ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 44
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Imihezagiro abo Imana yatoye bazoronka (1-5)

      • Nta yindi Mana atari Yehova (6-8)

      • Ibigirwamana vyakozwe n’abantu nta co bimaze (9-20)

      • Yehova ni Umucunguzi wa Isirayeli (21-23)

      • Biciye kuri Kuro, ibintu bizosubira mu buryo (24-28)

Yesaya 44:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:1, 7; 35:10, 11; Yes 41:8

Yesaya 44:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yaguhinguye.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukiri mu nda.»

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «umugororotsi.» Ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 43:1; 44:21
  • +Yes 41:10; Yr 30:10
  • +Gus 32:15; 33:5, 26

Yesaya 44:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku gihugu kinyotewe.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku rubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 41:17
  • +Yes 32:14, 15

Yesaya 44:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu gifaransa vyitwa peupliers.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 61:11

Yesaya 44:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 13:9

Yesaya 44:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 33:5; Yes 33:22
  • +Kv 6:6; Yr 50:34
  • +Yes 41:4; 48:12; Ivh 22:13
  • +Gus 4:35, 39; Yes 43:10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 27-28

Yesaya 44:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 46:9
  • +Yes 43:9; 45:21

Yesaya 44:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 41:10
  • +Yes 43:10
  • +Gus 32:4; 2Sm 22:32

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2007, rup. 10

Yesaya 44:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga ibishusho.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 10:14; 1Bm 18:26; 1Kr 8:4
  • +Zb 115:4, 5
  • +Yr 51:17

Yesaya 44:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu cuma bashongesheje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 10:5; Ivk 19:26

Yesaya 44:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 5:3, 7

Yesaya 44:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 40:19; 41:7; 46:6

Yesaya 44:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imbāzo», «itindo.»

  • *

    Canke «mu kazu basengeramwo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:4; Gus 4:15, 16; Ivk 17:29
  • +Gus 27:15

Yesaya 44:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 40:20; Yr 10:3

Yesaya 44:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:4, 5; Lw 26:1; Hab 2:18, 19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Imizimu, rup. 42-45

Yesaya 44:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «agatarako.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Imizimu, rup. 42-45

Yesaya 44:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 37:37, 38; 45:20; 46:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Imizimu, rup. 42-45

Yesaya 44:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ata gutahura kwimbitse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 10:8, 14; Rm 1:21-23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Imizimu, rup. 42-45

Yesaya 44:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ntarako.»

  • *

    Canke «urukwi rwumye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 27:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Imizimu, rup. 42-45

Yesaya 44:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Imizimu, rup. 42-45

Yesaya 44:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 43:1; 44:1
  • +Yes 49:15

Yesaya 44:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 51:1; 103:12; Yes 1:18; 43:25; Yr 33:8; Ivk 3:19
  • +Yes 1:27; 48:20; 59:20

Yesaya 44:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 49:13; 55:12
  • +Yes 60:21

Yesaya 44:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 44:6
  • +Yb 26:7; Yes 40:22
  • +Yes 42:5; 48:13

Yesaya 44:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abavuga amajambo ata co amaze.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 9:7
  • +2Sm 15:31; Yes 29:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/1997, rup. 16-17

Yesaya 44:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 23:14; Yes 55:10, 11; Zk 1:6
  • +Zb 147:2
  • +Yes 60:10
  • +Yes 61:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/1997, rup. 16-17

Yesaya 44:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «tumuka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 42:15; Yr 50:38; Ivh 16:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 3

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/1997, rup. 17-18

    Ubumenyi, rup. 18

Yesaya 44:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 1:1, 2; Yes 41:25; 45:1; 46:11; Dn 10:1
  • +Yes 48:14
  • +2Ng 36:22, 23; Ezr 6:3; Yes 45:13

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 3

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 44:1It 17:1, 7; 35:10, 11; Yes 41:8
Yes. 44:2Yes 43:1; 44:21
Yes. 44:2Yes 41:10; Yr 30:10
Yes. 44:2Gus 32:15; 33:5, 26
Yes. 44:3Yes 41:17
Yes. 44:3Yes 32:14, 15
Yes. 44:4Yes 61:11
Yes. 44:5Zk 13:9
Yes. 44:6Gus 33:5; Yes 33:22
Yes. 44:6Kv 6:6; Yr 50:34
Yes. 44:6Yes 41:4; 48:12; Ivh 22:13
Yes. 44:6Gus 4:35, 39; Yes 43:10
Yes. 44:7Yes 46:9
Yes. 44:7Yes 43:9; 45:21
Yes. 44:8Yes 41:10
Yes. 44:8Yes 43:10
Yes. 44:8Gus 32:4; 2Sm 22:32
Yes. 44:9Abc 10:14; 1Bm 18:26; 1Kr 8:4
Yes. 44:9Zb 115:4, 5
Yes. 44:9Yr 51:17
Yes. 44:10Yr 10:5; Ivk 19:26
Yes. 44:111Sm 5:3, 7
Yes. 44:12Yes 40:19; 41:7; 46:6
Yes. 44:13Kv 20:4; Gus 4:15, 16; Ivk 17:29
Yes. 44:13Gus 27:15
Yes. 44:14Yes 40:20; Yr 10:3
Yes. 44:15Kv 20:4, 5; Lw 26:1; Hab 2:18, 19
Yes. 44:17Yes 37:37, 38; 45:20; 46:7
Yes. 44:18Yr 10:8, 14; Rm 1:21-23
Yes. 44:19Gus 27:15
Yes. 44:21Yes 43:1; 44:1
Yes. 44:21Yes 49:15
Yes. 44:22Zb 51:1; 103:12; Yes 1:18; 43:25; Yr 33:8; Ivk 3:19
Yes. 44:22Yes 1:27; 48:20; 59:20
Yes. 44:23Yes 49:13; 55:12
Yes. 44:23Yes 60:21
Yes. 44:24Yes 44:6
Yes. 44:24Yb 26:7; Yes 40:22
Yes. 44:24Yes 42:5; 48:13
Yes. 44:25Hs 9:7
Yes. 44:252Sm 15:31; Yes 29:14
Yes. 44:26Yos 23:14; Yes 55:10, 11; Zk 1:6
Yes. 44:26Zb 147:2
Yes. 44:26Yes 60:10
Yes. 44:26Yes 61:4
Yes. 44:27Yes 42:15; Yr 50:38; Ivh 16:12
Yes. 44:28Ezr 1:1, 2; Yes 41:25; 45:1; 46:11; Dn 10:1
Yes. 44:28Yes 48:14
Yes. 44:282Ng 36:22, 23; Ezr 6:3; Yes 45:13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 44:1-28

Yesaya

44 Ubu rero niwumvirize, ewe Yakobo musavyi wanje,

na wewe Isirayeli, uwo natoye+.

 2 Yehova, Umwe yakuremye* akakubumba+,

Umwe yagufashije kuva ukivuka*, avuze ati:

“Ntutinye, musavyi wanje Yakobo+,

nawe Yeshuruni*+, uwo natoye.

 3 Kuko nzosuka amazi ku wunyotewe*+,

ntume imigezi itemba ahantu humye.

Nzosuka impwemu yanje ku ruvyaro* rwawe+,

n’umuhezagiro wanje ku bagukomokako.

 4 Bazonaga nk’ivyatsi bitoto+,

nk’ibiti vy’imyarava* biri iruhande y’imigezi y’amazi.

 5 Umwe azovuga ati: ‘Jewe ndi uwa Yehova+’,

uwundi yiyite izina rya Yakobo.

Uwundi na we azokwandika ku kuboko kwiwe ngo: ‘Uwa Yehova’,

kandi azokwiyitirira izina rya Isirayeli.”

 6 Yehova wa Mwami+ akaba n’Umucunguzi+ wa Isirayeli,

Yehova Nyeningabo, avuze ati:

“Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma+.

Nta yindi Mana atari jewe+.

 7 Ni nde ameze nkanje+?

Nasemerere abivuge, ampe ibimenyamenya+.

Navuge ibigira bibe

avuge n’ibizoba,

nk’uko nabigize kuva igihe nashiraho ihanga rya kera.

 8 Ntimutinye

kandi ntimutekerwe n’ubwoba+.

Mbega umwe wese muri mwebwe sinabimubwiye imbere y’igihe, nkabimumenyesha?

Muri ivyabona vyanje+.

Hari iyindi Mana atari jewe?

Oya, nta kindi Gitandara kiriho+. Nta co nzi.”»

 9 Abo bose babaza ibishusho nta co bamaze.

N’ibintu vyabo bikundira cane nta co bizomara+.

Ni ivyabona* ata co bibona kandi ata co bizi+,

ni co gituma ababihinguye bazomaramara+.

10 Ni nde yohingura imana canke ngo akore igishusho mu cuma*,

kandi ata co kimaze+?

11 Raba! Abifatanya na bo bose bazomaramara+.

Abanyamyuga b’abahinga ni abantu buntu.

Bose nibakoranire hamwe bafate ivyicaro.

Bazogira ubwoba bwinshi, bamaramarire hamwe.

12 Umucuzi ashira icuma ku makara akagihingura akoresheje igikoresho ciwe.

Aragihingura akoresheje inyundo zitandukanye,

akagitunganya akoresheje ukuboko kwiwe kw’inkomezi+.

Mu nyuma arasonza, inguvu zikamuherana.

Kubera atanyoye amazi, araruha.

13 Uwubaza ibiti arapima igiti akoresheje umugozi,

akagicapako ishusho akoresheje ingwa itukura.

Arakibaza neza akoresheje akuma*, akagicapako akoresheje agacamuzingi.

Araheza akagiha ishusho nk’iy’umuntu+

n’ubwiza nk’ubw’umuntu, kugira agitereke mu nzu*+.

14 Hari uwujejwe igikorwa c’ukwicira amasederi.

Arahitamwo ubwoko kanaka bw’igiti, igiti c’umweloni,

akakireka kigakomera kiri mu bindi biti vyo mu kibira+.

Atera igiti c’umworeni, imvura ikagikuza.

15 Kiraheza kikaba inkwi umuntu acana.

Afata zimwe muri zo akazikoresha mu kwisusurutsa,

agacana umuriro, akotsa umukate.

Mugabo aragihinguramwo n’imana akayisenga.

Akibazamwo igishusho, akacunamira+.

16 Afata igice ca nya giti akagicana,

akotsako* inyama arya, maze agahaga.

Vyongeye arisusurutsa akavuga ati:

«Aho rero! Ndasusurutse, mbonye agacanwa.»

17 Mugabo igice gisigaye agikoramwo imana, igishusho yabaje.

Aracunamira akagisenga.

Aragisenga, akavuga ati:

«Nkiza kubera uri imana yanje+.»

18 Nta na kimwe bazi, nta na kimwe batahura+,

kuko amaso yabo yugaye bakaba badashobora kubona,

n’umutima wabo ukaba ata bukerebutsi* ufise.

19 Nta n’umwe yiyumvira mu mutima

canke afise ubumenyi n’ugutegera, ngo yibwire ati:

«Igice kimwe c’iki giti nagicanye,

amakara yaco ndayotsako umukate, notsako* n’inyama ndya.

None igice caco gisigaye ndagikoremwo ikintu gishisha+?

Nje ng’aho nsenge ingegene y’igiti*?»

20 Ameze nk’umuntu arya iminyota.

Umutima wiwe wahuvye waramuzimije.

Ntashobora kwikiza, canke ngo avuge ati:

«Iki mfise mu kuryo kwanje si uruhendo?»

21 «Niwibuke ivyo bintu, ewe Yakobo, na wewe Isirayeli,

kuko uri umusavyi wanje.

Narakubumvye, kandi uri umusavyi wanje+.

Ewe Isirayeli, sinzokwibagira+.

22 Nzokuraho amakosa yawe amere nk’ayapfutswe n’igicu+,

n’ibicumuro vyawe bimere nk’aho noba nabipfukishije igicu kizitanye.

Nungarukeko kuko nzogucungura+.

23 Niwihe akamo k’umunezero wa juru we,

kuko Yehova yahaserutse!

Yemwe bibanza vy’ibwina mw’isi, nimukome akaruru k’intsinzi!

Nimwihe akamo k’umunezero mwa misozi mwe+,

nawe kibira n’ibiti vyawe vyose!

Kuko Yehova yacunguye Yakobo,

ubwiza bwiwe buhebuje akabwerekanira kuri Isirayeli+.»

24 Yehova wa Mucunguzi wawe+,

Umwe yakubumba ukiri mu nda, avuze ati:

«Ndi Yehova uwaremye vyose.

Ijuru nararishanje jenyene+,

nsasa isi+.

Hari uwo twari kumwe?

25 Ndavuruga ibimenyetso vy’abahanuzi b’ikinyoma*,

kandi ndi Umwe atuma abaraguzi bakora nk’abasazi+.

Ndi Umwe atuma abantu b’inkerebutsi babura ico bafata n’ico bareka,

agatuma ubumenyi bwabo buhinduka ubujuju+.

26 Ndi Umwe atuma ijambo ry’umusavyi wiwe riranguka,

agashitsa akantu kose intumwa ziwe zari zaravuze+.

Ndi Umwe avuga ku bijanye na Yeruzalemu ati: “Hazoba abantu+”,

no ku bisagara vy’Ubuyuda ati: “Bizosubira kwubakwa+,

kandi ahasambutse hazosanurwa+.”

27 Ndi Umwe abwira amazi yo mw’ibenga ati: “Kama*,

n’inzuzi zanyu zose nzozikamya+.”

28 Ndi Umwe avuga ku bijanye na Kuro+ ati: “Ni umwungere wanje,

kandi azoshitsa neza ivyo ngomba vyose+.”

Ndi Umwe avuga ku bijanye na Yeruzalemu ati: “Hazosubira kwubakwa”,

no ku bijanye n’urusengero ati: “Umushinge wawe uzoshingwa+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika