Yesaya
10 Baragowe abasohora ingingo ziteza ivyago+,
bakama bategura amategeko yo gucinyiza abandi,
2 kugira ngo bake abakene uburenganzira bwabo*,
ntibatunganirize abarushwa bo mu bantu banje+,
banyage abapfakazi,
4 Nta kindi gisigaye atari ugusutama mu mbohe
canke kugwa mu bishwe.
Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,
ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana+.
5 Ibi ni vyo avuze: «Ehe raba Umwashuri+!
Ni inkoni yo kwerekana ishavu ryanje+.
Ikibando kiri mu kuboko kwiwe na co cerekana uburake bwanje.
6 Nzomutuma kurwanya ihanga ry’abantu bahevye Imana*+,
abantu banteye ishavu.
Nzomutegeka kubanyaga no kubasahura ibintu vyinshi
no kubahonyanga nk’ivyondo mu mabarabara+.
7 Mugabo si vyo azoba yipfuza,
kandi ivyo si vyo azoba yateguye mu mutima wiwe.
Kubera ko mu mutima wiwe yipfuza guhonya
no kurandura amahanga atari make, amahanga menshi.
9 Mbega i Kaluno+ si nk’i Karikemishi+?
I Samariya+ si nk’i Damasiko+?
10 Ukuboko kwanje kwarafashe ubwami bw’imana ata co zimaze,
imana zari zifise ibishusho bibajwe biruta ivy’i Yeruzalemu n’i Samariya+.
11 Mbega uko nzoba nagiriye Samariya n’imana zaho ata co zimaze,
si ko nyene nzogirira Yeruzalemu n’ibigirwamana vyaho+?”
12 Jewe Yehova ninarangiza igikorwa canje kijanye n’umusozi Siyoni n’i Yeruzalemu, nzohana umwami wa Ashuri kubera umutima wiwe utisonera n’amaso yiwe yibona akishira hejuru+. 13 Kuko avuga ati:
“Nzobikora biciye ku nkomezi z’ukuboko kwanje
no ku bukerebutsi* bwanje, kuko nkerebutse.
14 Nka kurya kw’umuntu ashize ukuboko mu cari,
ni ko ukuboko kwanje kuzokwifatira ubutunzi bw’amahanga.
Nka kurya kw’umuntu yegeranya amagi yahebwe,
ni ko nzokwegeranya isi yose.
Nta n’umwe azotababiza amababa canke ngo yugurure umunwa canke ngo ajwire.”»
15 Mbega ishoka yokwihaya ku wuyisatuza?
Umusumeno wokwihaya ku wuwukoresha?
Ikibando+ cozungagiza uwukiduza
canke inkoni ikaduza umuntu kandi atari igiti?
16 Ku bw’ivyo rero, Umukama w’ukuri Yehova Nyeningabo
azotuma abantu biwe* badoshe bonda bagahera+,
acane n’umuriro wo guturira icubahiro ciwe+.
17 Umwe ari Umuco+ wa Isirayeli azoba umuriro+,
Umweranda wiwe abe urubeya.
Umuriro uzorurumba uturire ivyatsi vyiwe bibi n’ibisaka vyiwe vy’amahwa mu musi umwe.
18 Azoherengeteza ubwiza bw’ikibira ciwe n’ubw’umurima wiwe w’ivyamwa.
Bizoba nka kurya umuntu arwaye agenda arahera+.
19 Ibiti bizosigara mu kibira ciwe
bizoba ari bike cane ku buryo n’umwana yoshobora kwandika igitigiri cavyo.
20 Kuri uwo musi, Abisirayeli bazoba basigaye,
abakomotse kuri Yakobo bazoba barokotse,
ntibazokwongera kwishimikiza uwabakubita+,
ahubwo bazokwishimikiza Yehova,
wa Mweranda wa Isirayeli, badahemuka.
22 Ewe Isirayeli, naho abantu bawe
boba benshi nk’udutete tw’umusenyi wo ku kiyaga,
amasigarira yabo gusa ni yo azogaruka+.
24 Ni co gituma Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze ati: «Bantu banje muba i Siyoni, ntimutinye kubera Umwashuri yahora abakubita inkoni+, akaduza ikibando nk’uko Misiri yagira+. 25 Kuko hasigaye akanya gatoyi cane simbe nkiratse. Ishavu ryanje rizohonya Abashuri+. 26 Yehova Nyeningabo azobakubitisha ikimoko+ nka ca gihe yatsindira Midiyani iruhande y’igitandara ca Orebu+. Azoduza ikibando ciwe hejuru y’ikiyaga, akiduze nk’uko yabigize mu Misiri+.
27 Uwo musi umutwaro w’Umwashuri uzokuva ku rutugu+,
30 Mukobwa w’i Galimu, koma induru usemerere!
Uriyubara Layisha!
Ewe Anatoti+ urigorewe!
31 Ab’i Madumena bahunze,
ab’i Gebimu barondera ubuhungiro.
32 Uyu musi nyene Umwashuri ahagarara i Nobu+.
Ariko azungagiza igipfunsi atera ubwoba umusozi w’umukobwa wa Siyoni,
umurambi Yeruzalemu yubatseko.