ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/7 rup. 14-19
  • ‘Imana ni urukundo’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Imana ni urukundo’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikintu gihambaye kuruta ibindi kiranga urukundo
  • Ukuntu Yehova adukura amazinda ku vyerekeye urukundo rwiwe
  • Imana ‘igabirije guharira’ ivyaha
  • ‘Imbabazi zirangwa ikibabarwe z’Imana yacu’
  • «Impuhwe z’Imana yacu»
    Niwiyegereze Yehova
  • “Ni yo yabanje kudukunda”
    Niwiyegereze Yehova
  • Nta gishobora «kudutandukanya n’urukundo rw’Imana»
    Niwiyegereze Yehova
  • Imana “yiteguriye kubabarira”
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/7 rup. 14-19

‘Imana ni urukundo’

“Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’urukundo”.​—1 YOHANA 4:8.

1-3. (a) Ni igiki Bibiliya ivuga ku vyerekeye kamere ya Yehova y’urukundo, kandi ni mu buryo ubuhe ico kintu ivuga kidasanzwe? (b) Ni kubera iki Bibiliya ivuga yuko “Imana ar’urukundo”?

KAMERE zose za Yehova ziri hejuru, ziratunganye kandi zirakwegera. Ariko kamere ikwegera muri kamere zose za Yehova ni urukundo. Nta kintu na kimwe kidukwegera kuri Yehova bimwe bikomeye nk’urukundo rwiwe. Duhiriwe duhishije, urukundo kandi ni yo kamere yiwe yiganje kuruta izindi. Ivyo tubizi gute?

2 Hariho ikintu Bibiliya ivuga ku vyerekeye urukundo itigera ivuga ku zindi kamere nyamukuru za Yehova. Ivyanditswe ntibivuga yuko Imana ari ububasha canke ko Imana ari ubutungane, canke mbere yuko Imana ari ubukerebutsi. Izo kamere irazifise kandi ni yo soko ruheta ry’izo kamere zitatu zose. Ariko rero ku vyerekeye urukundo, hariho ikintu gishika kure kuruta kivugwa muri 1 Yohana 4:8 ngo: ‘Imana ni urukundo’. Ego cane, urukundo ni rwo ruranga Yehova. Ni rwo kameremere kiwe canke ni ko yimereye. Muri rusangi, twoshobora kuyiyumvira muri ubu buryo: ububasha bwa Yehova bumushoboza kugira ico akoze. Ubutungane bwiwe be n’ubukerebutsi bwiwe birayobora uburyo akora ibintu. Ariko rero, urukundo rwa Yehova rumuvyurira umutima wo kugira ico akoze. Kandi urukundo rwiwe rwama nantaryo ruri mu buryo akoresha izindi kamere ziwe.

3 Kenshi bivugwa yuko Yehova ari we nyene agereranya urukundo. Kubera ico, nimba dushaka kwiga ivyerekeye urukundo, dutegerezwa kwiga ivyerekeye Yehova. Nimuze rero dusuzume imwimwe mu mice y’urukundo rwa Yehova rw’akaburarugero.

Ikintu gihambaye kuruta ibindi kiranga urukundo

4, 5. (a) Ni ikintu ikihe gihambaye kuruta ibindi kiranga urukundo cabaye muri kahise kose? (b) Ni kubera iki twovuga yuko Yehova be n’Umwana wiwe bunzwe n’urukundo rukomeye kuruta urwabayeho rwose?

4 Yehova yaragaragaje urukundo mu buryo bwinshi, mugabo hariho uburyo bumwe bwibonekeje kuruta ubundi bwose. Uti ni ubuhe? Ni ukuba yararungitse Umwana wiwe kugira ngo acumukure hanyuma adupfire. Turashobora kuvuga tutihenda yuko ico ari co kintu gihambaye kuruta ibindi kiranga urukundo cabaye muri kahise kose. Ni kubera iki dushobora kuvuga gutyo?

5 Bibiliya yita Yezu “imfura mu vyaremwe vyose” (Ab’i Kolosayi 1:15). Iyumvire gatoya: Umwana wa Yehova yabayeho imbere y’uko ibiri mu kirere vyose bibaho. None, Se n’Umwana bamaranye igihe kingana gute? Abanyasiyansi bamwebamwe bagereranya yuko ibiriho bimaze imyaka amamiliyaridi 13. Yamara, naho nyene iryo gereranya ryoba ari ryo, ico gihe nticoba ari kirekire bihagije kugira ngo kigereranye imyaka Umwana wa Yehova w’imfura amaze! None yakora iki muri iyo myaka yose? Uwo Mwana yarakoze anezerewe ari “umukozi w’umuhanga” wa Se (Imigani 8:30; Yohana 1:3). Yehova be n’Umwana wiwe barakoranye mu kurema ibindi bintu vyose. Ese ukuntu bamaranye igihe giteye akanyamuneza n’agahimbare! None, ni nde muri twebwe yokwiyamvya ngo atahure ukuntu ubucuti bwabayeho muri ico gihe kirekire c’agatangaza gutyo bwari bukomeye? Biratomoye yuko Yehova Imana be n’Umwana wiwe bunzwe n’urukundo rukomeye kuruta urwabayeho rwose.

6. Igihe Yezu yabatizwa, Yehova yaseruye gute ukuntu yiyumva ku vyerekeye Umwana wiwe?

6 Naho ari ukwo, Yehova yararungitse Umwana wiwe kw’isi kugira ngo avuke ari uruyoya. Kubigira gutyo vyasigura yuko Yehova yotegerejwe kumara imyaka mirongo yarahevye ubucuti somambike bwo kuba ari kumwe n’Umwana wiwe mukundwa mw’ijuru. Abigiranye ubwitwararitsi bukomeye, Yehova yararaba ari mw’ijuru uko Yezu akura ngo abe umugabo atagira agasembwa. Yezu ashikanye imyaka nka 30 y’amavuka, yarabatijwe. Ico gihe Se yaravuze ubwiwe ari mw’ijuru ati: “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara” (Matayo 3:17). Kubona Yezu yarakoze adahemuka ivyari vyarabuwe vyose be n’ivyo yari yasabwe gukora vyose, Se ategerezwa kuba yarahimbawe rwose!​—Yohana 5:36; 17:4.

7, 8. (a) Yezu yashikiwe n’ibiki ku wa 14 Nisani 33 G.C., kandi Se wiwe wo mw’ijuru vyagize ico bimukozeko gute? (b) Ni kubera iki Yehova yemeye ko Umwana wiwe acumukura hanyuma agapfa?

7 Ariko none, Yehova yumvise amerewe gute ku wa 14 Nisani 33 G.C., igihe Yezu yagurwa maze agafatwa n’igitero c’abantu bari bashangashiwe? Yumvise amerewe gute igihe Yezu yatukwa, agacirwako amate kandi agakubitwa ibipfunsi? Yumvise amerewe gute igihe Yezu yatonagurwa, umugongo wiwe ugashishagurika? Yumvise amerewe gute igihe Yezu yakomererwa imisumari mu biganza no mu birenge ku mugogo w’igiti maze agasigwa amanitse ngaho abantu na bo bariko baramutuka? Se yumvise amerewe gute igihe Umwana wiwe mukundwa yasemerera amuhamagara igihe umubabaro wamusogota ariko arasambagirika? Yehova yumvise amerewe gute igihe Yezu yacikana maze, ari bwo bwa mbere kuva mu ntango y’iremwa rya vyose, Umwana wiwe mukundwa ntabe akiriho?​—Matayo 26:14-16, 46, 47, 56, 59, 67; 27:26, 38-44, 46; Yohana 19:1.

8 Kubera yuko Yehova afise inyiyumvo, umubabaro ategerezwa kuba yaragize ku rupfu rw’Umwana wiwe ntitworonka amajambo tuwuseruramwo. Igishobora kuvugwa coco, ni imvo yatumye Yehova areka urwo rupfu rugashika. Ni kubera iki Se wiwe yemeye akihanganira mwene uwo mubabaro? Yehova araduhishurira ikintu c’akaroruhore muri Yohana 3:16, uwo ukaba ari umurongo wa Bibiliya uhambaye rwose ku buryo wiswe Injili ntoya. Uvuga uti: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira”. Rero, imvo Imana yari ifise ni iyi: urukundo. Ntiharigera hagaragazwa urukundo ruruta urwo.

Ukuntu Yehova adukura amazinda ku vyerekeye urukundo rwiwe

9. Shetani yipfuza ko twemera iki ku vyerekeye ukuntu Yehova atubona, mugabo Yehova adukura amazinda ku vyerekeye iki?

9 Ariko rero, hariho ikibazo gihambaye gica kivyuka: Twebwe ubwacu Imana yoba idukunda? Bamwebamwe boshobora kwemera yuko Imana ikunda abantu muri rusangi, nk’uko bivugwa muri Yohana 3:16. Ariko mu bisanzwe biyumvira bati: ‘Jewe ubwanje Imana ntiyokwigera inkunda’. Uko ibintu biri, ni uko Shetani wa Murwanizi ashashaye gutuma twemera yuko Yehova atadukunda kandi ko ataduha agaciro. Vyongeye, uko ari ko kwose dushobora kwiyumvira ko tudakundwa canke ko tudafise agaciro, Yehova aradukura amazinda yuko aha agaciro umwumwe wese mu basavyi biwe b’abizerwa.

10, 11. Ikigereranirizo Yezu yatanze c’utujuri cerekana gute yuko twebwe dufise agaciro mu nyonga za Yehova?

10 Nk’akarorero, rimbura amajambo Yezu yavuze yanditswe muri Matayo 10:29-31. Mu kwerekana agaciro abigishwa biwe bafise, Yezu yavuze ati: “Mbeg’utu[jur]i tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Nuko ntimutinye: mwebge muruta utu[jur]i twinshi”. Rimbura ico ayo majambo yasigura ku bumviriza Yezu mu kinjana ca mbere.

11 Mu gihe ca Yezu, ikijuri yari yo nyoni izimbutse kuruta izindi zagurishwa kugira ngo zifungurwe. Umuguzi afise ikuta rimwe ry’agaciro gatoyi bamuha ibijuri bibiri. Mugabo nk’uko bivugwa muri Luka 12:6, 7, Yezu mu nyuma yavuze yuko mu gihe umuntu yaba atanze amakuta abiri, batamuha ibijuri bine, ahubwo ko bamuha bitanu. Iyo nyoni irenzeko bayongerako nk’aho itaba ifise agaciro na gatoyi. Kumbure mwene izo nyoni nta gaciro zari zifise mu maso y’abantu. Ariko none Umuremyi we yazibona gute? Yezu yavuze ati: “Nta na kamwe [mbere na ka kandi kongerwako] Imana itazi” (UB). Ubu turashobora gutangura kubona ico Yezu yashaka kuvuga. Nimba Yehova aha ikijuri kimwe agaciro kangana gutyo, ca wumva ingene umuntu afise agaciro kuruta! Nk’uko Yezu yabivuze, Yehova arazi akantu kose ku bitwerekeye. Nakare, n’umushatsi wo ku mutwe wacu wose waraharuwe!

12. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka yuko Yezu yariko aravuga ibintu bishoboka igihe yavuga yuko imishatsi yo ku mutwe wacu yaharuwe?

12 Hari aboshobora kwiyumvira yuko ngaha Yezu yariko aravuga ibintu bidashoboka. Mugabo, iyumvire gatoya ku vyerekeye izuka. Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba atuzi neza kugira ngo atume dusubira kubaho! Araduha agaciro cane gushika n’aho yibuka akantu kose, dushizemwo n’utugingo ngengakamere twacu be n’ibintu twabitse mu bwenge be n’ivyo twaciyemwo mu myaka yose twamaze. Guharura imishatsi yacu, iyishobora kumera ku mutwe ugereranye ishika ku 100.000, coba ari igikorwa coroshe tugereranije. Ese ukuntu amajambo Yezu yavuze adukura amazinda bimwe bihimbaye yuko Yehova atwitwararika umwumwe ukwiwe!

13. Uko vyagendeye Umwami Yehoshafati vyerekana gute yuko Yehova aturonderamwo iciza naho nyene turi abanyagasembwa?

13 Bibiliya irahishura ikindi kintu kidukura amazinda ku vyerekeye urukundo rwa Yehova. Aturonderamwo iciza kandi akagiha agaciro. Nk’akarorero, rimbura wa Mwami mwiza Yehoshafati. Igihe uwo mwami yakora igikorwa kitaranga ubukerebutsi, umumenyeshakazoza wa Yehova yamubwiye ati: “Ku bg’ivyo wikwegeye uburake bg’Uhoraho”. Mbega iciyumviro gisaba ukuzirikana! Mugabo ubutumwa bwa Yehova ntibwahereye aho. Bwabandanije buti: “Mugabo harih’ivyiza bimwe bikubonekako” (2 Ngoma 19:1-3). Ishavu rigororotse rya Yehova ntiryamuhumye amaso ngo ntabone “ivyiza” vyari muri Yehoshafati. Ntibidusubiriza umutima mu nda none kumenya yuko Imana yacu ituronderamwo iciza naho nyene turi abanyagasembwa?

Imana ‘igabirije guharira’ ivyaha

14. Igihe ducumuye, ni inyiyumvo izihe zitesha umutwe tugira, mugabo twokora iki kugira ngo Yehova aduharire?

14 Igihe ducumuye, ugucika intege, isoni be n’ukwiyagiriza ikibi twiyumvamwo, bishobora gutuma twiyumvira ko tudashobora kwigera tuba ababereye gusukurira Yehova. Ariko rero, ibuka yuko Yehova ‘agabirije kuduharira’ ivyaha (Zaburi 86:5). Ego cane, mu gihe twigaye ivyaha vyacu kandi tukihatira kutabisubira, Yehova araduharira. Rimbura ingene Bibiliya idondora uwo muce w’akaroruhore w’urukundo rwa Yehova.

15. Yehova ashira ibicumuro vyacu ahantu kure yacu hangana gute?

15 Dawidi umwanditsi wa Zaburi yarakoresheje imvugo ikomeye mu kudondora ukuntu Yehova aharira ivyaha ati: “Nk’ukw i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, uko ni ko yashize kure ibicumuro vyacu” (Zaburi 103:12, ni twe tubihiritse.). None iburasirazuba hari ku burebure bungana iki uvuye iburengerazuba? Mu buryo bumwe, iburasirazuba hama hari kure rwose hashoboka y’iburengerazuba; aho hantu habiri ntihashobora kwigera hahura. Umuhinga umwe avuga yuko iyo mvugo isobanura “kure rwose hashoboka; kure rwose dushobora kwiyumvira”. Amajambo yahumetswe yanditswe na Dawidi aratubwira yuko iyo Yehova ahariye, ashira ibicumuro vyacu ahantu kure rwose yacu dushobora kwiyumvira.

16. Mu gihe Yehova aduhariye ivyaha, ni kubera iki dushobora guhera amazinda yuko asigara atubona ko dutyoroye?

16 Woba warigeze kugerageza gukura ikirabagu ku mpuzu ifise ibara rikeye? Kumbure naho wagize utwigoro dukomeye, nya kirabagu cagumye kiboneka. Ehe raba ukuntu Yehova adondora ubushobozi afise bwo guharira ivyaha: “Nah’ivyaha vyanyu vyo[ba bi]tukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyo[ba bi]tukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero” (Yesaya 1:18, ni twe tubihiritse.). Imvugo “[gu]tukura tukutuku” isigura ibara ritukura bimwe bimena amaso.a Ibara ry’“agahama” ryari rimwe mu mabara atukura cane bakoresha mu guhindura ibara ry’ikintu. Ntidushobora gukoresha utwigoro twacu bwite ngo dushobore kwigera dukuraho ikirabagu gisigwa n’icaha. Yamara, Yehova arashobora gufata ivyaha bimeze nk’ibara ritukura tukutuku be n’iry’agahama maze akabihindura ivyera nka shelegi canke nk’impuzu yera derere. Rero igihe Yehova aduhariye ivyaha, ntidukwiye kwiyumvamwo yuko tugifise ikirabagu ca mwene ivyo vyaha mu kiringo dusigaje kubaho.

17. Ni mu buryo ubuhe Yehova arenza inyuma yiwe ivyaha vyacu vyose?

17 Mu ruririmbo rw’ugukenguruka rukora ku mutima Hezekiya yatunganije aho amariye gukizwa indwara yica, yabwiye Yehova ati: “Ivyaha vyanje vyose wabirengeje inyuma yawe” (Yesaya 38:17, ni twe tubihiritse.). Ngaha Yehova agereranywa n’uwuriko arafata ivyaha vy’umunyavyaha yigaye maze akabirenza inyuma yiwe aho adashobora kwongera kubibona canke ngo yongere kuvyibuka na gato. Dukurikije igitabu kimwe, iciyumviro gishikirizwa gishobora guserurwa uku: “Watumye [ivyaha vyanje] bimera nk’aho umenga ntivyari vyarakozwe”. None ivyo ntibidusubiriza umutima mu nda?

18. Umumenyeshakazoza Mika agaragaza gute yuko mu gihe Yehova ahariye, akuraho ivyaha vyacu ubutakigaruka?

18 Mw’isezerano ry’ugusubiza ibintu mu buryo, umumenyeshakazoza Mika yaraseruye ukujijuka kwiwe yuko Yehova yohariye abasavyi biwe bigaya ati: “N’iyihe Mana ihwanye nawe, . . . ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? . . . Kand’uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga” (Mika 7:18, 19, ni twe tubihiritse.). Iyumvire ico ayo majambo yasigura ku bari bariho mu bihe vya Bibiliya. Hoba hariho icizigiro na kimwe co kugarukana ikintu cari cajugunywe “i bgina mu kiyaga”? Amajambo Mika yavuze yerekana rero yuko mu gihe Yehova ahariye, akuraho ivyaha vyacu ubutakigaruka.

‘Imbabazi zirangwa ikibabarwe z’Imana yacu’

19, 20. (a) Insobanuro y’irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kugira ikigongwe” canke “kugira impuhwe” ni iyihe? (b) Bibiliya ikoresha gute inyiyumvo nyina w’umwana agirira ikibondo ciwe mu kutwigisha ivyerekeye imbabazi za Yehova?

19 Imbabazi ni uwundi muce w’urukundo rwa Yehova. None imbabazi ni iki? Muri Bibiliya, hariho isano rya hafi hagati y’imbabazi n’ikigongwe. Hariho amajambo atari make y’igiheburayo n’ay’ikigiriki aserura iciyumviro c’imbabazi. Nk’akarorero, irivuga ry’igiheburayo ra·chamʹ rikunze guhindurwa ngo “kugira ikigongwe” canke “kugira impuhwe” (NW). Iryo jambo ry’igiheburayo, iryo Yehova akoresha kuri we ubwiwe, rifitaniye isano n’ijambo rihindurwa ngo “ubura”, kandi rirashobora gusigurwa ko ari “imbabazi za nyina w’umwana”.

20 Bibiliya ikoresha inyiyumvo nyina w’umwana agirira ikibondo ciwe kugira ngo itwigishe ivyerekeye imbabazi za Yehova. Muri Yesaya 49:15 havuga hati: “Mgeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira [“imbabazi” [ra·chamʹ], The Amplified Bible] ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira”. Biragoye kwiyumvira yuko nyina w’umwana yokwibagira kwonsa no kubungabunga ikibondo ciwe. Nakare, uruyoya ruba ata co rwishoboza; ku murango no mw’ijoro ikibondo kiba gikeneye ko nyina acitwararika. Ariko rero ikibabaje, turamenyereye kwumva abavyeyi bafata nabi ibibondo vyabo, na canecane muri ibi “bihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1, 3). Yehova amenyesha ati: “Ariko jeho sinoshobora kukwibagira”. Imbabazi zirangwa n’ikibabarwe Yehova agirira abasavyi biwe zirakomeye cane kuruta inyiyumvo mvukanwa zirimwo ikibabarwe dushobora kwiyumvira, ni ukuvuga zirya mbabazi nyina w’umwana asanzwe yumvira umwana wiwe w’uruyoya.

21, 22. Abisirayeli bashikiwe n’iki muri Misiri ya kera, kandi Yehova yakiriye gute ugutaka kwabo?

21 Yehova agaragaza gute imbabazi nka kurya kw’umuvyeyi yuzuye urukundo? Iyo kamere iribonekeza neza mu kuntu yafashe ihanga rya Isirayeli. Mu mpera z’ikinjana ca 16 B.G.C., Abisirayeli amamiliyoni baragizwe abaja mu Misiri, bakaba barahacurirwa bufuni na buhoro bimwe bikomeye (Kuvayo 1:11, 14). Mu mibabaro yabo, Abisirayeli baratakambiye Yehova. None Imana y’imbabazi zirangwa n’ikibabarwe yavyakiriye gute?

22 Yehova vyaramukoze ku mutima. Yavuze ati: “Abantu banje bari muri [Misiri] nabonye amarushwa barimwo, numvise ugutaka kwabo . . . N[da]zi imibabaro yabo” (Kuvayo 3:7). Yehova ntiyari gushobora kubona imibabaro y’abasavyi biwe canke kwumva ugutaka kwabo atabumvira impuhwe. Yehova ni Imana ifise impuhwe. Kandi impuhwe, ni ukuvuga ubushobozi bwo gutahura umubabaro abandi bafise, zirafitaniye isano cane n’imbabazi. Ariko rero, Yehova ntiyagiriye impuhwe gusa abasavyi biwe; yaranavyuriwe umutima wo kugira ico akoze ku neza yabo. Muri Yesaya 63:9 hagira hati: “Urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura”. Akoresheje “ukuboko kw’inkomezi”, yarakuye Abisirayeli mu Misiri (Gusubira mu vyagezwe 4:34). Mu nyuma, yarabaronkeje imfungurwa mu buryo bw’igitangaro yongera abashira mu gihugu cabo bwite cimbuka.

23. (a) Amajambo umwanditsi wa Zaburi yavuze adukura amazinda gute yuko Yehova yitwararika cane ibitwerekeye umwumwe ukwiwe? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova adufasha?

23 Yehova ntagirira imbabazi abasavyi biwe uko bagize umugwi gusa. Imana yacu y’urukundo iritwararika cane ibitwerekeye umwumwe ukwiwe. Irazi neza ugucumukura ukwo ari ko kwose gushobora kuba kuriko kuradushikira. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo. Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse” (Zaburi 34:15, 18). None Yehova adufasha gute umwumwe ukwiwe? Si ngombwa ngo akureho ikintu gituma ducumukura. Mugabo yarashizeho intunganyo nyinshi ku bw’abamutakambira bamusaba ngo abafashe. Ijambo ryiwe riratanga impanuro ngirakamaro zishobora gutuma ibintu bigenda neza. Mw’ishengero, aratanga abacungezi bakwije ibisabwa mu vy’impwemu bihatira kugaragaza imbabazi ziwe mu gufasha abandi (Yakobo 5:14, 15). Kubera yuko Yehova ‘yumva ivyo asabwa’, araha ‘impwemu yera abayimusaba’ (Zaburi 65:2; Luka 11:13). Izo ntunganyo zose ni bwo buryo ‘imbabazi zirimwo ikibabarwe z’Imana yacu’ zigaragariramwo.​—Luka 1:78.

24. Uzokwishura iki urukundo rwa Yehova?

24 None ntivyeza umutima kurimbura ivyerekeye urukundo rwa Dawe wa twese wo mw’ijuru? Mu kiganiro c’imbere y’iki, twibukijwe yuko Yehova yagaragaje ububasha bwiwe, ubutungane bwiwe be n’ubukerebutsi bwiwe mu buryo burangwa n’urukundo ku neza yacu. Muri iki kiganiro na ho, twabonye yuko Yehova ubwiwe yagaragarije umuryango w’abantu urukundo rwiwe, akongera akarutugaragariza umwumwe ukwiwe, mu buryo bwibonekeje. Ubu na ho, umwe wese muri twebwe vyoba vyiza yibajije ati: ‘Nzokwishura iki urukundo rwa Yehova?’. Ese worwishura mu kumukunda n’umutima wawe wose, n’ubugingo bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose be n’inkomezi zawe zose (Mariko 12:29, 30)! Ese uburyo ubayeho mu buzima bwawe bwa misi yose bwogaragaza ko wipfuza bimwe bivuye ku mutima kurushiriza kwiyegereza Yehova! Kandi ese Yehova Imana, we rukundo, yorushiriza kukwiyegereza ibihe bidahera!​—Yakobo 4:8.

[Akajambo k’epfo]

a Umuhinga umwe avuga yuko ibara ritukura tukutuku “ryari ibara riguma riboneka, canke ritava ku kintu. Caba ikime, canke imvura, cabure ukwoza ikintu ririko, canke ukumara igihe kirekire gikoreshwa, ntivyashobora gutuma riva ku kintu”.

Woba uvyibuka?

• Tuzi gute yuko urukundo ari yo kamere ya Yehova iruta izindi zose?

• Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko ukuba Yehova yararungitse Umwana wiwe ngo acumukure hanyuma adupfire ari co kintu gihambaye kuruta ibindi kiranga urukundo cigeze kugirwa?

• Yehova adukura amazinda gute yuko adukunda umwumwe wese ukwiwe?

• Ni mu buryo bukomeye ubuhe butandukanye Bibiliya idondoramwo ukuntu Yehova aharira ivyaha?

[Ifoto ku rup. 15]

‘Imana yaratanze Umwana wayo w’ikinege’

[Ifoto ku rup. 16, 17]

‘Mwebwe muruta utujuri twinshi’

[Abo dukesha ifoto]

© J. Heidecker/VIREO

[Ifoto ku rup. 18]

Inyiyumvo nyina w’umwana agirira ikibondo ciwe zirashobora kutwigisha ivyerekeye imbabazi za Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika