‘Nugume utsindisha ikibi iciza’
“Ikibi coye kukunesha, yamara [“ugume utsindisha ikibi iciza”, “NW”]”.—ABAROMA 12:21.
1. Ni kubera iki twoshira amazinda yuko dushobora gutsinda ikibi?
VYOBA bishoboka ko tunanira abarwanya ugusenga kw’ukuri bivuye inyuma? Vyoba bishoboka ko dutsinda inguvu zigerageza kudukwega ngo dusubire mw’isi itubaha Imana? Inyishu y’ivyo bibazo vyompi, ni ego birashoboka! Ni kubera iki tuvuze gutyo? Ni kubera ivyo intumwa Paulo avuga mw’ikete yandikiye Abaroma. Yandika ati: “Ikibi coye kukunesha, yamara [“ugume utsindisha ikibi iciza”, NW]” (Abaroma 12:21). Nimba twizigira Yehova kandi tukaba twiyemeje kutareka ngo isi idutsinde, ikibi kiyikorerwamwo ntikizotunesha. Vyongeye, imvugo ngo ‘ugume utsinda ikibi’ yerekana ko dushobora kugitsinda igihe tugumye turwana urugamba rwo mu buryo bw’impwemu turimwo rwo kurwanya ikibi. Abataguma barikanuye maze bakareka urwo rugamba, ni bo gusa batsindwa n’iyi si mbi be n’umutware wayo w’umubisha ari we Shetani wa Mubesheranyi.—1 Yohana 5:19.
2. Ni kubera iki tugiye kwihweza ibintu bimwebimwe vyashitse mu buzima bwa Nehemiya?
2 Imyaka nka 500 imbere y’igihe ca Paulo, hari umusavyi w’Imana yaba i Yeruzalemu yerekanye ko amajambo Paulo yavuze yerekeye kurwanya ikibi, ari ay’ukuri. Uwo muntu w’Imana ari we Nehemiya, ntiyahanganye gusa n’ukurwanywa n’abantu batubaha Imana, ariko kandi yaratsindishije ikibi iciza. Ni ibintu bigoye ibihe yahanganye na vyo? Ni ibiki vyamufashije kuvyifatamwo neza? Dushobora kwigana gute akarorero kiwe? Kugira ngo twishure ivyo bibazo, reka tubanze twihweze ibintu bimwebimwe vyashitse mu buzima bwa Nehemiyaa.
3. Nehemiya yaba ahantu hameze gute, kandi ni ikintu ikihe kitoroshe yaranguye?
3 Nehemiya yakora ku kirimba c’umwami w’Ubuperesi Aritazeruzi. Naho Nehemiya yaba mu bantu batari basangiye na we ukwizera, ‘ntiyashushanijwe n’ivyo muri ico gihe’ (Abaroma 12:2). Igihe haba inkenero mu Buyuda, Nehemiya yaremeye araheba ubuzima yari afise bwo kwidibamira aragira urugendo rugoye kandi ruruhisha rwo kuja i Yeruzalemu, maze atangura igikorwa kitari coroshe co kwubaka uruzitiro rw’ico gisagara (Abaroma 12:1). Naho Nehemiya yari buramatari w’i Yeruzalemu, buri musi yarakora agatama ari kumwe n’Abisirayeli bagenziwe “uhereye mu mutwenzi ugashitsa inyenyeri zibonetse”. Ico vyavuyemwo, ni uko mu mezi abiri gusa ico gikorwa cari kirangiye (Nehemiya 4:21; 6:15)! Ico cari ikintu gitangaje cane bari bashitseko kubera yuko mu kiringo co kwubaka, Abisirayeli barwanijwe mu buryo butandukanye. None abarwanya Nehemiya bari bande, kandi bari bafise intumbero iyihe?
4. Abarwanya Nehemiya bari bafise intumbero iyihe?
4 Abaja imbere mu kurwanya Nehemiya bari Sanibalati, Tobiya na Geshemu, bano bakaba ari abagabo bari bafise ububasha baba hafi y’Ubuyuda. Kubera ko bari abansi b’abasavyi b’Imana, ‘vyarabamereye nabi cane bumvise ko haje umuntu [ari we Nehemiya] ababaye Abisirayeli’ (Nehemiya 2:10, 19). Abansi ba Nehemiya bari biyemeje guhagarika imigambi yiwe yo kwubaka, bakoresheje mbere n’uburyo buranga ububisha. Nehemiya yoba yari kureka ‘akaneshwa n’ikibi’?
“Araraka arashangashirwa”
5, 6. (a) Abansi ba Nehemiya bavyakiriye gute ca gikorwa co kwubaka gitanguye? (b) Ni kubera iki Nehemiya atatewe ubwoba n’abamurwanya?
5 Nehemiya abigiranye umutima rugabo yahimirije Abisirayeli bagenziwe ati: “Ni muze dusubire twubake uruzitiro rw’[i Yeruzalemu]”. Basubijeyo bati: “Dutegerezwa kwubaka” (NW). Nehemiya atwiganira ati: “Bariyungunganya, bashirako bakora ico gikorwa ciza”, ariko abaturwanya “baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’uko mugomba kugarariza umwami?”. Nehemiya ntiyatewe ubwoba n’ibitutsi vyabo be n’ibirego vy’ibinyoma babagiriza. Yababwiye ati: “Imana yo mw ijuru ni yo izotuma bikunda, ni co gutuma twebge abasavyi bayo dushirako tukubaka” (Nehemiya 2:17-20). Nehemiya yari yiyemeje kubandanya ico “gikorwa ciza”.
6 Sanibalati, umwe muri abo barwanya Nehemiya, ‘yararatse arashangashirwa’ maze aca yongereza ibitutsi yabatuka. Yabacokoye ati: “Barya bagoyigoyi b’Abayuda bakora ibiki? . . . None bozīkurura amabuye bayakūra mu bishingwe”. Tobiya na we yarifatanije muri ako gacokoro, avuga ati: “N’imbgebge yosimbira kur’urwo ruzitiro rw’amabuye rwoca rusenyuka!” (Nehemiya 4:1-3). None Nehemiya yavyifashemwo gute?
7. Ku bijanye n’ibirego vy’abamurwanya, Nehemiya yavyifashemwo mu buryo butandukanye ubuhe?
7 Nehemiya yarirengagije ivy’ako gacokoro. Yarakurikije itegeko ry’Imana maze ntiyarondera kwihora (Abalewi 19:18). Ahubwo riho, yashize ibintu mu maboko ya Yehova maze asenga ati: “Mana yacu, ni wumve ingene dukengerewe; ibitutsi vyabo abe ari bo bisubira ku mitwe” (Nehemiya 4:4). Nehemiya yarizigira amajambo akura amazinda Yehova yavuze agira ati: “Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko” (Gusubira mu vyagezwe 32:35). Mu nyuma, Nehemiya n’Abisirayeli bagenziwe ‘bashimikiye kwubaka uruzitiro’, ni ukuvuga ko bashishikaye kurwubaka. Ntibigeze bareka ngo hagire ikibasamaza. Ku bw’ivyo, uruzitiro “rwose [bararuhwanije], gushitsa rutimbanye; kukw abantu bari bashize umutima kur’ico gikorwa” (Nehemiya 4:6). Emwe, abarwanya ugusenga kw’ukuri barananiwe guhagarika ico gikorwa c’ukwubaka! None dushobora gute kwigana Nehemiya?
8. (a) Dushobora gute kwigana Nehemiya igihe abaturwanya batwagirije ibinyoma? (b) Niwigane inkuru y’ivyagushikiye canke y’ivyo wumvise yerekana ko kutihora biranga ubukerebutsi.
8 Muri iki gihe, abaturwanya kw’ishure, ku kazi canke mbere mu muryango, boshobora kudutuka canke kutwagiriza ibinyoma. Ariko rero, kenshi tuvyifatamwo neza muri mwene ivyo birego mu gushira mu ngiro iyi ngingo ngenderwako dusanga mu Vyanditswe igira iti: “[Hari] igihe co gucereza” (Umusiguzi 3:1, 7). Ku bw’ivyo, cokimwe na Nehemiya, turirinda kwihora mu gukoresha amajambo acumita (Abaroma 12:17). Turitura Imana mw’isengesho, twizigiye umwe adukura amazinda ati: ‘Ni jewe nzosubiriza mu nkoko’ (Abaroma 12:19; 1 Petero 2:19, 20). Muri ubwo buryo, ntitureka ngo abaturwanya badusamaze ku buryo tureka igikorwa c’ivy’impwemu dutegerezwa kurangura muri iki gihe, ari co co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no guhindura abantu abigishwa (Matayo 24:14; 28:19, 20). Igihe cose tugize uruhara muri ico gikorwa co kwamamaza kandi ntitwemere guhungubanywa n’ukurwanywa, tuba tugaragaje agatima k’ukudahemuka nka kamwe Nehemiya yagaragaza.
‘Tuzobica’
9. Ni uburyo ubuhe abansi ba Nehemiya bakoresheje mu kumurwanya, kandi Nehemiya yavyifashemwo gute?
9 Igihe abarwanya ugusenga kw’ukuri mu gihe ca Nehemiya bumva ko “igikorwa co gusana uruzitiro rw’i Yerusalemu kija imbere”, baciye bafata inkota zabo kugira ngo baje “gutera i Yerusalemu”. Ukuntu ibintu vyari vyifashe nta cizigiro vyatanga ku Bayuda. Mu Buraruko hari Abasamariya, mu Buseruko hari Abamoni, mu Bumanuko hari Abarabu, mu Burengero na ho hakaba Abanyashidodi. Emwe Yeruzalemu yari ikikujwe hose, abubatsi na bo basa n’abasugerejwe! None bari gukora iki? Nehemiya avuga ati: ‘Twasenze Imana yacu’. Abo bansi bavuze amajambo y’iterabwoba bati: ‘Tuzobica, igikorwa cabo gice kiburangana’. Nehemiya avyumvise yaciye ashinga abubatsi igikorwa co kurwanira igisagara bakoresheje “inkota n’amacumu n’imiheto”. Vy’ukuri, ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, Abayuda bari ku rushi nta co bari kuhanoba imbere y’ico gitero c’abansi bakomeye cane. Ariko Nehemiya yabahimirije ati: “[Ntimutinye]. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba”.—Nehemiya 4:7-9, 11, 13, 14.
10. (a) Ni igiki catumye ibintu bihinduka bukwi na bukwi ku bansi ba Nehemiya? (b) Ni ingingo izihe Nehemiya yafashe?
10 Ibintu vyahavuye bihinduka bukwi na bukwi. Ba bansi barahagaritse igitero. Uti kubera iki? Nehemiya yigana ati: “Imana [yahinduye] ubusa imigabo yabo”. Ariko rero, Nehemiya yarabona ko abo bansi bari bagiteye akaga. Ku bw’ivyo, abigiranye ubukerebutsi yarahinduye uburyo abubatsi bakoresha mu kwubaka. Kuva ico gihe, “umuntu wese yakoresha ukuboko kumwe, ukundi gufashe ikirwanishwa ciwe”. Nehemiya kandi yarashinze umuntu wo “kuvuza inzamba” bishitse hakagira umwansi atera, kugira ngo aburire abubatsi. Ikiruta vyose, Nehemiya yasubirije umutima mu nda abantu ati: “Imana yacu ntizobura kuturwanira” (Nehemiya 4:15-20). Kubera ko abubatsi bari bamaze kuremeshwa kandi bakaba bari biteguriye guhangana n’umwansi, barabandanije kwubaka. Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira kuri iyo nkuru?
11. Ni igiki gifasha abakirisu b’ukuri guhagarara badatsinzwe n’ikibi mu bihugu usanga igikorwa c’Ubwami kibujijwe, kandi ni gute batsindisha ikibi iciza?
11 Rimwe na rimwe, abakirisu b’ukuri barahangana n’ukurwanywa gukaze. Nkako, mu bihugu bimwebimwe abarwanya ugusenga kw’ukuri bivuye inyuma ni ingabo z’abansi bakomeye. Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, abo bakirisu bagenzi bacu baba muri ivyo bihugu ntibohagarara imbere y’izo ngabo. Naho ari ukwo, ivyo Vyabona barizigira badakeka ko ‘Imana izobarwanira’. Kukaba nkako, abahamwa bahorwa ivyo bemera bariboneye akatari gake ko Yehova yishura amasengesho yabo akongera ‘agahindura ubusa imigabo’ y’abansi bafise ububasha. Mbere no mu bihugu usanga igikorwa c’Ubwami kibujijwe, abakirisu bararondera uturyo two kuguma bamamaza inkuru nziza. Nka kurya nyene abariko barubaka i Yeruzalemu bahinduye uburyo bwo gukora igikorwa cabo, ni ko n’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe, babigiranye ubukerebutsi, bahindura uburyo bakoresha mu kwamamaza igihe basugerejwe. Ariko ntiwumve, baririnda gukoresha ibirwanisho nya birwanisho (2 Ab’i Korinto 10:4). Naho bobatera ubwoba bwo kubagirira nabi ku mubiri, ntibashobora guhagarika igikorwa bakora co kwamamaza (1 Petero 4:16). Ahubwo riho, abo bavukanyi n’abavukanyikazi b’intatinyurukamvye ‘baguma batsindisha ikibi iciza’.
‘Nuze duhure’
12, 13. (a) Ni amayeri ayahe abansi ba Nehemiya bakoresheje? (b) Ni kubera iki Nehemiya yanse kwitaba akamo yatewe ko guhura n’abamurwanya?
12 Abansi ba Nehemiya bamaze kubona ko ibitero vyabo vy’imbonankubone binaniwe, baciye bakoresha uburyo burushirije kuba ubutibonekeza. Bakoresheje uburyo butatu. Uti bwari ubuhe?
13 Ubwa mbere, abansi ba Nehemiya bagerageje kumuhenda. Bamubwiye bati: ‘Nuze duhurire mu mihana yo mu kiyaya c’i Ono’. Ikiyaya c’i Ono cari hagati ya Yeruzalemu na Samariya. Rero, abo bansi basavye Nehemiya ngo bahurire hagati na hagati y’ivyo bisagara kugira ngo bumvikane ku vyo batahurizako. Nehemiya yari gushobora kwiyumvira ati: ‘Ivyo bisa n’ivyumvikana. Hako turwana twopfuma tugiranira ibiganiro’. Ariko Nehemiya yaranse. Yarasiguye igituma yanse ati: “Ico bāgomba kwar’ukungirira nabi”. Yaratahuye amayeri yabo maze bituma adahendwa. Incuro zine zose yabwiye abamurwanya ati: ‘Ndiko nkora igikorwa gihambaye, sinshobora kuza; sinota igikorwa ngo gihagarare, ngo manuke mbasange iyo’. Utwigoro abo bansi bagize kugira ngo Nehemiya adohoke nta co twashitseko. Yagumye yituniye ku gikorwa co kwubaka yariko arakora.—Nehemiya 6:1-4.
14. Igihe Nehemiya bamwagiriza ibinyoma, yavyifashemwo gute?
14 Ubugira kabiri, abansi ba Nehemiya bafashe umugambi wo gukwiragiza amakuru y’ikinyoma bamwagiriza yuko afise “imigabo yo kugarariza” Umwami Aritazeruzi. Basubiye kumubwira bati: ‘Ingo tubivugane’. N’aho nyene Nehemiya yaranse, kubera ko yabona intumbero yabo. Nehemiya yasiguye ati: “Bose bāgomba kudutera ubgoba, bati Bazohava bacika intege, igikorwa gihere[re] aho”. Ico gihe hoho, Nehemiya yarabeshuje ivyo abansi biwe bamwagiriza, mu kuvuga ati: ‘Ivyo muvuga nta ho vyigeze bibaho, ariko ni mwebwe mwavyigeneye gusa’. N’ikindi kandi, Nehemiya yarasenze Yehova amusaba imfashanyo, avuga ati: “Undemeshe”. Yarizigira yuko abifashijwemwo na Yehova, yoshoboye guhagarika uwo mugambi mubi maze akabandanya nya gikorwa co kwubaka.—Nehemiya 6:5-9.
15. Ni impanuro iyihe umuhanuzi umwe w’ikinyoma yahaye Nehemiya, kandi ni kubera iki Nehemiya yanse kuyemera?
15 Ubugira gatatu, abansi ba Nehemiya bakoresheje Umwisirayeli w’igihemu ari we Shemaya, kugira ngo bagerageze gutuma Nehemiya arenga ku Vyagezwe vy’Imana. Shemaya yabwiye Nehemiya ati: “Ingo tuje kubonanira mu ngoro y’Imana, mu rusengero hagati, twugare inzugi, kuko haza kuza abantu bo kukwica”. Shemaya yavuze ko Nehemiya yari agira yicwe ariko ko yari gushobora kurokora ubuzima bwiwe mu kwinyegeza mu rusengero. Yamara rero, Nehemiya ntiyari umuherezi. Iyo aja kwinyegeza mu ngoro y’Imana yari kuba akoze icaha. Yoba yari kurenga ku Vyagezwe vy’Imana kugira ngo arokore ubuzima bwiwe? Nehemiya yishuye ati: “Umuntu nkanje yokwinjira mu rusengero ngo yikize? Eka sinjayo!”. Ni kubera iki Nehemiya ataguye muri uyo mutego? Kubera yari azi ko naho Shemaya yari Umwisirayeli mugenziwe, “atar’Imana [yari] yabimutumye”. Nakare umuhanuzi w’ukuri ntiyokwigeze amuhanura kurenga ku Vyagezwe vy’Imana. N’ico gihe nyene, Nehemiya ntiyaretse ngo atsindwe n’abo babisha bamurwanya. Inyuma y’ivyo gato yanditse ati: “Ku musi ugira mirongwibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli ni ho twarangije uruzitiro, tumaze imisi mirongwitanu n’ibiri turwubaka”.—Nehemiya 6:10-15; Guharūra 1:51; 18:7.
16. (a) Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe duhanganye n’abigira abagenzi bacu, abatwagiriza ibinyoma be n’abigira abavukanyi? (b) Igihe uri mu muryango, kw’ishure canke ku kazi, werekana gute ko wanka kudohoka ku vyo wemera?
16 Cokimwe na Nehemiya, na twebwe nyene twoshobora guhangana n’abaturwanya, baba abigira abagenzi bacu, abatwagiriza ibinyoma be n’abigira abavukanyi. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, hari abantu bodusaba ngo duhurire hagati na hagati. Abo boshobora kugerageza kutujijura yuko mu gihe twogabanya umwete dufise mu gukorera Yehova, dushobora kuronka n’umwanya wo gukurikirana ivyo isi ishira imbere. Ariko rero, kubera ko Ubwami bw’Imana ari bwo buza mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu, turanka kudohoka (Matayo 6:33; Luka 9:57-62). Abaturwanya kandi barakwiragiza ibirego bitari vyo ku bitwerekeye. Mu bihugu bimwebimwe, twagirizwa yuko tubangamiye Leta, nka kurya nyene Nehemiya yagirijwe ko agomba kugarariza umwami. Ibirego bimwebimwe vyarashoboye kubeshuzwa mu masentare. Yamara rero, ingaruka zoshikira umuntu ku giti ciwe uko zoba zimeze kwose, dusenga Yehova twizigiye tudakeka ko azoyobora ibintu mu buryo buhuye n’ivyo agomba (Ab’i Filipi 1:7). Ukurwanywa kwoshobora kandi kuva ku bivugisha ko bakorera Yehova. Nka kurya nyene Umuyuda mugenzi wa Nehemiya yagerageje kumujijura ngo arenge ku Vyagezwe vy’Imana kugira ngo akize ubuzima bwiwe, ni ko n’abahoze ari Ivyabona babaye abahuni, boshobora kugerageza kutwosha ngo tudohoke mu buryo bumwe canke mu bundi. Yamara, turamirira kure abahuni kubera tuzi yuko tutarokora ubuzima bwacu biciye ku kurenga ku mategeko y’Imana ahubwo ko tuburokora mu kuyitondera (1 Yohana 4:1). Vy’ukuri, tubifashijwemwo na Yehova turashobora gutsinda ikibi mu buryo ubwo ari bwo bwose cozamwo.
Niwamamaze inkuru nziza naho woba uhanganye n’ikibi
17, 18. (a) Ni igiki Shetani n’abakozi biwe bihatira gushikako? (b) Wiyemeje gukora iki, kandi kubera iki?
17 Ku bijanye n’abavukanyi ba Kristu basizwe, Ijambo ry’Imana rivuga riti: ‘Baneshesheje [Shetani] ijambo ryo gushinga intahe kwabo’ (Ivyahishuriwe 12:11). Ku bw’ivyo, hariho isano rirashe hagati yo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami no gutsinda Shetani, we nkomoko y’ikibi. Ntibitangaje rero kubona Shetani adatezura kugaba ibitero ku masigarira y’abasizwe be no ku bagize “ishengero ryinshi” mu gutuma barwanywa.—Ivyahishuriwe 7:9; 12:17.
18 Nk’uko twabibonye, ukurwanywa kwoshobora kuza mu buryo bw’ibitutsi canke guterwa ubwoba bwo kugirirwa nabi ku mubiri kibure mu buryo burushirije kuba ubutibonekeza. Uko biri kwose, intumbero Shetani afise yama ari ya yindi, ni ukuvuga guhagarika igikorwa c’ukwamamaza. Ariko rero, azonanirwa bimwe vy’akamaramaza kubera yuko, cokimwe na Nehemiya, abasavyi b’Imana bafise umwiyemezo wo ‘kuguma batsindisha ikibi iciza’. Ivyo babikora mu kuguma bamamaza inkuru nziza gushika Yehova avuze ko ico gikorwa kirangiye.—Mariko 13:10; Abaroma 8:31; Ab’i Filipi 1:27, 28.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya vyinshi kuri ivyo bintu vyabaye, nusome muri Nehemiya 1:1-4; 2:1-6, 9-20; 4:1-23; 6:1-15.
Woba uvyibuka?
• Ni ukurwanywa ukuhe kwashikiye abasavyi b’Imana bo mu gihe ca kera kandi kuriko kurashikira n’abakirisu muri iki gihe?
• Ni intumbero nyamukuru iyihe abansi ba Nehemiya bari bafise, kandi n’intumbero iyihe abansi b’Imana bafise muri iki gihe?
• Ni gute tuguma dutsindisha ikibi iciza muri iki gihe?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 29]
Ivyigwa dusanga mu gitabu ca Nehemiya
Abasavyi b’Imana barahangana na
• agacokoro
• iterabwoba
• uruhendo
Uruhendo rukoreshwa na
• abigira abagenzi bacu
• abatwagiriza ibinyoma
• abigira abavukanyi
Abasavyi b’Imana batsinda ikibi mu
• kwumira ku gikorwa Imana yabashinze
[Ifoto ku rup. 27]
Nehemiya be n’abo bakorana barasubiye kwubaka uruzitiro rw’i Yeruzalemu naho barwanywa bimwe bikaze
[Ifoto ku rup. 31]
Abakirisu b’ukuri baramamaza inkuru nziza ata bwoba