24 Ni co gituma bazotikira nk’uko ibishakara biturirwa n’umuriro,
nk’uko n’ivyatsi vyumye vyitunatuna bigasha kubera imbeya z’umuriro.
Imizi yabo izobora,
amashurwe yabo asanzare nk’umukungugu,
kuko banse gukurikiza amategeko ya Yehova Nyeningabo,
bakagaya ivyo wa Mweranda wa Isirayeli avuga+.