Ico bisobanura gukunda bagenzi bacu
“Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda”.—MATAYO 22:39.
1. Twerekana gute ko dukunda Imana?
YEHOVA asaba iki abamusenga? Yezu yaratanze inyishu mu majambo makeyi yoroshe yamara atekeye insobanuro ikomeye. Yavuze yuko ibwirizwa risumba ayandi yose ari ugukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, n’ubwenge bwacu bwose, be n’inkomezi zacu zose (Matayo 22:37; Mariko 12:30). Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, gukunda Imana birimwo kuyigamburukira no kwitondera amabwirizwa yayo, ivyo tukabigira kubera urukundo yatugaragarije. Abakunda Imana ntibabona ko gukora ivyo igomba ari umuzigo, ahubwo riho bituma bahimbarwa.—Zaburi 40:8; 1 Yohana 5:2, 3.
2, 3. Ni kubera iki dukwiye kurimbura rya bwirizwa ridusaba gukunda bagenzi bacu, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka?
2 Yezu yarerekanye ko ibwirizwa rya kabiri rihambaye cane rifitaniye isano n’iryo rya mbere, mu kuvuga ati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda” (Matayo 22:39). Iryo bwirizwa ni ryo tugira turimbure, kandi birabereye ko turirimbura. Uti kubera iki? Muri ibi bihe tubayemwo usanga abantu barangwa n’urukundo rurimwo ubwikunzi kandi rutari urw’ukuri. Intumwa Paulo, mu kudondora ahumekewe “imisi y’iherezo”, yanditse yuko abantu bobaye badakundana, ahubwo ko bobaye bikunda gusa, bakunda amahera n’ibibahimbara. Benshi bobaye ‘badakunda ababo’ (2 Timoteyo 3:1-4). Yezu Kirisitu yari yaravuze ati: “Benshi . . . bazoryarukana, bazokwankana. . . . Urukundo rw’abenshi ruzotimba”.—Matayo 24:10, 12.
3 Ariko rero, urabona ko Yezu atavuze yuko ari urukundo rw’abantu bose rwotimvye. Hamyeho kandi hazokwamaho abantu bagaragaza urukundo Yehova asaba ko tumukunda kandi abereye. Abakunda vy’ukuri Yehova barihatira kubona abandi nk’uko we ababona. Ariko none, bagenzi bacu dutegerezwa gukunda ni bande? Dukwiye kubagaragariza gute urukundo? Ivyanditswe birashobora kudufasha kwishura ivyo bibazo bihambaye.
Mbega mugenzanje ni nde?
4. Nk’uko mu Balewi ikigabane ca 19 havyerekana, Abayuda bategerezwa kugaragariza urukundo bande?
4 Igihe Yezu yabwira wa Mufarizayo yuko ibwirizwa rya kabiri rihambaye cane ari ugukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda, yariko yerekeza kw’ibwirizwa ritomoye Abisirayeli bari barahawe. Iryo bwirizwa turisanga mu Balewi 19:18. Muri ico kigabane nyene, Abayuda babwiwe yuko bakwiye kubona abandi bantu batari Abisirayeli ko ari bagenzi babo. Umurongo wa 34 uvuga uti: “Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’uko mwikunda: kuko namwe mwar’abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa”. Rero, n’abatari Abayuda, na canecane abari barahindukiriye idini ryabo, bategerezwa kugaragarizwa urukundo.
5. Abayuda batahura gute ibijanye n’ukugaragariza urukundo bagenzi babo?
5 Ariko rero, indongozi z’Abayuda zo mu gihe ca Yezu, zozo si ko zabibona. Zimwezimwe zigisha yuko imvugo “umugenzi” canke “mugenzi w’umuntu” zerekeza gusa ku Bayuda. Abatari Abayuda bategerezwa kwankwa. Abo bigisha biyumvira yuko abantu basenga Imana bategerezwa kwanka abatayisenga. Igitabu kimwe kivuga giti: “Kubera yuko ibintu vyari vyifashe gutyo, ntivyari gushoboka ko habura urwanko. Urwanko rwakamirwa mu coze”.
6. Ni ivyiyumviro bibiri ibihe Yezu yaseruye igihe yavuga ibijanye n’ugukunda bagenzi bacu?
6 Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yaravuze ivy’ico kibazo, arerekana abakwiye kugaragarizwa urukundo. Yavuze ati: “Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Mukunde bagenzi banyu, mwanke abansi banyu. Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama, kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’aha imvura abagororotsi n’abagabitanya” (Matayo 5:43-45). Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yaraseruye ivyiyumviro bibiri. Ica mbere, baba ababi canke abeza, Yehova arabaronsa ibintu atitangiriye itama akongera akabagirira neza. Ica kabiri, dukwiye gukurikiza akarorero kiwe.
7. Ni igiki twigira ku mugani w’Umusamariya yakunda bagenziwe?
7 Ikindi gihe na ho, hari Umuyuda yari azi cane Ivyagezwe yabajije Yezu ati: “Mbega mugenzanje ni nde?”. Yezu yamwishuye mu kumucira umugani werekeye Umusamariya umwe yagiye abona arengutse ku mugabo w’Umuyuda yari yatewe n’abambuzi yongera anyagwa utwo yari afise twose. Naho Abayuda bari basanzwe banena Abasamariya, uwo Musamariya yarapfutse inguma z’uwo mugabo yongera aramujana ahantu hatagira inkomanzi ingenzi zaba ziri ku rugendo zashobora kurara, aho yashobora gutorera mitende. Ni igiki none tuhigira? Urukundo dukunda bagenzi bacu rukwiye kutagarukira gusa ku bo dusangiye ibara ry’urukoba, ubwenegihugu canke ku bo turi mw’idini rimwe.—Luka 10:25, 29, 30, 33-37.
Ico bisobanura gukunda bagenzi bacu
8. Mu Balewi ikigabane ca 19 havuga iki ku bijanye n’ukuntu urukundo rwategerezwa kugaragazwa?
8 Nk’uko bimeze ku bijanye no gukunda Imana, gukunda mugenzi wacu na vyo nyene si inyiyumvo gusa; bigaragarira mu bikorwa. Vyoba vyiza turimbuye kandi amajambo akikuje rya bwirizwa dusanga mu Balewi ikigabane ca 19 risaba abasavyi b’Imana gukunda bagenzi babo nk’uko bikunda. Muri ico kigabane dusoma yuko Abisirayeli bategerezwa kwemerera abakene n’abanyamahanga kugira ivyo na bo bimbuye. Kwiba, kugunga canke kuvugana ibinyoma, nta kibanza vyari bifise muri bo. Mu bijanye n’uguca imanza, Abisirayeli bari bakwiye kudaca urwa nkunzi. Naho babwirizwa guhanura umuntu igihe vyaba bibaye ngombwa, bari babwiwe ata gucisha iruhande bati: “Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe”. Ayo mabwirizwa hamwe n’ayandi menshi, yose hamwe yapoperanirijwe muri aya majambo agira ati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda”.—Abalewi 19:9-11, 15, 17, 18.
9. Ni kubera iki Yehova yategetse Abisirayeli kuguma bitandukanije n’ayandi mahanga?
9 Naho Abisirayeli bategerezwa kugaragariza abandi urukundo, bategerezwa kandi kuguma bitandukanije n’abasenga imana z’ikinyoma. Yehova yarabagabishije abereka ingeramizi be n’ingaruka z’ukwifatanya n’abantu babi. Nk’akarorero, ku bijanye n’amahanga Abisirayeli bategerezwa kwirukana, Yehova yabategetse ati: “Ntimuze musabiranire na bo, ngw abakobga banyu mubahe abahungu babo, cank’abahungu banyu mubasabire abakobga babo. Kuko bohindura abahungu banyu, ntibagendanire Uhoraho, ariko bagasaba izindi mana; ivyo bigatuma uburake bg’Uhoraho bubaziriringira”.—Gusubira mu vyagezwe 7:3, 4.
10. Ni ibiki dukwiye kwirinda?
10 Abakirisu na bo nyene baririnda kugiranira ubucuti n’abantu boshobora gutuma ukwizera kwabo kugoyagoya (1 Ab’i Korinto 15:33). Duhabwa iyi mpanuro igira iti: “Ntimwifatanye n’abatizera”, ni ukuvuga abantu batari mu bagize ishengero rya gikirisu (2 Ab’i Korinto 6:14). Vyongeye, abakirisu bahanurwa kwubakana n’“ūri mu Mwami” gusa (1 Ab’i Korinto 7:39). Yamara rero, dukwiye kutigera dukengera abantu batizera Yehova cokimwe natwe. Kirisitu yapfiriye abanyavyaha, kandi hariho benshi mu bahora bakora ibibi bahinduye inzira zabo maze barasubiza hamwe n’Imana.—Abaroma 5:8; 1 Ab’i Korinto 6:9-11.
11. Uburyo bwiza kuruta ubundi twogaragariza urukundo abadakorera Yehova ni ubuhe, kandi kubera iki wishuye ukwo?
11 Uburyo bwiza kuruta ubundi dushobora kugaragariza urukundo abadakorera Imana, ni mu kwigana Yehova ubwiwe. Naho yanka ububi, aragaragariza ubuntu-mvarukundo abantu bose mu kubaronsa akaryo ko guheba inzira zabo mbi no kuzoshobora kubaho ibihe bidahera (Ezekiyeli 18:23). Yehova ‘agomba ko bose bigaya’ (2 Petero 3:9). Agomba ko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Timoteyo 2:4). Ni co gituma Yezu yashinze abayoboke biwe igikorwa co kwamamaza, kwigisha no “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa” (Matayo 28:19, 20, NW). Tugize uruhara muri ico gikorwa, tuba twerekanye yuko dukunda Imana na bagenzi bacu, eka mbere ko dukunda n’abansi bacu.
Tugaragarize urukundo abavukanyi bacu bakirisu
12. Intumwa Yohani yanditse iki ku bijanye n’ugukunda umuvukanyi wacu?
12 Intumwa Paulo yanditse ati: “Tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera” (Ab’i Galatiya 6:10). Twebwe abakirisu dutegerezwa kugaragariza urukundo ab’inzu y’abizera, ni ukuvuga abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu buryo bw’impwemu. None urwo rukundo ruhambaye ku rugero rungana iki? Intumwa Yohani aravuga ikintu gikomeye cane mu kwandika ati: “Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi. . . . Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’umubeshi. Kuk’ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye” (1 Yohana 3:15; 4:20). Ayo majambo arakomeye. Yezu Kirisitu yerekeje ijambo “umwicanyi” be n’ijambo “umubeshi” kuri Shetani wa Mucokoranyi (Yohana 8:44). Emwe, ngirango nta n’umwe muri twebwe yokwigera yipfuza kwitwa ayo mazina!
13. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kugaragariza urukundo abo dusangiye ukwizera?
13 Abakirisu b’ukuri “[bigishwa] n’Imana gukundana” (1 Ab’i Tesalonike 4:9). Tubwirizwa kudakundana “mu majambo canke ku rurimi, ariko [tuga]kundan[a] mu vyo dukora no mu kuri” (1 Yohana 3:18). Urukundo rwacu rukwiye kutaba “uruheyiheyi” (Abaroma 12:9). Urukundo ruratuvyurira umutima wo kuba abanyabuntu, abanyempuhwe, abaharira abandi, abihangana, abatagira ishari, abatihayagiza, abatishira hejuru n’abatikunda (1 Ab’i Korinto 13:4, 5; Abanyefeso 4:32). Ruratugobera “gukorerana” (Ab’i Galatiya 5:13). Yezu yabwiye abigishwa biwe gukundana nk’uko na we yabakunze (Yohana 13:34). Ni co gituma umukirisu akwiye kugira umutima ukunze wo guheba mbere n’ubuzima bwiwe ku bw’ineza y’abo basangiye ukwizera, igihe bibaye ngombwa.
14. Dushobora gute kugaragaza urukundo mu muryango?
14 Urukundo rurakwiye kugaragazwa canecane mu muryango w’abakirisu, na canecane hagati y’umugabo n’umugore. Ubucuti buri hagati y’abubakanye burakomeye cane ku buryo Paulo yanditse ati: ‘Abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite’. Yongeyeko ati: “Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda” (Abanyefeso 5:28). Paulo arasubiramwo iyo mpanuro nyene ku murongo wa 33. Umugabo akunda umugore wiwe ntiyigana Abisirayeli bo mu gihe ca Malaki bahemukira abagore babo (Malaki 2:14). Aramwitwararikana urukundo. Amukunda nk’uko Kirisitu yakunze ishengero. Urukundo ruratuma umugore na we yubaha umugabo wiwe.—Abanyefeso 5:25, 29-33.
15. Bamwebamwe, bitegereje ingene urukundo ruturanga rugaragarizwa mu bikorwa, vyatumye bavuga iki kandi bakora iki?
15 Ni ivyumvikana rero yuko urwo ari rwo rukundo ruranga abakirisu b’ukuri. Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje” (Yohana 13:35). Kuba dukundana biratuma abandi bantu bakwēgērwa n’Imana dukunda kandi duserukira. Nk’akarorero, hari amakuru yo muri Mozambike avuga ivyerekeye umuryango umwe w’Ivyabona. Uwo muryango uvuga ibi bikurikira: “Ntitwari bwigere tubona ikintu nk’ico. Hari ku muhingamo, aho umuyaga ukaze watangura guhuhuta cane, haca hagwa imvura y’isegenya irimwo n’urubura. Uwo muyaga ukomeye warasambuye inzu yacu yari yubakishijwe imbingobingo, amabati yayo na yo urayagurura. Igihe abavukanyi bacu bo mu mashengero yo mu micungararo baza kudufasha gusubira kwubaka inzu yacu, ababanyi bacu baratangaye cane bavuga bati: ‘Idini ryanyu rimeze neza ntuze! Twebwe, idini ryacu ntiririgera ridufasha nk’ukwo kwanyu’. Twaciye tuzingurura Bibiliya hanyuma turabereka amajambo yo muri Yohana 13:34, 35. Benshi muri bo ubu bariko bariga Bibiliya”.
Tugaragarize urukundo bagenzi bacu umwumwe ukwiwe
16. Gukunda bagenzi bacu umuntu abafatiye hamwe no kubakunda umwumwe ukwiwe, bitandukaniye hehe?
16 Gukunda bagenzi bacu umuntu abafatiye hamwe usanga vyoroshe. Ariko rero, kubakunda umwumwe ukwiwe vyovyo ushobora gusanga ari ibindibindi. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe usanga urukundo bakunda bagenzi babo rugarukira gusa ku guha imfashanyo ishirahamwe rinaka ry’abagiraneza. Tuvugishije ukuri, kuvuga yuko dukunda bagenzi bacu biroroshe cane kuruta gukunda nk’akarorero uwo dukorana asa n’uwutatwitwararika, umubanyi ameze nabi, canke umugenzi atuvuna umutima.
17, 18. Yezu yagaragarije gute urukundo abantu umwumwe ukwiwe, kandi ni igiki catuma abigenza gutyo?
17 Ku bijanye n’ugukunda bagenzi bacu umwumwe ukwiwe, turakura icigwa kuri Yezu, we yagaragaje kamere z’Imana ata gahaze. Naho yazanywe n’ugukuraho icaha c’abantu bo mw’isi muri rusangi, yaragaragarije urukundo abantu umwumwe ukwiwe, aho tukaba twovuga nk’umugore umwe yari amaze igihe kitari gito arwaye, umunyamibembe be n’umwana (Matayo 9:20-22; Mariko 1:40-42; 7:26, 29, 30; Yohana 1:29). Na twebwe rero, turagaragaza ko dukunda bagenzi bacu mu buryo dufata abo tubonana buri musi.
18 Ariko rero, ntidukwiye kwigera twibagira yuko urukundo dukunda bagenzi bacu rufitaniye isano n’urwo dukunda Imana. Naho Yezu yafashije abakene, agakiza abarwaye akongera akagaburira abashonje, icatuma akora ivyo vyose n’icatuma yigisha amasinzi y’abantu, kwari ukugira ngo afashe abantu gusubiza hamwe na Yehova (2 Ab’i Korinto 5:19). Yezu yakora vyose ku bwo kuninahaza Imana, ntiyigere yibagira yuko aserukira Imana akunda kandi ko ivyo yakora vyashobora gutuma ibonwa neza canke nabi (1 Ab’i Korinto 10:31). Mu kwigana Yezu, turashobora natwe kugaragariza urukundo nyakuri bagenzi bacu muri ico gihe nyene tukaguma tutari ab’isi y’abanyakibi.
Twerekana gute ko dukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda?
19, 20. Gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda bisobanura iki?
19 Yezu yavuze ati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda”. Ni ibisanzwe yuko twitwararika ivyacu tukongera tukumva ku rugero rubereye ko dufise agaciro. Iyo biba bitameze gutyo, iryo bwirizwa nta nsobanuro ryobaye rifise. Ukwo kwikunda kubereye ntigukwiye kwitiranywa n’urukundo rw’ubwikunzi intumwa Paulo avuga muri 2 Timoteyo 3:2. Ahubwo riho, ni ukwumva ku rugero rubereye ko hari ico tumaze. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yavuze yuko urwo rukundo ari “ukwikunda kutarengeje urugero kutari ukwo kwikwegerako kwa wa muntu yama ari ‘Jewe gusa’, canke ngo kube ukwo kunezererwa kugirirwa nabi kwa wa muntu yama yibwira ngo ‘Nta co maze’”.
20 Gukunda abandi nk’uko twikunda bisobanura kubabona nk’uko twipfuza ko na bo batubona no kubafata nk’uko twipfuza ko na bo badufata. Yezu yavuze ati: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe” (Matayo 7:12). Mu bisanzwe Yezu ntiyavuze yuko dukwiye kuguma tuzirikana ku bintu vyose abandi batugiriye ngo abe ari vyo natwe duheza tukabagirira. Ahubwo, dutegerezwa kuzirikana ku kuntu twipfuza ko abandi bodufata, maze tukabafata nk’ukwo nyene. N’ikindi kandi, urabona ko Yezu aterekeje gusa ayo majambo yavuze ku bagenzi bacu no ku bavukanyi bacu. Yakoresheje ijambo “abantu”, akaba kumbure yashaka kwerekana yuko dukwiye kubigenza gutyo ku bantu bose, ni ukuvuga ku muntu uwo ari we wese duhura.
21. Tugaragarije urukundo abandi, tuba kandi tugaragaje iki?
21 Gukunda bagenzi bacu bizoturinda gukora ikibi. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ibi, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukifuze, n’ikindi cagezwe cose, bipoperanirijwe mur’iri jambo, ng’Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda. Ūfise urukundo ntagirira mugenzi we nabi” (Abaroma 13:9, 10). Urukundo ruzotuvyurira umutima wo kurondera ukuntu twogirira abandi iciza. Mu gukunda abantu nkatwe, tuba tugaragaje ko dukunda n’umwe yarema abantu mw’ishusho yiwe, uwo na we akaba ari Yehova Imana.—Itanguriro 1:26.
[Wokwishura gute?
• Ni bande dukwiye kugaragariza urukundo, kandi kubera iki?
• Dushobora gute kugaragariza urukundo abadakorera Yehova?
• Bibiliya idondora gute urukundo dukwiye gukunda abavukanyi bacu?
• Gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda bisobanura iki?
[Ifoto ku rup. 26]
“Mbega mugenzanje ni nde?”
[Ifoto ku rup. 29]
Yezu arakunda abantu umwumwe ukwiwe