ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 77
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • Isengesho mu bihe vy’amaganya

        • Nzozirikana ibikorwa vy’Imana (11, 12)

        • «Ni nde ahambaye nkawe ga Mana?» (13)

Zaburi 77:akajambo k’intangamarara

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 35:15

Zaburi 77:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 34:6; Img 15:29

Zaburi 77:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 18:6; 50:15

Zaburi 77:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «impemu zigahera.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 42:5
  • +Zb 143:4

Zaburi 77:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 143:5; Yes 51:9

Zaburi 77:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «indirimbo yanje yo ku bicurarangisho vy’imirya.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 42:8
  • +Zb 77:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2006, rup. 12

Zaburi 77:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 74:1
  • +Zb 79:5

Zaburi 77:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rwiwe rudahemuka (rudahera).»

Zaburi 77:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 49:14; 63:15

Zaburi 77:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kincumita.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 31:22

Zaburi 77:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Zaburi 77:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 16:9; Zb 143:5

Zaburi 77:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 15:11; Zb 89:8

Zaburi 77:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 72:18; Ivh 15:3
  • +Kv 9:16; Yes 52:10; Dn 3:29; 6:26, 27

Zaburi 77:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «waracunguye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 6:6; Gus 9:29

Zaburi 77:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 14:21; Yos 3:16; Zb 114:1-3

Zaburi 77:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 22:15; Zb 144:6

Zaburi 77:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kw’isi yimbuka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 29:3
  • +Zb 97:4
  • +Kv 19:18; 2Sm 22:8

Zaburi 77:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Neh 9:10, 11; Hab 3:15

Zaburi 77:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «biciye ku kuboko kwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 13:21; Zb 78:52
  • +Yes 63:11; Ivk 7:35, 36

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 77:akajambo k’intangamarara2Ng 35:15
Zab. 77:1Zb 34:6; Img 15:29
Zab. 77:2Zb 18:6; 50:15
Zab. 77:3Zb 42:5
Zab. 77:3Zb 143:4
Zab. 77:5Zb 143:5; Yes 51:9
Zab. 77:6Zb 42:8
Zab. 77:6Zb 77:12
Zab. 77:7Zb 74:1
Zab. 77:7Zb 79:5
Zab. 77:9Yes 49:14; 63:15
Zab. 77:10Zb 31:22
Zab. 77:121Ng 16:9; Zb 143:5
Zab. 77:13Kv 15:11; Zb 89:8
Zab. 77:14Zb 72:18; Ivh 15:3
Zab. 77:14Kv 9:16; Yes 52:10; Dn 3:29; 6:26, 27
Zab. 77:15Kv 6:6; Gus 9:29
Zab. 77:16Kv 14:21; Yos 3:16; Zb 114:1-3
Zab. 77:172Sm 22:15; Zb 144:6
Zab. 77:18Zb 29:3
Zab. 77:18Zb 97:4
Zab. 77:18Kv 19:18; 2Sm 22:8
Zab. 77:19Neh 9:10, 11; Hab 3:15
Zab. 77:20Kv 13:21; Zb 78:52
Zab. 77:20Yes 63:11; Ivk 7:35, 36
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 77:1-20

Zaburi

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*. Ni zaburi ya Asafu+.

77 Nzotakambira Imana n’ijwi ryanje.

Nzotakambira Imana kandi izonyumviriza+.

 2 Yehova ni we ndondera ku musi w’amaganya+.

Mw’ijoro nguma ndugije amaboko ndamusenga,

ariko vyanse ko mpozwa.

 3 Iyo nibutse Imana, nca numva agahinda+.

Ndabura amahoro, utuguvu tugahera*+. (Sela*)

 4 Utuma ntatora agatiro.

Ndahagaritse umutima, sinshobora no kuvuga.

 5 Nguma niyumvira imisi ya kera+,

imyaka yo mu gihe ca kera cane.

 6 Mw’ijoro ndibuka indirimbo yanje*+.

Ndazirikana mu mutima+,

nkarondera nitonze inyishu z’ibi bibazo:

 7 Mbega Yehova azoduta ibihe vyose+?

Ntazosubira kutugirira ubuntu+?

 8 Mbega urukundo rwiwe* rwaraheze burundu?

None nta n’umwe azokwigera abona iranguka ry’ivyo yasezeranye?

 9 Mbega Imana yaribagiye kutugirira ubuntu+,

canke yoba yarahevye kugira imbabazi kubera ishavu? (Sela)

10 Nguma mvuga nti: «Iki ni co kintuntuza*+:

Musumbavyose yarahinduye ukuntu adufata.»

11 Nzokwibuka ibikorwa vya Yehova*.

Nzokwibuka ibikorwa bitangaje wakoze kera.

12 Nzozirikana ibikorwa vyawe vyose,

niyumvire cane ukuntu ukora+.

13 Ewe Mana, inzira zawe ni nyeranda.

Ni iyihe mana ihambaye nkawe ga Mana+?

14 Uri Imana y’ukuri, ikora ibintu vy’agatangaza+.

Wareretse amahanga ububasha bwawe+.

15 Ukoresheje ububasha* bwawe, wararokoye* abantu bawe+,

uruvyaro rwa Yakobo n’urwa Yozefu. (Sela)

16 Ewe Mana, amazi yarakubonye.

Amazi yarakubonye arajugumira+,

ibenga ry’amazi rirahinda agashitsi.

17 Ibicu vyararekuye amazi menshi.

Imituragaro yarasanye mu kirere,

imiravyo yawe iranyuragirana nk’imyampi+.

18 Ijwi ry’umuturagaro wawe+ ryari rimeze nk’urwamo rw’amapine y’imikogote.

Imiravyo yaramuritse kw’isi yose*+,

isi irahinda agashitsi, irajugumira+.

19 Waraciye inzira mu kiyaga+,

ibarabara hagati mu mazi menshi,

ariko nta wigeze abona aho waciye.

20 Wayoboye abantu bawe nk’ubusho bw’ibitungwa+,

ukoresheje* Musa na Aroni+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika