-
Wokwerekana gute ko ukenguruka ivyo Yehova na Yezu bagukoreye?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
3. Ukuntu twokwerekana ko dukenguruka
Niwihe ishusho umuntu akurokoye ugira usome nturi. Woba woca wigira ukibagira ivyo uwo muntu yagukoreye? Canke woca ugira ico ukoze kugira umwereke ko umukengurukira?
Kubera ko Yehova yatugaragarije ubuntu, dufise icizigiro co kuronka ubuzima budahera. Nimusome 1 Yohani 4:8-10, muce muganira kuri ibi bibazo:
Kubera iki incungu ya Yezu ari ingabire idasanzwe?
Wiyumva gute uzirikanye ivyo Yehova na Yezu bagukoreye?
Twokwerekana gute ko dukenguruka ivyo Yehova na Yezu badukoreye? Nimusome 2 Abakorinto 5:15 na 1 Yohani 4:11; 5:3. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:
Twisunze ico canditswe, twokora iki kugira twerekane ko dukenguruka ivyo Yehova na Yezu badukoreye?
-
-
Kubera iki ukwiye kwiyegurira Yehova maze ukabatizwa?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
1. Ni igiki gituma umuntu yiyegurira Yehova?
Twiyegurira Yehova kubera ko tumukunda. (1 Yohani 4:10, 19) Bibiliya idusaba iti: “[Nukunde] Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mariko 12:30) Twerekana ko dukunda Imana mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Nk’uko umusore n’inkumi bakundana amaherezo bubakana, ni ko n’urukundo dukunda Yehova rutuma tumwiyegurira maze tukabatizwa.
-