URURIRIMBO RWA 45
Ivyo umutima wanje uzirikana
Integuro icapuwe
1. Ibint’umutima wanje
Uzirikana bukira
Bibe ibiguhimbara,
Kukw’ivyo binduhurira.
Amagany’ambanye menshi
Maze nkarara nkanuye.
Ni wewe nzozirikana,
Be n’ibintu bitanduye.
2. Ibitanduye, vy’ukuri,
Nimba har’ingeso nziza,
Ibivugwa neza vyose,
Nivyame bimpumuriza.
Ni vyo nzirikana, Mana!
Biri n’agaciro nyako!
Amajambo yawe ni yo
Jewe nzoteramirako.
(Raba kandi Zab. 49:3; 63:6; 139:17, 23; Flp. 4:7, 8; 1 Tim. 4:15.)