ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be rup. 9-rup. 12 ing. 3
  • Nuhimbarwe n’Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhimbarwe n’Ijambo ry’Imana
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwumvirize Iyo Yehova Avuga
  • Soma Bibiliya ku Musi ku Musi
  • Nusome Ijambo ry’Imana Ryose
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ukuntu Bibiliya yorushiriza kukugirira akamaro
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nugumye Ijambo ry’Imana
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be rup. 9-rup. 12 ing. 3

Nuhimbarwe n’Ijambo ry’Imana

HARAHIRIWE umuntu “ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho.” Mwene uwo muntu asoma Ijambo ry’Imana “[“n’ijwi ritoyi,” NW] ku murango no mw ijoro.” (Zab. 1:1, 2) Woba wiyumvamwo ukwo guhimbarwa? Woshobora gute kwongerereza umunezero Ijambo ry’Imana rikuzanira?

Niwumvirize Iyo Yehova Avuga

Ntupfe gusoma gusa amajambo. Mera nk’uwubona mu bwenge ivyo uriko urasoma. Niwiyumvishe amajwi y’abavuga amajambo. Uko usoma ibigabane bitangura vya Bibiliya, umva Yehova ubwiwe ahishura intambwe ku yindi ibigirwa mu gutuma isi iba ahantu habereye umuntu. Umviriza uko abwira Umwana wiwe, wa Mukozi w’Umuhanga, yuko igihe kigeze c’ugushiraho abantu ba mbere. Ihe ishusho yavyo: Adamu na Eva baragararije, Imana ibacira urubanza bituma ibirukana mw’Iparadizo. (Itanguriro, ibig. vya 1-3) Niwiyumvemwo akoba igihe usoma yuko ijwi riva mw’ijuru rigenekereza Yezu Kirisitu ko ari Umwana w’Imana, umukundwa, uwatumwe n’Imana kugira atangire ubuzima bwiwe abantu. (Mat. 3:16, 17) Gerageza kwiha ishusho y’ukuntu intumwa Yohani avyakira yumvise Yehova avuga ati: “Rāba vyose ndabihindura bisha.” (Ivyah. 21:5) Vy’ukuri, gusoma Ijambo ry’Imana muri ubwo buryo ni ikintu gihimbaye!

Nubandanye gusoma izo nkuru zahumetswe, hanyuma uzoheza umenye Yehova ko ari agahambaye kandi ateye akoba. Uzokwumva ukwegerewe cane kuri uwo Muntu adukunda, agakorana natwe n’ikigongwe cinshi, akadufasha mu gihe tugumye tugerageza gukora ukugomba kwiwe twicishije bugufi, kandi akatwereka ukuntu twororanirwa mu vyo dukora vyose.—Yos. 1:8; Zab. 8:1; Yes. 41:10.

Uko umara umwanya usoma Bibiliya, ni ko uzorushiriza guhera akanyota wongera ukura mu bumenyi bw’ivyo Imana ikugombako. Ariko kwa guhimbarwa ntikuzogarukira aho. Igihe ugusoma kwawe kukuronkeje imfashanyo ukeneye kugira utunganye ingorane mu bukerebutsi, uzokwumva umerewe nk’umwanditsi wa Zaburi, uwuvuga ati: “Ivyo wihanikirije n[i] ibitangaza: ni co gituma umutima wanje uvyitondera.” (Zab. 119:129) Na wewe nyene uzonezerwa uko utegera mu Vyanditswe ingingo zifasha kubumba ukwiyumvira kwawe n’ivyipfuzo vyawe mu buryo Imana ishima.—Yes. 55:8, 9.

Bibiliya iratanga inyobozo z’ivy’ukwigenza runtu zidukingira akabi kandi zikatwereka inzira nziza. Uko tuyisoma, turamenya yuko Yehova ari Umuvyeyi azi ingorane zishika igihe twihaye ivyipfuzo vy’umubiri wuzuye agasembwa. Ntashaka ko ducumukuzwa n’inkurikizi z’agaterabwoba zitazobura kwanduruka ku guca iruhande ingingo ngenderwako ziwe zikirurutse z’ivy’ukwigenza runtu. Aratubabaye kandi akaba ashaka ko twinovora inzira y’ubuzima nziza kuruta izindi. Ugusoma Ijambo ryiwe kwacu kuradufasha kurushiriza gutahura bimwe bishitse kuruta ukuntu ari umuhezagiro kuba ari we dufise bwa Mana yacu na Dawe wo mw’ijuru.

Soma Bibiliya ku Musi ku Musi

Umwanditsi wa Zaburi yavuze ku vyerekeye umugabo asoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi ati: “Ic’azokora cose kizomubera ko.” (Zab. 1:3) Egome, naho dufise agasembwa, naho tuba mu runkwekwe rw’ibintu rwa Shetani, kandi naho wa Mucokoranyi agira utwigoro two kuturotsa, ugusoma Bibiliya tudahorereza be n’ugushira mu ngiro ibiri mw’Ijambo ry’Imana bizodushoboza kuroranirwa mu bintu vyose bifitaniye isano n’imigenderanire yacu na Yehova.

Kubera ko turi munsi y’umukazo uva kuri uru runkwekwe rushaje, ukwiyinjizamwo ivyiyumviro vy’Umuremyi naho hoba mu kanya gatogato k’agaciro birashobora kuduha inguvu ku musi ku musi. Hari abantu bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo, bashobora gusa gushikira imirongo mikeyi y’isabisabi basanga yagiye irasubirwamwo mu biganiro vyo mu binyamakuru vy’isi. Iyo barayegeranirije hamwe, barayifata ku mutwe, hanyuma barayizirikanako. Yehova yarahezagiye utwigoro twabo kubera ko babikoze bisunze ukuntu ivyabo vyari vyifashe, mu kwihereza ubumenyi buva mw’Ijambo ry’Imana. (Mat. 5:3) Egome, benshi muri twebwe barafise umwidegemvyo mwinshi cane kuruta uwo. Ntidukwiye guca dupfundika yuko gusoma ningoga na ningoga umurongo umwe wa Bibiliya rimwe ku musi ubwavyo bizovamwo ibintu vy’igitangaza. Ariko rero, tuzokwironkera imihezagiro nitwagira ico duhinduye mu vyo dushira imbere y’ibindi kugira ngo tuze turasoma igihimba ca Bibiliya ku musi ku musi, tukakizirikanako, maze tukagishira mu ngiro mu buzima bwacu.

Tutibeshe, imigambi yacu myiza kuruta irashobora kugira ikiyiciramwo. Igihe ivyo bishitse, dushira imbere ibintu bihambaye koko. Nk’akarorero, ntitwomara umusi canke imisi ibiri n’ibigirankana ata mazi tunyoye. Tutaravye ibishika mu buzima bwacu bwa misi yose rero, dukwiye gufata akanya ko kwihembuza amazi yerekeye ukuri.—Ivyak. 17:11.

Nusome Ijambo ry’Imana Ryose

Woba ubwawe urasoma Bibiliya yose uko ingana? Bamwe bumva barengewe n’iciyumviro co gusoma guhera mw’Itanguriro gushika mu Vyahishuriwe. Ni co gituma abantu benshi bashatse gusoma Bibiliya yose uko ingana batanguriye ku kubanza gusoma Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu. Kubera iki? Kumbure kwari kubera ko bari guca barushiriza gushoka babona ukuntu ivyo bitabu vya Bibiliya biberekeye bwa bantu barondera kugendera mu makanda ya Kirisitu. Canke kumbure kwari ukubera ko Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu bidasa n’uko ari vyinshi vyo gusoma, kuko birenga gatoyi ica kane ca Bibiliya. Mugabo bamaze guheza gusoma ivyo bitabu 27, baciye bahindukiriza ivyiyumviro kuri vya bitabu 39 vy’Ivyanditswe vy’Igiheburayo hanyuma batangura kubisoma no kuvyinovora. Igihe barangiza Ivyanditswe vy’Igiheburayo, bari bashizeho icitegererezo co gusoma Bibiliya ubudahorereza, ari co gituma babandanije, barasoma Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu ubugira kabiri, kandi ntibarigera bahagarika. Ese na wewe nyene ugusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi wobigira akamenyero ko mu buzima bwawe bwose nk’ukwo nyene.

Mu muryango iwanyu canke mw’ishengero hoba hari umuntu adashoboye gusoma? Ni kuki utomusaba kumusomera Bibiliya ubudahorereza? Uzohungukira, kandi na we nyene azohungukira uko azirikana ku vyo yumva hanyuma akabikurikiza mu buzima bwiwe.—Ivyah. 1:3.

Mu nyuma, ushobora gushaka gufata imigambi idasanzwe mu bijanye n’ugusoma Bibiliya kwawe. Imwimwe muri yo ishobora kukwongerereza ugutahura isano riri hagati y’ibihimba bitandukanye vya Bibiliya. Nimba Bibiliya yawe ifise amarabiro ku mpande, ayo ashobora kukurungika ku makuru ya kahise y’ido n’ido y’ingirakamaro no ku nkuru zijanye na yo. Ashobora kugufasha kubona ibintu vyatumye handikwa amazaburi atandukanye hamwe n’amakete yanditswe n’intumwa za Yezu Kirisitu. Igitabu Étude perspicace des Écritures kiratanga umukimba w’amakuru ya kahise yerekeye abantu, ibibanza hamwe na kamere bivugwa muri Bibiliya. Harimwo ibicapo bikwegera ubwenge kw’iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, bikerekana abami n’abahanuzi babayeho mu kiringo kimwe, bikanatanga amatariki ashobora kuba yashikiyeko ibintu vyinshi vyabaye.

Uko uzirikana ku vyo wiga, uzotahura imvo zatumye ibintu binaka biba mu basavyi b’Imana. Uzobona kandi igituma Yehova yagiriye kurya abasavyi biwe. Uzobona ukuntu Yehova abona ivyo intwaro, ibisata n’abantu umwumwe bikora. Ivyo bizoguha kurushiriza gutahura ukwiyumvira kwiwe.

Inkuru ya kahise yo muri Bibiliya izorushiriza kugushimisha igihe wiha ishusho y’intara ibintu vyabereyemwo. Amakarata y’ibihugu bivugwa muri Bibiliya arahishura ahantu ibintu vyabereye hamwe n’ibirere biri hagati y’ibibanza. Nk’akarorero, Abisirayeli bajabukiye Ikiyaga Gitukura amagana hehe? Ca Gihugu c’Isezerano cangana gute? Yezu yagenze gushika he igihe yarangura ubusuku bwiwe bwo kw’isi? Ni ibiki Paulo yabonye ku rugendo rumwerumwe rwose mu zo yagize z’ubumisiyonari? Amakarata be n’indondoro z’ibihugu biratanga ido n’ido rizotuma ugusoma kwawe kubamwo igishika. Ni hehe ushobora gusanga amakarata y’ibihugu bivugwa muri Bibiliya? Amwamwe araboneka muri Bibiliya yitwa Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau. Igitabu Étude perspicace kirimwo amakarata nka 70 kandi kikagira ironderero ry’amakarata ribereye riri mu mpera z’imbumbe yaco ya mbere. Nukoreshe Index des publications de la Société Watch Tower kugira ngo utore aho ayandi makarata ari. Nimba ivyo vyifashisho atavyo, nuze urakoresha amakarata yasohowe mu Munara w’Inderetsi kugira ngo azogusahirize mu gusoma Bibiliya kwawe.

Mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, Umwami Dawidi yarashemagije Yehova, avuga ati: “Erega Mana, ivyiyumviro vyawe n’ivy’igiciro kuri jewe! Ereg’igitigiri cavyo ni kinini!” (Zab. 139:17) Mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, intumwa Paulo yarashemeje Yehova kubera ko “yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.” (2 Kor. 4:6) Dawidi na Paulo babayeho mu binjana bitandukanye, yamara bompi barahimbarwa n’Ijambo ry’Imana. Na wewe nyene vyogushobokera ugiye urafata umwanya wo gusoma ibintu vyose Yehova yaguhaye mu mpapuro z’Ijambo ryiwe ryahumetswe.

NUTUME UGUSOMA BIBILIYA KU MUSI KU MUSI KURORANIRWA

Igihimba nyamukuru c’inyigisho itangirwa mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi gishingiye kuri porogarama y’ugusoma Bibiliya. Turaguhimirije ngo uyigiremwo uruhara.

Igihimba kigereranye ca Bibiliya kirashizwe ku rutonde ngo umuntu acisomere congere kiganirweko mw’ishure ku ndwi ku ndwi. Ivyo buhorobuhoro bizokujana muri Bibiliya yose uko ingana.

Kugira ngo ugusoma Bibiliya ku musi ku musi bibe igice c’ubuzima bwawe, niwame wabibikiye umwanya—kumbure hakiri kare mu gitondo, ku mutaga, ku gihe co gufungura utwo ku mugoroba, canke imbere y’uko uja kuryama. Ugusoma gusa uduceduce twayo igihe bishitse ukaronka umwanya ntibizotuma uyisoma udahorereza.

Nimba uri serugo, nugaragaze ko witwararika umuntu umwumwe mu gufasha abagize umuryango gutsimbataza akamenyero keza. Gusoma Bibiliya gatoyi uko mugize umuryango bishobora kuremesha abawugize gukurikirana ukuyisomera ku musi ku musi.

Ugusoma Bibiliya ku musi ku musi bisaba ukwigumya. Ntiwavukanye icipfuzo cavyo. Ukeneye “kuremarema ugucambirwa” Ijambo ry’Imana. (1 Pet. 2:2, NW) Uko utsimbataza ako kamenyero, akayabagu kawe k’ivy’impwemu kazokwongerekana. Maze ushobora gusanga ushaka kukongereza mu gufata imigambi idasanzwe yo gusoma no kwiga kugira ngo ushitse kure ugutahura be n’ukunyurwa n’ubutunzi Yehova yadushize imbere.

Igihe usoma Bibiliya, uraza urafata akanya uzirikane insobanuro y’ivyo usoma, ico bikubwira ku vyerekeye Yehova, ukuntu bishobora kwosha neza ubuzima bwawe, be n’ukuntu ushobora kubikoresha mu gufasha abandi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika