Gusubira mu vyagezwe 24:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Nimwimbura imirima yanyu hanyuma mukibagirira umuganda mu murima, ntimuze mugaruke kuwutora. Mukwiye kuwurekera ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi+, kugira Yehova Imana yanyu abahezagire mu vyo mukora vyose+. Zaburi 145:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Ibiremwa vyose biguhanga amaso,ukabironsa ivyo birya igihe kigeze+. Imigani 10:3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Yehova ntazoreka umugororotsi ngo yicwe n’inzara+,ariko ababisha azobima ivyo bahahamira.
19 Nimwimbura imirima yanyu hanyuma mukibagirira umuganda mu murima, ntimuze mugaruke kuwutora. Mukwiye kuwurekera ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi+, kugira Yehova Imana yanyu abahezagire mu vyo mukora vyose+.