Intambara ya Harumagedoni izoza ryari?
“Mbona isinzi rinini ata wari ashoboye guharura, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose . . . bavuye muri ya makuba akomeye.”—IVYAHISHUWE 7:9, 14.
UBU urubuga rurateguwe ku bw’intambara ya Harumagedoni. Uti gute?
Ubu hariho umuryango ukwiye kw’isi yose w’abantu bakorera Yehova kandi babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziri hejuru zigenga inyifato runtu. Bashigikiwe n’Imana, abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose bariko bakoranira hamwe kugira babe umuryango w’abavukana ukundana kandi unama rimwe. Uwo muryango turawusanga mu Vyabona vya Yehova.—Yohani 13:35.
Shetani agiye gukoranya ingabo ziwe agabe kuri abo bantu b’abanyamahoro womengo ntibagira gitabara igitero gikomeye kuruta ibindi vyose yigeze kugaba. (Ezekiyeli 38:8-12; Ivyahishuwe 16:13, 14, 16) Tuvyemezwa n’iki? Bibiliya iravuga idomako ibintu bidufasha kumenya igihe intambara ya Harumagedoni izoba. Vyinshi muri ivyo bintu ivuga biramaze kuranguka.
Ibintu uriko ubona biranguka
Abigishwa ba Yezu baramubajije ukuntu abantu boshoboye kumenya yuko “insozero y’ivy’isi” iri hafi. (Matayo 24:3) Mu kubishura, Yezu yaravuze ibijanye n’igihe coje, avuga ivyokiranze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.” Yaciye avuga ati: “Ivyo bintu vyose bizoba ari intango y’ububabare nk’ubw’ibise.” (Matayo 24:7, 8) Ico kiringo nyene, intumwa Paulo yacise “imisi ya nyuma,” avuga yuko iyo misi yobaye ari “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Ubona ubwo buhanuzi budondora ibintu biba muri iki gihe?
Kubera iki ico kiringo cobaye kigoye cane? Intumwa Yohani arerekana igituma. Yavuze ko hobaye “igihe gito” aho Shetani n’amadayimoni yiwe bokoreye kw’isi gusa. Yavuze kandi ko muri ico gihe Shetani yobaye afise “ishavu ryinshi.” (Ivyahishuwe 12:7-12) Woba ubona ko muri iki gihe hari agatima k’ishavu n’ubukazi karangwa mu bantu, atari mu gace kamwe gusa, ariko kw’isi yose?
Yezu yavuze kandi ko muri ico gihe kigoye cane hari igikorwa kidasanzwe coranguwe. Yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami [bw’Imana] izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Ubu mu bihugu birenga 235 Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza iyo nkuru nziza y’Ubwami mu ndimi zirenga 500. Ibinyamakuru bibiri bishingiye kuri Bibiliya basohora, ari vyo Umunara w’Inderetsi na Be maso!, ni vyo binyamakuru bikwiragizwa kuruta ibindi vyose kw’isi. N’ikindi kandi, Ivyabona vya Yehova barahinduye Bibiliya mu ndimi nka 100. Igikorwa cabo kirangurwa n’abitanga kandi cose gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. Uvyibazako iki none: Iryo sekeza rikomeye ryo kwamamaza ryoba ari iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu?
Bibiliya irerekana kandi ibintu bizoba bigashikana neza na neza ku ntambara izoba hagati ya Yehova Imana n’abamurwanya. Reka turabe ubuhanuzi butatu uzobona buranguka.
Ibintu ugiye kubona biba
Ubuhanuzi bwa 1. Bibiliya ivuga yuko amahanga azosohora itangazo rihambaye ry’“amahoro n’umutekano.” Bashobora kuzoba biyumvira yuko bagira batorere umuti ingorane zikomakomeye zo kw’isi. Ariko rero, ibizokurikira iryo tangazo nta ho bizoba bihuriye n’ayo mahoro bazoba batangaje.—1 Abatesalonika 5:1-3.
Ubuhanuzi bwa 2. Ubukurikira, intwaro zitandukanye zizofata ingingo yo guhagurukira amadini yo kw’isi. Muri Bibiliya, izo ntwaro zigereranywa n’igikoko, amadini y’ikinyoma yo kw’isi na yo akagereranywa n’umugore yicaye kuri ico gikoko. (Ivyahishuwe 17:3, 15-18) Ico gikoko c’ikigereranyo kizokuraho amadini yivugisha ngo aserukira Imana, kibe gikoze kitabizi ivyo Imana igomba.
Ivyo bintu bizoba, intumwa Yohani abidondora mu mvugo ngereranyo ati: “Arya mahembe cumi wabonye na yo, be na kirya gikoko, ivyo bizokwanka urya mumaraya, kandi bizomutikiza bimusige ari gusa, kandi bizorya inyama ziwe, bimutongoze umuriro. Kuko Imana yashize mu mitima yabo gushitsa iciyumviro cayo.”—Ivyahishuwe 17:16, 17.
Ubuhanuzi bwa 3. Shetani amaze kubona ko ico gitero azoba yagavye kw’idini ry’ikinyoma caroraniwe, azoca akoranya amahanga kugira atere abasenga Yehova Imana.—Ivyahishuwe 7:14; Matayo 24:21.
Woba uzorusimba?
Nimba utararonka akaryo ko kwiga Bibiliya witonze, hari aho vyokugora kwemera ko ivyo bintu duhejeje kudondora bizoba. Ariko hariho imvo zumvikana zotuma wizigira ko akantu kose kazoranguka be n’uko ivyo bintu bigiye kuba ubu bwa vuba. Ubuhanuzi butari buke bwo muri Bibiliya bumaze kuranguka buradukura amazinda ko bizoba koko.a
Ubona gute utegekanije akanya ko kurondera kumenya igituma Ivyabona vya Yehova bemera badakeka ko “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose” iri hafi be n’igituma udakwiye kuyitinya? Nubasabe muganire ivyo Bibiliya ivuga ko utegerezwa gukora kugira uzobe uri mu bo Yehova Imana azokingira. (Ivyahishuwe 16:14) Ivyo uzoba uriko uriga hari aho vyohindura ukuntu ubona kazoza.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ibimenyamenya vyerekana ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse, raba ikigabane ca 2 n’ica 9 vy’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]
Igikorwa c’Ivyabona vya Yehova coba ari iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?