Uburyo bwo Kuryohora Ubuhanga bwo Kuyaga
WOBA muri rusangi usanga vyoroshe kuyaga n’abandi? Kuri benshi, n’iciyumviro conyene co kuja mu kiyago, canecane ku muntu batazi, kirabahagarika umutima. Mwene abo bantu bashobora kuba ari abanyesoni. Bashobora kwibaza bati: ‘Mbega nkwiye kuvuga iki? None ikiganiro nshobora kugitanguza nte? Nogishishikara nte?’ Abantu bihagararako kandi baryoherwa n’ukuba bari kumwe n’abandi, bashobora gusa n’abihariza ikiyago. Urugamba borwana rushobora kuba urwo guha abandi akaryo ko kuvuga, no kumenya kwumviriza ivyo bavuga. Twese rero, twaba turi abanyasoni canke abaryoherwa n’ukuba kumwe n’abandi, turakeneye kuguma dutsimbataza ubuhanga bwo kuyaga.
Tangurira i Muhira
Mu kuryohora ubuhanga bwawe bwo kuyaga, ni kuki utotangurira i muhira? Ikiyago cubaka kirashobora guterera vyinshi ku gahimbare k’umuryango.
Urupfunguzo rwa mbere na mbere rwo kugira mwene ico kiganiro ni ukwitwararikana. (Gus. 6:6, 7; Imig. 4:1-4) Iyo twitwararikana, turaserura iryo tugona, kandi tukumviriza igihe uwundi muntu ashaka kuvuga ikintu. Ikindi kintu gihambaye ni ukugira ikintu c’ingirakamaro uvuga. Nimba dusanganywe urutonde rw’ukwisomera no kwiyigisha Bibiliya, hazoheza habeho ibindi dushobora kubwira abandi. Ugukoreshanya ubukerebutsi ka gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi birashobora kuvyura ikiganiro. Kuri uwo musi, hari kumbure ikintu gihimbaye twiboneye mu murimo wo mu ndimiro. Turashobora gusoma ikintu cigisha canke gitwengeje. Dukwiye kugira akamenyero ko gusangira n’abandi ivyo bintu vyiza mu gihe co kuyaga n’umuryango. Ivyo bizodufasha kuganira n’abantu batari abo mu muryango.
Kuyaga n’Uwo Utazi
Abantu benshi baratinyatinya gutanguza ikiyago n’umuntu batazi. Mugabo kubera urukundo bafitiye Imana hamwe n’urwo bafitiye bagenzi babo, Ivyabona vya Yehova baragira akigoro gakomeye ko kwiga kuyaga kugira ngo babwire abandi ukuri kwa Bibiliya. Ni igiki gishobora kugufasha kugira uryohore aho hantu?
Ingingo ngenderwako ivugwa mu gitabu c’Ab’i Filipi 2:4 ni iy’agaciro. Turemeshwa kugumiza ijisho, ‘atari mu vyacu gusa, ariko mu kwiyumvira n’ivy’abandi.’ Vyiyumvire muri ubu buryo: Nimba utaribwigere uhura na nya muntu, akubona nk’uwo atazi. Ushobora gute gutuma yumva yorohewe? Kumwenyurana igishika be n’indamutso ya kigenzi bizofasha. Mugabo hariho ibindi tworimbura.
Ushobora kuba wamuciriyemwo mu vyiyumviro vyiwe. Ugerageje gutuma aganira nawe ibiri mu muzirikanyi wawe utitwararitse kurimbura ibiri mu muzirikanyi wiwe, ubwo azovyakira neza? Yezu yagize iki igihe yahurira n’umugore ku mugezi i Samariya? Umuzirikanyi wa nya mugore wari ku kuronka amazi. Yezu yaciye atanguza ikiganiro na we yishimikije ico, hanyuma agihinduramwo ikiganiro c’ivy’impwemu kirangwa igishika.—Yoh. 4:7-26.
Nimba uzi kwitegereza, na wewe urashobora gutahura ico abantu bashobora kuba bariko biyumvira. Mbega nya muntu yoba asa n’uwuhimbawe canke uwijiriwe? Yoba ageze mu zabukuru, kumbure akaba ari ikimuga? Woba ubona ikimenyamenya c’uko mu nzu hariyo abana? Vyoba bisa n’uko nya muntu yifise canke ko agwa avyuka ngo aronke utwo yikenuza mu buzima? Mbega ibisharizo vyo mu nzu canke ibitako yambaye vyoba vyerekana ko ari umunyedini? Nimba indamutso yawe wayitanze warimbuye ivyo bintu, nya muntu ashobora kukubona nk’umuntu ari n’ico ahuriyeko na we.
Nimba mutibonaniye na nya munyamuhana amaso mu yandi, kumbure ukumva ijwi ryiwe gusa ucishije mu rugi rwugaye, woshobora guca utahura iki? Nya muntu ashobora kuba ari n’ubwoba. Woshobora none gukoresha ivyo bintu umenye kugira ngo utanguze ikiyago ubicishije muri urwo rugi?
Ahantu hamwehamwe birashoboka ko winjiza nya muntu mu kiganiro mu kumubwira ikintu kikwerekeye—kahise kawe, igituma waje ku muhana iwe, igituma wemera Imana, igituma watanguye kwiga Bibiliya, hamwe n’ukuntu Bibiliya yagufashije. (Ivyak. 26:4-23) Birumvikana, ivyo bikeneye kugiranwa ukwiyubara ufise intumbero itomoye mu muzirikanyi. Ivyo bishobora guheza bigatuma nya muntu akubwira ikintu kimwerekeye be n’ukuntu abona ibintu.
Mu mico kama imwimwe, ukwakira abo batazi ni ikintu usanga bamenyereye. Abantu bashobora guca baguha ikaze ngo winjire kandi wakire agatebe. Umaze gufata icicaro, ubajije amakuru y’umuryango mu rupfasoni kandi ukumviriza inyishu ubikuye ku mutima, nya munyamuhana na we nyene ashobora guca atega yompi ivyo uvuga. Ibindi bisata vy’abantu birerekana ko bishimishwa n’abashitsi rwose kuruta, ari co gituma ukibaramutsa bashima ko mumarana akanya muganira. Muri ico kiyago, bashobora gusanga bari n’ivyo muhuriyeko. Ivyo bishobora gutuma mugiranira ikiganiro ngirakimazi c’ivy’impwemu.
Bite hoho mu gihe hari abantu benshi mu karere iwanyu bavuga izindi ndimi turetse urw’iwanyu? Abo bantu ushobora kubashikira gute? Wize n’utujambo tw’indamutso tworoshe twonyene muri zimwezimwe muri izo ndimi, abantu bashobora gutahura yuko ubababaye. Ivyo bishobora kwugurura akaryo ko kuganira n’ibindi.
Uburyo bwo Kubandanya Ikiyago
Kugira ushishikare ikiganiro, niwitwararike ivyiyumviro vya nya muntu wundi. Muremeshe guserura iryo agona nimba abigomba. Ibibazo bitowe neza birashobora gufasha. Ibibazo bisaba iryo umuntu agona ni vyo vyiza kuruta kubera ko mu bisanzwe bidasaba umuntu kwishura ngo ego canke oya gusa. Nk’akarorero, umaze gucishamwo ingorane yinaka iraje ishinga abantu baho, ushobora kubaza uti: “Wiyumvira ko ari igiki catumye ibintu bimera gutyo?” canke “Wiyumvira ko umuti wavyo ari uwuhe?”
Iyo ubajije ikibazo, nutege yompi inyishu. Za urerekana yuko uvyitwararitse vy’ukuri mu gucishamwo akajambo, canke mu gukomanga umutwe, canke ukoresheje ikimenyetso c’umubiri. Ntumuciremwo. Wuguruye umuzirikanyi, nurimbure ibiriko biravugwa. ‘Niwihutire kwumva, utebe kuvuga.’ (Yak. 1:19) Igihe wishuye na ho, niwerekane yuko wariko urumviriza vy’ukuri ivyo yariko aravuga.
Uramenya ariko yuko atari bose bazokwishura ibibazo vyawe. Bamwebamwe bashobora kwishurisha ugukanura amaso canke ukumwenyura. Abandi bashobora kuvuga gusa bati ego canke oya. Ntuce uraka. Ihangane. Ntugerageze guhata nya kiyago. Nimba nya muntu agomba kwumviriza, nukoreshe ako karyo kugira usangire na we ivyiyumviro biremesha vyo mu Vyanditswe. Mu nyuma, nya muntu ashobora guhava akakubona nk’umugenzi. Maze kumbure azogomba gusangira n’abandi ivyiyumviro vyiwe ataco yinona.
Uko uganira n’abantu, nugume uzirikana kazoza. Nimba umuntu avyuye igitigiri kanaka c’ibibazo, niwishure bimwe muri vyo mugabo kimwe canke bibiri ubisigire uwundi musi uzogarukirako ngo muganire. Mubwire ko uzogira ubushakashatsi, hanyuma maze muzoganirire hamwe ivyo uzoba wubuye. Nimba ata bibazo avyuye, woshobora gusozera ikiganiro canyu mu kumubaza ikibazo wibaza neza ko kizomushimisha. Numubwire ko muzokiganira niwagaruka kumuraba. Ivyiyumviro umuyoro ushobora kubisanga mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures, muri ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, hamwe no mu nomero za vuba z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!
Igihe Uri Kumwe n’Abo Musangiye Ukwizera
Igihe uhuye n’uwundi muntu wo mu Vyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere, woba uca wibwiriza kumwimenyeshako? Canke woba uca uguma uhagaze unumye? Urukundo dukunda abavukanyi bacu rukwiye kudusunikira gushaka kubamenya. (Yoh. 13:35) Ushobora gutangura gute? Ushobora gusa kumubwira izina ryawe hanyuma ukamubaza iryiwe. Kumubaza ukuntu yamenye ukuri mu bisanzwe bizotuma haba ikiyago gishimishije, bikazodufasha kandi kumenyana. N’iyo ivyo uvuga bidasa n’ibiza ningoga, akigoro kawe karereka nya wundi muntu yuko umwitwararitse, be n’uko ico ari co gihambaye.
Ni igiki gishobora gufasha ngo ugiranire ikiyago kiri n’ico kivuze n’umuntu wo mw’ishengero ryanyu? Niwerekane ko witwararitse vy’ukuri uwo muntu be n’umuryango wiwe. Mbega ikoraniro ryoba ari ho rigihera? Nugire ico uvuze ku vyiyumviro wasanze ari ngirakamaro. Ivyo bishobora kubagirira akamaro mwempi. Woshobora kuvuga ikintu gishimishije wakuye mu nomero ya vuba y’Umunara w’Inderetsi canke Réveillez-vous! Ivyo ntukwiye kubigira bwiyerekane canke ngo umwereke ko uzi ibintu. Nubigire kugira musangire ikintu caguhimbaye bidasanzwe. Mwoshobora kuganira ivyerekeye ikigabu umwe muri mwebwe afise mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi hanyuma mugahanahana ivyiyumviro ku kuntu gikwiye gushikirizwa. Mushobora kandi gusangira ivyabonywe mu busuku bwo mu ndimiro.
Birumvikana, ugushimishwa n’abantu kwacu kenshi gutuma haba ukuganira ku vyerekeye abantu—ku vyo bavuga no ku vyo bakora. Ugutwenza na kwo nyene gushobora kuja mu bigize ivyo tuganira. Mbega ivyo tuvuga bizoba ari ivyubaka? Dushize ku mutima impanuro yo mw’Ijambo ry’Imana kandi urukundo rw’Imana rukaba ari rwo rutuvyurira ingiro, nta gukeka ivyo tuvuga bizoba ivyubaka.—Imig. 16:27, 28; Ef. 4:25, 29; 5:3, 4; Yak. 1:26.
Imbere y’uko tuja mu busuku bwo mu ndimiro, turitegura. Ni kuki tutotegura agakuru gashimishije ko kuvuga igihe tuyaga n’abagenzi? Uko usoma kandi ukumva ibintu bishimishije, nufate nka nkama ibintu ushaka kubwira abandi. Mu nyuma, uzosanga ufise umukimba w’ivyo wotoramwo. Gukora ivyo kuzogushoboza kutama uvuga ibintu wamamwo gusa vya misi yose vyo mu buzima. Ikiruta vyose, ese ikiganiro ushikiriza cotanga ikimenyamenya c’ukuntu Ijambo ry’Imana ari iry’agaciro kuri wewe!—Zab. 139:17.