Ibibazo vy’abasomyi
Igihe intumwa Yohani yandika yuko “urukundo ruhīngūwe rusenda ubgoba”, yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo “urukundo ruhīngūwe” canke rutunganye, kandi ubwo “bwoba” buheza bugasendwa ni ubuhe?
Intumwa Yohani yanditse ati: “Nta bgoba buba mu rukundo, arik’urukundo ruhīngūwe rusenda ubgoba, kuk’ubgoba bugendana n’igihano, kand’ūfise ubgoba ntarahīngūrirwa mu rukundo”.—1 Yohana 4:18.
Amakikuro yerekana yuko Yohani yariko avuga ivy’ugushira ubwoba, canecane isano riri hagati y’urukundo rw’Imana n’ugushira ubwoba bwo kuvuga imbere yayo. Ivyo turashobora kubibonera mu vyo dusoma mu murongo wa 17 ahavuga hati: “Ico ni co kimaze guhīngūra urukundo muri twebge, kugira ngo tuze dushire ubgoba ku musi w’amateka”. Urugero umukirisu agezako mu gukunda Imana no mu kwiyumvamwo urukundo rw’Imana biragira ico bimukozeko, agashira ubwoba bwo kuvuga canke akabugira, igihe yiyegereza Imana mw’isengesho.
Imvugo ngo “urukundo ruhīngūwe” canke rutunganye irahambaye. Nk’uko ijambo “ruhīngūwe” canke rutunganye ryakoreshejwe muri Bibiliya, ntiryama risobanura ukutagira agasembwa bimwe bitagira agahaze, ku rugero rwa nyuma na nyuma, mugabo akenshi risobanura ukutagira agasembwa ku rugero runaka. Nk’akarorero, muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: “Mwebge ni mube agahore [canke, “abatunganye”, NW], nk’uko So wo mw’ijuru ar’agahore [canke, “atunganye”, NW]”. Yezu yariko abwira abayoboke biwe yuko mu gihe bokunda ababakunda gusa, urukundo rwabo rwobaye rudakwiye, rufise agahaze canke rwononekaye. Bari bakwiye kurutunganya canke kurwuzuza, mu gushiramwo mbere n’abansi babo. Muri ubwo buryo rero, igihe Yohani yandika ivyerekeye “urukundo ruhīngūwe” canke rutunganye, yariko avuga ivyerekeye urukundo umuntu akunda Imana abigiranye umutima wiwe wose, rutsimbataye bimwe bishitse kandi rugaragarira mu mice yose y’ubuzima bwiwe.—Matayo 5:46-48; 19:20, 21.
Igihe umukirisu yiyegereza Imana mw’isengesho, aba azi neza ko ar’umunyavyaha kandi ko adatunganye. Ariko rero, nimba urukundo akunda Imana be n’ukuntu yiyumvamwo urukundo Imana imukunda bitsimbataye bimwe bishitse, ntatangirwa n’ugutinya gucirirwa urubanza canke ukutemerwa. Ahubwo riho, arumva afise umwidegemvyo wo guserura ibiri mu mutima no gusaba ikigongwe yishimikije inkuka y’incungu Imana yatanze ibigiranye urukundo biciye kuri Yezu Kirisitu. Arahera amazinda yuko ugutakamba kwiwe Imana ikwumva.
Umuntu ashobora gute “[gu]hīngūrirwa mu rukundo” gutyo ‘bigasenda’ ugutinya ugucirwa urubanza canke ukutemerwa? Intumwa Yohani yavuze ati: “Arik’uwitondera ijambo ryiwe [ry’Imana] wese, ugukunda Imana kuba guhīngūwe muri we vy’ukuri” (1 Yohana 2:5). Rimbura iki kintu: Nimba Imana yadukunze tukiri abanyavyaha, wumva none itorushiriza kudukunda igihe vy’ukuri twigaye kandi “[tuk]itondera ijambo ryayo” tubigiranye ubwira (Abaroma 5:8; 1 Yohana 4:10)? Mu vy’ukuri, igihe tugumye turi intahemuka, turashobora gushira amazinda nk’uko Paulo yari yarashize amazinda igihe yavuga ivyerekeye Imana ati: “Ītimanye Umwana wayo ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?”.—Abaroma 8:32.