ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 104
  • Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki bingora kwitunira ku vyo nkora?
  • Ukuntu worushiriza kwitunira ku vyo ukora
  • Noba ndi umuja w’ivyuma vyo mu buhinga bwa none?
    Be maso!—2011
  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku kuntu wiyumvira?
    Be maso!—2021
  • Noba ndi umuja w’ivyuma vy’ubuhinga bwa none?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku bucuti ufitaniye n’abandi?
    Be maso!—2021
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 104
Umwigeme ataretse ngo ibintu abona mu bwenge bimusamaze. Muri ivyo bintu harimwo umuziki, amavidewo, kwandika amamesaje n’amafoto.

URWARUKA RURIBAZA

Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?

  • Kubera iki bingora kwitunira ku vyo nkora?

  • Ukuntu norushiriza kwitunira ku vyo nkora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Kubera iki bingora kwitunira ku vyo nkora?

«Sinkisoma ibitabu vyinshi nka kera. Sinkikunda no gusoma ingingo ndende.»​—Elaine

«Iyo ndiko ndaraba ividewo ndayinyarutsa kuko numva umenga ntiba iriko iranyaruka nk’uko ndabishaka.»​—Miranda

«Igihe nituniye ku kintu gihambaye maze telefone yanje igaca izima nca nguma nibaza nti: “Ubwo ntawanyandikiye?”»​—Jane

Ubuhinga bwa none bwoba butuma bitugora kwitunira ku vyo dukora? Bamwebamwe ni ko babibona. «Uko turushiriza gukoresha internet tuba turiko turamenyereza ubwonko bwacu gusamara, ni ukuvuga kurungika no kwakira amakuru ningoga na ningoga kandi mu buryo bworoshe mugabo tutabishizeko umutima.» Nk’uko bivugwa n’umuhanuzwajambo akaba n’umwanditsi Nicholas Carr.a

Raba ibiringo bitatu aho ubuhinga bwa none bushobora gutuma utitunira ku kintu.

  • Igihe uriko urayaga. «N’igihe abantu baba bariko barayaga amaso mu yandi, usanga bariko bariyandikira ubutumwa kuri telefone, bariko barakina udukino canke naho bari ku mbuga hwaniro, ivyo bigaca bituma badategana yompi uwo baba bariko baraganira.»​—Bivugwa n’uwukiri muto yitwa Maria

  • Igihe uri mw’ishure. «Abanyeshure benshi bavuga ko bakoresha utwuma twabo ngendanwa igihe baba bari mw’ishure kugira bandike ubutumwa, barondere amakuru, bisamaze kandi utwo twuma usanga badukoresha ‘no mu bintu bitajanye n’ivyigwa’», Vyakuwe mu gitabu Digital Kids,

  • Igihe uriko uriga. Uwitwa Chris w’imyaka 22 agira ati:«Ikintu nyamukuru kingora ni ukutaraba telefone igihe cose iba ihamagaye». Nimba uri umunyeshure, agakorwa ko muhira wokoze mw’isaha imwe gusa wosanga ugakoze mu masaha atatu canke arenga kubera ko wasamajwe n’akuma kawe.

Muri make: Uretse ubuhinga bwa none bukagusamaza canke bukakwigarurira bizokugora kwitunira ku vyo ukora.

Agahungu gashiburiwe inyuma n’ifarasi kariko karagenderako.

Ivyiyumviro bidatekanye bimeze nk’ifarasi yo mw’ishamba; birakwiganzira

Ukuntu worushiriza kwitunira ku vyo ukora

  • Igihe uriko urayaga. Bibiliya igira iti: «Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi.» (Abafilipi 2:4) Niwereke abo muyaga ko ubitwararika mu kubumviriza witonze. Nugume ubaraba mu maso kandi ntureke ngo usamazwe n’akuma kawe.

    «Igihe uriko urayaga n’umuntu niwirinde kuza uraraba telephone yawe. Nugaragarize icubahiro uwo muriko muraganira mu kumutega yompi.»​—Thomas

    IMPANURO: Igihe uriko urayaga, nushire akuma kawe aho udashobora kubona. Abashakashatsi bavuga yuko kuba gusa ufise telefone yawe hafi bishobora gutuma utitunira ku vyo uba uriko urakora kubera wibaza ko ihava iguciramwo.

  • Igihe uri mw’ishure. Bibiliya igira iti: «Mwitwararike rero ukuntu mwumviriza.» (Luka 8:18) Ufise ico ciyumviro mu bwenge, nimba kw’ishure wigako babemerera gukoresha internet, niwirinde kuraba ubutumwa, gukina udukino two kuri internet canke kuyaga n’abagenzi ku mbuga hwaniro mu mwanya w’ivyigwa.

    «Nugerageze kwumviriza witonze mw’ishure. Nugire utwo wiyandikiye. Nimba bikunda, niwicare imbere kugira wikingire ibishobora kugusamaza.»​—Karen

    IMPANURO: Nugire utwo wiyandikiye ukoresheje urupapuro n’ikaramu aho gukoresha orodinateri. Ubushakashatsi bwerekana ko kubigenza gutyo bigabanya ibigusamaza kandi ko bituma ushobora kwibuka neza ivyo wize.

    Umwigeme yicaye ku meza mu cumba ciwe ariko ariga. Yashize kure yiwe isakoshi, telefone hamwe n’ibitabu bitari ivyo kw’ishure.
  • Igihe uriko uriga. Bibiliya igira iti: «Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera.» (Imigani 4:5) Birimwo kuzirikana bigera kure ku vyo uriko urasoma aho gucishacishako kugira gusa urangize ikibazo.

    «Igihe mba ndiko ndiga, ndaregera tablette yanje ku buryo itansamaza maze nkitunira ku vyo mba ndiko ndakora. Ubutumwa buje sindaburaba. Igihe niyumviriye ikintu ntashaka kwibagira, nca ndacandika ahantu.»​—Chris

    IMPANURO: Niwiyemeze ko aho wigira ata bintu bigusamaza bihari. Nugume uhasukura kandi urabe ko ata bintu vyinshi biharundanye.

a Vyakuwe mu gitabu c’icongereza kivuga ingene internet igira ico ikoze ku bwonko bwacu (The Shallows​—What the Internet Is Doing to Our Brains).

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Katie.

«Igihe uriko uriga, urashobora kuba nk’umuntu agenda urugendo rurerure agendera hejuru y’amazi. Kugira wige neza urakeneye kumera nk’umuntu yibira mu mazi yambaye icuma kimufasha guhema, arondera ikintu c’agaciro.»​—Katie

Rogelio.

«Abantu bafise amagara meza bariyumvira neza. Gufungura ibifungurwa ngirakamaro biramfasha kurushiriza kwitunira ku vyo nkora. Iyo nasinziriye neza kandi biramfasha, maze umusi ukurikira mba meze neza kandi nshobora kwitunira ku vyo nkora.»​—Rogelio

Incamake: Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?

  • Igihe uriko urayaga. Niwubahirize abo muyaga mu kubumviriza witonze no mu kutareka ngo hagire ikigusamaza.

  • Igihe uri mw’ishure. Nureke kuraba ubutumwa, gukina udukino two muri telefone canke kuja ku mbuga hwaniro mu mwanya w’ivyigwa.

  • Igihe uriko uriga. Niwiyemeze ko aho wigira ata bintu bisamaza bihari. Nugume uhasukura kandi ugumize ibintu ku rutonde.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika