Timoteyo wa mbere
2 Imbere ya vyose rero, ndahimiriza bose ngo batakambire Imana ku bw’abantu b’uburyo bwose, babasengere, babasabire, bongere bakenguruke ku bwabo. 2 Babigire no ku bw’abami n’abo bose bafise ubukuru*+ kugira tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi burangwa amahoro, twihebera Imana bimwe bishitse kandi tudafyina+. 3 Ivyo ni vyiza kandi biremerwa imbere y’Imana yo Mukiza wacu+, 4 yo igomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa+ bakamenya neza ukuri. 5 Kuko hari Imana imwe+, n’umuhuza umwe+ hagati y’Imana n’abantu+, akaba ari umuntu, ni ukuvuga Kristu Yezu+, 6 yitanze ngo abe incungu y’indinganire* ku bwa bose*+. Ivyo ni vyo bikwiye gushingirwa intahe ku gihe cavyo. 7 Nagenywe kuba umuvugabutumwa no kuba intumwa+ kugira nshinge iyo ntahe+, nigishe amahanga+ ibijanye n’ukwizera be n’ukuri. Aho ndiko mvuga ukuri, sindiko ndabesha.
8 Ndashaka rero yuko ahantu hose abagabo bashishikara gusenga, badugije amaboko adahumanye*+, ata shavu+ n’impari+. 9 Abagore na bo bakwiye kwishariza mu kwambara mu buryo bubereye*, bw’urupfasoni kandi bwerekana ko biyumvira neza*, atari mu gusuka* imishatsi mu mideri y’agatangaza, canke mu kwambara inzahabu canke imaragarita* canke impuzu zizimvye cane+. 10 Ahubwo bisharize mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko bihebeye Imana+, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza.
11 Umugore niyige acereje*, ayoboka bimwe bikwiye+. 12 Sinemerera umugore kwigisha canke kugira ubukuru ku mugabo, ahubwo akwiye kuguma acereje*+. 13 Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva+. 14 Vyongeye, Adamu ntiyahenzwe ahubwo umugore ni we yahenzwe rwose+, ararenga itegeko. 15 Yamara abagore bazozigamwa biciye ku kwibaruka+, bapfe gusa kuguma mu kwizera no mu rukundo no mu bweranda, biyumvira neza*+.