Yesaya
30 Yehova avuze ati: «Baragowe abana b’intagondwa+
bashitsa imigambi itari rwanje+,
bakagira amasezerano* batayobowe n’impwemu yanje,
kugira ngo bongere igicumuro ku kindi.
2 Bamanuka mu Misiri+ batabanje kumpanuza*+,
bakaja kwa Farawo ngo abakingire*,
bakaronderera ubuhungiro mu gitutu ca Misiri.
3 Mugabo gukingirwa na Farawo kuzotuma mumaramara,
ubuhungiro murondera mu gitutu ca Misiri butume muteterwa+.
5 Bose bazomaramazwa
n’ihanga ata co rishobora kubamarira,
ata co ryobafasha canke ngo rigire ico ribamariye
atari ukubamaramaza no kubateza isoni+.»
6 Ng’uru urubanza rwaciriwe ibikoko vyo mu bumanuko:
Batwara amatungo yabo ku migongo y’indogobwa,
ibintu vyabo bakabitwara ku mapfupfu y’ingamiya,
bagaca mu gihugu c’amarushwa n’ingorane,
c’intambwe, intambwe iroha,
c’imamba n’inzoka y’umuriro iguruka*.
Mugabo ivyo bintu nta co bizomarira abantu.
7 Imfashanyo ya Misiri nta co imaze namba+.
Ni co gituma Misiri nayise «Rahabu+ yiyicariye aho gusa.»
8 «Genda rero uvyandikire imbere yabo ku gisate,
uvyandike no mu gitabu+,
kugira ngo muri kazoza
bizokwame ari icabona+.
10 Babwira abahishurirwa n’Imana* ngo: “Ntimuhishurirwe”,
bakabwira aberekwa ngo: “Ntimutubwire ibintu vy’ukuri mweretswe+.
Nimutubwire ibintu bituryohera*, mwerekwe ibintu vy’uruhendo+.
11 Nimuce ku ruhande mute inzira.
Nimudukure imbere ivya wa Mweranda wa Isirayeli+.”»
12 Ibi rero ni vyo wa Mweranda wa Isirayeli avuze:
«Ko mudashaka kwumva ijambo ryanje+,
mukizigira ibinyoma n’uruhendo,
bikaba ari vyo mwishimikiza+,
13 ni co gituma iri kosa rizobabera nk’uruhome rwase umugaga,
nk’uruhome rwahengamye ruri mu gutemba.
Ruzosenyuka bukwi na bukwi, mu kanya isase.
14 Ruzomenagurwa nk’umubindi munini w’umubumvyi
ujanjagurika ku buryo ata n’akavunji kawo gasigara
ngo umuntu akarahuze umuriro mu ziko
canke ngo akayoze amazi mu rushanga*.»
15 Kuko Umukama Segaba Yehova, wa Mweranda wa Isirayeli, avuze ati:
«Nimwangarukako mugatekereza, muzokizwa.
Muzogira inkomezi nimwaguma mutekanye kandi mukanyizigira+.»
Mugabo ntimwabishatse+.
16 Ahubwo mwavuze muti: «Oya, tuzohungira ku mafarasi.»
Ari uguhunga muzohunga nyene.
Muti: «Kandi tuzogendera ku mafarasi anyaruka+.»
N’ababirukako bazonyaruka+.
17 Abantu 1.000 bazoterwa ubwoba n’umuntu umwe bajugumire+.
Muzoterwa ubwoba n’abantu batanu muhunge.
Abazoba basigaye bazomera nk’inkingi y’igiti kw’isonga ry’umusozi,
nk’igiti bashinze nk’ikimenyetso ku murambi+.
kuko Yehova ari Imana y’ubutungane+.
Hahiriwe abo bose baguma bamurindiriye*+.
19 Abantu nibaba i Siyoni, ari ho Yeruzalemu+, ntuzogenda urize+. Ukimara kumutabaza, azokwumva akugirire ubuntu. Akimara kukwumva, azokwishura+. 20 Naho Yehova azobaha umukate w’amarushwa n’amazi y’agacinyizo+, Umwigisha wawe ahambaye ntazokwongera kwinyegeza. Amaso yawe azokwibonera Umwigisha wawe ahambaye+. 21 Kandi nimwaramuka mugiye iburyo canke ibubamfu+, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga ngo: «Iyi ni yo nzira+. Nimuyigenderemwo.»
22 Muzohumanya ifeza ihometse ku bishusho vyanyu bibajwe n’inzahabu ihometse ku bishusho vyanyu bikozwe mu cuma*+. Muzobishibura nka kurya bashibura impuzu yahumanijwe n’ubutinyanka, mubibwire muti: «Nimumvireho*+!» 23 Azotanga imvura ivomere imbuto wateye mu murima+, kandi ivyo kurya isi izokwimbuka bizoba ari vyinshi kandi vyizavyiza*+. Ico gihe, ibitungwa vyawe bizorisha mu matongo yagutse yo kuragiramwo+. 24 Inka n’indogobwa zirima, bizorya indya z’ibitungwa zirunze umufumbegeti, zagosojwe igipawa n’igikanya. 25 Ku musi wo gusasika inganda bimwe bikomeye, igihe iminara izotemba, hazoba imigezi n’imigende y’amazi+ ku musozi wose muremure no ku murambi wose utaramutse. 26 Umusi Yehova azotubika aho abantu biwe bavunitse*+, agakiza n’uruguma rukaze rwatewe n’inkoni yabakubise+, umuco w’ukwezi kw’igisyo uzomera nk’umuco w’izuba, umuco w’izuba na wo wongerekane incuro indwi+, ungane n’umuco w’imisi indwi.
27 Raba! Izina rya Yehova riraje rivuye kure,
rirurumba ishavu ryiwe kandi rizananye n’ibicu biremereye.
Iminwa yiwe yuzuye ishavu.
Nayo ururimi rwiwe ni nk’umuriro utema ugatongora+.
28 Impwemu yiwe* ni nk’uruzi rwarenze inkombe, amazi yarwo akaduga gushika no kw’izosi,
kugira ngo azungagize amahanga akoresheje ikiyunguruzo c’agatikizo*.
29 Mugabo indirimbo yanyu izomera nk’iyo muririmba mw’ijoro
igihe mwitegurira umusi mukuru*+.
Umutima wanyu uzonezerwa
nka kurya kw’umuntu agendana umwironge*
agiye ku musozi wa Yehova, ku Gitandara ca Isirayeli+.
30 Yehova azokwumvikanisha ijwi ryiwe rikomeye+,
yerekane ukuboko kwiwe+ igihe kuzoba kuriko kuramanukana ishavu rikaze+,
n’urubeya rw’umuriro utema ugatongora+,
n’imvura nyinshi+, n’igihuhusi kirimwo imituragaro be n’urubura+.
32 Igihe cose Yehova azomanura ukuboko
agakubita inkoni Abashuri,
igihe azoduza ukuboko ngo abarwanye mu rugamba+,
hazovuga utugoma n’inanga+.
Ikirundo c’inkwi yakigize kirekire aracagura.
Yateguye umuriro mwinshi n’inkwi nyinshi.
Impemu za Yehova zimeze nk’uruzi rw’umuriro*
zizohadomeka.