Kuvayo
23 “Ntuze utwarire hejuru inkuru y’ububeshi+. Ntugafatanye n’umubisha mu kuba icabona gitegura imigambi y’ubukazi+. 2 Ntuze ukurikire isinzi mu ntumbero mbi+; kandi mu matati, ntuze ushinge intahe ku buryo uhengamira hamwe n’isinzi, urondera kugoreka ubutungane+. 3 Nayo ku muntu mutoyi, ntuze ugire aho uhengamiye mu matati amwerekeye+.
4 “Niwarenguka kw’ishūri y’umwansi wawe canke ku ndogobwa yiwe yazimiye, utegerezwa kuyimugarurira+. 5 Niwabona indogobwa y’uwukwanka iryamye munsi y’umutwaro wayo, ntuze umurekerane. Utegerezwa kumufasha kuyibohora+.
6 “Ntukagoreke ingingo y’ubutungane y’umworo wawe mu matati yiwe+.
7 “Uraguma uzibukiriye ijambo ry’ikinyoma+. Kandi ntiwice intungane n’umugororotsi, kuko ntazokwita umubisha umugororotsi+.
8 “Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona neza kandi kigashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+.
9 “Kandi ntugahahaze kavamahanga+, kuko namwe ubwanyu muzi ubuzima bwa kavamahanga ico ari co, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+.
10 “Kandi mu myaka itandatu uze ubibe indimo yawe imbuto, wegeranye umwimbu wayo+. 11 Mugabo umwaka ugira indwi uze uyireke irare, uyireke iruhuke+, aboro bo mu bantu b’iwanyu baze bayiryeko. Ivyo basigaje na vyo ibikoko bizobirya+. Ukwo ni ko uzogenza umurima wawe w’imizabibu n’umurima wawe w’imyelayo.
12 “Mu misi itandatu uze ukore igikorwa cawe+; mugabo ku musi ugira indwi uze uhagarike, kugira ngo ishūri yawe n’indogobwa yawe biruhuke, n’umuhungu w’umushumbakazi wawe na kavamahanga bagarure agatege+.
13 “Kandi muze mwiyubare ku vyo nababwiye vyose+; kandi ntimugacishe mu kanwa izina ry’izindi mana. Ntirikwiye kwumvikana mu kanwa kawe+.
14 “Gatatu mu mwaka uze umpimbarize umusi mukuru+. 15 Uzogumya umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+. Mu misi indwi uzorya udutsima tutarimwo umwambiro+ ku gihe cashinzwe, mu kwezi kwa Abibu+, nk’uko nagutegetse, kuko muri kwo ari ho wavuye mu Misiri. Kandi ntibaze baseruke imbere yanje iminwe misa+. 16 Uze ugire n’umusi mukuru w’iyimbura ry’ivyamwa vya mbere vyeze+ bivuye mu kuya kawe, ry’ivyo wabivye mu murima+; be n’umusi mukuru w’isarura ku mpera y’umwaka, niwasarura ibivuye mu kuya kawe vyo mu murima+. 17 Gatatu mu mwaka, uw’igitsina-gabo wese mu bawe azoseruka mu maso y’Umukama w’ukuri, Yehova+.
18 “Ntuze ushikane amaraso y’ikimazi canje kumwe n’ivyambiwe. Kandi ikinure c’umusi mukuru wanje ntigikwiye kugumaho ijoro ryose gushika mu gitondo+.
19 “Vyizavyiza mu vyamwa vya mbere vyeze vy’ubutaka bwawe, uze ubizane ku nzu ya Yehova Imana yawe+.
“Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
20 “Ehe ndungitse umumarayika+ imbere yawe ngo akuzigame ku nzira yongere akuzane ahantu nateguye+. 21 Wiyubare kubera we kandi ugamburuke ijwi ryiwe. Ntumugararize, kuko atazobabarira ukugabitanya kwanyu+; kubera ko izina ryanje riri muri we. 22 Ariko niwagamburuka vy’ukuri ijwi ryiwe kandi ugakora ivyo nzovuga vyose+, nzokwanka urunuka abansi bawe, ntoteze abagutoteza+. 23 Kuko umumarayika wanje azokuja imbere akakuzana koko ku Bamori n’Abaheti n’Abaperizi n’Abanyakanani, Abahiwi n’Abayebusi, kandi nzobazimanganya ata kabuza+. 24 Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+. 25 Kandi mutegerezwa gukorera Yehova Imana yanyu+; na we ntazobura guhezagira umukate wawe n’amazi yawe+; kandi koko nzokwigiza kure indwara zive hagati muri wewe+. 26 Mu gihugu cawe ntihazoba umugore inda ikorokana canke umugore w’ingumba+. Nzotuma igitigiri c’imisi yawe kiba icuzuye+.
27 “Nzorungika ukuncikira ivutu kukwitangire imbere+, nte koko mu muvurungano abantu bose ushitsemwo, kandi nzoguha igikanu c’abansi bawe bose+. 28 Nzorungika ukujonjogora kukwitangire imbere+, kwirukane Abahiwi, Abanyakanani n’Abaheti bakuve imbere+. 29 Sinzobirukana ngo bakuve imbere mu mwaka umwe, kugira ngo igihugu ntigicike igiharabuga, n’ibikoko vy’ibinyeshamba bikagwira koko bikakugirira nabi+. 30 Nzobirukana buhorobuhoro bakuve imbere, gushika urondotse, ukigarurira koko nya gihugu+.
31 “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+. 32 Ntuze ugirane isezerano na bo canke imana zabo+. 33 Ntibakwiye kuba mu gihugu cawe, kugira ntibazohave batuma uncumurako. Hamwe wokorera imana zabo, vyokubera umutego+.”