IKIGABANE CA 13
“Mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana”
KUBERA yuko twiyeguriye Yehova, tubwirizwa kugaragaza ubuninahazwa bwiwe mu vyo tuvuga vyose no mu vyo dukora vyose. Intumwa Paulo yarerekanye ingingo ngenderwako ikwiye kutuyobora igihe yandika ati: “Mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.” (1 Kor. 10:31) Ivyo bisaba ko twumira ku ngingo ngenderwako za Yehova zigororotse, zino zikaba zigaragaza kamere ziwe zitagira agahaze. (Kol. 3:10) Dutegerezwa kwigana Imana kubera yuko turi igisata ceranda.—Ef. 5:1, 2.
2 Intumwa Petero yaribukije ico kintu abakirisu. Yavuze ati: “Nk’abana bagamburuka, nimureke gushushanywa nk’uko ivyipfuzo mwari mufise kera mu kutamenya kwanyu vyari, mugabo, nk’uko wa Mweranda yabahamagara ari, namwe ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose, kuko vyanditswe ngo: ‘Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda.’” (1 Pet. 1:14-16) Cokimwe na Isirayeli ya kera, abagize ishengero rya gikirisu bose basabwa kuguma ari beranda. Ivyo bisobanura ko baguma batagirako ikirabagu, batandujwe n’icaha canke ingeso z’ino si. Gutyo, baba bashizwe ku ruhande kugira bakore umurimo mweranda.—Kuv. 20:5.
3 Turazigama ubweranda mu kwisunga cane amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe, na vyo bikaba bitomorwa neza mu Vyanditswe Vyeranda. (2 Tim. 3:16) Kwiga Bibiliya vyaradufashije kumenya Yehova n’inzira ziwe, duca turamwiyegereza. Vyaratweretse neza ko dukeneye kubanza kurondera Ubwami bw’Imana be n’uko gukora ivyo Yehova agomba ari co kintu dukwiye gushira imbere y’ibindi. (Mat. 6:33; Rom. 12:2) Ivyo vyasavye ko twambara wa muntu mushasha.—Ef. 4:22-24.
KUDAHUMANA MU VY’IMPWEMU NO MU NYIFATO RUNTU
4 Gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse ntivyama vyoroshe. Umwansi wacu Shetani aguma arondera kudukura mu kuri. Rimwe na rimwe, utwosho tw’ino si hamwe n’impengamiro dufise yo gukora icaha biratuma tutoroherwa. Ni urugamba kugira tubeho twisunga ukwiyegura kwacu. Ivyanditswe birerekana ko tudakwiye gutangara igihe duhuye n’uruhamo canke ibigeragezo. Tubwirizwa guhamwa duhorwa ubugororotsi. (2 Tim. 3:12) Ariko turashobora guhimbarwa igihe turi mu bigeragezo, kubera ko tuzi yuko ico ari ikimenyamenya c’uko turiko turakora ivyo Imana igomba.—1 Pet. 3:14-16; 4:12, 14-16.
5 Naho Yezu yari atunganye, yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye. Ntiyigeze atwarwa n’ibigeragezo vya Shetani canke ngo ahahamire ibintu vyo mw’isi. (Mat. 4:1-11; Yoh. 6:15) Ntiyigeze arota ahemuka. Naho ukudahemuka kwiwe kwatumye isi imwanka, yagumye yumiye ku ngingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Imbere gatoyi y’uko Yezu apfa, yaraburiye abigishwa biwe yuko na bo nyene isi yobanse. Kuva ubwo, abigishwa biwe barashikiwe n’amakuba, ariko baragize umutima rugabo kubera bazi yuko Umwana w’Imana yatsinze isi.—Yoh. 15:19; 16:33; 17:16.
6 Kugira ntitube ab’isi, turakeneye kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova nk’uko Databuja yabigize. Uretse ko tutaja muri politike canke mu matati yo mu kibano, dutegerezwa kandi kwirinda ingeso mbi zo muri ino si. Turafata nkama impanuro dusanga muri Yakobo 1:21 igira iti: “Mwiyambure umucafu wose be na ca kintu kidakenewe, ari co bubi, hanyuma mwemerane ubwitonzi uguterwa kwa rya jambo rishobora gukiza ubuzima bwanyu.” Biciye ku kwiyigisha no kwitaba amakoraniro, rya jambo ry’ukuri rirashobora ‘guterwa’ mu bwenge bwacu no mu mutima wacu, kandi ntituzokwigera twipfuza ivyo isi itanga. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana.” (Yak. 4:4) Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza cane kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova zigororotse no kuguma twitandukanije n’isi.
7 Ijambo ry’Imana ridusaba kwirinda inyifato iteye isoni be n’ubuhumbu. Rigira riti: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe, nk’uko bibereye abantu beranda.” (Ef. 5:3) Ntidukwiye rero kugumiza ivyiyumviro vyacu ku bintu bihumanye, biteye isoni canke vyononekaye, eka kandi ntidukwiye no kubicisha mu kanwa mu biyago vyacu. Aho tuba twerekanye ko twipfuza kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova zigororotse kandi zidahumanye.
ISUKU
8 Uretse ukudahumana mu vy’impwemu no mu nyifato runtu, abakirisu baratahura ko isuku rihambaye. Muri Isirayeli ya kera, ya Mana y’ubweranda yasaba ko mw’ikambi haguma hasukuye. Na twebwe dutegerezwa kuguma dusukuye kugira Yehova “ntabone muri [twebwe] ikintu kitabereye.”—Gus. 23:14.
9 Muri Bibiliya, ubweranda burafitaniye isano rya hafi n’isuku. Nk’akarorero, Paulo yanditse ati: “Bakundwa, twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana.” (2 Kor. 7:1) Ku bw’ivyo, abakirisu bose, abagabo n’abagore, bakwiye kwihata bakama biyoga kandi bakamesura impuzu zabo. Naho ibintu bitifashe kumwe mu bihugu vyose, twese usanga dushobora kuronka amazi n’agasabuni kugira ngo twe n’abana bacu tugume dusukuye.
10 Kubera igikorwa cacu co kwamamaza, akenshi usanga tuzwi neza mu kibano. Igihe inzu yacu yama isukuye indani no hanze kandi irimwo urutonde, ivyo ubwavyo birashinga intahe ku babanyi. Ico ni igikorwa cega umuryango wose. Abavukanyi barakwiye kwitwararika cane ingene inzu yabo imeze no mu micungararo yayo, kubera yuko igihe inzu hamwe n’imbuga bifashwe neza bituma abandi babavuga neza. Igihe serugo yitaho ico kintu akongera akaja imbere umuryango wiwe mu vy’impwemu, birerekana ko ahagarikira neza urugo rwiwe. (1 Tim. 3:4, 12) N’abadada barafise ibanga ryo kwitwararika ibintu bimwebimwe, canecane ivy’indani mu nzu. (Tito 2:4, 5) Abana barezwe neza na bo nyene baritwararika kuguma basukuye no gusukura aho barara. Gutyo, abagize umuryango baba bariko barasenyera ku mugozi umwe mu kwimenyereza kugira isuku rizoba rirangwa mw’isi nshasha irongowe n’Ubwami bw’Imana.
11 Abasavyi ba Yehova bamwebamwe muri iki gihe bagenda ku makoraniro n’imodoka canke ibindi vyuma. Mu turere tumwetumwe, ivyuma vyo kwiyunguruza usanga bikenewe cane mu gikorwa co kwamamaza. Ivyo vyuma bikwiye kuguma bisukuye kandi bimeze neza. Inzu zacu n’ivyuma dukoresha mu kwiyunguruza bikwiye kwerekana ko turi mu gisata ca Yehova kidahumanye kandi ceranda. Amasakoshi n’amabibiliya dukoresha mu ndimiro na vyo nyene bikwiye kwama bisukuye.
12 Dukwiye kwambara no kwitunganya mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako z’Imana. Ntitwokwubahuka kurenguka imbere y’umuntu ahambaye twambaye uko twishakiye. Hari akantu rero igihe turiko turaserukira Yehova mu ndimiro canke ku mukiruruko! Ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya biragira ico bikoze ku kuntu abandi babona ibijanye n’ugusenga Yehova. Ntibibereye ko twambara canke ko twitunganya mu buryo butaranga urupfasoni canke butsitaza abandi. (Mika 6:8; 1 Kor. 10:31-33; 1 Tim. 2:9, 10) Ku bw’ivyo, igihe twitegurira kuja mu ndimiro, ku makoraniro, ku materaniro canke ku mahwaniro, dukwiye kwamiza ku muzirikanyi ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye n’isuku no kwitunganya rupfasoni. Twipfuza kwama dutera iteka Yehova kandi tukamuninahaza.
Kubera yuko twiyeguriye Yehova, tubwirizwa kugaragaza ubuninahazwa bwiwe mu vyo tuvuga vyose no mu vyo dukora vyose
13 Turakwiye kwisunga izo ngingo ngenderwako nyene igihe tugendeye icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova canke ibiro vy’ishami. Uribuka ko izina Beteli risobanura “Inzu y’Imana.” Ku bw’ivyo, dukwiye kwambara no kwifata nka kumwe tubigenza igihe twitavye amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami.
14 N’igihe turiko turisamaza, turakwiye kwitwararika ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya. Twoshobora kwibaza duti: ‘Noba nogira isoni zo kwamamaza akaryo kizanye kubera ukuntu nambaye?’
KWINEZEREZA MU BURYO BWIZA
15 Turakeneye kuruhuka no kwisamaza kugira tugume dufise amagara meza. Igihe kimwe, Yezu yarasavye abigishwa biwe ngo baje ahantu hiherereye kugira ‘baruhuke gatoya.’ (Mrk. 6:31) Kuruhuka no kwisamaza mu buryo bwiza biratuma twumva turuhutse mu mutwe. Biratuma tugarura udutege maze tukabandanya imirimo yacu ya misi yose.
16 Kubera ko hari uburyo bwinshi bwo kwinezereza, abakirisu barakwiye kurobanura bisunze ubukerebutsi buva ku Mana. Naho kwinezereza bikenewe, si co kintu gihambaye mu buzima. Bibiliya iratugabisha yuko mu “misi ya nyuma” abantu bobaye “bakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” (2 Tim. 3:1, 4) Uburyo bwinshi bwo kwinezereza usanga butabereye ku bantu bipfuza kubaho bisunga ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse.
17 Abakirisu bo mu ntango babwirizwa kunanira isi y’ico gihe yaguma yiruka inyuma y’ibinezereza. Mu bibuga vy’inkino vy’Abaroma, abantu wasanga binezereza mu kuraba ukuntu abandi bamererwa nabi. Ibintu birimwo ubukazi, ugusesa amaraso hamwe n’ubuhumbu vyarerekanwa icese kugira banezereze abantu, ariko abakirisu ba kera ntiberekwa ibintu nk’ivyo. Muri iki gihe, bwinshi mu buryo bwo kwinezereza usanga bugizwe na mwene ivyo bintu kandi bugenewe guhaza ivyipfuzo bibi. Turakeneye ‘kuguma turaba neza’ uko tugenda, tukamirira kure uburyo bwo kwinezereza bwononekaye. (Ef. 5:15, 16; Zab. 11:5) Naho uburyo kanaka bwo kwisamaza butoba ari bubi, woshobora gusanga ikibanza co kwisamarizamwo canke abantu bahari biteye amakenga.—1 Pet. 4:1-4.
18 Hariho uburyo bwiza bwo kwisamaza abakirisu boshobora guhitamwo. Benshi barungukiye ku gushira mu ngiro impanuro zishingiye ku Vyanditswe hamwe n’ivyiyumviro bitarenza urugero biri mu bisohokayandikiro vyacu.
19 Rimwe na rimwe, turashobora gutumira muhira imiryango nk’ingahe kugira tube turatera ryarenga. Twoshobora gutumirwa ku bugeni canke ku rundi rubanza nk’urwo. (Yoh. 2:2) Nyene urubanza ni we abazwa ibihabera. Birumvikana ko ukwiyubara gukenewe igihe abantu bahuriye hamwe ari benshi. Kubera ko abantu baba bisanzuye muri izo manza, vyaratumye abakirisu bamwebamwe barenza urugero mu kurya no mu kunywa, mbere barakora n’ibindi vyaha bikomeye. Abakirisu bafise ugutahura, barazi ko ari vyiza gutumira abantu bake kuri izo manza no gucungera umwanya zimara. Nimba harimwo inzoga, zikwiye gutangwa ku rugero. (Flp. 4:5) Iyo hagizwe utwigoro twose dushoboka ngo imanza mwene izo zitunganywe neza kandi zibe iziruhura mu vy’impwemu, ibifungurwa n’ibinyobwa si vyo bishirwa imbere y’ibindi.
20 Ni vyiza kuba umwakiranyi. (1 Pet. 4:9) Igihe dutumira abandi bakirisu muhira kugira dusangire akajumbu, twinezereze, twidagadure canke dutere ryarenga, dukwiye kwama twibuka abatishoboye. (Luka 14:12-14) Igihe twatumiwe muri ivyo biringo, dukwiye kwisunga impanuro dusanga muri Mariko 12:31. Ni vyiza gukenguruka ubuntu abandi batugirira.
21 Abakirisu barahimbarwa n’ingabirano nyinshi Imana ibaha be no kumenya ko bashobora ‘kurya, bakanywa, bakabona iciza ku bw’igikorwa cabo cose c’ubutame.’ (Umus. 3:12, 13) Igihe “[dukoze] vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana,” abatumire na bene kubatumira bazohimbarwa igihe cose bibutse ingene iyo mitororokano yabaruhuriye mu buryo bw’impwemu.
IBIKORWA VYO KW’ISHURE
22 Abana b’Ivyabona vya Yehova barungikira ku nyigisho y’ishimikiro baronkera kw’ishure. Igihe bakiri ku ntebe y’ishure, baritwararika kwiga gusoma neza no kwandika neza. Ibindi vyigwa abakiri bato biga kw’ishure vyoshobora kubagirira akamaro mu migambi yabo y’ivy’impwemu. Igihe bakiri ku ntebe y’ishure, barihatira ‘kwibuka Umuremyi wabo Ahambaye’ mu gushira imbere ivy’impwemu.—Umus. 12:1.
23 Nimba ukiri ku ntebe y’ishure, uraba maso ntiwifatanye n’abakiri bato bo mw’isi bidakenewe. (2 Tim. 3:1, 2) Kubera ko Yehova yaturonkeje uburinzi dukeneye, hari ibintu vyinshi wokora kugira wikingire utwosho tw’iyi si. (Zab. 23:4; 91:1, 2) Niwungukire ku ntunganyo Yehova yashizeho; ivyo bizokubera uburinzi.—Zab. 23:5.
24 Kugira ngo Ivyabona benshi bakiri ku ntebe y’ishure bagume bitandukanije n’isi, bahitamwo kutaja mu bikorwa biba inyuma y’ivyigwa. Abanyeshure bigana hamwe n’abigisha vyoshobora kubagora kubitahura. Ariko rero, guhimbara Imana ni vyo bihambaye. Ivyo bisaba ko mukoresha ijwi ryanyu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya kandi mukiyemeza kutaja mu mahiganwa yo muri ino si canke mu bintu vyo kwiratira igihugu. (Gal. 5:19, 26) Nimwumviriza impanuro zo mu Vyanditswe muhabwa n’abavyeyi banyu batinya Imana kandi mukifatanya n’abagenzi beza mw’ishengero, muzoshobora kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova zigororotse.
AKAZI HAMWE N’ABAGENZI
25 Ivyanditswe vyerekana ko ba serugo bafise ibanga ryo kuronsa abo mu ngo zabo ivyo bakeneye. (1 Tim. 5:8) Ariko rero, kubera yuko ari abasavyi b’Imana, barazi ko bategerezwa gushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere. (Mat. 6:33; Rom. 11:13) Bagumye bihebeye Imana kandi bakabumbwa n’ivyo bafise, baririnda amaganya n’iyindi mitego izanwa n’uguhahamira amaronko.—1 Tim. 6:6-10.
26 Abakirisu bose bakora akazi bakwiye kuyoborwa n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Kwironsa ivyo dukeneye mu buryo bubereye bisobanura ko twirinda ibintu biteye kubiri n’amategeko y’Imana canke y’igihugu. (Rom. 13:1, 2; 1 Kor. 6:9, 10) Turamiza ku muzirikanyi akaga ko kwifatanya n’abagenzi babi. Kubera ko turi abasoda ba Kristu, turirinda gukora urudandaza ruteye kubiri n’ingingo ngenderwako z’Imana, rutuma tuja muri politike canke rushira mu kaga ubucuti dufitaniye n’Imana. (Yes. 2:4; 2 Tim. 2:4) Turirinda kandi kugira ikintu na kimwe duhuriyeko na wa mwansi w’Imana “Babiloni Akomeye.”—Ivyah. 18:2, 4; 2 Kor. 6:14-17.
27 Kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse biraturinda kuja mu vyo guhayanisha ibidandazwa canke kuja mu bindi bintu bitwungura twebwe ubwacu igihe turi ku makoraniro. Intumbero yacu igihe turi ku makoraniro, ku materaniro canke ku mahwaniro ni iyo gusenga Yehova gusa. Tuba turiko turafungurira ku meza yiwe twongera “[du]hanahana indemesho.” (Rom. 1:11, 12; Heb. 10:24, 25) Ukwo gukoranira hamwe n’abandi gukwiye kuguma gushingiye ku bintu vy’impwemu.
KUBANA MU BUMWE N’ABANDI BAKIRISU
28 Ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse zisaba kandi abasavyi biwe “kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.” (Ef. 4:1-3) Umwe wese arondera ineza y’abandi aho kurondera ibimuhimbara ubwiwe. (1 Tes. 5:15) Nta gukeka ko ari ukwo wasanze vyifashe mw’ishengero urimwo. Twese twisunga ingingo ngenderwako zimwe ata kuraba ubwoko, igihugu, ikibano, ubutunzi canke amashure. N’abantu bo hanze bariboneye ico kintu kidasanzwe kiranga abasavyi ba Yehova.—1 Pet. 2:12.
29 Mu gushimangira imvo ituma twunga ubumwe, intumwa Paulo yanditse ati: “Hari umubiri umwe, n’impwemu imwe, nk’uko nyene mwahamagawe muri ca cizigiro kimwe mwahamagariwe; hari Umukama umwe, ukwizera kumwe, ibatisimu imwe; hari Imana imwe ikaba na Se wa bose, iri hejuru ya bose, ikora biciye kuri bose kandi igakorera muri bose.” (Ef. 4:4-6) Ayo majambo aduhimiriza gutahura kumwe inyigisho zo muri Bibiliya z’ishimikiro hamwe n’izimbitse, gutyo tukaba twerekanye ko twemera ubusegaba bwa Yehova. Emwe, Yehova yarahaye abasavyi biwe ururimi rutyoroye ari rwo kuri, rukaba rutuma bamukorera bahuje inama.—Zef. 3:9.
30 Ubumwe n’amahoro birangwa mw’ishengero rya gikirisu biraruhurira abasavyi ba Yehova bose. Turibonera iranguka ry’umuhango wa Yehova ugira uti: “Nzobashira hamwe, nk’umukuku mu rugo rw’ibitungwa.” (Mika 2:12) Twipfuza kuzigama ubwo bumwe n’ayo mahoro mu kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova zigororotse.
31 Turahiriwe kubona turi mw’ishengero rya Yehova rityoroye! Kwitirirwa izina rya Yehova ni iteka ntangere. Birabereye ko dukora ibishoboka vyose kugira turigumane. Uko tubandanya kuzigama ubucuti bw’agaciro dufitaniye na Yehova, nimuze twihatire kwumira ku ngingo ngenderwako ziwe zigororotse twongere turemeshe abandi kubigenza gutyo.—2 Kor. 3:18.