“Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye”
“Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose”.—ABAROMA 12:17.
1. Ni inyifato iyihe isigaye imenyerewe?
IGIHE umwana asunuwe n’uwo bavukana, akenshi na we nyene aca amusunura. Ikibabaje ni uko iyo nyifato yo kwihora itarangwa mu bana gusa. N’abakuze batari bake barabigira. Igihe hari umuntu abagiriye nabi, baca barondera kumwihora. Ni ivy’ukuri yuko abakuze benshi badasunurana busunurane, ariko abatari bake barihora mu buryo budashoka bwibonekeza. Kumbure barakwiragiza insaku zibabaza ku bijanye n’uwabagiriye nabi canke bakarondera uburyo butandukanye bokoresha kugira ngo ivyo uwo muntu akora ntibigende neza. Uburyo umuntu yokoresha bwaba ari ubuhe, ico aba ashaka gushikako ni kimwe, na co kikaba ari ukwihora.
2. (a) Ni kubera iki abakirisu b’ukuri barwanya agatima ko kwihora? (b) Ni ibibazo ibihe twihweza, kandi ni ikigabane ikihe co muri Bibiliya tugiye kurimbura?
2 Naho agatima ko kwihora kashinze imizi, abakirisu b’ukuri bobo barakarwanya bivuye inyuma. Bihatira nyabuna gukurikiza impanuro y’intumwa Paulo igira iti: “Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye” (Abaroma 12:17). Ni igiki kizotuvyurira umutima wo kubaho twisunga iyo ngingo ngenderwako iri hejuru? Ni bande canecane tudakwiye gusubiriza mu nkoko ikibi batugiriye? Ni ivyiza ibihe tuzoronka nitwirinda kwihora? Kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo, reka tubanze twihweze ivyo Paulo yariko aravuga twongere turabe ukuntu mu Baroma ikigabane ca 12 herekana igituma kwirinda kwihora ari ingendo twokurikirana ibereye, iranga urukundo, kandi iranga ukwicisha bugufi. Nimuze turimbure iyo mice itatu, umwumwe wose ukwawo.
‘Ku bw’ivyo rero ndabahanura’
3, 4. (a) Mu ntango y’ikigabane ca 12 c’igitabu c’Abaroma, ni ibiki Paulo avuga, kandi ukuba yarakoresheje imvugo “ku bw’ivyo rero” bisigura iki? (b) Ni igiki imbabazi z’Imana zari zikwiye kuba zaragize ku bakirisu b’i Roma?
3 Mu ntango y’ikigabane ca 12, Paulo aravuga ibintu bine bifitaniye isano bigira ico bikoze ku buzima bw’umukirisu. Aravuga ivyerekeye ubucuti tugiranira na Yehova, ubwo tugiranira n’abo dusangiye ukwizera, ubwo tugiranira n’abo tudasangiye ukwizera be n’ubwo tugiranira n’abakuru mu vy’intwaro. Paulo arerekana ko hariho imvo ihambaye yotuma turwanya impengamiro mbi, ushizemwo n’agatima ko kwihora, igihe avuga ati: “[“Ku bw’ivyo rero”, “NW”] bene Data, ndabahanūra kubg’imbabazi z’Imana” (Abaroma 12:1). Paulo yakoresheje imvugo “ku bw’ivyo rero”, iyisobanura ngo “hisunzwe ibihejeje kuvugwa”. Ni nk’aho avuga ati: ‘Nisunze ivyo mpejeje kubasigurira, ndabinginga mukore ivyo ngira ndababwire’. Ni ibiki none Paulo yari yasiguriye abo bakirisu b’i Roma?
4 Mu bigabane 11 vya mbere vy’iryo kete Paulo yabandikiye, yaravuze ivyerekeye akaryo keza igitangaza Abayuda n’Abanyamahanga bari barahawe ko gufadikanya na Kristu kuganza mu Bwami bw’Imana, ico kikaba ari icizigiro Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri yateye akagere (Abaroma 11:13-36). Ako gateka kadasanzwe kashobotse gusa “kubg’imbabazi z’Imana”. None abakirisu bakwiye kubona gute ubwo buntu batabereye buhambaye Imana yabagaragarije? Imitima yabo ikwiye kubogaboga ugukenguruka ku buryo bavyurirwa umutima wo gukora ivyo Paulo avuga ubukurikira, ati: “Mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi” (Abaroma 12:1). Ariko none, abo bakirisu boshoboye gute mu vy’ukuri kwitanga bakaba “ibimazi” ku Mana?
5. (a) Umuntu ashobora gute kwitanga akaba ‘ikimazi’ ku Mana? (b) Ni ingingo ngenderwako iyihe ikwiye kugira ico ikoze ku nyifato y’umukirisu?
5 Paulo abandanya asigura ati: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose” (Abaroma 12:2). Aho kureka ngo agatima k’isi kabe ari ko kayobora ivyiyumviro vyabo, abo bakirisu bari bakwiye kubihindura bakabihuza n’ivyiyumviro vya Kristu (1 Ab’i Korinto 2:16; Ab’i Filipi 2:5). Iyo ngingo ngenderwako ikwiye kugira ico ikoze ku nyifato abakirisu b’ukuri bose bagaragaza ku musi ku musi, ushizemwo na twebwe bo muri iki gihe.
6. Twisunze ivyiyumviro Paulo ashikiriza mu Baroma 12:1, 2, ni igiki kidusunikira kwirinda kwihora?
6 Ivyiyumviro Paulo ashikiriza mu Baroma 12:1, 2 bidufasha gute? Cokimwe n’abo bakirisu b’i Roma basizwe impwemu, turakenguruka cane imbabazi zidahera Imana yatugaragarije kandi ikazitugaragariza mu buryo butandukanye. Vyongeye, irabandanya kuzitugaragariza imisi yose y’ukubaho kwacu. Ku bw’ivyo rero, umutima wuzuye ugukenguruka uradusunikira gusukurira Imana dukoresheje inkomezi zacu zose, ivyo dutunze vyose be n’ubushobozi bwacu bwose. Ico cipfuzo kivuye ku mutima kiradusunikira kandi gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo ntitwiyumvire nk’uko isi yiyumvira, ariko twiyumvire nka Kristu. N’ikindi kandi, kugira ivyiyumviro vya Kristu biragira ico bikoze ku kuntu dufata abandi, baba abo dusangiye ukwizera canke abo tudasangiye ukwizera (Ab’i Galatiya 5:25). Nk’akarorero: Igihe twiyumvira nka Kristu, turavyurirwa umutima wo kurwanya agatima ko kwihora.—1 Petero 2:21-23.
“Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi”
7. Ni urukundo uruhe ruvugwa mu Baroma ikigabane ca 12?
7 Turirinda gusubiriza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye, atari gusa kubera yuko ari ingendo ibereye ariko kandi kubera yuko ari ingendo iranga urukundo. Raba ukuntu intumwa Paulo ubukurikira avuga igikwiye gutuma umuntu agaragaza urukundo. Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, arakoresha incuro nyinshi ijambo “urukundo” (a·gaʹpe mu kigiriki) mu kwerekeza ku rukundo rw’Imana be n’urwa Kristu (Abaroma 5:5, 8; 8:35, 39). Ariko rero, mu kigabane ca 12, Paulo akoresha iryo jambo a·gaʹpe mu bundi buryo mu kwerekeza ku rukundo twogaragariza abantu nkatwe. Paulo amaze kuvuga yuko ingabirano zo mu buryo bw’impwemu zitandukanye kandi ko bamwebamwe mu bizera bazifise, aca yerekana kamere abakirisu bose bakwiye gutsimbataza. Avuga ati: “Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi” (Abaroma 12:4-9). Kugaragariza abandi urukundo ni ikintu nyamukuru kiranga abakirisu b’ukuri (Mariko 12:28-31). Paulo aduhimiriza kuraba neza ko urukundo twebwe abakirisu tugaragaza ari urw’ukuri.
8. Dushobora gute kugaragaza urukundo rutari urw’uruheyiheyi?
8 Paulo arerekana kandi ukuntu umuntu yogaragaza urukundo rutari urw’uruheyiheyi, akavuga ati: “[“Muzinukwe”, NW] ibibi, mumatane n’ivyiza” (Abaroma 12:9). ‘Kuzinukwa’ no ‘kumatana’ ni amajambo akomeye cane. Ijambo ‘kuzinukwa’ rishobora guhindurwa ngo “kwanka urunuka”. Ntidutegerezwa kwanka gusa ingaruka z’ikibi, ariko kandi dutegerezwa kwanka n’ikibi ubwaco (Zaburi 97:10). Ijambo ‘kumatana’ ryahinduwe rivuye mu rivuga ry’ikigiriki risobanura urudome ku rundi “kumatanisha uburembo”. Umukirisu afise urukundo nyakuri, aramatana cane na kamere y’ukumera neza, ni ukuvuga ko ayumirako, ku buryo itaba ikivana n’izindi kamere zimuranga.
9. Ni impanuro iyihe Paulo atanga incuro n’izindi?
9 Paulo aravuga incuro n’izindi uburyo bumwe budasanzwe umuntu yogaragazamwo urukundo. Avuga ati: “Ababahama mubahezagire; mubahezagire, ntimubavume”. “Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye”. “Abo nkunda, ntimwīhōrane”. “Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza” (Abaroma 12:14, 17-19, 21). Amajambo ya Paulo arerekana neza ukuntu dukwiye gufata abo tudasangiye ukwizera, mbere n’aboba baturwanya.
“Ababahama mubahezagire”
10. Ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora guhezagira abaduhama?
10 Twoshira mu ngiro gute impanuro Paulo atanga ivuga ngo “Ababahama mubahezagire” (Abaroma 12:14)? Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Mukunde abansi banyu, musabire ababahama” (Matayo 5:44; Luka 6:27, 28). Ku bw’ivyo, bumwe mu buryo duhezagira abaduhama, ni mu gusenga Imana tubasabira, kugira ngo nimba hari abaduhama babitumwe n’ukutamenya, Yehova ashobore kubahumura batahure ukuri (2 Ab’i Korinto 4:4). Mu vy’ukuri, vyoshobora gusa n’ibitumvikana gusaba Imana ngo ihezagire uwuduhama. Ariko rero, uko ivyiyumviro vyacu birushiriza kumera nk’ivya Kristu, ni ko birushiriza kutworohera kugaragariza urukundo abansi bacu (Luka 23:34). None kugaragaza mwene urwo rukundo bishobora kuvamwo iki?
11. (a) Ni igiki twigira ku karorero ka Sitefano? (b) Nk’uko vyerekanwa n’ivyashikiye Paulo, ni ihinduka irihe ryoshobora kuba kuri bamwebamwe mu barwanya abasavyi b’Imana?
11 Sitefano ni umwe mu bantu basenze basabira ababahama kandi isengesho ryiwe ntiryabaye impfagusa. Hataraca igihe kinini Pentekote yo mu 33 G.C. irangiye, Sitefano yarafashwe n’abarwanya ishengero rya gikirisu, maze bamukwegera inyuma ya Yeruzalemu bamwicisha amabuye. Imbere y’uko apfa, yasemereye n’ijwi rirenga ati: “Mwami, ntubaharūrekw iki caha” (Ivyakozwe n’intumwa 7:58–8:1). Umwe mu bagabo Sitefano yasabiye kuri uwo musi yari Sauli, uwiboneye akongera agashigikira iyicwa rya Sitefano. Mu nyuma, Yezu uwari amaze kuzuka yarabonekeye Sauli. Uwo yahoze ahama abakirisu yaracitse umuyoboke wa Kristu maze aba intumwa Paulo, akaba ari na we yanditse igitabu c’Abaroma (Ivyakozwe n’intumwa 26:12-18). Mu buryo buhuye n’isengesho rya Sitefano, biboneka ko Yehova yahariye Paulo icaha c’ukuba yarahama abakirisu (1 Timoteyo 1:12-16). Ntibitangaje rero kubona Paulo yahimirije abakirisu ati: “Ababahama mubahezagire”. Afatiye ku vyamushikiye ubwiwe, yaratahura yuko abantu bamwebamwe bahama abakirisu mu nyuma boshobora gucika abasavyi b’Imana. Muri iki gihe cacu, bamwebamwe mu bahoze bahama abakirisu na bo nyene baracitse abizera kubera inyifato irangwa amahoro abasavyi ba Yehova bagaragaje.
“Mwuzure n’abantu bose”
12. Impanuro dusanga mu Baroma 12:9 ifitaniye isano gute n’iyo dusanga mu Baroma 12:17?
12 Impanuro ijanye n’ukuntu dukwiye gufata abo dusangiye ukwizera hamwe n’abo tudasangiye ukwizera Paulo atanga ubukurikira, igira iti: “Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye”. Ayo majambo aratahurika neza ufatiye ku vyo yari yavuze imbere y’aho, ari vyo vy’ibi: ‘Muzinukwe ibibi’. Nakare, umuntu ashobora kuvuga gute ko vy’ukuri yanka ikibi niba akora ikibi mu kwihora abandi? Kubigenza gutyo vyoba bihushanye no kugira urukundo ‘rutari urw’uruheyiheyi’. Ni co gituma Paulo avuga ati: “Mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose” (Abaroma 12:9, 17). None twoshira mu ngiro gute ayo majambo?
13. Ni gute uburyo twigenza bubonwa n’“abantu bose”?
13 Imbere y’aho, mw’ikete Paulo yandikiye Abanyakorinto, yaravuze ibijanye n’uruhamo rwashikiye intumwa. Yagize ati: “Twacitse akābarore mw isi, mu bamarayika no mu bantu. . . . Iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana, iyo batwambika ibara turabahōyahōya” (1 Ab’i Korinto 4:9-13). Abakirisu b’ukuri muri iki gihe na bo nyene barihwezwa n’abantu bo muri iyi si. Igihe abantu badukikuje babona ibintu vyiza dukora naho twoba turiko turarenganywa, vyoshobora gutuma barushiriza kwakira neza ubutumwa tubashikiriza.—1 Petero 2:12.
14. Ni urugero uruhe dukwiye gushikanako mu vyo dukora turondera kugiranira amahoro n’abandi?
14 Ariko none, dukwiye kuremesha amahoro ku rugero rungana iki? Dukwiye kubigira ku rugero runini rushoboka. Paulo abwira abavukanyi biwe bakirisu ati: “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose” (Abaroma 12:18). Amajambo “namba bishoboka” be na “mu ruhande rwanyu”, ni amajambo abereye yerekana ko kugiranira amahoro n’abandi vyoshobora kutama igihe cose bishoboka. Nk’akarorero, ntituzorenga kw’itegeko ry’Imana kugira gusa ngo tuzigame amahoro dufitaniye n’umuntu (Matayo 10:34-36; Abaheburayo 12:14). Naho ari ukwo, turakora ukwo dushoboye kwose kugira ngo tugiranire amahoro “n’abantu bose”, ariko tutiriwe turarenga ku ngingo ngenderwako zigororotse.
“Ntimwīhōrane”
15. Ni imvo iyihe dusanga mu Baroma 12:19 yotuma tureka kwihora?
15 Paulo aratanga iyindi mvo yumvikana yerekana igituma tudakwiye kwihora, na yo ikaba ari uko ukutihora ari ingendo iranga ukwicisha bugufi twokurikirana. Avuga ati: “Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’Uguhōra n’ukwanje, ni jewe [nzosubiriza] mu nkōko, ni k’Uhoraho agize” (Abaroma 12:19). Umukirisu agerageza kwihora aba ari umunyabwibone. Aba yihaye uruhara rwega Imana (Matayo 7:1). Vyongeye, igihe yifatiye ibintu mu minwe aba yerekanye ko atizera ivyo Yehova yavuze adukura amazinda ati: ‘Ni jewe nzosubiriza mu nkoko’. Mu buryo buhushanye n’ubwo, abakirisu b’ukuri barizigira ko Yehova “[azotuma] ubutungane bushitswa ku bw’abatowe [biwe]” (Luka 18:7, 8, NW; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-8). Baricisha bugufi maze ivyo guhōra ikibi bakabirekera mu maboko y’Imana.—Yeremiya 30:23, 24; Abaroma 1:18.
16, 17. (a) ‘Kurunda amakara yaka’ ku mutwe w’umuntu bisobanura iki? (b) Wewe ubwawe, woba wariboneye ingene kugaragaza ubuntu vyorosha umutima w’umuntu atizera? Nimba waravyiboneye, tanga akarorero.
16 Kwihora umwansi vyoshobora gutuma umutima wiwe ukomantara, ariko kumufatana ubuntu vyoshobora kuworosha. Uti kubera iki? Ehe raba ivyo Paulo yandikiye abakirisu b’i Roma. Avuga ati: “Umwansi wawe ni yasonza, umugaburire; ni yagira inyota, umuhe ic’anywa: kuko ni wagira urtyo, uzoba umurunzekw amakara yaka ku mutwe” (Abaroma 12:20; Imigani 25:21, 22). None ivyo bisobanura iki?
17 Imvugo ngo ‘kumurundako amakara yaka ku mutwe’ ni imvugo ngereranyo ishingiye ku buhinga bwakoreshwa mu gutyorora ivyuma mu bihe vya Bibiliya. Ubutare bwarashirwa mw’itanure, maze ntibarunde amakara munsi yabwo gusa, ariko bakayarunda no hejuru yabwo. Amakara yaka umuriro yo hejuru y’ubutare, yatuma ubushuhe buba bwinshi ku buryo ico cuma gikomeye cashonga maze imyanda igaca ikivamwo. Muri ubwo buryo nyene, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, tugiriye neza uwuturwanya twoshobora gutuma ubukomantare bwiwe bushonga maze kamere nziza yoba afise zigaseruka (2 Abami 6:14-23). Kukaba nkako, abatari bake mu bagize ishengero rya gikirisu, ikintu ca mbere cabakwegereye ku gusenga kw’ukuri ni ibikorwa biranga ubuntu abasavyi ba Yehova babagiriye.
Igituma tutihora
18. Ni kubera iki kutihora ari ikintu kibereye, kiranga urukundo kandi kiranga ukwicisha bugufi?
18 Muri uyu mwihwezo mugufi duhejeje kugira mu Baroma ikigabane ca 12, twabonye imvo zitari nke zihambaye zotuma ‘tudasubiriza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye’. Ubwa mbere, kwirinda kwihora ni ingendo ibereye twokurikirana. Turavye imbabazi Imana yatugaragarije, birabereye kandi ni ivyumvikana ko twihebera Yehova tukongera tukagamburuka amategeko yiwe bivuye ku mutima, ushizemwo n’iridusaba gukunda abansi bacu. Ubwa kabiri, kudasuburiza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye ni ingendo iranga urukundo twokurikirana. Igihe turetse kwihora maze tukaremesha amahoro, turizigira yuko turiko turafasha tubigiranye umutima mwiza mbere na bamwebamwe mu baturwanya cane, kugira ngo bacike abasavyi ba Yehova. Ubugira gatatu, kwirinda gusubiriza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye ni ingendo iranga ukwicisha bugufi twokurikirana. Kwihora vyoba biranga ubwibone, kubera ko Yehova avuga ati: “Uguhōra n’ukwanje”. Ijambo ry’Imana kandi ritugabisha riti: “Ubgibone buje, ni ho haza gutētērwa, arik’ubgenge bubana n’abicishije bugufi” (Imigani 11:2). Mu gihe dukoranye ubukerebutsi maze guhōra tukabirekera mu maboko y’Imana, vyerekana ko twicisha bugufi.
19. Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
19 Paulo arasubiramwo muri make ivyo yavuze ku bijanye n’ukuntu dukwiye gufata abandi mu guhimiriza abakirisu ati: “Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza” (Abaroma 12:21). Ni inguvu z’ububisha izihe duhanganye na zo muri iki gihe? Dushobora gute kuzitsinda? Inyishu z’ivyo bibazo be n’ibindi bibazo bijanye n’ivyo, birarimburwa mu kiganiro gikurikira.
Woshobora kubisigura?
• Ni impanuro iyihe dusanga incuro n’izindi mu Baroma ikigabane ca 12?
• Ni igiki kidusunikira kutihora?
• Ni ivyiza ibihe twebwe be n’abandi tuzoronka ‘nitutasubiriza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye’?
[Uruzitiro ku rup. 22]
Mu Baroma ikigabane ca 12 haravuga ivyerekeye ubucuti umukirisu agiranira na
• Yehova
• Abo basangiye ukwizera
• Abo badasangiye ukwizera
[Ifoto ku rup. 23]
Ikete Paulo yandikiye Abaroma riraha abakirisu impanuro ngirakamaro
[Ifoto ku rup. 25]
Ni igiki twigira ku karorero k’umwigishwa Sitefano?