciza. Mu yandi majambo, igihe cose duhanganye n’ugufata ingingo, dukwiye kwiga gukoresha ububasha bwacu bwo kuzirikana kugira ngo dutahure ingingo ngenderwako za Bibiliya zivyerekeye be n’ukuntu zishobora gukurikizwa. Dutsimbataze akamenyero ko kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bitangwa biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45, NW) Mugabo ntiwumve, turashobora kuronderera imfashanyo ku Bakirisu bahumuye. Naho ari ukwo, akigoro ubwacu tugira kugira ngo twige Ijambo ry’Imana, gafatanijwe n’isengesho dutura Yehova tumusaba ngo atuyobore yongere aduhe impwemu yiwe, impera n’imperuka kazovamwo ivyiza vyinshi.—Abanyefeso 3:14-19.
19. Ni imihezagiro iyihe ishobora kuba iyacu turamutse tumenyereje intambwe ku yindi ububasha bwacu bwo gutegera?
19 Uko tumenyereza intambwe ku yindi ububasha bwacu bwo gutegera, intumbero tuba dufise ni ukugira “dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.” (Abanyefeso 4:14) Ahubwo, dushingiye ku buryo tuzi kandi dutahura ibihimbara Imana, turashobora gufata ingingo ziranga ubukerebutsi, zaba zihambaye canke zidahambaye, zikatugirira akamaro, zikaremesha abo dusenga hamwe, maze ikiruta vyose zikaba zihimbara Data wa twese wo mw’ijuru. (Imigani 27:11) Ese ukuntu ari umuhezagiro bikaba n’uburinzi muri ibi bihe bigoye!
[Akajambo k’epfo]
a Mu rutonde rw’ibintu birenga 40 bishika mu buzima bw’abantu bitesha umutwe kuruta ibindi, ari vyo vyegeranijwe na Drs. Thomas Holmes hamwe na Richard Rahe, ukubura uwo mwubakanye, ukwahukana n’ugutandukana ni vyo bintu bitatu vya mbere. Ukwubaka kigira indwi.
Woshobora Kubisigura?
• Ni ubushobozi ubuhe bukenewe kugira ngo umuntu afate ingingo zifise ishingiro?
• Ni kuki bitaranga ubukerebutsi guhanga amaso abantu barurangiranwa canke kwiheka ku nyiyumvo zacu bwite igihe duhitamwo iciza n’ikibi?
• Ni kuki dukwiye kumenya neza ibihimbara Imana igihe dufata ingingo, kandi dushobora kubigenza gute?
• Bisobanura iki ‘kugira ububasha bwo gutegera bwamenyerejwe’?
[Ifoto ku rup. 20]
Guhanga amaso abatunzi n’abantu bakomakomeye kugira ngo bakuyobore ntaco bivamwo
[Ifoto ku rup. 21]
Nka kumwe kw’umukinyi w’agatebetebe, dutegerezwa kuyobora neza ubwenge bwacu n’ibihimba vy’umubiri