ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 24
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Intwaro ya Yehowasi (1-3)

      • Yehowasi asubiramwo urusengero (4-14)

      • Yehowasi aba umuhuni (15-22)

      • Yehowasi yicwa (23-27)

2 Ngoma 24:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:21
  • +It 21:14; 2Sm 3:10; 2Bm 12:1

2 Ngoma 24:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:2

2 Ngoma 24:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:3-5

2 Ngoma 24:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:4, 5; 2Ng 29:1, 3; 34:9, 10
  • +2Bm 12:6

2 Ngoma 24:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:7
  • +Kv 30:12-16
  • +Gh 1:50

2 Ngoma 24:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 22:2, 3
  • +2Ng 28:24

2 Ngoma 24:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mr 12:41
  • +2Bm 12:9

2 Ngoma 24:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 30:12-16; Neh 10:32; Mt 17:24

2 Ngoma 24:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «gushika bose batanze.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 29:9

2 Ngoma 24:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:10

2 Ngoma 24:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:11, 12; 2Ng 34:10, 11

2 Ngoma 24:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 37:16; Gh 7:84
  • +Gh 28:3

2 Ngoma 24:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amaze gusaza, ahaze imisi.»

2 Ngoma 24:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 2:10
  • +2Ng 23:1

2 Ngoma 24:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

2 Ngoma 24:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bashinga intahe yo kubagiriza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:13, 14; 2Ng 36:15, 16; Yr 7:25, 26

2 Ngoma 24:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «itwikira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 23:11
  • +Gus 29:24, 25; 1Ng 28:9; 2Ng 15:2

2 Ngoma 24:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 11:19
  • +Mt 23:35; Lk 11:51

2 Ngoma 24:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera) rwa Yehoyada.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 9:5; Zb 94:1; Yr 11:20; Heb 10:30

2 Ngoma 24:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:17
  • +2Ng 24:17, 18

2 Ngoma 24:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Abo ni Abasiriya.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:17, 37; Gus 32:30

2 Ngoma 24:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «basize arwaye indwara nyinshi.»

  • *

    Canke «umuhungu.» Kuba hakoreshejwe ubwinshi bishobora kuba vyerekana icubahiro.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 24:20, 21
  • +2Bm 12:20
  • +2Sm 5:9; 1Bm 2:10
  • +2Ng 21:16, 20; 28:27

2 Ngoma 24:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 12:21

2 Ngoma 24:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «gushinga umushinge w’inzu.»

  • *

    Canke «vyasiguwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 24:20
  • +2Ng 24:13

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 24:12Bm 11:21
2 Ngo. 24:1It 21:14; 2Sm 3:10; 2Bm 12:1
2 Ngo. 24:22Bm 12:2
2 Ngo. 24:42Bm 22:3-5
2 Ngo. 24:52Bm 12:4, 5; 2Ng 29:1, 3; 34:9, 10
2 Ngo. 24:52Bm 12:6
2 Ngo. 24:62Bm 12:7
2 Ngo. 24:6Kv 30:12-16
2 Ngo. 24:6Gh 1:50
2 Ngo. 24:72Ng 22:2, 3
2 Ngo. 24:72Ng 28:24
2 Ngo. 24:8Mr 12:41
2 Ngo. 24:82Bm 12:9
2 Ngo. 24:9Kv 30:12-16; Neh 10:32; Mt 17:24
2 Ngo. 24:101Ng 29:9
2 Ngo. 24:112Bm 12:10
2 Ngo. 24:122Bm 12:11, 12; 2Ng 34:10, 11
2 Ngo. 24:14Kv 37:16; Gh 7:84
2 Ngo. 24:14Gh 28:3
2 Ngo. 24:161Bm 2:10
2 Ngo. 24:162Ng 23:1
2 Ngo. 24:192Bm 17:13, 14; 2Ng 36:15, 16; Yr 7:25, 26
2 Ngo. 24:202Ng 23:11
2 Ngo. 24:20Gus 29:24, 25; 1Ng 28:9; 2Ng 15:2
2 Ngo. 24:21Yr 11:19
2 Ngo. 24:21Mt 23:35; Lk 11:51
2 Ngo. 24:22It 9:5; Zb 94:1; Yr 11:20; Heb 10:30
2 Ngo. 24:232Bm 12:17
2 Ngo. 24:232Ng 24:17, 18
2 Ngo. 24:24Lw 26:17, 37; Gus 32:30
2 Ngo. 24:252Ng 24:20, 21
2 Ngo. 24:252Bm 12:20
2 Ngo. 24:252Sm 5:9; 1Bm 2:10
2 Ngo. 24:252Ng 21:16, 20; 28:27
2 Ngo. 24:262Bm 12:21
2 Ngo. 24:272Ng 24:20
2 Ngo. 24:272Ng 24:13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 24:1-27

Ngoma za kabiri

24 Yehowasi yari afise imyaka indwi igihe yatangura kuganza+, maze amara imyaka 40 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Zibiya, akaba yava i Beri-Sheba+. 2 Yehowasi yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse igihe cose umuherezi Yehoyada yamaze akiriho+. 3 Yehoyada yamurondereye abagore babiri, hanyuma avyara abahungu n’abakobwa.

4 Inyuma y’ivyo, Yehowasi agira icipfuzo co gusubiramwo inzu ya Yehova+. 5 Nuko akoraniriza hamwe abaherezi n’Abalewi, ababwira ati: «Nimuje mu bisagara vy’Ubuyuda, mwegeranye amahera yo gusanasana inzu y’Imana+ yanyu ku mwaka ku mwaka, muyakuye mu Bisirayeli bose, kandi mubinyarutse.» Mugabo abaherezi ntibanyarutsa+. 6 Umwami atumako rero Yehoyada umukuru w’abaherezi, amubwira ati+: «Kubera iki utasavye Abalewi ngo bazane ikori ryeranda ryashinzwe na Musa+ wa musavyi wa Yehova barikuye mu Buyuda n’i Yeruzalemu? Kubera iki utabasavye ngo bazane iryo kori ryeranda ritangwa n’ishengero rya Isirayeli ku bw’ihema ririmwo isandugu y’isezerano*+? 7 Urazi neza yuko abahungu ba Ataliya+ wa mugore w’umubisha binjiye ku nguvu mu nzu y’Imana y’ukuri+, bagakoresha ibintu vyeranda vyose vyo mu nzu ya Yehova mu gusenga za Bayali.» 8 Maze umwami ategeka yuko bakora isandugu+, bakayishira hanze hafi y’irembo ry’inzu ya Yehova+. 9 Inyuma y’ivyo batangariza ababa mu Buyuda hose n’i Yeruzalemu ngo bazanire Yehova ikori ryeranda+, rimwe Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri yari yarashingiye Abisirayeli mu bugaragwa. 10 Nuko abatware bose n’abanyagihugu bose baranezerwa+. Baguma bazana intererano zabo bakazishira muri ya sandugu gushika yuzuye*.

11 Igihe cose Abalewi baba binjije iyo sandugu ngo bayishikirize umwami, bagasanga amahera arimwo yagwiriye, umunyamabanga w’umwami n’icariho c’umukuru w’abaherezi baca baza bakayicuranura+ maze bakayisubiza aho yari iri. Ukwo ni ko babigenza ku musi ku musi, kandi baregeranije amahera menshi. 12 Umwami na Yehoyada baca bayaha abahagarikiye igikorwa co ku nzu ya Yehova. Abo bahagarikiye igikorwa baca bayahemba abaringaniza amabuye n’abanyamyuga b’abahinga kugira ngo basubiremwo inzu ya Yehova+. Barahemba n’abakora ibijanye n’ubutare bw’icuma n’umujumpu kugira ngo basanasane iyo nzu ya Yehova. 13 Nuko abahagarikiye igikorwa batanguza ibikorwa vyo gusanasana iyo nzu y’Imana y’ukuri, biguma bitera imbere. Maze iyo nzu bayisubiza nk’uko yahora, barayikomeza. 14 Bakimara kurangiza, baciye bazanira umwami na Yehoyada amahera yasigaye. Maze bayikorako mu gukoresha ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova, harimwo ibikoresho bijanye n’igikorwa cahakorerwa, ivyakoreshwa mu gutanga amashikanwa, ibikombe, n’ibikoresho vy’inzahabu be n’ivy’ifeza+. Igihe cose Yehoyada yamaze akiriho, hama hatangwa ibimazi biturirwa+ ku nzu ya Yehova.

15 Yehoyada amaze gusaza cane*, yahavuye apfa. Yari afise imyaka 130. 16 Nuko bamuhamba mu gisagara ca Dawidi aho bahamba abami+, kubera ivyiza yakoze muri Isirayeli+ bijanye n’Imana y’ukuri n’inzu yayo.

17 Inyuma y’urupfu rwa Yehoyada, abatware bo mu Buyuda baraje bunamira umwami, na we arabumviriza. 18 Nuko abantu baheba inzu ya Yehova Imana ya ba sekuruza, batangura gusenga* ibigirwamana n’inkingi nyeranda z’ibiti*. Ivyo vyatumye Imana ishavurira ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu kubera ivyaha vyabo. 19 Yehova yaguma abarungikira abahanuzi kugira ngo babagarukane kuri we. Baguma bababurira*, mugabo ntibumve+.

20 Impwemu y’Imana iza kuri* Zakariya umuhungu w’umuherezi Yehoyada+. Ahagarara ahantu hataramutse imbere y’abantu ababwira ati: «Imana y’ukuri ivuze iti: “Kubera iki muhonyanga amabwirizwa ya Yehova? Ntimuzororanirwa. Ko mwahevye Yehova, na we rero azobaheba+.”» 21 Mugabo baja inama yo kumugirira nabi+ maze bamwicisha amabuye babitegetswe n’umwami. Bamwiciye mu kigo c’inzu ya Yehova+. 22 Umwami Yehowasi yaribagiye ivyiza yakorewe na Yehoyada* se wa Zakariya, yica uwo muhungu wiwe. Ariko aracikana yavuze ati: «Yehova abirabe, aze abiguhanire+.»

23 Mu ntango z’umwaka, abasoda b’Abasiriya baja gutera Yehowasi, maze bakwiragira mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. Baraheza bica abatware bose+, ivyo basahuye vyose babirungikira umwami w’i Damasiko. 24 Naho abo basoda b’Abasiriya bateye ari bake, Yehova yarabafashije gutsinda ingabo nyinshi cane+, kubera ko abantu bo mu Buyuda bari barahevye Yehova Imana ya ba sekuruza. Nuko bashitsa* kuri Yehowasi urubanza yaciriwe. 25 Igihe bava iwe (kubera ko basize bamukomerekeje cane*), abasuku biwe baciye baja inama yo kumugirira nabi kubera yari yasheshe amaraso y’abahungu* b’umuherezi Yehoyada+. Bamwiciye ku buriri bwiwe+. Nuko arapfa bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba aho bahamba abami+.

26 Abagiye inama yo kumugirira nabi+ bari aba: Zabadi umuhungu w’Umwamonikazi yitwa Shimeyati na Yehozabadi umuhungu w’Umunyamowabukazi yitwa Shimuriti. 27 Nayo ibijanye n’abahungu biwe, imburi zimugabisha yahawe+ be n’igikorwa yakoze co gusubiramwo inzu* y’Imana y’ukuri+, vyose vyanditswe* mu Gitabu c’abami. Maze umuhungu wiwe Amaziya atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika