Yesaya
45 Ibi ni vyo jewe Yehova mbwiye Kuro+, uwo natoye*,
uwo mfashe ukuboko kw’ukuryo+
ngo ntume amahanga amuyobokera+,
kugira ngo nake ibirwanisho* abami,
kugira ngo nugurure imbere yiwe ya miryango y’inzugi zibirizibiri,
kugira amarembo ntazokwugarwe:
Nzomenagura imiryango y’umujumpu,
mvunagure ivyugazo vy’icuma+.
3 Nzoguha amatungo ari mu mwiza,
n’amatungo anyegejwe mu bibanza vyihishije+,
kugira ngo umenye yuko ndi Yehova,
Imana ya Isirayeli, Umwe aguhamagaye mw’izina ryawe+.
4 Ndaguhamagaye mw’izina
kubera umusavyi wanje Yakobo no kubera Isirayeli uwo natoye.
Ndaguhaye izina ry’icubahiro naho utari unzi.
5 Ndi Yehova, kandi nta wundi ariho.
Nta yindi Mana atari jewe+.
Nzogukomeza* naho utari unzi,
6 kugira ngo kuva iyo izuba riserukira gushika iyo rirengera*,
abantu bamenye
yuko ata wundi ariho atari jewe+.
Ndi Yehova, kandi nta wundi ariho+.
Isi niyuguruke yame ubukiriro,
muri uwo mwanya nyene itume n’ubugororotsi bunaga+.
Jewe Yehova, ni jewe nabiremye.»
Mbega ibumba ryobwira Umubumvyi* ngo: «Uriko ukora iki+?»
Canke ikintu wakoze covuga ngo: «Nta maboko agira*»?
10 Aragowe uwubwira se ati: «Wamvyariye iki?»,
akabwira nyina ati: «Kubera iki wanyibarutse*?»
11 Yehova, wa Mweranda wa Isirayeli+ akaba n’Umubumvyi wiwe, avuze ati:
«Mwompaririza ku bijanye n’ibigira bibe,
mukampa amategeko ku bijanye n’abana banje+ canke ivyo nakoze n’amaboko yanje?
12 Nararemye* isi+, ndema n’umuntu ayibako+.
Ni we azokwubaka igisagara canje+,
akarekura abantu banje bari mu bunyagano+ ata co arihishije kandi ata giturire asavye+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
14 Yehova avuze ati:
«Inyungu* ya Misiri, ibidandazwa* vya Etiyopiya n’abantu barebare b’Abasabeya,
bazoza iwawe babe abawe.
Bazogendera inyuma yawe baboheshejwe iminyororo.
Bazoza bakwunamire+, bakubwire n’icubahiro bati:
“Vy’ukuri Imana iri kumwe nawe+,
kandi nta yindi iriho, nta yindi Mana iriho.”»
17 Mugabo mwebwe Abisirayeli, muzokizwa na Yehova ibihe vyose+.
Ntimuzomaramara canke ngo muteterwe ibihe vyose+.
18 Kuko Yehova, Umuremyi w’ijuru+, we Mana y’ukuri,
we yabumvye isi akayirema* akayikomeza+, ntayiremere ubusa*
mugabo akayirema ngo ibeko abantu+,
avuze ati:
«Ndi Yehova, kandi nta wundi ariho.
19 Sinavugiye mu kibanza cihishije+, mu gihugu c’umwiza.
Sinabwiye uruvyaro* rwa Yakobo nti:
“Nimundonderere ubusa.”
Ndi Yehova, umwe avuga ibigororotse, akamenyesha ibitunganye+.
20 Nimukoranire hamwe muze.
Nimwegere mwese mwebwe abacitse kw’icumu mukava mu mahanga+.
Abagenda bikoreye ibishusho vy’ibibazano nta na kimwe bazi,
kandi basenga imana idashobora kubakiza+.
21 Nimutange ivyiyumviro vyanyu, mushikirize imburano zanyu.
Nimuje hamwe muje inama.
Ibi ni nde yabivuze kuva kera
akabimenyekanisha kuva kera na rindi?
None si jewe Yehova?
22 Nimungarukeko mukizwe+, mwese abo ku mpera z’isi,
kubera ari jewe Mana kandi akaba ata yindi iriho+.
amavi yose azompfukamira,
ururimi rwose ruzorahira ko ruzonyobokera+.
24 Bazovuga bati: “Ni ukuri, kwa Yehova ni ho hari ubugororotsi nyakuri n’inkomezi.
Abamushavurira cane bose bazoza imbere yiwe bamaramara.