ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ni Nde Abumba Ivyiyumviro Vyawe?
    Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Ndamukiza
    • Ni co gituma Paulo yinginze Abakirisu bagenzi biwe “kudashushanyw[a] n’ivy’iki gihe.” (Abaroma 12:2) Umuhinduzi umwe wa Bibiliya yasubiyemwo ayo majambo ya Paulo mu bundi buryo ati: “Ntimureke ngo isi ibakikije ibatsindagire mw’iforoma yayo bwite.” (Abaroma 12:2, Phillips) Shetani azogerageza uburyo bwose kugira ngo aguhatire mw’iforoma yiwe, nk’uko umubumvyi wo mu bihe vya kera yatsindagirira ibumba mw’iforoma kugira ngo rize ririko udusaruro kandi rifise akaranga ashaka. Shetani ku bw’ico gikorwa yarateguye politike y’isi, ivy’ubucuruzi vyayo, amadini yayo be n’ivy’ukwisamaza biri muri yo ngo babikore. Nezaneza akosho kiwe gakwiye mu mihingo yose gute? Karakwiye hose nk’uko kari gakwiye hose mu gihe c’intumwa Yohani. Yavuze ati: “Isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19; raba kandi 2 Ab’i Korinto 4:4.) Niba ufise amazinda ku bushobozi Shetani afise bwo kuryosharyosha abantu no kwonona ivyiyumviro vyabo, niwibuke ukuntu ivyo yabikoze bikamushobokera ku bantu bari bagize ihanga rizima rya Isirayeli, abari bariyeguriye Imana. (1 Ab’i Korinto 10:6-12) None ibintu nk’ivyo vyoba vyogushikira? Birashobora kugushikira umuzirikanyi wawe uramutse uwugururiye akosho ka Shetani ko kuturyosharyosha.

  • Ni Nde Abumba Ivyiyumviro Vyawe?
    Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Ndamukiza
    • Ni we wihitiramwo. Urashobora guhitamwo ‘gushushanywa n’uru runkwekwe rw’ibintu’ mu kureka amafilozofiya y’iyi si be n’ibintu iha agaciro bikayobora ukwiyumvira kwawe. (Abaroma 12:2) Ariko iyi si ntiyitaho ineza yawe. Ni co gituma intumwa Paulo yabuye ati: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije [filozofiya y]’abantu ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu.” (Ab’i Kolosayi 2:8) Gutsindagirwa mw’iforoma ya Shetani muri ubwo buryo, canke ‘kugirwa na we inyagano,’ ntibisaba akigoro. Bimeze nko guhumeka umwotsi w’itabi ririko rinyobwa n’uwundi. Guhumeka izo mpemu zihumanye ubwavyo birashobora kugira ico bikugize.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika