71 Ewe Yehova, ni wewe mpungirako.
Ese ntokwigera maramara+!
2 Nunkize, untabare kubera ubugororotsi bwawe.
Nuntege ugutwi kandi untabare+.
3 Numbere igitandara gikomeye,
ahantu nshobora kwama mpungira.
Nutange itegeko ryo kundokora,
kuko uri igitandara canje n’igihome canje gikomeye+.
4 Ewe Mana yanje, nundokore mu kuboko kw’ababisha+,
unkure mu vyara vy’abancinyiza bampora ubusa.
5 Nkako, ni wewe cizigiro canje, ewe Mukama Segaba Yehova.
Ni wewe namye nizigira kuva nkiri muto+.
6 Ni wewe nishimikiza kuva nkivuka.
Ni wewe wankuye mu nda ya mama+.
Nama ndagushemeza.
7 Benshi bambona nk’igitangaro,
ariko ni wewe buhungiro bwanje bukomeye.
8 Akanwa kanje kuzuye amashemezo yawe+.
Nzoyaga ubwiza bwawe burinde bwira.
9 Ntumpebe mu gihe c’ubusaza+,
kandi ntunte igihe utuguvu turiko turahera+.
10 Abansi banje bamvuga nabi.
Abarondera kunyica bangiriye inama+,
11 bavuga bati: «Imana yamuhevye.
Mwome inyuma mumufate, kuko atagira gitabara+.»
12 Ewe Mana, ntugume kure yanje.
Ewe Mana yanje, nunyaruke untabare+.
13 Ese abo bose bandwanya
bomaramara bagahona+.
Abo bose banyipfuriza ivyago
nibamaramare barye ivyatsi+.
14 Ariko jewe nzoguma ndakurindiriye.
Nzorushirizaho kugushemeza.
15 Akanwa kanje kazovuga ubugororotsi bwawe+,
kazotangaza ingene ukiza burinde bwira,
naho ukiza mu buryo bwinshi ntoshobora gutahura+.
16 Ewe Mukama Segaba Yehova,
nzoza mvuge ibikorwa vyawe vy’ububasha.
Nzovuga ubugororotsi bwawe, wewe wenyene.
17 Ewe Mana, waranyigishije kuva nkiri muto+,
kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe bitangaje+.
18 Ewe Mana, ntumpebe naho nshaje nkaba maze kumera imvi+.
Nureke mbwire ubushobozi bwawe urunganwe ruzokurikira,
mbwire ububasha bwawe abazovuka mu nyuma+.
19 Ewe Mana, ubugororotsi bwawe bushika hejuru+.
Wakoze ibintu bitangaje.
Ni nde ameze nkawe ga Mana+?
20 Naho watumye mbona amarushwa n’ivyago vyinshi+,
nusubire ungarurire udutege.
Nunduze unkure mu nyenga y’isi+.
21 Niwongereze iteka ryanje,
unkingire wongere umpoze.
22 Nanje nzoheza ngushemeze n’igicurarangisho c’imirya,
kuko uri umwizigirwa, ewe Mana yanje+!
Nzokuririmbira amashemezo n’inanga,
ewe Mweranda wa Isirayeli!
23 Nzovuza impundu ndiko ndakuririmbira amashemezo+,
kuko warokoye ubuzima bwanje+.
24 Nzovuga ubugororotsi bwawe burinde bwira+,
kuko abarondera kunyica bazomaramara, bakarya ivyatsi+.