ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/7 rup. 13-18
  • ‘Mwese Muri Abavukana’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Mwese Muri Abavukana’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akarorero ka Yehova n’Aka Yezu
  • Gutera Iteka Abagize Umuryango
  • ‘[Mu Guterana Iteka] Umuntu Wese Ashire Imbere Mugenziwe’
  • Nidutere Iteka Abandi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Woba uba uwa mbere mu vyo gutera iteka abo musangiye ukwemera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nutere iteka ababibereye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Woba uri uwa mbere mu gutera iteka abandi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/7 rup. 13-18

‘Mwese Muri Abavukana’

“Ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana.”​—MATAYO 23:8.

1. Ni ikintu ikihe bikwiriye ko turimbura?

“NI NDE akwiye kuterwa iteka kuruta uwundi, umumisiyonari canke Umunyabeteli?” Ukwo ni ko umukenyezi umwe w’Umukirisu wo mu gihugu co mu Buseruko, ata kibi abigiranye, yabajije umumisiyonarikazi aturuka muri Ostraliya. Yashaka kumenya uwukwiye kwubahwa kuruta uwundi hagati y’umumisiyonari aturuka mu kindi gihugu canke umukozi w’imvukira akorera ku biro vy’ishami rya Sosiyete Watch Tower. Ico kibazo cabajijwe ata kibi bigiranywe kigaragaza imico kama yo kwitwararika ivy’inzego, cabajijwe uwo mumisiyonari atari aciteze. Ariko rero, ico kibazo c’uwuri mukuru, gikomoka ku cipfuzo co kumenya ibibanza abantu barimwo mu bijanye n’ukugira ububasha hamwe n’akosho.

2. Dukwiye kubona gute abo duhurikiye hamwe mu gusenga?

2 Ico kintu kiraje ishinga si gishasha na gato. N’abigishwa ba Yezu bama bari mu bihari vy’urudaca ku vyerekeye uwuruta abandi. (Matayo 20:20-24; Mariko 9:33-37; Luka 22:24-27) Na bo nyene baturutse mu bafise imico kama yo kwitwararika cane ivy’inzego, mu mico y’idini ry’Abayuda ryo mu kinjana ca mbere. Yezu afise ivy’ico kibano mu muzirikanyi, yahanuye abigishwa biwe ati: “Ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana.” (Matayo 23:8) Incabwenge imwe mu vya Bibiliya, Albert Barnes, ivuga yuko izina ry’icubahiro mu vy’idini nka “Rabi,” irisobanura ngo “Mwigisha,” “risa n’irivyara ubwibone be n’ukwiyumva ubukuru mu barironka, mu batarironka naho hakavuka igono hamwe n’ukwishira hasi, kandi nta kindi ciyumviro n’impengamiro bivyura atari ibihushanye n’‘ukwifata ruto kwari muri Kirisitu.’” Kukaba nkako, Abakirisu baririnda kwita abacungezi bari muri bo ngo “Mukurambere Naka,” bakoresha ijambo “umukurambere” bwa zina ry’icubahiro ry’ukubaryosharyosha. (Yobu 32:21, 22) Ku rundi ruhande, abakurambere babaho bisunga agatima kagenga impanuro ya Yezu baratera iteka abandi bo mw’ishengero nka kumwe nyene Yehova atera iteka abamusenga b’intahemuka kandi Yezu Kirisitu agatera iteka abayoboke biwe b’intahemuka.

Akarorero ka Yehova n’Aka Yezu

3. Yehova yateye iteka gute ibiremwa vyiwe vy’impwemu?

3 Naho Yehova ari “Usumba vyose,” kuva mu ntango yaratera iteka ibiremwa vyiwe mu kubireka bikagira uruhara mu bikorwa vyiwe. (Zaburi 83:18) Igihe yarema umuntu wa mbere, Yehova yashize muri uyo mugambi Umwana wiwe w’ikinege nk’“umukozi w’umuhanga.” (Imigani 8:27-30; Itanguriro 1:26) Yehova yaranasavye abamarayika biwe bo mw’ijuru guserura ico biyumvira ku kuntu yobigenza mu gusangangura Umwami w’umubisha Ahabu igihe Yehova yiyemeje kubigira.​—1 Abami 22:19-23.

4, 5. Yehova atera iteka ibiremwa-bantu vyiwe gute?

4 Yehova aganza nka Segaba Kaminuza w’ibiriho vyose. (Gusubira mu Vyagezwe 3:24) Ntakenera guhanuza abantu. Yamara, ni nk’aho aca bugufi akabumviriza. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ni nde ahwanye n’Uhoraho Imana yacu, afise intebe yiwe hejuru cane, akicishiriza bugufi kurāba ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi? Akura umugorwa mu mukungugu.”​—Zaburi 113:5-8.

5 Imbere y’uguherengeteza Sodomu na Gomora, Yehova yarateze ugutwi ibibazo vya Aburahamu hanyuma arakurikiza uko Aburahamu abona ubutungane. (Itanguriro 18:23-33) Naho Yehova yari amaze kumenya amaherezo y’ivyo Aburahamu asaba, yaramuteze ugutwi yihanganye yongera aremera iciyumviro ciwe.

6. Igihe Habakuki yabaza ikibazo, ukuba Yehova yaramuteye iteka vyavuyemwo iki?

6 Yehova kandi yarateze ugutwi Habakuki, uwabajije ati: “Uhoraho we, nzogeza ryari kugutakambira, ntunyumve?” Yehova yoba yabonye ico kibazo nk’uguhiga n’ubukuru bwiwe? Ekaye, yabonye ibibazo vya Habakuki bifise ishingiro, maze ku bw’ivyo aca ahishura umugambi wiwe wo guhagurutsa Abakaludaya kugira ngo bashitse urubanza. Yarasubirije umutima mu nda uyo muhanuzi yuko ‘urwo rubanza rwabuwe rwoshitse ata kabuza.’ (Habakuki 1:1, 2, 5, 6, 13, 14; 2:2, 3) Mu kutirengagiza ivyari biraje ishinga Habakuki no mu kumwishura, Yehova yarateye iteka uwo muhanuzi. Ico vyavuyemwo ni uko uwo muhanuzi yari yataye umutwe yeze umutima yongera aranezerwa, yizigiye vyuzuye Imana y’ubukiriro bwiwe. Ivyo bibonekera mu gitabu ca Habakuki cahumetswe gikomeza ukwizigira Yehova kwacu muri iki gihe.​—Habakuki 3:18, 19.

7. Ni kuki uruhara rwa Petero kuri Pentekote yo mu 33 G.C. ruri n’ico ruvuze?

7 Yezu Kirisitu ni akandi karorero keza ko kugaragariza abandi icubahiro. Yezu yari yabwiye abigishwa biwe ngo “umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw ijuru.” (Matayo 10:32, 33) Ariko rero, mw’ijoro yaguriwemwo, abigishwa biwe bose baramutaye, kandi intumwa Petero amwihakana incuro zitatu. (Matayo 26:34, 35, 69-75) Yezu ntiyaravye ibiseruka inyuma, ahubwo yihweje inyiyumvo z’imbere za Petero, ukwigaya kuvuye ku mutima kwiwe. (Luka 22:61, 62) Haheze imisi 51 gusa, Kirisitu yarafatanye urupfasoni iyo ntumwa yigaye mu kuyireka igaserukira abigishwa 120 ba Yezu ku musi wa Pentekote ikongera igakoresha urwa mbere muri za “mpfunguzo z’ubwami.” (Matayo 16:19; Ivyakozwe 2:14-40) Petero yarahawe akaryo ko ‘guhindukira maze akaremesha benewabo.’​—Luka 22:31-33, UB.

Gutera Iteka Abagize Umuryango

8, 9. Mu vy’ugutera iteka umukenyezi wiwe, umunega ashobore gute kwigana Yehova na Yezu?

8 Abanega n’abavyeyi vyoba vyiza biganye Yehova na Yezu Kirisitu mu vy’ugukoresha ubukuru bahabwa n’Imana. Petero yakebuye ati: “Namwe bagabo n’uko, mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye, kukw ari nk’imbombovu zidahwanije namwe inkomezi: kandi mubahe icubahiro.” (1 Petero 3:7) Niwiyumvire utengase urwavya rubumbwe nk’idisi rutegerezwa kuba rumeneka kuruta urwoba rubajwe mu giti. Ntiworwengenga none? Umunega ashobora kubigira mu kwigana Yehova, mu gutega ugutwi ivyiyumviro vy’umugore wiwe igihe afata ingingo ziraba ivyo mu rugo. Niwibuke ko Yehova yafashe umwanya wo gufasha Aburahamu kuzirikana. Kubera umunega ari umunyagasembwa, yoshobora kunanirwa kubona ico kibazo cose uko cakabaye. None, ntiyoba agize ibiranga ubukerebutsi ateye iteka umukenyezi wiwe mu kurimbura ata buryarya iciyumviro uwo mukenyezi ashikirije?

9 Mu bihugu aho ubukuru bw’umugabo bushinze imizi, umunega ategerezwa kugumiza mu muzirikanyi yuko umukenyezi wiwe bishobora kuba bimusaba gutsinda intambamyi zikomeye kugira ngo aserure inyiyumvo z’imbere muri we. Niwigane ukuntu Yezu Kirisitu igihe yari kw’isi yafata abigishwa biwe, abari mu bogize umugwi w’umugeni wiwe muri kazoza. Yarabakundwakaje, ntiyirengagiza aho bageza mu vy’umubiri no mu vy’impwemu, eka n’imbere yuko bavuga ivyo bakeneye. (Mariko 6:31; Yohana 16:12, 13; Abanyefeso 5:28-30) Vyongeye, nufate umwanya wo kwihweza ivyo umukenyezi wawe ariko arakora ku bwawe no ku bw’urugo rwanyu, maze userure ugukenguruka ufise mu mvugo no mu ngiro. Yehova na Yezu bompi barakengurukiye abantu babikwiriye, barabakeza bongera barabahezagira. (1 Abami 3:10-14; Yobu 42:12-15; Mariko 12:41-44; Yohana 12:3-8) Umunega wiwe amaze gucika Icabona ca Yehova, umugore umwe w’Umukirisu wo mu gihugu kimwe co mu Buseruko yavuze ati: “Umunega wanje yahora angendera imbere nk’intambwe zitatu canke zine, akandeka ngatwara ibintu vyose. Ubu, aratwara amasakoshi akongera agashima ivyo nkora i muhira!” Ijambo ry’ugushima rivuye ku mutima na ryo nyene riraterera cane mu gufasha umukenyezi wawe kwumva ko afise agaciro.​—Imigani 31:28.

10, 11. Abavyeyi bashobora kwigira iki ku karorero keza ka Yehova k’ukuntu yavyifashemwo ku biraba rya hanga rigarariji rya Isirayeli?

10 Mu kwitwararika ivy’abana babo, canecane igihe igikangīro gikenewe, abavyeyi bakwiye kwigana akarorero k’Imana. “Uhoraho yama abūrira Abisirayeli n’Abayuda” ngo bahindukire bave mu nzira zabo mbi, mugabo “bashinga amazosi.” (2 Abami 17:13-15) Abisirayeli mbere “[bagerageje ku]yihemesha akanwa kabo, bakayibeshesha indimi zabo.” Abavyeyi benshi bashobora kwiyumvamwo yuko rimwe na rimwe abana babo bifata nk’ukwo. Abisirayeli “ba[r]agerageza Imana” kandi bakayibabaza, bagatuma yumva iratse. Yamara, Yehova “yuzuye imbabazi, [a]harira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye.”​—Zaburi 78:36-41.

11 Yehova yaraninginze Abisirayeli ati: “Enda ni muze, twītātūre, . . . nah’ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi.” (Yesaya 1:18) Naho Yehova atari mw’ikosa, yarateye akamo iryo hanga rigarariji ngo rize maze bashire ibintu mu buryo. Ese ukuntu ari inyifato nziza abavyeyi bokwigana mu kwitwararika abana babo! Igihe ari ngombwa, nimubafatane urupfasoni mu gutega ugutwi ico nabo bavuga, maze mubafashe kuzirikana ku gituma bakwiye guhindura.

12. (a) Ni kuki dukwiye kwirinda gutera iteka abana bacu kuruta Yehova? (b) Ni igiki gikenewe niba dushaka kwubahiriza urupfasoni rugaragarizwa abana bacu mu gihe tubakangira?

12 Mugabo ntiwumve, rimwe na rimwe abana bakenera impanuro zikomeye. Abavyeyi ntiboshima kuba nka Eli, ‘yubaha abahungu biwe kubarutisha Yehova.’ (1 Samweli 2:29) N’aho nyene, urwaruka rukeneye kubona ko rukosowe biba bivuye ku rukundo. Bakwiye gushobora gutahura yuko abavyeyi babo babakunda. Paulo akebura ba sebibondo ati: “Ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba.” (Abanyefeso 6:4) Naho ubukuru bwa sebibondo bukoreshwa, ikintu kiriko kirashikirizwa ni uko sebibondo akeneye gufatana urupfasoni abana mu kutabaratsa kubera abatwaje umukazo mu buryo burenze urugero. Egome, gushika ku kutirengagiza ivy’uko abana bakwiye gufatanwa urupfasoni bisaba igihe n’akigoro ku bavyeyi, mugabo utwigoro two kubigira ntidupfa ubusa.

13. Bibiliya ibona gute ivy’abageze mu zabukuru mu muryango?

13 Gutera iteka abagize umuryango ntibirimwo gusa gufatana urupfasoni umukenyezi n’abana. Umugani umwe wo mu Kiyapani uvuga uti: “Ugeze mu zabukuru, niwubahe abana bawe.” Iciyumviro c’uwo mugani ni uko abavyeyi bageze mu zabukuru bakwiye guhagarika gukoresha ubukuru bwabo bwa kivyeyi maze bakumviriza iryo abana babo bageze mu bigero bavuga. Naho Ivyanditswe bivuga ko abavyeyi bakwiye gutera iteka abana babo mu kubatega ugutwi, abana ntibakwiye kugaragaza inyifato y’ukutubaha abageze mu zabukuru bari mu bagize umuryango. Mu Migani 23:22 havuga hati: “Ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.” Umwami Salomo yabayeho yisunga uwo mugani kandi yarateye iteka nyina wiwe igihe yamwegera afise ico amwazambira. Salomo yarasavye ko bashira intebe y’icubahiro i buryo bw’iyiwe bwite maze atega ugutwi iryo nyina wiwe Batisheba yari ageze mu zabukuru yari afise amubwira.​—1 Abami 2:19, 20.

14. Dushobora gute gutera iteka abageze mu zabukuru bari mu bagize ishengero?

14 Mu muryango wacu wagutse wo mu vy’impwemu, dufise akaryo keza ko “kuja imbere” mu vy’ugutera iteka abageze mu zabukuru bo mw’ishengero. (Abaroma 12:10) Bashobora kuba badashoboye gukora ibingana n’ivyo bakora mu misi yahera, kandi ivyo birashobora kubababaza. (Umusiguzi 12:1-7) Hari Icabona yasizwe ageze mu zabukuru yari ku musego kwa muganga igihe kimwe yaseruye akababaro nk’ako ati: “Si je nzobona ndapfuye kugira nisubirire ku gikorwa.” Ku bageze mu zabukuru nk’abo, kubagaragariza ugushima n’iteka bakwiriye birashobora gufasha. Abisirayeli babwirijwe bati: “Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma.” (Abalewi 19:32) Nugaragaze ko witwararika mu gutuma abageze mu zabukuru bumva ko bakenewe kandi bashimwa. ‘Kuva hasi’ bishobora gusobanura kwicara maze umuntu agatega ugutwi bariko bayaga ivyo baranguye mu myaka iheze. Ivyo bizotuma uwo ageze mu zabukuru abona ko afatanwa urupfasoni vyongere biryohore ubuzima bwacu bwo mu vy’impwemu.

‘[Mu Guterana Iteka] Umuntu Wese Ashire Imbere Mugenziwe’

15. Umukurambere ashobora gukora iki kugira ngo agaragarize urupfasoni abagize ishengero?

15 Abagize ishengero basagamba igihe abakurambere babaha akarorero keza. (1 Petero 5:2, 3) Naho bafise ibikorwa vyinshi, abakurambere bitwararika baribwiriza kwegera abakiri bato, baserugo, abakenyezi barera abana ari bonyene, abanyakigo be n’abageze mu zabukuru, abo bantu baba bafise ingorane canke batazifise. Abakurambere baratega ugutwi ivyo abagize ishengero bavuga kandi bakabakeza ku vyo bashoboye gukora. Umukurambere azi kwitegereza akagira ico avuga akenguruka ku vyo umuvukanyi canke umuvukanyikazi akora, aba ariko yigana Yehova, uwushima ibiremwa vyiwe vyo kw’isi.

16. Ni kuki dukwiye kubona abakurambere nk’abakwiriye icubahiro kumwe n’abandi mw’ishengero?

16 Mu kwigana Yehova, abakurambere baratanga akarorero keza mu gushira mu ngiro inkeburo ya Paulo igira iti: “Ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; [mu gutera iteka] umuntu wese ashire imbere mugenziwe.” (Abaroma 12:10) Ivyo bishobora kuba bigoye ku bakurambere baba mu bihugu aho abantu bitwararika ivy’ubusumbane mu kibano. Nk’akarorero, mu gihugu kimwe co mu Buseruko, hari amajambo abiri akoreshwa mu kuvuga “umuvukanyi,” rimwe rikaba ari iry’icubahiro irindi ari irisanzwe. Kugeza mu gihe ca vuba, abagize ishengero bahamagara abakurambere be n’abakuze bakoresheje iry’icubahiro, bagakoresha irisanzwe ku bandi. Ariko rero, bararemeshejwe gukoresha irisanzwe mu bihe vyose kubera yuko, nk’uko Yezu yabibwiye abayoboke biwe, “mwese mur’abavukana.” (Matayo 23:8) Naho ivy’amatandukaniro bishobora kuba bitibonekeza mu bindi bihugu, twese turakeneye kumenya impengamiro y’umuntu yo gutandukanya abantu ku rwego barimwo.​—Yakobo 2:4.

17. (a) Ni kuki abakurambere bakwiye kuba begereka? (b) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe abakurambere bashobora kwigana Yehova mu vyo bagirana n’abagize ishengero?

17 Ego ni ko, Paulo aturemesha gufata abakurambere bamwebamwe nk’abakwiriye “gusonerwa kabiri,” mugabo baguma ari abavukanyi. (1 Timote 5:17, UB) Niba dushobora “[kwegera] intebe y’ubuntu [ya Segaba w’Ibiriho Vyose] dushize ubwoba,” ubwo ntitwoshobora kwegera abakurambere, abategerezwa kwigana Yehova? (Abaheburayo 4:16; Abanyefeso 5:1) Abacungezi bashobora gupima ukuntu boba begereka mu kurimbura incuro abandi babegera babaronderako impanuro canke babagira inama. Niwigire ku kuntu Yehova ashiramwo n’abandi mu migambi arangura. Afatana abandi urupfasoni mu kubashinga amabanga. Naho inama zishikirijwe n’ikindi Cabona zishobora gusa n’izitoshoboka, abakurambere bakwiye gushima ukwo kwitwararika kwagaragajwe. Niwibuke ukuntu Yehova yakiriye ibibazo bishika kure vya Aburahamu n’intakambo y’umubabaro ya Habakuki.

18. Abakurambere bashobora gute kwigana Yehova mu vy’ukubogora abakeneye imfashanyo?

18 Abakirisu nka bo bamwebamwe bakeneye kubogorwa. (Ab’i Galatiya 6:1) N’aho nyene, barafise agaciro mu nyonga za Yehova, bakaba bakwiriye gufatanwa urupfasoni. Icabona kimwe cavuze giti: “Igihe uwutanga impanuro amfatana icubahiro, sinitinya kumwitura.” Abantu benshi bakira neza impanuro igihe bafatanwa urupfasoni. Bishobora gufata umwanya munini, mugabo kwumviriza abatirimutse bituma boroherwa no kwemera impanuro yose yoba ikenewe. Nimugumize mu muzirikanyi ukuntu Yehova yaguma aza arafasha yisubiriza Abisirayeli kuzirikana, bivuye ku kibabarwe yari abafitiye. (2 Ngoma 36:15; Tito 3:2) Impanuro zitanganywe impuhwe n’ukubabarana zizokora ku mitima y’abakeneye imfashanyo.​—Imigani 17:17; Ab’i Filipi 2:2, 3; 1 Petero 3:8.

19. Dukwiye kubona gute abantu batemera ivyo Abakirisu bemera?

19 Ugutera iteka abandi kwacu gushika no ku bari mu nzira yo kuzocika abavukanyi bacu bo mu vy’impwemu. Abantu nk’abo bashobora kuba batanyaruka kwemera ubutumwa bwacu muri iki gihe, mugabo turacakeneye kubihanganira no kwemera icese yuko bakwiye gufatanwa urupfasoni kuko ari abantu. Yehova “nt[a]gomba ko hagira abahona, arikw [a]gomba ko bose bihana.” (2 Petero 3:9) Ntidukwiye none kubona ibintu nk’uko Yehova abibona? Dufashe abantu muri rusangi, turashobora guca inzira yo gushinga intahe mu gihe nantaryo tugerageza kumera nk’abagenzi. Mugabo ntiwumve, turirinda wa mukwegano ushobora kujamwo ibintu vyotera akaga mu vy’impwemu. (1 Ab’i Korinto 15:33) Yamara, turagaragaza “ubuntu,” ntitugaye abantu batemera ivyo twemera.​—Ivyakozwe 27:3, NW.

20. Akarorero ka Yehova n’aka Yezu Kirisitu gakwiye gutuma dukora iki?

20 Egome, Yehova na Yezu Kirisitu babona ko umwe wese muri twebwe akwiriye icubahiro. Nimuze twame nantaryo twibuka ukuntu bakora maze na twe dutange akarorero mu guterana iteka. Ikindi, ese nantaryo twogumiza mu muzirikanyi aya majambo y’Umukama wacu Yezu Kirisitu agira ati: “Mwese mur’abavukana.”​—Matayo 23:8.

Wokwishura Gute?

• Abo muhurikiye hamwe mu gusenga ukwiye kubabona gute?

• Ni gute akarorero ka Yehova n’aka Yezu gatuma utera iteka abandi?

• Abanega n’abavyeyi bashobora gute gutera iteka abandi?

• Ukubona Abakirisu bagenzi babo nk’abavukanyi babo bituma abakurambere bakora ibintu mu buhe buryo?

[Ifoto ku rup. 16]

Nutere iteka umukenyezi wawe ukoresheje amajambo yo gushima

[Ifoto ku rup. 16]

Nufatane urupfasoni abana bawe mu kubatega ugutwi

[Ifoto ku rup. 16]

Nufatane urupfasoni abagize ishengero

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika