ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 32
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Umwami n’abatware bazoganza mu butungane nyakuri (1-8)

      • Abagore ata co binona bagabishwa (9-14)

      • Imihezagiro izoboneka impwemu niyasukwa (15-20)

Yesaya 32:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku bw’ubugororotsi.»

  • *

    Canke «abaganwa.»

  • *

    Canke «ku bw’ubutungane.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:10; Zb 2:6; Lk 1:32, 33; Yoh 1:49
  • +Zb 45:6; 72:1; Yes 9:7; 11:4, 5; Yr 23:5; Zk 9:9; Heb 1:9; Ivh 19:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 164-166

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2007, rup. 25

    1/3/1999, rup. 25

    1/8/1998, rup. 30-31

Yesaya 32:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «guhungira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 35:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 20

    Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu,

    1/2017, rup. 3

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2014, rup. 16

    1/3/1999, rup. 25

    Niwiyegereze, rup. 166-167

Yesaya 32:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 35:6

Yesaya 32:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «aremeshe ubuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mik 2:1

Yesaya 32:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 5:26; Mik 7:3
  • +1Bm 21:9, 10

Yesaya 32:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «gukora ibintu biteye iteka.»

Yesaya 32:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 3:16

Yesaya 32:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Int 2:12; Zf 1:13

Yesaya 32:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 3:24

Yesaya 32:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ibimera bifise amahwa.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 22:2; Int 2:15

Yesaya 32:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:9, 10
  • +2Ng 27:1, 3; Neh 3:26
  • +Yes 27:10

Yesaya 32:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 44:3
  • +Yes 29:17; 35:1, 2

Yesaya 32:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 42:1, 4; 60:21

Yesaya 32:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 119:165; Yes 55:12
  • +Ezk 37:26; Mik 4:3, 4

Yesaya 32:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 60:18; 65:22; Yr 23:6; Ezk 34:25; Hs 2:18

Yesaya 32:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mukazitura.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 30:23, 24

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 32:1It 49:10; Zb 2:6; Lk 1:32, 33; Yoh 1:49
Yes. 32:1Zb 45:6; 72:1; Yes 9:7; 11:4, 5; Yr 23:5; Zk 9:9; Heb 1:9; Ivh 19:11
Yes. 32:2Yes 35:6
Yes. 32:4Yes 35:6
Yes. 32:6Mik 2:1
Yes. 32:7Yr 5:26; Mik 7:3
Yes. 32:71Bm 21:9, 10
Yes. 32:9Yes 3:16
Yes. 32:10Int 2:12; Zf 1:13
Yes. 32:11Yes 3:24
Yes. 32:13Yes 22:2; Int 2:15
Yes. 32:142Bm 25:9, 10
Yes. 32:142Ng 27:1, 3; Neh 3:26
Yes. 32:14Yes 27:10
Yes. 32:15Yes 44:3
Yes. 32:15Yes 29:17; 35:1, 2
Yes. 32:16Yes 42:1, 4; 60:21
Yes. 32:17Zb 119:165; Yes 55:12
Yes. 32:17Ezk 37:26; Mik 4:3, 4
Yes. 32:18Yes 60:18; 65:22; Yr 23:6; Ezk 34:25; Hs 2:18
Yes. 32:20Yes 30:23, 24
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 32:1-20

Yesaya

32 Raba! Umwami+ azoganza mu bugororotsi*+,

abatware* na bo batware mu butungane*.

 2 Umwe wese azoba nk’ahantu ho kwikinga umuyaga,

nk’ahantu ho kwugama* imvura y’igihuhusi,

nk’imigezi y’amazi mu gihugu kitagira amazi+,

nk’igitutu c’urutare amahero mu gihugu cumye.

 3 Amaso y’ababona ntazosubira kwugarwa,

kandi amatwi y’abumva azokwumviriza.

 4 Umutima w’abahuruduka uzozirikana ubumenyi,

n’ururimi rugigimiza ruvuge neza kandi rutobora+.

 5 Umuntu w’imburabwenge ntazoba acitwa umutanzi,

nayo umuntu ata co yibanga ntazokwitwa umunyacubahiro.

 6 Kuko umuntu w’imburabwenge azovuga ibitagira umutwe n’amaguru,

kandi umutima wiwe uzokwiyumvira ibintu bibi+.

Azobigira kugira aremeshe abandi guheba Imana* no kuvuga ibintu bigoramye birwanya Yehova,

kugira ngo atume uwushonje ataronka ico arya,

n’uwunyotewe abura ico anywa.

 7 Umuntu ata co yibanga akoresha uburyo bubi+.

Aremesha inyifato iteye isoni

kugira agirire nabi umugorwa n’umukene akoresheje ibinyoma+,

mbere naho boba bavuga ukuri.

 8 Nayo uwutanga, yiyumvira ivyo kugirira neza abandi,

akaguma arondera gukora iciza*.

 9 «Yemwe bagore ata co mwinona, nimuhaguruke mwumvirize ijwi ryanje!

Yemwe bakobwa ata co munezwe+, nimutege amatwi ivyo mvuga!

10 Mu mwaka n’imisi mikeyi, mwebwe ata co munezwe muzojugumira,

kuko iyimbura ry’inzabibu rizohera ata vyamwa mwegeranije+.

11 Nimuhinde agashitsi, yemwe bagore ata co mwinona!

Nimujugumire mwebwe ata co munezwe!

Nimwiyambure impuzu musigare muri gusa,

mukenyere igunira+.

12 Nimwikubite mu gikiriza,

muririre imirima myiza n’umuzabibu wama.

13 Kuko imirima y’abantu banje izokwuzura amahwa n’ibihandambwa*.

Bizokwuzura amazu yose yarangwamwo umunezero,

vyuzure igisagara cahoramwo ukwigina+.

14 Kuko umunara ukomeye watawe,

n’igisagara cuzuyemwo urwamo kigahebwa+.

Ofeli+ n’umunara w’inderetsi bisigaye ari agahinga ubutakivayo,

ahantu indogobwa zo mw’ishamba zikundira,

ahantu amasho aragirirwa+.

15 Bizoguma ukwo gushika dusutsweko impwemu ivuye hejuru+,

ubugaragwa bugasigara ari umurima w’ivyamwa,

uwo murima w’ivyamwa na wo ugasigara ubonwa nk’ikibira+.

16 Ubutungane buzoheza rero bube mu bugaragwa,

n’ubugororotsi bwibere mu murima w’ivyamwa+.

17 Ubugororotsi nyakuri buzotuma haba amahoro+.

Ubugororotsi nyakuri buzozana impore n’umutekano birama+.

18 Abantu banje bazokwibera ahantu h’amahoro,

mu mazu atekanye n’ahantu ho kuruhukira hatagira inkomanzi+.

19 Mugabo urubura ruzotsinda hasi ikibira,

igisagara na co gisenyurirwe hasi cose.

20 Murahiriwe mwebwe mubiba imbuto ku nkengera y’amazi yose,

mukarekura* impfizi n’indogobwa+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika