Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*. Ni zaburi ya Asafu+.
2 Yehova ni we ndondera ku musi w’amaganya+.
Mw’ijoro nguma ndugije amaboko ndamusenga,
ariko vyanse ko mpozwa.
4 Utuma ntatora agatiro.
Ndahagaritse umutima, sinshobora no kuvuga.
6 Mw’ijoro ndibuka indirimbo yanje*+.
Ndazirikana mu mutima+,
nkarondera nitonze inyishu z’ibi bibazo:
7 Mbega Yehova azoduta ibihe vyose+?
Ntazosubira kutugirira ubuntu+?
8 Mbega urukundo rwiwe* rwaraheze burundu?
None nta n’umwe azokwigera abona iranguka ry’ivyo yasezeranye?
9 Mbega Imana yaribagiye kutugirira ubuntu+,
canke yoba yarahevye kugira imbabazi kubera ishavu? (Sela)
10 Nguma mvuga nti: «Iki ni co kintuntuza*+:
Musumbavyose yarahinduye ukuntu adufata.»
13 Ewe Mana, inzira zawe ni nyeranda.
Ni iyihe mana ihambaye nkawe ga Mana+?
14 Uri Imana y’ukuri, ikora ibintu vy’agatangaza+.
Wareretse amahanga ububasha bwawe+.
ibenga ry’amazi rirahinda agashitsi.
17 Ibicu vyararekuye amazi menshi.
Imituragaro yarasanye mu kirere,
imiravyo yawe iranyuragirana nk’imyampi+.