ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/7 rup. 4-7
  • Ni Hehe Ushobora Kuronkera Amahoro yo mu Mutima?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Hehe Ushobora Kuronkera Amahoro yo mu Mutima?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Kuki Amahoro Ari Imbonekarimwe?
  • Aho Umuntu Yoronkera Amahoro yo mu Mutima
  • Amahoro yo mu Mutima mw’Isi Idurumbanye
  • Kuronka Amahoro Nyakuri Muri Iki Gihe
  • Woba Ushobora Kuronka Amahoro yo mu Mutima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Woba ushobora kuronka amahoro muri iyi si idurumbanye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yohani 14:27: “Amahoro ndayabasigaranye”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Amahoro—Woyaronka gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/7 rup. 4-7

Ni Hehe Ushobora Kuronkera Amahoro yo mu Mutima?

Hariho amatandukaniro menshi hagati y’igihe cacu n’ica Thoreau, umwe yavugwa mu kiganiro c’imbere y’iki. Itandukaniro rimwe rihambaye ni uko muri iki gihe hadakenye impanuro z’ukuntu tworonka amahoro yo mu muzirikanyi. Abahinga mu vy’inyifato z’abantu, be n’abanditsi b’ibitabu vy’ukwifashisha​—eka mbere n’abanditsi mu binyamakuru—​barashikiriza ivyiyumviro vyabo. Impanuro zabo zirashobora gufasha igihe gitoyi; ariko kugira haboneke inyishu zimara igihe, hakenewe ikintu gihambaye. Ivyo ni vyo abantu bavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki biboneye.

ANTÔNIO, Marcos, Gerson, Vania hamwe na Marcelo bakuze mu buryo butandukanye kandi bari bafise ingorane zitandukanye. Ariko bari bafise n’imiburiburi ibintu bitatu bahuriyeko. Ica mbere, hari igihe ‘ata mwizero kandi ata Mana bari bafise kuri iyi si.’ (Abanyaefezi 2:12, UB) Ica kabiri, bacambirwa amahoro yo mu muzirikanyi. Hanyuma ica gatatu, bose baronse amahoro yo mu mutima bipfuza bamaze kwemera kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Uko batera imbere, ni ko batahura yuko Imana ibitwararitse. Koko, nk’uko Paulo yabwiye Abanyatenayi bo mu misi yiwe, Imana “[nti]ri kure y’umuntu n’umwe muri twebge.” (Ivyakozwe 17:27) Kuba umuntu yarajijutse vy’ukuri kuri ico ni ikintu nyamukuru mu vy’ukuronka amahoro yo mu mutima.

Ni Kuki Amahoro Ari Imbonekarimwe?

Bibiliya iratanga imvo nyamukuru zibiri z’igituma habura amahoro muri iyi si​—yaba amahoro yo mu mutima canke amahoro hagati y’abantu. Iya mbere isigurwa muri Yeremiya 10:23, ahavuga hati: “Inzira umuntu yogenderamwo [si] we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” Umuntu ntagira ubukerebutsi n’ukubona ibintu imbere y’igihe ku buryo yokwitegeka adafashijwe, kandi imfashanyo yonyene ifise agaciro nyakuri iva ku Mana. Abantu batarondera ubuyobozi bw’Imana ntibazokwigera baronka amahoro aramba. Imvo igira kabiri ituma habura amahoro ibonekera mu majambo y’intumwa Yohani agira ati: “Isi yose iri muri wa mubi.” (1 Yohana 5:19) Hatari ubuyobozi bw’Imana, utwigoro umuntu agira ngo aronke amahoro tuzokwama nantaryo tunanirwa bivuye ku bikorwa vy’umwe ataboneka ariko vy’ukuri abaho, kandi w’ububasha bwinshi, “wa mubi” Shetani.

Kubera izo mvo zibiri​—iy’uko abantu benshi batarondera ubuyobozi bw’Imana be n’iy’uko Shetani akora cane muri iyi si—​ubwoko muntu tubufatiye hamwe burateye akagongwe. Intumwa Paulo yarabidondoye neza mu kugira ati: “Ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu.” (Abaroma 8:22) Ni nde ashobora guhakana ico ciyumviro? Mu bihugu bitunze no mu bikenye, ingorane zo mu rugo, ubugizi bwa nabi, akarenganyo, ukudahuza kamere, ivy’ubutunzi bihindagurika, inzankano zishingiye ku moko, agacinyizo, indwara hamwe n’ibindi vyinshi biratuma abantu batakigira amahoro yabo yo mu muzirikanyi.

Aho Umuntu Yoronkera Amahoro yo mu Mutima

Igihe Antônio, Marcos, Gerson, Vania hamwe na Marcelo biga Ijambo ry’Imana Bibiliya, bize ibintu vyahinduye ubuzima bwabo. Kimwe coco, bize yuko umusi uri izina ukuntu ivy’isi vyifashe kuzohinduka. Ico si icizigiro kidatahurika c’uko amaherezo ibintu vyose bizohinduka bikamera neza. Ivy’uko Imana ifitiye umugambi abantu kandi ko mbere n’ubu dushobora kuwungukirako dukoze ivyo igomba, ni icizigiro c’ukuri, gifise ishingiro ryiza. Barashize mu ngiro mu buzima bwabo ivyo bize muri Bibiliya hanyuma ibintu birushiriza kubagendera neza. Bararonse ubuhirwe n’amahoro vyiyongereye kuruta uko bavyiyumvira.

Antônio ntiyasubiye kwisuka mu migumuko no mu vy’uguharanira akazi. Arazi yuko amahinduka agirwa biciye kuri ubwo buryo ata kintu kinini azana kandi ko ari ay’igihe gito. Uwo yahoze ari umukoresha yarize ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ni Ubwami bw’Imana abantu amamiliyoni basaba igihe basubiramwo Isengesho ry’Umukama (canke Dawe wa Twese) kandi babwira Imana bati: “Ubwami bwawe ni buze.” (Matayo 6:10a, UB) Antônio yarize yuko Ubwami bw’Imana ari intwaro nyayo yo mw’ijuru izozanira abantu amahoro nyakuri.

Marcos yarize gushira mu ngiro impanuro iranga ubukerebutsi ya Bibiliya yerekeye ivy’umubano. Ico vyavuyemwo, uwo yahoze ari umunyapolitike ubu arahiriwe kuba yarasubiye hamwe n’umugore wiwe. Na we nyene yiteganye umushasharo igihe cimirije gushika, aho Ubwami bw’Imana buzosubirira uru runkwekwe rwo kw’isi rwuzuye umwina n’ubwikunzi. Aratahura neza kuruta iryungane riri mw’Isengesho ry’Umukama dusoma duti: “Ivyo ushaka bigirwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10b, UB) Igihe ivyo Imana igomba bizokorwa kw’isi, abantu bazogira ubuzima bwiza batari bwigere babona.

Gerson we bite? Ubu ntakiri umuyererezi n’umusuma. Ubuzima bw’uwo yahoze ari umwana wo mw’ibarabara ubu buri n’ico buvuze kubera ko akoresha inguvu ziwe mu gufasha abandi kuronka amahoro yo mu mutima. Nk’uko ivyo vyabaye bivyerekana, kwiga Bibiliya no gushira mu ngiro ivyo ivuga birashobora guhindura bimwe bihambaye ubuzima bw’umuntu bukarushiriza kumera neza.

Amahoro yo mu Mutima mw’Isi Idurumbanye

Umuntu nyamukuru mu nkuru ya kahise mu vy’iranguka ry’ivyo Imana igomba ni Yezu Kirisitu, kandi igihe abantu bigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, bariga vyinshi ku bimwerekeye. Mw’ijoro yavutsemwo, abamarayika bararirimvye amashemezo y’Imana bagira bati: “Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.” (Luka 2:14) Igihe Yezu yakura, yitwararika ivyerekeye ukuryohora ubuzima bw’abantu. Yaratahura inyiyumvo zabo kandi akagaragariza imbabazi mu buryo budasanzwe abacumukura n’abarwaye. Kandi mu buryo buhuje n’amajambo ya ba bamarayika, yarazaniye abicisha bugufi urugero runaka rw’amahoro yo mu mutima. Ku mpera z’igikorwa ciwe, yabwiye abigishwa biwe ati: “Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.”​—Yohana 14:27.

Yezu ntiyari umugiraneza gusa. Yigereranije n’umwungere yongera asanisha abayoboke biwe bicisha bugufi n’intama igihe yavuga ati: “Jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubu[zima], kandi ngo ziburonke busāgutse. Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.” (Yohana 10:10, 11) Egome, mu buryo buhushanye n’abarongozi benshi bo muri iki gihe babanza kwimenya ubwabo imbere y’ibindi vyose, Yezu yatanze ubuzima bwiwe ku bw’intama ziwe.

Dushobora kwungukira gute ku vyo Yezu yakoze? Benshi baramenyereye aya majambo avuga ngo: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” (Yohana 3:16) Kwizera Yezu bisaba imbere ya vyose kumumenya no kumenya Se wiwe Yehova. Kumenya Imana na Yezu Kirisitu birashobora gushikana ku kugiranira ubucuti bukomeye na Yehova Imana buzodufasha gushikira amahoro yo mu muzirikanyi.

Yezu yavuze ati: “Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, kandi nanje mbaha ubu[zima] budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje.” (Yohana 10:27, 28) Ese ukuntu ari amajambo aranga igishika kandi ahumuriza! Ego ni ko, haheze hafi imyaka ibihumbi bibiri Yezu ayavuze, ariko muri iki gihe akomeye nk’uko nyene yari akomeye ico gihe. Ntiwigere wibagira yuko Yezu Kirisitu akiri muzima kandi agikora, ubu akaba ategeka bwa Mwami yimitswe w’Ubwami bw’Imana bwo mw’Ijuru. Nka kumwe yabigira igihe yari kw’isi ubu hakaba haciye imyaka myinshi, aracitwararika abicisha bugufi banyotewe amahoro yo mu muzirikanyi. Vyongeye aracari Umwungere w’intama ziwe. Nitwamukurikira, azodufasha kuronka amahoro yo mu mutima, ayarimwo ukwitega ata mazinda amahoro yuzuye muri kazoza​—ayazotuma hatabaho ubukazi, intambara, n’ubugizi bwa nabi.

Ivyiza nyakuri, biva ku kumenya no ku kwemera yuko Yehova azodufasha biciye kuri Yezu. Niwibuke Vania, ni nde yasigaranywe amabanga aremereye akiri umukobwa muto kandi akiyumvira yuko Imana yamwibagiye? Ubu Vania arazi yuko Imana itamutaye. Avuga ati: “Nize yuko Imana ibaho koko, ikaba ifise kamere z’igikundiro. Urukundo rwayo rwayitumye irungika umwana wayo kw’isi kugira aduhe ubuzima. Ivyo kubimenya birahambaye cane.”

Marcelo yemeza yuko ubucuti afitaniye n’Imana atari agaseseshwarumuri. Uwo yahoze akunda kuja mu gakuku avuga ati: “Abakiri bato kenshi na kenshi ntibazi ico bakwiye gukora, kandi baruhira kwigirira nabi. Bamwebamwe bisuka mu vy’ugufata ibiyayura umutwe nk’uko nabigira. Nizigiye yuko benshi kuruta bazohezagirwa nk’uko nahezagiwe, mu kwiga ukuri kwerekeye Imana n’Umwana wayo.”

Biciye ku kwiga Bibilya bitonze, Vania na Marcelo baratsimbataje ukwizera Imana gukomeye n’ukwizigira yuko ifise umutima ukunze wo kubafasha gutunganya ingorane zabo. Mu gihe twokora ivyo bakoze​—kwiga Bibiliya no gushira mu ngiro ivyo ivuga​—tuzoronka amahoro menshi yo mu mutima, nk’uko nabo bayaronse. Maze tuzoca vy’ukuri dushikirwa n’ivyo intumwa Paulo yaremesheje agira ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.”​—Ab’i Filipi 4:6, 7.

Kuronka Amahoro Nyakuri Muri Iki Gihe

Yezu Kirisitu ariko arayobora abantu bashonje ukuri mu nzira ijana mu buzima budahera mw’iparadizo kw’isi. Uko abarongora ku gusenga Imana gutyoroye, baragira amahoro ameze nk’ayadondowe muri Bibiliya havuga hati: “Abantu banje bazoba mu ngo z’amahoro, no mu mazu bahabe amarembe, no mu buruhukiro butagira inkomanzi.” (Yesaya 32:18) Kandi iyo gusa ni imponjo y’amahoro bazokwinovora muri kazoza. Dusoma duti: “Abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara. Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”​—Zaburi 37:11, 29.

None twoba dushobora kuronka amahoro yo mu mutima muri iki gihe? Egome. Bitayeko turashobora kudakeka yuko muri kazoza katari kure, Imana izohezagira abantu bagamburuka mu kubaronsa amahoro atari bwigere aboneka. Ni kuki none utomusaba mw’isengesho ngo aguhe amahoro yiwe? Nimba ufise ingorane zikubuza kugira amahoro, nusenge nk’uko Umwami Dawidi yasenze agira ati: “Imibabaro y’umutima wanje uyiruhure, nkūra se mu marushwa yanje. Witegereze umubabaro wanje n’umuruho, umparire ivyaha vyanje vyose.” (Zaburi 25:17, 18) Umenye neza yuko Imana yumviriza amasengesho nk’ayo. Iramvura ukuboko kwayo igaha amahoro abayarondera bose n’umutima utagira uburyarya. Turakurwa amazinda mu buryo buranga urukundo muri aya majambo: “Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose, y’abamwambaza mu vy’ukuri bose. Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; kand’azokwumva ugutakamba kwabo, abakize.”​—Zaburi 145:18, 19.

[Iciyumviro ku rup. 5]

Umuntu ntagira ubukerebutsi n’ukubona ibintu imbere y’igihe ku buryo yokwitegeka adafashijwe, kandi imfashanyo yonyene ifise agaciro nyakuri iva ku Mana

[Iciyumviro ku rup. 6]

Kumenya Imana na Yezu Kirisitu birashobora gushikana ku kugiranira ubucuti bukomeye na Yehova Imana buzodufasha gushikira amahoro yo mu muzirikanyi

[Ifoto ku rup. 7]

Gukurikira impanuro za Bibiliya biraterera ku gutuma ubuzima bwo mu rugo burangwa amahoro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika