Yesaya
54 Yehova avuze ati: «Niwihe akamo k’umunezero, yewe mugore w’ingumba utigeze uvyara+!
Nezerwa wihe akamo k’umunezero+, wewe utigeze ugira ububabare bwo kwibaruka+,
kuko abana* b’umugore yatawe ari benshi
2 «Agura ikibanza c’ihema ryawe+.
Sanza ibitambara vy’ihema ryawe rihambaye.
Ntiwitinye. Rehura imigozi y’ihema ryawe,
ukomeze imambo z’ihema ryawe+.
3 Kuko uzokwiragira iburyo n’ibubamfu.
Uruvyaro rwawe ruzokwigarurira amahanga,
kandi ruzoba mu bisagara vyagizwe umusaka+.
Uzokwibagira agateterwe ko mu buto bwawe,
kandi ibimaramare watewe no kuba uri umupfakazi ntuzosubira kuvyibuka.»
5 «Kuko Umuremyi* wawe ahambaye+ ameze nk’umugabo wawe*+.
Yitwa Yehova Nyeningabo,
kandi wa Mweranda wa Isirayeli ni Umucunguzi wawe+.
Azokwitwa Imana y’isi yose+.
6 Kuko igihe jewe Yehova naguhamagara, wari umeze nk’umugore yahebwe kandi yishwe n’intuntu*+,
nk’umugore yarongowe mu buto agaca atabwa», ni ko Imana yawe ivuze.
8 Ishavu ryinshi nari mfise ryatumye ndaguhisha mu maso hanje akanya gatoyi+.
Mugabo kubera ubuntu* bwanje bwamaho nzokugirira imbabazi+», ni ko Umucunguzi wawe+ Yehova avuze.
9 «Kuri jewe ivyo bimeze nko mu misi ya Nowa+.
Kurya nyene narahiye yuko amazi yo mu gihe ca Nowa atazokwongera kurengera isi+,
n’ubu ndarahiye yuko ntazokwongera kugushavurira canke ngo ndagukosore+.
10 Kuko imisozi ishobora kuvaho
n’imirambi ikanyiganyizwa,
ariko urukundo* ndabakunda ntiruzohera+,
n’isezerano ryanje ry’amahoro ntirizonyiganyizwa+», ni ko Yehova avuze, Umwe akwumvira impuhwe+.
11 «Ewe mugore watejwe amarushwa+, ukazungazungishwa n’igihuhusi, ntuhozwe+.
Amabuye yawe ngira ndayubakishe ubudongo bugumye*,
umushinge wawe ndawubakishe amabuye ya safiro+.
12 Iminara yo hejuru ku nzitiro zawe nzoyubakisha amabuye ya rubi,
amarembo yawe ndayubakishe amabuye aca ibibatsi*,
imbibe zawe zose na zo ndazubakishe amabuye y’agaciro.
14 Uzoshinga imizi mu bugororotsi+.
Agacinyizo kazokwigizwa kure yawe+.
Ntuzotinya ikintu na kimwe canke ngo hagire ikikurandura umutima,
kuko kitazokwegera+.
15 Nihagira uwugutera,
si je nzoba ndamutumye.
Uwo wese azogutera ntazotsinda+.»
Ni jewe kandi naremye umuntu ahonya kugira ngo atikize inganda+.
17 Rero nta kirwanisho cakozwe kugira bakurwanye kizororanirwa+.
Kandi ururimi rwose ruzoguhagurukira ngo rukuburanye, uzorutsinda.
Iyo ni yo ntoranwa y’abasavyi ba Yehova,
kandi mbona ko bagororotse», ni ko Yehova avuze+.