106 Shemeza Yehova!
Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.
Urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
2 Ni nde yoshobora gutangaza ibikorwa vyose vy’ububasha vya Yehova,
canke akamenyekanisha ibikorwa vyiwe vyose bibereye gushemezwa+?
3 Hahiriwe abakurikiza ubutungane,
bakama bakora ibigororotse igihe cose+.
4 Ewe Yehova, nunyibuke igihe ugirira neza abantu bawe+.
Nunyitwararike wongere undokore,
5 kugira ninovore ivyiza ugirira abantu witoreye+,
kugira nezeranwe n’ihanga ryawe
kandi ndagushemeze mpimbawe ndi kumwe n’intoranwa yawe.
6 Twaracumuye nka ba sokuruza bacu+.
Twarakoze nabi, twakoze ivy’ububisha+.
7 Ba sokuruza bacu ntibakengurutse ibikorwa bitangaje wakoreye mu Misiri.
Ntibibutse urukundo rwawe rwinshi,
ahubwo barakugararije ku kiyaga, ca kiyaga Gitukura+.
8 Ariko Imana yarabakijije kubera izina ryayo+,
kugira ububasha bwayo bumenyekane+.
9 Yarakankamiye ikiyaga Gitukura gica kirakama.
Iraheza ibacisha mu nyenga nk’abariko baca mu bugaragwa+.
10 Yabakuye mu maboko y’ababarwanya+,
ibarokora mu maboko y’abansi+.
11 Amazi yarapfutse ababarwanya,
nta n’umwe muri bo yarokotse+.
12 Nuko bizigira ivyo yasezeranye+
maze batangura kuyiririmbira amashemezo+.
13 Ariko baciye bibagira ningoga ivyo yabakoreye+,
ntibarindiriye ngo ibereke ico bokora.
14 Baratwawe n’ivyipfuzo vy’ubwikunzi bari mu gahinga+
maze bagerageza Imana mu bugaragwa+.
15 Yarabahaye ivyo basavye,
ariko ica ibateza ikiza catumye bahona+.
16 Batangura kugirira ishari Musa bari mw’ikambi
hamwe na Aroni+, wa mweranda wa Yehova+.
17 Isi yaciye yasama imira Datani,
ipfuka n’abari bashigikiye Abiramu+.
18 Umuriro waciye uturira akagwi kabo,
urubeya rurigata abo babisha+.
19 Vyongeye, barakoze igishusho c’inyana i Horebu,
bunamira igishusho gikozwe mu cuma+.
20 Bafashe ubuninahazwa bw’Imana yabo
babukaba n’ishusho y’impfizi y’inka irya ivyatsi+.
21 Baribagiye Imana+ yo Mukiza wabo,
imwe yakora ibintu bihambaye mu Misiri+,
22 ibikorwa bitangaje mu gihugu ca Hamu+
hamwe n’ibikorwa biteye akoba ku kiyaga Gitukura+.
23 Yagira itange itegeko ryo kubatikiza,
ariko Musa uwo yatoye aca arayitakambira
kugira itsinde ishavu ryayo ntibahonye+.
24 Hanyuma basuzugura ca gihugu ciza cane+,
ntibizera ivyo Imana yasezeranye+.
25 Bagumye bidogera mu mahema yabo+,
ntibumviriza ijwi rya Yehova+.
26 Nuko aduza ukuboko kwiwe, ararahira
ko azobahonereza mu bugaragwa+,
27 be n’uko ababakomokako bazogwa mu mahanga
kandi akabashwiragiza mu bindi bihugu+.
28 Nuko batangura gusenga Bayali y’i Peyori+,
barya no ku bimazi bishikanirwa abapfuye.
29 Barasomborokeje Imana kubera ibikorwa vyabo+,
na yo ica ibarungikamwo ikiza+.
30 Ariko igihe Finehasi yahaguruka akagira ico akoze,
ikiza caciye gihagarara+.
31 Ivyo vyatumye abonwa ko ari umugororotsi
ibihe vyose, uko urunganwe rwagiye rurakurikirana+.
32 Barasomborokeje Imana ku mazi y’i Meriba,
bica bigendera nabi Musa kubera bo+.
33 Barashavuje Musa,
na we aca avuga atabanje kwiyumvira+.
34 Ntibazimanganije amahanga+
nk’uko Yehova yari yabibategetse+.
35 Ariko barifatanije n’ayo mahanga+,
bakurikira inzira zayo+.
36 Bagumye basenga ibigirwamana vyayo+,
na vyo biraheza bibabera umutego+.
37 Baratanze abahungu babo
n’abakobwa babo, babashikanira amadayimoni nk’ibimazi+.
38 Bagumye basesa amaraso y’intungane+,
amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,
mu kubashikanira ibigirwamana vy’i Kanani+.
Nuko igihugu kirahumana kubera ugusesa amaraso.
39 Barihumanije kubera ibikorwa vyabo.
Barahemukiye Imana kubera ibikorwa vyabo+.
40 Yehova yaciye ashavurira cane abantu biwe,
yanka urunuka intoranwa yiwe.
41 Yarabatanze kenshi mu maboko y’amahanga+,
kugira ngo ababanka babaganze+.
42 Abansi babo barabacinyije
kandi barabaganza.
43 Yarabarokora kenshi+,
ariko baguma bagarariza kandi bakagambarara+,
maze bagacishwa bugufi kubera amakosa yabo+.
44 Ariko yarabona umubabaro wabo+,
akumva amaborogo yabo+.
45 Yaribuka isezerano yagiraniye na bo,
akabumvira ikigongwe kubera urukundo rwiwe rwinshi+.
46 Yaca atuma n’ababagize imbohe bose
babumvira ikigongwe+.
47 Ewe Yehova Mana yacu, dukize+,
udukoranye udukuye mu mahanga+
kugira dutazire izina ryawe ryeranda
kandi tugushemeze twigina+.
48 Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwe
gushika ibihe bidahera+.
Kandi abantu bose nibavuge bati: «Amen!»
Shemeza Yehova!