Niwizigire Yehova maze ugire umutima rugabo
“Niwizigire Yehova; nugire umutima rugabo kandi umutima wawe ukomere. Egome, niwizigire Yehova”.—ZABURI 27:14, NW.
1. Icizigiro gihambaye ku rugero rungana iki, kandi iryo jambo rifise insobanuro iyihe mu Vyanditswe?
ICIZIGIRO nyakuri kimeze nk’umuco ukayangana. Kiradufasha kutabona gusa ibigeragezo tuba turimwo maze tukarindira kazoza dufise umutima rugabo n’umunezero. Yehova ni we wenyene ashobora kuduha ico cizigiro ntakekeranywa, ivyo akaba abigira abicishije kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe (2 Timoteyo 3:16). Nkako, ijambo ‘kwizigira’ hamwe n’ayandi arikomokako araboneka incuro nyinshi muri Bibiliya, akaba yerekeza ku kwitega ikintu ciza ugishashaye kandi udakekeranya, akongera akerekeza kuri ico kintu nyene uba witezea. Ico cizigiro si icipfuzo gusa umuntu agira, kubera yuko ico cipfuzo coshobora kuba ata shingiro gifise canke ugasanga ntigishobora kuranguka.
2. Icizigiro caranguye uruhara uruhe mu buzima bwa Yezu?
2 Igihe Yezu yaba ari mu bigeragezo be n’ibintu bigoye, ntiyabona gusa ivyariko bimushikira ahubwo, yarizigira Yehova. “Kubg’umunezero yashizwe imbere, yihanganiye [“igiti co kubabarizwako”, NW], ntiyagira ikindi isoni za[c]o, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana” (Abaheburayo 12:2). Kubera yuko Yezu yaguma yibanze cane ku kwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova be n’ukwezwa kw’izina ryiwe, ntiyigeze areka kugamburukira Imana, naho vyamusaba kwihanganira ibintu bimeze gute.
3. Icizigiro kirangura uruhara uruhe mu buzima bw’abasavyi b’Imana?
3 Umwami Dawidi arerekana isano riri hagati y’icizigiro n’umutima rugabo ati: “Niwizigire Yehova; nugire umutima rugabo kandi umutima wawe ukomere. Egome, niwizigire Yehova” (Zaburi 27:14, NW). Niba dushaka ko umutima wacu ukomera, dutegerezwa kutigera tureka ngo icizigiro cacu kimere nk’ikidatomoye mu bwenge bwacu. Ahubwo riho, dutegerezwa kuguma tukibona neza mu bwenge kandi tukacamiza ku mutima. Nitwabigira gutyo, bizodufasha kwigana Yezu mu kugira umutima rugabo be n’umwete uko tugira uruhara muri ca gikorwa yashinga abigishwa biwe (Matayo 24:14; 28:19, 20). Kanatsinda, icizigiro gishirwa hamwe n’ukwizera be n’urukundo bwa kamere ihambaye cane yamaho iranga ubuzima bw’abasavyi b’Imana.—1 Ab’i Korinto 13:13.
Woba ‘urushiriza kwizigira ibizoba’?
4. Ni igiki abakirisu basizwe be na bagenzi babo bo mu “zindi ntama” barindiranye umushasharo?
4 Abasavyi b’Imana biteze kazoza keza utoraba. Abakirisu basizwe barindiranye umushasharo gusukurira Imana mw’ijuru bari kumwe na Kirisitu, mu gihe abagize “izindi ntama” bobo bizigiye ‘kuzocungurwa ngo ntibabe bakiba abaja bo kubora, no kuzogira [“umwidegemvyo w’ubuninahazwa”, UB] w’abana b’Imana’ bo kw’isi (Yohana 10:16; Abaroma 8:19-21; Ab’i Filipi 3:20). Uwo “mwidegemvyo w’ubuninahazwa” urimwo n’ukuzorokorwa bagakurwako icaha be n’ingaruka zaco ziteye agahinda. Tuvugishije ukuri, Yehova, Umwe “ugutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose” bikomokako, ntiyobura guha abasavyi biwe b’intahemuka ikintu ciza kuruta ibindi vyose.—Yakobo 1:17; Yesaya 25:8.
5. Dushobora gute ‘kurushiriza kwizigira ibizoba’?
5 Icizigiro twebwe abakirisu dufise gikwiye kugira uruhara rungana iki mu buzima bwacu? Mu Baroma 15:13, dusoma duti: “Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bg[’im]pwemu yera” (Ni twe dushimitse.). Vy’ukuri, icizigiro dufise ntitwokigereranya n’umuco w’ibuji iriko yakira mu mwiza, ahubwo twokigereranya n’imishwarara ica ibibatsi y’izuba ryo mu gitondo, kuko gituma ubuzima bwacu burangwamwo amahoro n’agahimbare, kigatuma bugira intumbero, kigatuma kandi tugira umutima rugabo. Urabona yuko ‘turushiriza kwizigira ibizoba’ igihe twizera Ijambo ry’Imana ryanditswe be n’igihe tuba dufise impwemu yayo yera. Mu Baroma 15:4 hagira hati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba”. Ni co gituma wokwibaza uti: ‘Noba ntuma icizigiro canje kiguma gikayangana mu kuba umutohoji mwiza wa Bibiliya, nkayisoma ku musi ku musi? Noba nkunda gusega nsaba impwemu y’Imana?’.—Luka 11:13.
6. Kugira ngo dutume icizigiro cacu kiguma gikayangana, ni igiki dutegerezwa kwirinda?
6 Yezu, umwe Karorero wacu, yarakomezwa cane n’Ijambo ry’Imana. Mu gushira umutima kuri we tukamuzirikanako cane, turirinda ‘gucobogora no kudendebukirwa mu mitima yacu’ (Abaheburayo 12:3). Birumvikana yuko mu gihe icizigiro twahawe n’Imana gitanguye kuza kirayama mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu canke tugatangura kwitwararika cane ibindi bintu, kumbure amatungo canke imigambi itari iyo mu vy’impwemu, twoshobora gusanga budakeye na kabiri dutanguye kwumva turushe mu vy’impwemu, amaherezo ntitube tugifise intege be n’umutima rugabo bidufasha kubaho dukora ibibereye. Igihe vyifashe gutyo, twoshobora gusanga mbere tubaye “nk’ubgato busavye mu vy’ukwizera” kwacu (1 Timoteyo 1:19). Igihushanye n’ivyo, kugira icizigiro nyakuri birakomeza ukwizera kwacu.
Kugira tugire ukwizera dutegerezwa kugira icizigiro
7. Ni mu buryo ki dutegerezwa kugira icizigiro nimba dushaka kugira ukwizera?
7 Bibiliya ivuga iti: “Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ivy’ukuri” (Abaheburayo 11:1). Ku bw’ivyo, icizigiro si ikintu kidahambaye mu bijanye n’ukwizera, ahubwo ni ikintu gihambaye cane kigize ukwizera. Rimbura ivyerekeye Aburahamu. Ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, we n’umukenyezi wiwe Sara ntibari bagishoboye kuvyara igihe Yehova yabasezeranira ko bazoronka samuragwa (Itanguriro 17:15-17). None Aburahamu yakiriye gute uwo muhango? ‘Aburahamu, [“yishimikije icizigiro”, “NW”] yarizeye ibitokwizigiwe, ngo abe sekuruza w’amahanga menshi’ (Abaroma 4:18). Vy’ukuri, icizigiro Aburahamu yahawe n’Imana catumye ukwizera ko yoronse uruvyaro kugira ishingiro rikomeye. Ukwizera kwiwe na kwo, kwatumye icizigiro ciwe kirushiriza gukayangana kwongera kuragikomeza. Ushima kwaragikomeje, Aburahamu na Sara baranagize umutima rugabo wo guheba inzu yabo be n’incuti zabo, maze ubuzima bwabo bwari busigaye, babumara baba mu mahema ari inyambukira!
8. Ukwihangana tudahemuka gukomeza gute icizigiro dufise?
8 Aburahamu yaratumye icizigiro ciwe kiguma ari ntakekeranywa mu kugamburukira Yehova aherejeko, mbere n’igihe ivyo wasanga bitoroshe (Itanguriro 22:2, 12). Na twebwe nyene, mu gihe turangura umurimo wa Yehova tugamburuka kandi twihangana, turashobora kwizigira tudakeka ko tuzoronka impera. Paulo yanditse yuko “ukwihangana” kuvamwo “ukwemerwa” (NW), ukwemerwa na kwo kukavamwo ukwizigira ibitaraba, kandi “ukwo kwizigira ntigutētereza” (Abaroma 5:4, 5). Ni co gituma Paulo yanditse kandi ati: “Turagomba cane yuk’umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene [“kugira ngo agire”, NW] ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo” (Abaheburayo 6:11, ni twe dushimitse.). Ukwo kubona ko ibintu bizogenda neza gushingiye ku bucuti bwa hafi dufitaniye na Yehova, kurashobora kudufasha kwihanganira ibintu vyose bigoye vyodushikira, dufise umutima rugabo eka mbere n’umunezero.
‘Nunezererwe kwizigira ibizoba’
9. Ni ikintu ikihe twoza turakora codufasha ‘kunezererwa kwizigira ibizoba’?
9 Icizigiro twahawe n’Imana kirarengeye kure n’iyo ikintu ico ari co cose iyi si ishobora gutanga. Muri Zaburi 37:34 hagira hati: “[“Niwizigire Yehova”, NW], ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ng’uragwe igihugu: abanyakibi bazorandurwa ubirorēra”. Vy’ukuri, turafise imvo yumvikana yo ‘kunezererwa kwizigira ibizoba’ (Abaroma 12:12). Ariko rero, kugira ngo ivyo tubishikeko, dutegerezwa kwamiza ku muzirikanyi ico cizigiro cacu. Woba ukunda kuzirikana kuri ico cizigiro wahawe n’Imana? Woba ushobora kwiha ishusho uri mw’Iparadizo, usigaye ufise amagara meza, icitwa umwitwarariko ubaza, ukikujwe n’abantu ukunda, kandi ukora igikorwa kimara akanyota koko? Woba uzirikana ku mashusho dusanga mu bitabu vyacu yerekana ingene Iparadizo izoba imeze? Ukwo kuza urayizirikanako kwoshobora kugereranywa n’ukwoza idirisha turabiramwo ahantu hanaka habereye ijisho. Mu gihe tutitayeho kuza turoza ikiyo c’iryo dirisha, nticoteba kwandura maze bigatuma tutaba tukibona neza ubwiza bw’aho hantu habereye ijisho. Muri ico gihe, twohava dusanga duciye twigira kuraba ibindi bintu. Ese tutokwigera tureka ngo ivyo bidushikire!
10. Ni kubera iki guhanga amaso impera twasezeraniwe vyerekana neza yuko dufitaniye ubucuti na Yehova?
10 Ego ni ko, urukundo dukunda Yehova ni co kintu nyamukuru gituma tumukorera (Mariko 12:30). Ariko kandi, turakwiye kwitegana umushasharo impera yadusezeraniye. Kandi na Yehova yiteze ko tubigenza gutyo. Mu Baheburayo 11:6 havuga hati: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera”. Ni kubera iki none Yehova ashaka ko tubona ko ari we Mutanzi w’impera? Ni uko iyo tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye yuko tuzi neza Data wa twese wo mw’ijuru. Aratanga atitangiriye itama, kandi arakunda abana biwe. Iyumvire nawe ukuntu tutobaye dufise umunezero be n’ukuntu vyokworoshe ko ducika intege iyo tutaba dufise “ivyizigiro”!—Yeremiya 29:11.
11. Icizigiro Musa yahawe n’Imana camufashije gute gufata ingingo nzizanziza?
11 Akarorero kamwe kibonekeje k’umuntu yumiye ku cizigiro yahawe n’Imana, ni aka Musa. Kubera ko yafatwa ko ari “umwana w’umukobga wa Farawo,” yari afise ububasha, icubahiro, akagira n’ubutunzi bwo mu Misiri yashobora gukoresha. None, yoba yari guhitamwo gukurikirana ivyo bintu canke gukorera Yehova? Musa, n’umutima rugabo yahisemwo gukorera Yehova. Kubera iki? Kubera yuko yagumye ‘atumbereye’, ni ukuvuga ahanze amaso, ‘ingero yogerewe’ (Abaheburayo 11:24-26). Nta gukeka ko Musa yafatana uburemere icizigiro Yehova yari yashize imbere yiwe.
12. Ni kubera iki icizigiro ca gikirisu kimeze nk’inkofero?
12 Intumwa Paulo yagereranije icizigiro n’inkofero. Iyo nkofero yacu y’ikigereranyo irakingira ububasha bwacu bwo kwiyumvira, bigatuma dushobora gufata ingingo nziza, gushinga neza ivyoja imbere y’ibindi no kuguma turi intadohoka (1 Ab’i Tesalonike 5:8). Woba igihe cose uguma wambaye iyo nkofero yawe y’ikigereranyo? Niba ari ko biri, nk’uko Musa na Paulo babigize, uzoheza ushingire icizigiro cawe ku “Mana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe”, aho kugishingira ku “butunzi butar’ubgo kwishimirwa”. Ego ni ko, kwirinda kugira nk’ivyo abantu benshi bagira ntukurikirane imigambi y’ubwikunzi, bisaba kugira umutima rugabo, mugabo ako kigoro si ak’impfagusa. Kanatsinda, ni kubera iki wohitamwo ikintu kidahambaye ukigereranije n’‘ubuzima nyakuri’, ubwo abizigiye Yehova kandi bamukunda biteze kuronka?—1 Timoteyo 6:17, 19.
“Nta ho nzoguhemukira”
13. Ni umuhango uwuhe ukura amazinda Yehova aha abasavyi biwe b’intahemuka?
13 Uko iyi si igenda irushiriza “kuramukwa”, abashingira ivyizigiro vyabo ku vyayo bategerezwa kuzirikana ku bijanye na kazoza kabo, bakumva yuko bageramiwe (Matayo 24:8). Ariko abizigiye Yehova bo nta bwoba nk’ubwo bagira. Bazobandanya ‘kubaho amahoro, bame batekereje ata kibi batinya’ (Imigani 1:33). Kubera yuko icizigiro cabo batagishingira ku vy’iyi si, barahimbarwa no kwumvira impanuro Paulo atanga igira iti: “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta”.—Abaheburayo 13:5.
14. Ni kubera iki abakirisu badakwiye kwiganyira birenze urugero ku bijanye n’ivyo bakeneye mu vy’umubiri?
14 Iyo mvugo ngo “nta ho” yo gushimika iradukura amazinda yuko Imana itwitaho. Yezu na we nyene yaradukuye amazinda yuko Imana itwitwararikana urukundo mu kuvuga ati: “Mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose [ni ukuvuga, ibintu vy’umubiri dukenera mu buzima] muzovyongerwa. Ntimukiganyire ivy’ejo, kuk’umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo” (Matayo 6:33, 34). Yehova arazi ko kugira umwete mu bijanye n’Ubwami bwiwe twongera twitwararika neza ibanga tujejwe ryo kwironsa ibintu vy’umubiri dukenera, ari urugamba. Nimuze rero twizigire duherejeko yuko ashoboye kuturonsa ivyo dukeneye kandi ko yipfuza kubigira.—Matayo 6:25-32; 11:28-30.
15. Abakirisu bagumana gute ‘ijisho riremuruye’?
15 Turerekana ko twiheka kuri Yehova igihe tugumana ‘ijisho riremuruye’ (Matayo 6:22, 23, NW). Ijisho riremuruye ni ijisho ritagiramwo uburyarya, rikorana imvo nziza, kandi ritagira umwina be n’imigambi y’ubwikunzi. Kugira ijisho riremuruye ntibisobanura kubaho turi mu bukene butagira izina canke kutitaho amabanga twebwe abakirisu tujejwe. Ahubwo riho, bisobanura kugira “umuzirikanyi uroranye”, uko tubandanya gushira umurimo wa Yehova mu kibanza ca mbere.—2 Timoteyo 1:7, NW.
16. Ni kubera iki dukenera ukwizera n’umutima rugabo kugira ngo tugumane ijisho riremuruye?
16 Kugira ngo ugumane ijisho riremuruye bisaba ukwizera n’umutima rugabo. Nk’akarorero, dufate ko umukoresha wawe agusaba ashimitse yuko woza urakora mu mwanya usanzwe uberako amakoraniro ya gikirisu. Woba uzobandanya n’umutima rugabo gushira imbere ivy’impwemu? Mu gihe umuntu akekeranya ku vy’uko Yehova azoshitsa umuhango yatanze wo kwitwararika abasavyi biwe, Shetani aca akenera gusa kubandanya amushirako umukazo, amaherezo ugasanga n’amakoraniro arahevye. Ni vyo, kubura ukwizera birashobora gutuma Shetani atwifatira mu minwe ku buryo aba ari we asigara adushingira ivyo dushira imbere y’ibindi, aho kubishingirwa na Yehova. Ese ukuntu ntuze ivyo vyoba biteye agahinda!—2 Ab’i Korinto 13:5.
‘Niwizigire Yehova’
17. Ni mu buryo ki no muri iki gihe abizigiye Yehova bahezagirwa?
17 Ivyanditswe birerekana akatari gake yuko abizigira Yehova batigera bataha imvumure (Imigani 3:5, 6; Yeremiya 17:7). Ego ni ko, vyoshobora gushika ugasanga nta bintu vyinshi vy’umubiri bafise, mugabo babona ko ari ikintu gitoyi cane bahevye babigereranije n’imihezagiro babikiwe. Gutyo, baba berekanye ko ‘barorereye Uhoraho’, ni ukuvuga ko bamwizigiye, bakaba berekanye kandi ko bizeye badakeka ko amaherezo azoronsa abasavyi biwe b’intahemuka ibintu vyose bibereye umutima wabo wipfuza (Zaburi 37:4, 34). Ni co gituma no muri iki gihe bahiriwe koko. “Ivyizigiro vy’abagororotsi [ni] umunezero, arikw ivyo abanyakibi bishimiye bizoshira”.—Imigani 10:28.
18, 19. (a) Ni umuhango uwuhe uranga urukundo kandi udukura amazinda Yehova aduha? (b) Tugumiza gute Yehova “i buryo” bwacu?
18 Igihe agahungu gatoyi kariko kagendana na se wako agafashe ukuboko, karumva gakingiwe kandi gatekaniwe. Ukwo ni ko na twebwe tumererwa uko tugendana na Data wa twese wo mw’ijuru. Yehova yabwiye Isirayeli ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; . . . nzogutabara. . . . Kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara”.—Yesaya 41:10, 13.
19 Ese ukuntu bikora ku mutima kwiha ishusho Yehova agufashe ukuboko, nk’uko bivugwa muri ico canditswe! Dawidi yanditse ati: “Nashize Uhoraho imbere yanje imisi yose; kukw ar’i buryo bganje sinzonyiganyizwa” (Zaburi 16:8). None tugumiza gute Yehova “i buryo” bwacu? Ivyo tubigira n’imiburiburi mu buryo bubiri. Ubwa mbere, turareka Ijambo ryiwe rikatuyobora mu mice yose y’ubuzima bwacu. Ubwa kabiri, tuguma duhanze amaso impera y’akaroruhore Yehova yadusezeraniye. Umwanditsi wa Zaburi Asafu yaririmvye ati: “Namana nawe na ntaryo, umfashe ukuboko kw’i buryo. Uzondōngōza inama ungīriye, kandi hanyuma uz’unyakīrane icubahiro” (Zaburi 73:23, 24). Dufise uwo muhango udukura amazinda gutyo, turashobora vy’ukuri kwitega kazoza umutima uri mu nda.
‘Ugucungurwa kwanyu kugira gushike’
20, 21. Abizigiye Yehova biteze kazoza akahe?
20 Uko bukeye uko bwije, ni ko birushiriza kwihutirwa ko tugumiza Yehova i buryo bwacu. Ubu bwa vuba, isi ya Shetani igiye gushikirwa n’amarushwa atigeze kuyishikira, ivyo bikaba bizotangurana n’ugusangangurwa kw’idini y’ikinyoma (Matayo 24:21). Abantu batagira ukwizera bazokwicwa n’ubwoba. Yamara, muri ico gihe c’umuvurungano abasavyi ba Yehova b’umutima rugabo bobo bazonezerwa kubera icizigiro cabo! Yezu yavuze ati: “Ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike”.—Luka 21:28.
21 Ku bw’ivyo rero, nimuze tunezererwe icizigiro twahawe n’Imana, maze ntiduhendwe canke ngo twoshwe n’ibintu bisamaza vy’uruyeri vya Shetani. Nimuze kandi dukore uko dushoboye kwose kugira ngo dutsimbataze ukwizera, urukundo be n’ugutinya Imana. Nitwabigenza gutyo, tuzogira umutima rugabo wo kwumvira Yehova naho twoshikirwa n’ibintu bimeze gute, twongere tugire umutima rugabo wo kurwanya Shetani (Yakobo 4:7, 8). Ego cane, “[“nimugire umutima rugabo”, NW], imitima yanyu ishikame, yemwe abiteze Uhoraho mwese”.—Zaburi 31:24.
[Akajambo k’epfo]
a Naho mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu ijambo ‘icizigiro’ akenshi ryerekeza ku mpêra yo mw’ijuru abakirisu basizwe baronka, iki kiganiro kiza guca irya n’ino iryo ijambo hisunzwe insobanuro yaryo isanzwe.
Woshobora kuvyishura?
• Icizigiro Yezu yari afise camufashije gute kugira umutima rugabo?
• Ukwizera n’icizigiro bifitaniye isano gute?
• Icizigiro n’ukwizera bishobora gute gutuma umukirisu agira umutima rugabo wo gushinga neza ibikwiye kuja imbere y’ibindi mu buzima?
• Ni kubera iki ‘abizigiye Yehova’ bashobora kwitega kazoza umutima uri mu nda?
[Ifoto ku rup. 28]
Waba ukiri muto canke ukuze, woba wiha ishusho uri mw’Iparadizo?