ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 29 rup. 238-249
  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UBURYO IMANA YAREMYE UMUGABO N’UMUGORE
  • IBANGA RY’UMUGABO
  • KURANGURA IBANGA RY’UMUGORE
  • URUHARA RWEGA ABANA MU RUGO
  • UBURYO NYABWO BWO GUTATURA AMATATI MU RUGO
  • Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Umunega Yihesha Icubahiro vy’Ukuri
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 29 rup. 238-249

Ikigabane ca 29

Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo

1. (a) Urugo rwatanguye gute? (b) Ni umugambi uwuhe werekeye urugo Imana yari ifise?

IGIHE Imana Yehova yarema umugabo n’umugore ba mbere, yabafatanije kugira ngo baronke umuryango. (Itanguriro 2:21-24; Matayo 19:4-6) Yari yagabiye ko uwo mugabo n’uwo mugore barondoka bakavyara abana. Munyuma abo bana bamaze gukura, bāri kwabirana bakubaka ingo zabo na bo. Imana yari yagabiye ko ingo zirimwo agahimbare zohavuye zishingwa mu mihingo yose yo kw isi. Abari muri zo bohinduye isi yose iparadizo y’akaroruhore. — Itanguriro 1:28.

2, 3. (a) Ni kuki Imana idashobora kunegurwa kubera ingo zitagumye? (b) Hakenewe iki kugira ngo umuntu atunganirwe mu rugo?

2 Ariko ubu ingo zirasenyuka; nyinshi mu zigihagaze na zo zirimwo umuryano. Ivyo vyotuma umuntu yibaza ati: ‘ivy’ukwubaka ni vyaba vyatangujwe n’Imana koko, ntitwokwitega ko bimera neza kurusha uko vyifashe ubu?’ Imana ntikwiye kunegurwa kubera ingo zitagumye. Umuhinguzi w’icuma ashobora gutanga urukaratasi rwerekana uburyo bwo kugikoresha. Ryoba ari ikosa ry’uwo muhinguzi igihe ico cuma gipfuye kubera ko uwakiguze atakurikije impanuro yahawe? Haba n’intete! Ico cuma, n’aho coba gihinguwe neza gute kirapfa, kikicwa n’uko kitākoreshejwe nk’uko bitegerejwe. N’ingo ni uko nyene.

3 Imana Yehova yaratanze inyigisho muri Bibiliya, zerekeye umubano w’abubatse. Bite none igihe izo mpanuro abo mu rugo batazītaho? N’aho ivy’ingo vyatunganijwe neza, nticobuza ko zisenyuka, abazubatse bakwuzura amaganya. Ariko igihe abari mu rugo bakurikije impanuro za Bibiliya, bituma batunganirwa muri rwo bakwuzura umunezero. Birakenewe cane rero ko dutegera uko Imana yaremye abubatse urugo, hamwe n’amabanga yabashinze kurangūra.

UBURYO IMANA YAREMYE UMUGABO N’UMUGORE

4. (a) Umugabo n’umugore batandukaniye he? (b) Ni kuki Imana itābaremye kumwe?

4 Umuntu wese ashobora kubona ko umugabo n’umugore Imana itabaremye kumwe. Ego ni ko hariho ibintu vyinshi bahuje, ariko ni ivyibonekeza ko batandukaniye kw ishusho, hamwe no ku ngingo z’umubiri ziranga umugore canke umugabo. Batandukaniye kandi kuri kamere y’imitima yabo. Ni kuki none batandukanye? Imana yabaremye gutyo kugira ngo ifashe umwe umwe kurangūra ibanga ridasa n’iry’uwundi. Imana imaze kurema umugabo yavuze iti: “Si vyiza ko uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye.” — Itanguriro 2:18.

5. (a) Umugore ni “umufasha” w’umugabo gute? (b) Urugo rwa mbere rwashinzwe he? (c) Ni kuki ukwabirana gushobora kuba isōko ry’agahimbare koko?

5 Umufasha ni umuntu aba ari mugenzi w’uwundi, kugira ngo amwunganire. Imana yaremye umugore, kugira ngo abe umugenzi ahagije w’umugabo, amufashe kurangūra iryo Imana yavumereye; ry’ukwuzuza isi hamwe n’ukuyizigama. Imana rero imaze kurema umugore imukuye mu mugabo no ‘kumumushikiriza,’ iba ishinze urugo rwa mbere mw itongo ry’i Edeni. (Itanguriro 2:22; 1 Ab’i Korinto 11:8, 9) Umubano w’abubatse ushobora kuzana umunezero, kubera ko umugabo n’umugore, umwe umwe wese yaremanywe kamere ikeneye kwunganirwa n’iya mugenziwe. Ico kamere y’umwe idashoboye, iy’uwundi iragikora. Igihe umugabo n’umugore bumvikana, umwe umwe wese akitwararika uwundi; kandi bakabwiririkanya mu kurangūra amabanga umwe umwe yashinzwe, baba bafashanije, umwe umwe uruhara rumwega mu kwubaka urugo rusagwa agahimbare.

IBANGA RY’UMUGABO

6. (a) Uwagenywe kuba nyenurugo ni nde? (b) Ni kuki ivyo bikwiye kandi bifise akamaro?

6 Abubatse canke urugo, bakenye indongozi. Umugabo yaremanywe kamere n’inguvu nyinshi bikenewe kugira ngo ashobore kurangūra ibanga nk’iryo. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Umugabo ni we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kirisitu na we ari umutwe w’ishengero.” (Abanyefeso 5:23) Ivyo biri n’ikimazi, kubera ko urugo rutagira kirongōra, rwamamwo umudurumbanyo n’ukudatunganirwa. Urugo rutagira indongozi rwogereranywa n’umuduga utagira idirigisho. Iyo umugore ahiganwa n’umugabo na ho, ni nk’ugushira abashoferi babiri mu muduga, umwe umwe wese agafata idirigisho iyobora igurudumu y’imbere iri mu ruhande arimwo.

7. (a) Ni kuki abagore benshi badashaka no kwumwa ko umugabo yoba indogozi mu rugo? (b) Umuntu wese arafise uwumugaba; kandi ni kuki gutegekanya ko haba indongozi biranga ubukerebutsi bw’Imana?

7 Abagore benshi ntibashaka no kwumwa ko umugabo yoba indongozi mu rugo. Impamvu nkuru ibitera, ni uko abagabo benshi batākurikije impanuro z’Imana ku vyerekeye uburyo bwo kurongōra urugo bāshinzwe. Birumvikana rwose ko, kugira ngo ishirahamwe iryo ari ryo ryose ritunganirwe, ritegerezwa kuba rifise indongozi ifata ingingo z’imvaho. Ni co gituma Bibiliya ivuga aya majambo aranga ubwenge: “Umutwe w’umugabo wese ni Kirisitu; kandi umutwe w’umugore ni umugabo; kandi umutwe wa Kirisitu ni Imana.” (1 Ab’i Korinto 11:3) Nk’uko Imana yabitunganije, yo ni yo itagira uwuyigaba. Abandi bose, gushiramwo na Kirisitu hamwe n’abagabo n’abagore, bakeneye indongozi no gukurikiza ingingo zafashwe n’abandi.

8. (a) Abagabo mu kurongōra urugo bategerezwa gukurikira akarorero ka nde? (b) Ni igiki abagabo bokwigira kuri ako karorero?

8 Ivyo ni ukuvuga ko abagabo, ni baba bashaka kurangūra amabanga abega mu rugo, bategerezwa kwemera ko bagabwa na Kirisitu. Bitayeko, bategerezwa gukurikira akarorero kiwe, bakagaba abagore babo nk’uko na we agaba ishengero rigizwe n’abigishwa biwe. Kirisitu yafashe ate abigishwa biwe ngaha kw isi? Imisi yose yarabagirira ubuntu kandi akabitwararika. N’aho hari igihe batābanguka mu kumwumvira, ntiyigeze abatwaza umukazo canke umujinya. (Mariko 9:33-37; 10:35-45; Luka 22:24-27; Yohani 13:4-15) Kanatsinda yabatangiye ubuzima bwiwe atidodomvye. (1 Yohani 3:16) Umukirisu w’umugabo yubatse, ategerezwa gutohoza yitonze akarorero Kirisitu yatanze, hanyuma akagerageza uko ashoboye kugakurikira mu kurongōra abo mu rugo rwiwe. Abigenjeje atyo, azoganza abo mu rugo rwiwe ata gahahazo, ata bugunge, kandi abitwararitse.

9. (a) Abagore benshi bahora bidoga ngo iki? (b) Ni igiki kiranga ubukerebutsi umugabo yogumiza ku muzirikanyi mu gutegeka urugo rwiwe?

9 Ahandi na ho, abagabo bategerezwa kwitwararika ibi bibazo: Abagore banyu baridoga ngo mwebwe muri n’urwangara mu kurongōra ingo zanyu? Bavuga yuko mudategekanya ibikorwa vyo mu rugo; kandi ko mutarangūra ibanga riraba ivy’ugufata ingingo z’imvaho? Ivyo ni vyo Imana ishaka ko umugabo arangūra. Birumvikana ko woba uri incabwenge uteze ugutwi abo mu rugo rwawe, bakagutura ivyiyumviro vyabo hamwe n’ibibahimbara, hanyuma nawe ukabishira mu ngingo ufata mu kubarongōra. Wewe ko uri umunega, amabanga washinzwe mu rugo ni yo agumye kurangūra. Mugabo wigoye koko ngo uyarangūre, birashoboka cane ko uwo mwubakanye atazorinda kwingingwa kugufasha canke kugushigikira. — Imigani 13:10; 15:22.

KURANGURA IBANGA RY’UMUGORE

10. (a) Bibiliya ihanūra abagore kwigenza bate? (b) Igihe abagore bananiwe gukurikiza impanuro za Bibiliya bigenda gute?

10 Nk’uko Bibiliya ibivuga, umugore yaremwe ngo abe umufasha w’umugabo wiwe. (Itanguriro 2:18) Ku vyerekeye iryo banga, Bibiliya ivuga iti: “Bagore, mugambururukire abagabo banyu.” (Abanyefeso 5:22) Ubu abagore basinda canke bahiganwa n’abagabo ni benshi. Ariko igihe abagore bita imbere, bakagerageza gufata ubutegetsi mu rugo, ivyo kenshi ntibibura kuvyura amatati. Aho ni ho abagabo benshi bavuga ngo ‘umugore ni yaba ashaka kuganza urugo, mureke aruganze.’

11. (a) Umugore ashobora ate kwunganira umugabo wiwe mu gutegeka urugo? (b) Igihe umugore arangūra neza ibanga yashinzwe, bishobora gutuma umugabo wiwe na we agira iki?

11 Ariko hari aho wokwiyumvamwo ko ari ngombwa ngo utegeke urugo, kubera ko umugabo wawe atavyitayeho. Ntivyoba vyiza riho umwunganiye mu kurangūra amabanga amwega we nyenurugo? Urerekana ko ari we uhanze amaso mu rugo? Uramuhanuza mu vyo ukora? Uririnda gukengera ivyo akora mu buryo ubwo ari bwose? Wewe wihase kurangūra ibanga Imana yagushinze mu rugo, hari aho umunega wawe azoca atangura kurangūra iryiwe na we. — Ab’i Kolosayi 3:18, 19.

12. Ni igiki cerekana ko abagore bashobora guserura ivyiyumviro vyabo, n’aho vyoba binyuranye n’ivy’abagabo babo?

12 Ivyo si ukuvuga ko umugore adashobora guserura ivyiyumviro vyiwe igihe bidahuye n’ivy’umugabo wiwe. Arashobora kuba afise ivyiyumviro vyiza bishobora kugirira akamaro urugo rwose, igihe umugabo wiwe avyumvirije. Sara umugore wa Aburahamu, atangwako akarorero abakirisu b’abagore bokurikira, kubera ko yūbaha umugabo wiwe. (1 Petero 3:1, 5, 6) N’aho ari uko, yarerekanye umuti w’ingorane zari mu rugo; hanyuma igihe Aburahamu yānka kumwumviriza, Imana imubwira iti: “Ivyo Sara akubariye vyose n’uvyemere.” (Itanguriro 21:9-12) Birumvikana ko umugabo amaze gufata ingingo y’imvaho, umugore ategerezwa kumushigikira, mu gihe kutōba ari ukurenga amategeko y’Imana. — Ivyakozwe n’intumwa 5:29.

13. Umugore mwiza yokora iki; hanyuma abo mu rugo iwe na bo bagaca bamubona bate?

13 Kugira ngo umugore arangūre ibanga ryiwe nk’uko bitegerejwe, hariho ibikorwa vyinshi ashobora gukora biranga ko yitwararitse abo mu rugo rwiwe. Akarorero, arashobora gukinjika imfungurwa zifise akamaro mu mubiri; gusukura inzu no kuyishariza, hamwe no gufadikanya n’umugabo gutoza abana indero. Bibiliya ihanūra abagore bubatse ngo “bakunde abagabo babo; bagire ibibereye; birinde ubushakanyi; ntibatenyenye mu bikorwa vyo mu rugo; bagire inda nziza; bubahe abagabo babo, kugira ngo ijambo ry’Imana ntirivugwe nabi.” (NW) (Tito 2:4, 5) Inarugo arangūra ayo mabanga ni we akundwa kandi yubahwa n’abo mu rugo rwiwe. — Imigani 31:10, 11, 26-28.

URUHARA RWEGA ABANA MU RUGO

14. (a) Uruhara rwega abana mu rugo ni uruhe? (b) Ni igiki abana bokwigira ku karorero ka Yezu?

14 Yehova yabwiye umugabo n’umugore ba mbere ati: “Ni murondoke mugwire.” (Itanguriro 1:28) Imana yababwiye ngo bavyare abana bobaye umugisha mu rugo. (Zaburi 127:3-5) Kubera ko bagendera mu mategeko no mu mabwirizwa y’abavyeyi, Bibiliya ibagereranya n’umushumba. (Imigani 1:8; 6:20-23; Ab’i Galatiya 4:1) Na Yezu nyene yagumye yubaha abavyeyi biwe igihe yari akiri umwana. (Luka 2:51) Ni ukuvuga ko yabagamburikira, agakora ivyo bamutegetse vyose. Abana bose bigenjeje batyo, na vyo nyene vyotera agahimbare mu rugo koko.

15. Ni kuki abana bakunda gutuntuza abavyeyi?

15 Abana b’ubu, aho bobaye umugisha mu rugo batuntuza abavyeyi. Biva kuki? Biva ku bana; no ku bavyeyi nyene bananirwa gufata nka nkama mu buzima bwabo, inyigisho za Bibiliya zerekeye umubano wo mu rugo. Ayo mateka hamwe n’izo ngingo Imana yashinze, bimwe bimwe ni ibihe? Reka tuvyihweze kuri izi mpapuro zikurikira, turabe ko utemera nawe ko igihe wobikurikiza, woba ufashije kuzana agahimbare mu rugo.

Kunda kandi Utere Iteka Umugore Wawe

16. Abagabo bātegetswe kugira iki; kandi ayo mategeko boyarangūra neza bate?

16 Mu kwerekana ubukerebutsi bw’Imana Bibiliya ivuga iti: “Abagabo [bategerezwa] gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.” (Abanyefeso 5:28-30) Ivyamaze kuba kenshi cane, vyērekanye ko, kugira ngo umugore anezerwe, akeneye kwiyumvamwo ko akundwa. Ivyo ni ukuvuga ko umugabo ategerezwa kwitwararika rwose umugore wiwe; akamugirira igishika; agategera ivyo amubwira, agatako akamuhumuriza. Akwiye kandi ‘kumuha icubahiro’ nk’uko Bibiliya ibivuga. Ivyo umugabo ntiyobishitsa igihe atababaye ivyo umugore akora vyose. Abigenjeje atyo, atuma umugore amwubaha. — 1 Petero 3:7.

Ubaha Umugabo Wawe

17. Abagore bātegetswe kugira iki; kandi ivyo bobishitsa bate?

17 Abagore bo bite? “Umugore na we ni yubahe umugabo wiwe,” uko ni ko Bibiliya ivuga. (Abanyefeso 5:33) Kunanirwa gukurikiza iyo mpanuro ni yo mpamvu ihambaye ihora ituma abagabo batātira abagore babo. Umugore yerekana ko yubaha umugabo wiwe mu kumushigikira mu ngingo afata; atibagiye gufashanya na we yivuye inyuma, kugira ngo bashobore kurangūra imigambi bīshinze mu rugo. Mu kurangūra ibanga Bibiliya yamushinze ryo kuba ‘umufasha canke uwunganira’ umugabo, atuma umugabo wiwe yoroherwa no kumukunda. — Itanguriro 2:18.

Ntihagire Uwuhemukira Uwundi

18. Ni kuki abubatse batohemukiranira?

18 Bibiliya ivuga ko “abagabo n’abagore bategerezwa kudahemukiranira.” Abagabo ibabwira iti: “Unezererwe umugore wo mu buto bwawe. . . . N’iki cotuma ga mwana wanje uhimbarwa n’umugore w’icigenze, ukagwa mu gikiriza c’utari uwawe?” (Abaheburayo 13:4; Imigani 5:18-20) Egome, kurenga ibigo ni uguca ku mategeko y’Imana, kandi bikwega amahane mu rugo. Umugore umwe atohoza ivy’ababiranye, yavuze yuko“abantu benshi biyumvīra ko kurenga ibigo vyongereza uburyohe bw’umubano w’abubatse.” Ariko yongeyeko, ati ivyo imisi yose bikwega “amahane menshi.” — Imigani 6:27-29, 32.

Rondera ko Mugenzawe Mwubakanye Aryoherwa

19. Abubatse bashobora bate kuryoherwa cane igihe bapfumbatiranye ku buriri?

19 Abubatse ntibashobora kunezerwa igihe bapfumbatiranye ku buriri, umwe umwe ni yaba yironderera kuryoherwa wenyene gusa. Ahubwo, umunezero uboneka igihe umwe umwe arondera guhimbara mugenziwe. Bibiliya ivuga iti: “Umugabo ahe umugore wiwe ivyo akwiye, kandi umugore na we abigenze atyo ku mugabo wiwe.” (1 Ab’i Korinto 7:3) Ijambo ishimikirako ngaha ni iri: guha, canke gutanga. Utanze na wewe nyene uraryoherwa. Ivyo bisa na bimwe Yezu yavuga ngo: “Ugutanga kuzana umugisha kuruta guhabwa.” — Ivyakozwe n’intumwa 20:35.

Ni Wihebere Abana Bawe

20. Ni kuki kugumana n’abana bifise akamaro kanini rwose?

20 Umwana umwe yari amaze nk’imyaka umunani yavuze ati: “Papa yama ari ku kazi igihe cose, ntiyigera aguma i muhira. Arampa amahera, akampa n’ibikinisho vyinshi; ariko ndamubona gake. Ndamukunda kandi nipfuza ko atokwama ku kazi umwanya wose, kugira ngo ndamubone kenshi.” Ese ukuntu abana mu rugo bohimbarwa rwose, abavyeyi bakurikije iri tegeko rya Bibiliya rivuga ko bigisha abana babo ‘iyo bicaye mu nzu; n’iyo bariko baragenda mu nzira; n’iyo baryamye; n’iyo bavyutse’! Kwitanga wewe nyene ukiha abana bawe mu kurondera umwanya mwiza wo kugumana na bo, na vyo bizotuma urugo rwawe rusagwa agahimbare. — Gusubira mu vyagezwe 11:19; Imigani 22:6.

Toza Abana Indero Bakeneye

21. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye gutoza abana indero?

21 Data wo mw ijuru ahora aha abavyeyi akarorero gakwiye, mu guhana canke mu gutoza indero abasavyi biwe. Abana barakeneye gutozwa indero. (Abaheburayo 12:6; Imigani 29:15) Ni co gituma Bibiliya itanga iyi mpanuro: “Namwe ba se, . . . mubarere (abana banyu) mubahana, mubahanura, nk’uko [Yehova] agomba.” Gutoza indero umwana, n’aho kwoba ari ukumucishako abana b’intoke canke kumubuza ibintu bimwe bimwe, ni ikimenyetso cerekana ko abavyeyi bamukunda. Bibiliya ivuga iti: “Umukunda (umwana wiwe) amuhana hakiri kare.” — Abanyefeso 6:4; Imigani 13:24; 23:13, 14.

Mwebwe Mukiri Bato — Mwirinde Gukwegerwa mu Migenzo y’Iyi Si

22. Ni itegeko irihe abakiri bato bāhawe; kandi bogira iki kugira ngo barishitse?

22 Iyi si iragerageza kwosha abakiri bato kurenga amategeko y’Imana. Bisubiriye, nk’uko Bibiliya ibivuga, “ubupfu buhambiriwe mu mutima w’umwana.” (Imigani 22:15) Ni co gituma rero gukora ibigororotse ari intambara. Ariko Bibiliya ivuga iti: “Namwe bana, kubera ubukirisu mutegerezwa kwubaha abavyeyi banyu, kuko ivyo ari vyo bigororotse.” Bizobazanira impera nyinshi. None rero bana, muce ubwenge. Umvirize iyi mpanuro: “Ni wibuke Umuremyi wawe igihe ukiri muto.” (NW) Wirinde kwoshwa kunywa urumogi, kuborerwa, gusambana canke gukora ikindi kintu kinyuranye n’amategeko y’Imana. — Abanyefeso 6:1-4; Umusiguzi 12:1; Imigani 1:10-19.

Ni Mwigire Hamwe Bibiliya

23. Kwigira hamwe Bibiliya mu rugo bifise akamaro gaki?

23 Iyo umwe mu babana mu rugo yiga Bibiliya kandi agakurikiza inyigisho zayo, ivyo na vyo bitera akanyamuneza mu rugo. Ariko igihe bose hamwe bayīga, umugabo — umugore n’abana — ese ukuntu urwo rugo ruba rugize amahirwe! Ababana muri rwo barashwashwanuka, bakagiriranira ubucuti nyakuri burangwa n’ibiyago vyinshi; uko umwe umwe wese agerageza gufasha abandi gusenga Imana Yehova. Kwigira hamwe Bibiliya rero, mubigire akamenyero! — Gusubira mu vyagezwe 6:4-9; Yohani 17:3.

UBURYO NYABWO BWO GUTATURA AMATATI MU RUGO

24. Ni kuki abubatse borenga ku bibi bagiriranira?

24 No mu ngo nyene zisanzwe zihimbawe, rimwe rimwe ntihabura amahane ahavyuka. Ivyo biterwa n’uko twese tutagororotse, dukunda kugira amakosa. Bibiliya ivuga iti: “Dutsitara muri vyinshi.” (Yakobo 3:2) Umwe umwe mu bubatse rero, ntiyokwitega ko mugenziwe yama akora ibigororotse; ahubwo bakwiye nyabuna kurenga ku makosa bagiriranira. Ni co gituma abubatse batokwitega ko batunganirwa mu rugo ntihagire igitsitaza na kimwe, kuko ivyo ari ibidashoboka ku banyavyaha.

25. Amatati mu rugo yotaturwa ate mu rukundo?

25 Birumvikana ko umugabo canke umugore yokwigora, akirinda ico cose coshavuza umugenzi. Ariko n’aho yorara arigora gute, ntabura gusanga yagize ikintu kidahimbaye uwundi namba. Amatati yotaturwa ate none? Ngiyi impanuro ya Bibiliya: “Urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.” (1 Petero 4:8) Ivyo ni ukuvuga ko abubatse bafise urukundo batazura ibibi bāgiriraniye. Na none urukundo ruvuga ruti ‘waragize amakosa; nanje nama ndayagira. Nuko rero ndaguharira ay’iwawe nawe uheze ungirire nk’uko nyene.’ — Imigani 10:12; 19:11.

26. Igihe havyutse amahane, ni igiki cofasha abubatse kuyatunganya?

26 Igihe abubatse babangukirwa n’ukwemera amakosa bagaca bagerageza kwikosora, bashobora kwirinda impari nyinshi hamwe n’ugutuntura ku mutima. Ico baba bashaka si ugutsinda igihe bagiye impaka, ahubwo gutorera umuti ivyagoranye. N’aho mugenzawe yoba yakosheje, orosha umutima umugirire ubuntu, kugira ngo ayo mahane ahanagurwe. Nimba ari wewe uri mw ikosa, ntukomantaze umutima saba imbabazi. Ntimuvuge ngo tuzobitunganya n’ejo. Tatura amatati bidatevye. “Izuba ntirirenge mukiratse.” — Abanyefeso 4:26.

27. Abubatse botunganya ingorane zabo bafashijwe n’impanuro iyihe ya Bibiliya?

27 Niba uri umuntu yubatse, ukwiye gukurikira iyi mpanuro: “Umuntu wese ntiyiyumvīre ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi.” (Ab’i Filipi 2:4) Ukwiye kwubaha iri tegeko rya Bibiliya rivuga riti: “Mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza; mwihanganirana, iyo umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uko [Yehova] yabahariye, namwe aba ari ko muharirana. Ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, ni rwo mugozi [nyawo wunga ubumwe.”] (NW) — Ab’i Kolosayi 3:12-14.

28. (a) Kwahukana ni bwo buryo bwo gutunganya ingorane zo mu rugo? (b) Bibiliya yerekana impamvu iyihe imwe gusa irekura abubatse ngo bahukane, bace bagira umwidegemvyo wo kurondera uwundi mugenzi?

28 Ubu abubatse benshi ntibakoresha Ijambo ry’Imana mu gutatura amatati yabo, ariko barondera kwahukana. Imana irēmera ko kwahukana kuba uburyo bwo gutunganya ivyagoranye mu rugo? Haba n’intete! (Malaki 2:15, 16) Yagenye ko abubatse batanywa n’urupfu gusa. (Abaroma 7:2) Bibiliya yerekana ko hari impamvu imwe gusa, irekura abubatse ngo bahukane bace bagira umwidegemvyo wo kurondera uwundi mugenzi; na yo ni ubusambanyi. Umwe mu bubatse arenze ibigo, uwutāhemutse ni we ashobora gufata ingingo yo kwahukana canke kugumana n’uwamuryarutse. — Matayo 5:32.

29. (a) Wogira iki igihe uwo mwubakanye atifatanije nawe gusenga Yehova? (b) Munyuma bishobora kugenda gute?

29 Bite none igihe uwo mwubakanye yanse ko mwigira hamwe Bibiliya; mbere n’ukukurwanya akakurwanya kugira ngo aguteshe ibanga ry’ubukirisu? N’aho nyene Bibiliya irakuremesha ngo mubane, ukwahukana ntukugire uburyo bworoshe bwo gutunganya ibikugoye. Kora uko ushoboye ku ruhande rwawe kugira ngo utunganye ivyo mu rugo, ukurikije impanuro za Bibiliya zerekeye uko wokwigenza wewe nyene. Birashoboka ko wotinda ukagondoza mugenzawe, kubera ukwigenza rukirisu kwawe. (1 Ab’i Korinto 7:10-16; 1 Petero 3:1, 2) Ese ukuntu uzoba uhiriwe, ubonye ukwihangana kwawe kurimwo urukundo kuronse impera muri ubwo buryo!

30. Ni kuki akarorero keza abavyeyi baha abana gafise akamaro kanini?

30 Ubu ibigorana vyinshi mu ngo, usanga ari ivy’abana. Mwogira iki none niba ari uko vyifashe mu rugo iwanyu? Ubwa mbere na mbere, mwebwe ko muri abavyeyi mukwiye gutanga akarorero keza, kubera ko abana banyu boroherwa n’ukwigana ivyo mukora kuruta ivyo muvuga. Kandi igihe ivyo mukora binyuranye n’ivyo muvuga, abana babibona nk’ejo. Ni mwaba rero mugomba ko abana banyu bigenza neza rukirisu, mutegerezwa kubaha akarorero mwebwe nyene. — Abaroma 2:21, 22.

31. (a) Ni impamvu iyihe nkuru rwose yotuma abana bumva impanuro z’abavyeyi? (b) Umwana wawe ari hafi kugera mu bigero womwereka ute ko kwubaha itegeko ry’Imana ribuza gusambana, biranga ubukerebutsi?

31 Bikwiye kandi ko muyaga n’abana. Ntibihagije namba kubwira gusa abari hafi yo kugera mu bigero, ngo ‘sinshaka ko musambana, kubera ko ari bibi.’ Barakeneye kumenya ko ari Umuremyi wabo Imana Yehova, avuga ko ari bibi gusambana. (Abanyefeso 5:3-5; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-7) Ariko n’ivyo nyene ntibihagije. Abana bakeneye kandi gutahura igituma bategerezwa kwubaha amategeko y’Imana, n’akamaro bizobagirira. Akarorero, woshobora nko gusigurira umwana wawe ari hafi kugera mu bigero, igitangaza c’ingene uruyoya rutangura mu nda ya nyina; igihe urubuto rw’umugabo rufatana n’irigi ry’umugore; hanyuma ugaca umubaza uti: ‘ntiwibaza ko uwashoboye gukora ico gitangaro azi neza uburyo abantu bategerezwa gukoresha inguvu z’ukurondoka yabahaye?’ (Zaburi 139:13-17) Canke woshobora kumubaza uti: ‘wibaza ko Rugira Umuremyi wacu yoshiraho itegeko ryotubuza kwinezereza mu buzima? Ntitwohimbarwa cane riho twubashe amategeko yiwe?’

32. (a) Igihe ivyiyumviro vy’umwana wawe binyuranye n’ivy’Imana, wewe wobibona ute? (b) Umwana wawe womufasha ute kubona ko ivyo Bibiliya ivuga biranga ubukerebutsi?

32 Ibibazo nk’ivyo bishobora gutuma umwana wawe atangura kurimbūra amategeko y’Imana, agenga ivy’ugukoresha ingingo z’umubiri zituma abantu barondoka. Muhe umwanya akuyāgire. Wumvise ahuvye ntushavure. Gerageza hutegera ko urunganwe rw’uwo mwana wawe rwahabiye kure y’inyigisho za Bibiliya zitunganye; hanyuma ugerageze kumwereka igituma imigenzo y’ubushirasoni y’urwo runganwe rwiwe, iranga ubwenge buke. Bikenewe, woshobora kumuha uburorero bwumvikana, bw’igihe guhurahura kwatwaje inda z’indaro; kwanduje abantu indwara canke gukwega ayandi marushwa. Ubigenjeje utyo, uzomufasha kubona ko ivyo Bibiliya ivuga ari ivy’ukuri, kandi ari ivy’ubwenge.

33. Ni kuki icizigiro co kubaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi duhabwa na Bibiliya, kidufasha gutunganirwa mu rugo?

33 Cane cane, icizigiro c’ukubaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi duhabwa na Bibiliya, kirashobora kudufasha gutunganirwa mu rugo. Ivyo ni ukubera iki? Kubera ko ni twaba twipfuza kuba mw isi nshasha y’Imana koko, tuzokwigora uko dushoboye kugira ngo twigenze nk’uko twiteze kuzokwigenza ico gihe. Ivyo ni ukuvuga ko tuzokwiyegereza rwose Imana Yehova, kugira ngo idutegeke kandi iturongōre. Hanyuma y’ivyo, aya mahirwe dufise ubu Imana izoyasozēra mu kuduha ubuzima budashira n’akanyamuneza kenshi, mu bihe bidashira biturindiriye. — Imigani 3:11-18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika