9 Nimwibuke ibintu vya kera cane,
yuko ndi Imana kandi ata yindi iriho.
Ndi Imana, nta n’imwe imeze nkanje+.
10 Mpera mu ntango nkavuga uko ibintu bizogenda,
ngahera kuva kera cane nkavuga ibintu bitarakorwa+.
Mvuga nti: “Umugambi wanje uzoranguka+,
kandi nzokora ikintu cose kimpimbara+.”