Yesaya
52 Vyuka, vyuka! Ambara inkomezi+, ewe Siyoni+!
Ambara impuzu zawe nziza+, ewe Yeruzalemu gisagara ceranda!
Kuko uwutagenyerewe* n’uwuhumanye batazokwongera kwinjira iwawe+.
2 Ikunkumure umukungugu, uhaguruke maze ufate icicaro, ewe Yeruzalemu!
Tekurura imigozi* waboheshejwe mw’izosi, ewe mukobwa wa Siyoni wagizwe imbohe+!
3 Kuko Yehova avuze ati:
4 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati:
«Mu ntango abantu banje bamanutse mu Misiri kubayo ari abanyamahanga+,
maze Abashuri barabacinyiza ata mvo.»
5 «None ubu nkore iki?» ni ko Yehova avuze.
«Kuko abantu banje bajanywe kuri gusa.
Ababaganza baguma biha akamo bigamba+», ni ko Yehova avuze,
«kandi izina ryanje riguma risuzugurwa+ bukarinda bwira.
6 Ku bw’iyo mvo, abantu banje bazomenya izina ryanje+.
Ku bw’iyo mvo, kuri uwo musi bazomenya ko ari je ndiko ndavuga.
Emwe ni jewe!»
7 Ewe kuntu biteye igomwe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza+,
uwutangaza amahoro+,
uwuzanye inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta,
uwutangaza ubukiriro,
akabwira Siyoni ati: «Imana yawe ibaye Umwami+!»
8 Umviriza! Inderetsi zawe zishize ijwi hejuru.
Zihaye akamo k’umunezero icarimwe,
kuko zizovyibonera neza* Yehova niyagarukana ab’i Siyoni.
10 Yehova azinze impuzu ngo yereke amahanga yose ukuboko kwiwe kweranda+.
Abo ku mpera zose z’isi bazobona ingene Imana yacu idukiza*+.
11 Nimuhindukire, nimuhindukire muveyo+. Ntimukore ku gihumanye na kimwe+.
12 Nimwagenda ntimuzota umutwe
canke ngo muhunge,
kuko Yehova azobaja imbere+,
kandi Imana ya Isirayeli izogendera inyuma yanyu ibakingire+.
13 Raba! Umusavyi wanje+ azokorana ubukerebutsi*.
Azoshirwa hejuru, aduzwe,
aninahazwe cane+.
14 Benshi baramuravye bumiwe
kuko mu maso hiwe hononywe kuruta ah’uwundi muntu wese,
n’ubwiza bwiwe butangaje burononwa kuruta ubw’abandi bantu.