Kuba Sebibondo n’Umukurambere—Ugushitsa Izo Mpara Zompi
“Ūtazi [guhagarikira] abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama [ikorane] ry’Imana?”—1 TIMOTEYO 3:5.
1, 2. (a) Mu kinjana ca mbere, abacungezi b’abirebange n’abubatse batagira abana ni mu buryo ki bari bashoboye gusukurira abavukanyi babo? (b) Akwila na Purisikila babera akarorero gute inyabubiri nyinshi bubatse muri iki gihe?
ABACUNGEZI bo mw ikorane rikirisu rya kare barashobora kuba ari abagabo b’abirebange, canke abagabo bubatse batagira abana canke baserugo bafise abana. Nta gukeka, bamwebamwe muri abo Bakirisu barashoboye gukurikira ya mpanuro umuposolo Paulo yatangira mw ikete rya mbere yandikiye ab’i Korinto, ikigabane c’7, baguma ari abirebange. Yezu yari yavuze icese ati: “Har’inkone zīkona ubgazo kubg’ubgami bgo mw ijuru.” (Matayo 19:12) Abagabo mwen’abo b’abirebange, nka kumwe kwa Paulo hamwe ngirango n’abandi basangirangendo biwe bamwebamwe, bǎridegemvya bagafunga isafari baja gufasha abavukanyi babo.
2 Bibiliya ntivuga niba Barunaba, Mariko, Sila, Luka, Timoteyo, hamwe na Tito boba bari abagabo b’abirebange. Niba bari bubatse, biboneka yuko bǐdegemvya bitosheje batagira amabanga yo mu rugo, bagashobora gufunga isafari kure ku bigabu bishingwano biri kwinshi. (Ivyakozwe n’intumwa 13:2; 15:39-41; 2 Ab’i Korinto 8:16, 17; 2 Timoteyo 4:9-11; Tito 1:5) Bashobora kuba baraherekezwa n’abagore babo, nka Petero n’ “izindi ntumwa,” abo umenga bǎtwara abagore babo igihe bagenda bava ahantu baja ahandi. (1 Ab’i Korinto 9:5) Akwila na Purisikila ni akarorero k’inyabubiri y’abari bubatse bǎgize umutima ukunze bagashinguka, bagakurikira Paulo kuva i Korinto kuja i Efeso, maze gufata i Roma, no gusubira kugaruka i Efeso. Bibiliya ntivuga yuko boba bari bafise abana canke batabagira. Ubusuku barangura biyahagura ku bw’abavukanyi babo bwaratumye bakengurukirwa n’ ‘amakorane yose y’amahanga.’ (Abaroma 16:3-5; Ivyakozwe n’intumwa 18:2, 18; 2 Timoteyo 4:19) Muri iki gihe, nta nkeka hariho inyabubiri nyinshi usanga, nka kumwe kwa Akwila na Purisikila, zoshobora gusukurira ayandi makorane, ngirango mu kwimukira aho inkenero ari nini kuruta.
Kugira Kuba Sebibondo n’Umukurambere
3. Ni igiki kitubwira ko abakurambere benshi bo mu kinjana ca mbere bari abagabo bubatse bafise ingo?
3 Vyoboneka yuko mu kinjana ca mbere G.C. abenshi mu Bakirisu b’abakurambere bari abagabo bubatse, bafise abana. Igihe Paulo yashira ahabona kamere zisabwa ku mugabo ‘aramvurira igikorwa c’umucungezi,’ yavuze icese yuko Umukirisu mwen’uwo akwiye kuba ari umugabo “[ahagarikira] neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose.”—1 Timoteyo 3:1, 4.
4. Ni igiki casabwa abakurambere bubatse bakagira n’abana?
4 Nk’uko twābibonye, umucungezi ntiyari ategerejwe kugira abana, canke mbere kuba yubatse. Mugabo mu gihe yaba yubatse, kugirango Umukirisu asinzokere ukuba umukurambere canke umusuku mugenwa, yabwirizwa kuba atumikisha ububemutwe bubereye kandi bw’urukundo ku mugore wiwe, vyongeye akaranga ko ubwiwe ashoboye kugumiza abana biwe mu bwiyoroshi bubereye. (1 Ab’i Korinto 11:3; 1 Timoteyo 3:12, 13) Ubugoyagoye ubwo ari bwo bwose bukomeye mu vy’uguhagarikira inzu yiwe bwokuye mu murongo umuvukanyi ngo ntaterwe uduteka tudasanzwe mw ikorane. Kuki? Paulo arasigura ati: “Ūtazi [guhagarikira] abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama [ikorane, NW] ry’Imana?” (1 Timoteyo 3:5) Mu gihe abo mu rugo rwiwe boba batagomba kwiyorohereza ubucungezi bwiwe, abandi bobibona gute?
“Afise Abana Bizera”
5, 6. (a) Ku vyerekeye abana ni igisabwa nyabaki Paulo yacishirijemwo Tito? (b) Ni igiki citezwe ku bakurambere bafise abana?
5 Igihe Paulo yabwiriza Tito ngo agene abacungezi mu makorane y’i Kirete, yashinze ibi: “[Abe] ar’umuntu atabonekak’umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa kw ar’ibihumbu cank’ibiganda. Kuk’[umucungezi] akwiye kutabak’umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene.” Ariko aho bishaka kuvuga iki ngo “afise abana bizera”?—Tito 1:6, 7.
6 Inyito ngo “abana bizera” yerekeza ku bakiri urwaruka bamaze kwegurira Yehova ubuzima bwabo bakaba kandi barabatijwe, canke ku bakiri bato bariko batera baja ku kwiyegura no kubatizwa. Abaharurwa b’ikorane bitega yuko abana b’abakurambere mu bisanzwe baba abigenza neza kandi bagamburuka. Bikwiye kuba biseruka yuko umukurambere ariko agira ivyo ashoboye vyose kugira yubake ukwizera kw’abana biwe. Umwami Salomo yanditse ati: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.” (Imigani 22:6) Ariko vyogenda gute mu gihe umuto yaronse ukwo kurerwa yanse gusukurira Yehova canke mbere agakora ikibi gikomeye?
7. (a) Ni kuki biboneka ko mu Migani 22:6 hadaserura itegeko ry’intakonywa? (b) Mu gihe umwana w’umukurambere adacaguye gusukurira Yehova, ni kubera iki nya mukurambere adaca buno nyene atakaza uduteka yatewe?
7 Biraboneka yuko uwo mugani uhejeje gusubirwamwo utariko utanga itegeko ntabanduka. Ntugananga ya ngingo y’ivy’ubwigombere. (Gusubira mu vyagezwe 30:15, 16, 19) Mu gihe umuhungu canke umukobwa ashikiriye imyaka y’uwubazwa ikintu, ategerezwa kwifatira ingingo ku biraba ukwiyegura n’ukubatizwa. Mu gihe umukurambere biboneka neza ko yafashije agatanga ubuyobozi n’itozandero vyo mu vy’impwemu bikenewe mugabo nya mwana ntahitemwo gusukurira Yehova, se w’uwo mwana ntaca buno nyene akurwako ugusukura bwa mucungezi. Ku rundi ruhande, mu gihe umukurambere afise igitigiri kinaka c’abana bakiri batobato baba i muhira baja barakurakuranwa mu kurwaragurika mu vy’impwemu no mu kuja baragira ingorane, ashobora kutaba akirimburwa ko ari ‘umugabo ahagarikira neza abo mu rugo rwiwe.’ (1 Timoteyo 3:4) Iciyumviro gikuru ni uko umucungezi bikwiye kwigaragaza ko agira uko ashoboye kwose kugira abe afise “abana bizera, bataregwa kw ar’ibihumbu cank’ibiganda.”a
Uwubakanye n’“Umugore Atizera”
8. Umukurambere akwiye gukora gute ku biraba umugore wiwe atizeye?
8 Ku biraba abagabo bakirisu bubakanye n’abatizera, Paulo yanditse ibikurikira: “Mwene Data asanzwe afise umugore atizera, kand’uwo mugore agakunda kubana na we, yoye kumuta. . . . Kuk[o] . . . umugore atizera yezwa kubga mwene Data uyo. Iyo bitamera birtyo, abana banyu baba ar’ibihumane, ariko noneho n’abera. [Kuko] yewe mugabo, ubgirwa n’iki yuk’u[ta]zokiza umugore wawe?” (1 Ab’i Korinto 7:12-14, 16) Ijambo “atizera” ngaha ntiryerekeza ku mugore atagira ivyizero vy’idini, ariko ku muntu atiyeguriye Yehova. Ashobora kuba yari Umuyuda, canke uwizeye imana za gipagani. Kino gihe, umukurambere ashobora kuba yubakanye n’umugore amogoreye idini yindi, w’umuginositike, canke mbere umutemeramana. Niba uno mugore yemeye kugumana na we, nya mukurambere ntakwiye kumuta kubera gusa ivyemero bitandukanye. Akwiye kuguma ‘acumbitse kumwe na we nk’uwuzi ibibereye, akamutera iteka nk’imbombovu idahwanije na we inkomezi, iy’ingore,’ akabaho yizigiye gukiza nya mugore.—1 Petero 3:7; Ab’i Kolosayi 3:19.
9. Mu bihugu amategeko aha umunega n’umugore wiwe bompi uburenganzira bw’ugushira abana babo ku vyemero bano umwumwe bafise vy’idini, umukurambere akwiye gukora gute, kandi ivyo bizogira ico bikoze gute ku duteka yatewe?
9 Mu gihe umucungezi afise abana, azotumikisha ububemutwe bubereye bw’umunega na sebibondo mu kubarera ‘mw itozandero no mw igororabuzirikanyi vya Yehova.’ (Abanyefeso 6:4) Mu bihugu vyinshi amategeko araha abubakane bompi uburenganzira bw’uguha abana babo inyigisho z’ivy’idini. Muri ico gihe, umugore hari aho yoshobora gusaba gukoresha uburenganzira bwiwe bw’ugushira abana ku vyemero n’imimogorero vyiwe vy’idini, ngirango bigasaba ko abajana mu misa.b Birumvikana ko abana bakwiye gukurikira imburanyamutima yabo yǐgishijwe na Bibiliya, ku biraba ukutaja mu birori vy’idini y’ikinyoma. Sebibondo, akaba ni we serugo, azotumikisha uburenganzira we ubwiwe afise bw’ukwigana n’abana biwe no kubajana ku mahwaniro ku Ngoro y’Ubwami igihe bishobotse. Bamaze gushikira imyaka y’ugushobora kwihitiramwo, bazokwifatira ingingo ubwabo y’inzira bafata. (Yosuwa 24:15) Niba abakurambere bagenziwe hamwe n’abaharurwa b’ikorane bashoboye kubona ko ariko agira ivyo amategeko amurekurira kugira vyose ngo yigishe abana biwe mu buryo bubereye mu nzira y’ukuri, ntazoshobora gukurwako ubucungezi.
‘Ahagarikira Neza Abo mu Rugo Rwiwe’
10. Mu gihe serugo ari umukurambere, igitegerezwa ciwe gishirwa imbere giherereye hehe?
10 No ku mukurambere nyene ari sebibondo afise umugore w’Umukirisu nka we, si icoroshe gufata umwanya n’ikebu vyiwe ngo abigabanganye umugore wiwe, abana, hamwe n’amabanga yo mw ikorane mu buryo bubereye. Ivyanditswe biratomotse neza yuko sebibondo w’Umukirisu ategerezwa kubungabunga umugore wiwe n’abana biwe. Paulo yanditse ati: “Umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera.” (1 Timoteyo 5:8) Muri iryo kete nyene, Paulo yavuze icese yuko abagabo bubatse bamaze kuranga ko bo ari abanega beza na basebibondo beza ari bo gusa bakwiye kurātwa ngo basukure bwa bacungezi.—1 Timoteyo 3:1-5.
11. (a) Umukurambere akwiye ‘gutunga abiwe’ mu buryo ki? (b) Ivyo bishobora gufasha umukurambere gute kugira ashitse amabanga ashinzwe mw ikorane?
11 Umukurambere akwiye ‘gutunga’ abiwe atari mu vy’umubiri gusa ariko kandi mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera. Umwami Salomo aciye urwevu yanditse aya: “Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, uvyiroranirize mu ndimiro, hanyuma uz’ubone kwubaka inzu.” (Imigani 24:27) Nuko rero mu gihe umucungezi aronsa umugore n’abana ivyo bakeneye mu vy’umubiri, mu vy’akanyengetera no mu vy’ukuruhuka, akwiye kandi kububaka mu vy’impwemu. Ivyo bitwara umwanya—umwanya atazoshobora guhebera ibintu vy’ikorane. Ariko ni umwanya ushobora kuzana inyungu zirimwo vyinshi mu vy’ubuhirwe bw’urugo n’ugukomera kwarwo mu vy’impwemu. Uko igihe gihera, niba urugo rwiwe rukomeye mu vy’impwemu, nya mukurambere ashora gukenera kugabanya umwanya amara atunganya imbangamyi z’urugo. Ivyo bizotuma umuzirikanyi wiwe widegemvya kugira yitwararike ibintu vyerekeye ikorane. Akarorero atanga k’umunega mwiza na sebibondo mwiza kazokwungura ikorane mu vy’impwemu.—1 Petero 5:1-3.
12. Basebibondo b’abakurambere bakwiye gutanga akarorero keza mu biki biraba urugo?
12 Uguhagarikira inzu mu buryo bwiza birimwo ugushira mu rutonde umwanya w’uguhagarikira urwigo rw’urugo. Birahambaye canecane yuko abakurambere batanga akarorero keza muri ivyo, kuko ingo zikomeye zivamwo amakorane akomeye. Umwanya umucungezi afise ntukwiye kuja uratambwamwo cane n’utundi duteka tw’ubusuku gushika aho aba atakigira umwanya w’ukwigana n’umugore wiwe bo n’abana biwe. Niba ivyo ari ko bimeze kuri we, akwiye gusubira kwihweza urutonde rwiwe. Hari aho yosanga akwiye gusubira gushira ku rutonde canke kugerura umwanya ahebera ibindi bintu, rimwe na rimwe mbere akanaheba uduteka tumwetumwe.
Ubucungezi Burimbanye
13, 14. Ni impanuro nki “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yahaye abakurambere usanga ari baserugo?
13 Impanuro y’ukurimbanya amabanga y’urugo hamwe n’ayo mw ikorane si nshasha. “Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) aramaze imyaka n’iyindi aha impanuro abakurambere kuri ivyo bintu. (Matayo 24:45) Haraciye imyaka 36 irenga Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nzero 1960, urupapuro 22 uhanuye uti: “Mu binyakuri, ntikwoba none ukurimbanya ivyo bisabwa vyose, ku mwanya wacu? Muri ubwo burimbanyi ukwiye kureka hagashimikirwa ku vyokwungura urugo rwawe bwite. Yehova Mana birumvikana ko atokwitega yuko umugabo akoresha umwanya afise wose mu gikenurwa c’ivy’ikorane, mu gufasha abavukanyi biwe n’ababanyi biwe ngo baronke agakiza, hanyuma yamara ntiyiteho agakiza k’inzu yiwe bwite. Umugore n’abana b’umuntu ni bo banga rya mbere ashinzwe.”
14 Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Munyonyo 1986, urupapuro 22, wahanuye uti: “Ukuja mu gikorwa ngenerwa co mu ndimiro uko muri urugo bizotuma mwegerana kuruta, yamara inkenero nyawisa z’abana zisaba ko mutanga umwanya mwifitiye hamwe n’inkomezi zanyu z’ivy’akanyengetera. Ni co gituma rero uburimbane bukenewe kugira mugenekereze umwanya mushobora gukoresha ku bitegerezwa vyo . . . mw ikorane mwongera kandi mwitaho ‘abanyu’ mu vy’impwemu, mu vy’akanyengetera no mu vy’umubiri. [Umukirisu] ategerezwa ‘kubanza kwiga kumogorera ukwibanda ku Mana mu nzu [yiwe] bwite.’ (1 Timoteyo 5:4, 8)”
15. Ni kuki umukurambere afise umugore n’abana akeneye urwevu n’ubukerebutsi?
15 Hari umugani wa Bibiliya uvuga icese uti: “[Urwevu ni rwo rwu]baka urugo, kand’ubukerebutsi ni bgo burukomeza.” (Imigani 24:3) Yego, kugira umucungezi ashitse ibitegerezwa vyiwe vya gitewokarasi, kandi ico gihe nyene agakomeza urugo rwiwe, ategerezwa rwose kuba akeneye urwevu n’ubukerebutsi. Turavye Ivyanditswe, ntafise icibare kimwe gusa c’ubucungezi. Urugo rwiwe hamwe n’amabanga yo mw ikorane birimwo. Arakeneye ubukerebutsi kugira ashire uburimbane hagati y’ivyo. (Ab’i Filipi 1:9, 10) Arakeneye urwevu kugira ashinge ibija imbere y’ibindi. (Imigani 2:10, 11) Naho yoba yiyumvamwo ko akwiye kwitwararika cane gute uduteka two mw ikorane ryiwe, akwiye gutegera yuko, ko ari umunega akaba na sebibondo, ibanga rya mbere Imana yamuhaye ari ibungabungwa hamwe n’agakiza vy’urugo rwiwe.
Basebibondo Beza Bavamwo Abakurambere Beza
16. Ni akarusho gaki umukurambere afise niba kandi ari sebibondo?
16 Umukurambere yareze abana neza ashobora kuba isoko ry’ubutunzi. Niba yarize kubungabunga neza urugo rwiwe, araheza agashobora neza gufasha izindi ngo mw ikorane. Aratahura neza kuruta imbangamyi bafise kandi agashobora gutanga impanuro imota ivyo we ubwiwe ahora yibonera. Tugahirwa, abakurambere ibihumbi bo mw isi uko ingana bariko bakora igikorwa ciza c’ukuba abanega, basebibondo hamwe n’abacungezi.
17. (a) Umugabo ari sebibondo n’umukurambere ni igiki akwiye kutigera yibagira? (b) Abandi baharurwa b’ikorane bakwiye kuranga imbabazi gute?
17 Kugira serugo abe umukurambere, ategerezwa kuba ari Umukirisu ahūmuye, uwo, bugingo abungabunga umugore wiwe n’abana biwe, ashoboye kwungunganya ivyiwe ku buryo ashobora guha umwanya n’ikebu abandi mw ikorane. Akwiye kutigera yibagira yuko igikorwa ciwe c’ubwungere gihēra i muhira. Kubera ko abaharurwa b’ikorane baba bazi yuko abakurambere bari n’abagore hamwe n’abana bafise ibanga ry’ukwitwararika urugo rwabo n’ikorane ryabo, ntibazogerageza kubasaba ibirengeje ku mwanya wabo. Nk’akarorero, umukurambere afise abana bategerezwa kuja kw ishure bukeye, ashobora kutama ashoboye kugumaho igihe kinaka buri nyuma y’amahwaniro yo ku mugoroba. Abandi baharurwa b’ikorane ivyo bakwiye kubitahura kandi bakagira imbabazi.—Ab’i Filipi 4:5.
Abakurambere Bacu Dukwiye Kubaha Icubahiro
18, 19. (a) Umwihwezo tugize ku 1 Ab’i Korinto ikigabane c’7, watumye dutahura iki? (b) Dukwiye kubona dute mwen’abo bagabo bakirisu?
18 Umwihwezo tugize ku kigabane c’7 c’ikete rya mbere Paulo yandikiye ab’i Korinto watumye tubona yuko, nk’uko Paulo yahanuye, hariho abagabo benshi b’abirebange bariko bakoresha umwidegemvyo wabo mu gusukurira ivyungura Ubwami. Hariho kandi n’abavukanyi ibihumbi bubatse batagira abana, abo, bugingo bashira ikebu rikwiriye ku bagore babo, usanga basukura bwa bacungezi beza mu Ntara, mu mizunguruko, mu makorane, ku mashami ya Watch Tower, basenyeye ku mugozi umwe n’abagore babo bimwe vy’akaratitse. Mu kurangiza, muri ya makorane hafi 80 000 y’igisata ca Yehova, harimwo basebibondo benshi ico bakora atari gusa ukwitwararikana urukundo abagore babo n’abana babo, ariko kandi bafata umwanya wo gusukurira abavukanyi babo bwa bungere bitwararitsi.—Ivyakozwe n’intumwa 20:28.
19 Umuposolo Paulo yanditse ati: “[Inararibonye bahagarikira] neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabga icubahiro kirushiriza, kandi cane-cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha.” (1 Timoteyo 5:17) Yego, abakurambere bahagarikira mu buryo bwiza ivy’i muhira iwabo no mw ikorane barakwiriye ko tubakunda kandi tububaha. Si ivy’imbeshere, dukwiye ‘guha icubahiro abagabo bameze batyo.’—Ab’i Filipi 2:29.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa), 1 Rusama 1978, urupapuro 31-2.
b Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa), 1 Myandagaro 1961, urupapuro 251, 256.
Reka Twiyibutse
◻ Tumenya dute ko abakurambere benshi bo mu kinjana ca mbere G.C. bǎri baserugo?
◻ Ni igiki gisabwa ku bakurambere bubatse bafise abana, kandi ni kubera iki?
◻ Kugira “abana bizera” bishaka kuvuga iki, ariko vyomera gute mu gihe umwana w’umukurambere adacaguye gusukurira Yehova?
◻ Umukurambere akwiye ‘gutunga abiwe’ mu biki n’ibiki?
[Ifoto ku rup. 18]
Ingo zikomeye zivamwo amakorane akomeye