URURIRIMBO RWA 12
Mana ihambaye Yehova
Integuro icapuwe
1. Mana Yehova, wew’uhambaye,
Urakwiye gukezwa,
Vyongey’ugashemezwa.
Ugwij’inguvu be n’urukundo
Ni w’ukwiye gusengwa.
2. Ewe Muvyeyi, uradukunda!
Mu bawe nta wutazi
Yuk’ugir’imbabazi.
Uratwitaho, ukatwigisha.
Ni wewe mutabazi.
3. Ijuru n’isi biraguhaya
Reka tugushemeze,
Ico tuciyemeze.
Mana Yehova, wew’uhambaye,
Bose nibagukeze.
(Raba kandi Gus. 32:4; Imig. 16:12; Mat. 6:10; Ivyah. 4:11.)