Yesaya
2 Umwe wese azoba nk’ahantu ho kwikinga umuyaga,
nk’ahantu ho kwugama* imvura y’igihuhusi,
nk’imigezi y’amazi mu gihugu kitagira amazi+,
nk’igitutu c’urutare amahero mu gihugu cumye.
3 Amaso y’ababona ntazosubira kwugarwa,
kandi amatwi y’abumva azokwumviriza.
5 Umuntu w’imburabwenge ntazoba acitwa umutanzi,
nayo umuntu ata co yibanga ntazokwitwa umunyacubahiro.
6 Kuko umuntu w’imburabwenge azovuga ibitagira umutwe n’amaguru,
kandi umutima wiwe uzokwiyumvira ibintu bibi+.
Azobigira kugira aremeshe abandi guheba Imana* no kuvuga ibintu bigoramye birwanya Yehova,
kugira ngo atume uwushonje ataronka ico arya,
n’uwunyotewe abura ico anywa.
7 Umuntu ata co yibanga akoresha uburyo bubi+.
Aremesha inyifato iteye isoni
kugira agirire nabi umugorwa n’umukene akoresheje ibinyoma+,
mbere naho boba bavuga ukuri.
9 «Yemwe bagore ata co mwinona, nimuhaguruke mwumvirize ijwi ryanje!
Yemwe bakobwa ata co munezwe+, nimutege amatwi ivyo mvuga!
10 Mu mwaka n’imisi mikeyi, mwebwe ata co munezwe muzojugumira,
kuko iyimbura ry’inzabibu rizohera ata vyamwa mwegeranije+.
11 Nimuhinde agashitsi, yemwe bagore ata co mwinona!
Nimujugumire mwebwe ata co munezwe!
Nimwiyambure impuzu musigare muri gusa,
mukenyere igunira+.
12 Nimwikubite mu gikiriza,
muririre imirima myiza n’umuzabibu wama.
13 Kuko imirima y’abantu banje izokwuzura amahwa n’ibihandambwa*.
Bizokwuzura amazu yose yarangwamwo umunezero,
vyuzure igisagara cahoramwo ukwigina+.
Ofeli+ n’umunara w’inderetsi bisigaye ari agahinga ubutakivayo,
ahantu indogobwa zo mw’ishamba zikundira,
ahantu amasho aragirirwa+.
15 Bizoguma ukwo gushika dusutsweko impwemu ivuye hejuru+,
ubugaragwa bugasigara ari umurima w’ivyamwa,
uwo murima w’ivyamwa na wo ugasigara ubonwa nk’ikibira+.
17 Ubugororotsi nyakuri buzotuma haba amahoro+.
Ubugororotsi nyakuri buzozana impore n’umutekano birama+.
18 Abantu banje bazokwibera ahantu h’amahoro,
mu mazu atekanye n’ahantu ho kuruhukira hatagira inkomanzi+.
19 Mugabo urubura ruzotsinda hasi ikibira,
igisagara na co gisenyurirwe hasi cose.