ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacungezi bo kuragira ubusho
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
    • 5 Mw’ikete rya mbere intumwa Paulo yandikiye Timoteyo no mu ryo yandikiye Tito, yarerekanye ibintu vy’ishimikiro abacungezi basabwa. Muri 1 Timoteyo 3:1-7 hagira hati: “Nimba umuntu arondera gushikira ibanga ry’umucungezi, aba yipfuje igikorwa ciza. Umucungezi akwiye rero kuba ata co anegurwa, ari umugabo w’umugore umwe, atarenza urugero mu ngeso, aroranye mu muzirikanyi, umunyarutonde, umwakiranyi, ashoboye kwigisha, atari umunyamatati w’imborerwa, atari uwukubitana, ahubwo abe uwugira ibitegereka, atari uwukunda kurwana, atari inkunzi y’amahera, abe ari umuntu ahagarikira neza urugo rwiwe bwite, afise abana bayoboka ata gufyina namba; (nimba koko umuntu atazi guhagarikira urugo rwiwe bwite, azobungabunga gute ishengero ry’Imana?) ntabe umuntu yizeye vuba, kugira ngo ntahave yivyimvya akagwa mu rubanza rwaciriwe Shetani. Vyongeye, akwiye kandi kuba ashingirwa intahe nziza n’abantu bo hanze, kugira ntagwe mu ceyi no mu mutego wa Shetani.”

  • Abacungezi bo kuragira ubusho
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
    • 7 Naho ivyo bintu bisabwa ku bacungezi womengo biragoye, abagabo bakirisu ntibakwiye gutinya kurondera gushikira iryo banga. Igihe bagaragaje kamere nziza zisabwa ku bacungezi, biratuma abandi bagize ishengero babigana. Paulo yanditse ko izo “ngabirano z’abagabo” zitangwa “ku bw’ukubogorwa kw’aberanda, ku bw’igikorwa c’ubusuku, ku bw’ukwubakwa kw’umubiri wa Kristu, kugeza twese dushikiriye ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana, tugashikira urugero rw’umugabo akuze, urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu.”​—Ef. 4:8, 12, 13.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika