ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/4 rup. 3-4
  • Bwoba ari ubumenyi buturengeye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bwoba ari ubumenyi buturengeye?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ivyo bijanye
  • Niwironse ubumenyi ubu no mu bihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Urashobora Kuzogira Kazoza k’Ubuhirwe!
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/4 rup. 3-4

Bwoba ari ubumenyi buturengeye?

Abamisiyonari babiri bubakanye bari bicaye ku musenyi wo ku nkengera y’ikiyaga co muri Afirika yo mu Burengero bariko barihweza ukwezi guca ibibatsi. Umugabo yibajije ati: “Abantu bazi ibingana iki ku vyerekeye ukwezi, kandi ivyo basigaje kumenya ku vyerekeye ukwezi bingana iki?”.

Mukiwe yaciye avuga ati: “Iyumvire iyaba twashobora kwitegereza isi iriko iragenda nk’uko turiko turitegereza kuriya kwezi! None abantu bamaze kumenya ibingana iki, kandi ivyo basigaje kumenya bingana iki? Zirikana kandi kuri iki kintu: Isi iriko irazunguruka izuba, mugabo n’imibumbe yose iri kumwe n’izuba na yo nyene iriko irazunguruka. Ivyo bisobanura yuko kumbure isi yacu itazokwongera kuba iri aha nyene igeze mu kirere. Mu vy’ukuri, tumenya aho turi ari uko turabiye ku bindi bisyo dusanzwe tuzi vyo mu kirere. Turafise ubumenyi bwinshi cane ku bintu bimwebimwe, ariko twoshobora kuvuga yuko tutazi n’aho turi!”.

IVYO vyiyumviro birakora, ku bintu bimwebimwe vy’ukuri vy’ishimikiro. Biboneka yuko hariho ibintu vyinshi cane rwose vyo kwiga. Ego ni ko, ku musi ku musi umwe wese muri twebwe aramenya ibintu bishasha. Ariko rero, naho twoba tumenya ibingana iki, biboneka yuko tudashobora kwiga ivyo twipfuza kumenya vyose.

Ni ivy’ukuri yuko turetse ubushobozi bwo kwironsa amakuru mashasha, ubushobozi bwo kubika ubumenyi bwongerekanye cane. Biciye ku buhinga bwa none, abantu baramaze kurundanya ubumenyi butagira uko bungana. Ubu orodinateri irafise ubushobozi bwinshi rwose bwo kubika amakuru ku buryo vyabaye ngombwa ko abantu bashiraho amazina mashasha y’ibitigiri kugira bashobore kudondora urugero rw’ubwo bushobozi. Akadisiki gasanzwe bita CD-ROM karashobora kubika amakuru menshi cane; bivugwa ko gafise ubushobozi bwo kubika indome zishika 680.000.000 canke zirenga. Akadisiki gasanzwe bita DVD koko karashobora kubika amakuru aruta hafi incuro indwi ayaja muri ka kadisiki bita CD-ROM, kandi haratanguye kuboneka n’utudisiki dufise ubushobozi buruta ubwo kure n’iyo.

Uburyo abantu bo muri iki gihe bakoresha mu gutumatumanako amakuru busa n’uburengeye itahura ryacu. Hariho amamashini acapura anyarutsa bimwe bigoye kwemera, agasohagura ibinyamakuru be n’ibitabu. Umuntu akoresha bwa buhinga bwa Internet, akira gusa gufyonda akabuto kuri orodinateri akaronka amakuru atagira uko angana. Muri ubwo buryo no mu bundi bwinshi, abantu baguma barushiriza guhanahana amakuru ningoga na ningoga kuruta uko umuntu ashobora kuyashira mu bwenge. Ubwinshi bw’amakuru ariho, rimwe na rimwe bugereranywa n’ikiyaga. Ayo makuru usanga ari menshi ku buryo ari nk’aho dutegerezwa kwiga kuyogamwo, ariko ntitugerageze kuyanywa yose. Ubwinshi bwayo bwonyene butuma dutegerezwa guhitamwo twitonze.

Iyindi mvo ituma duhitamwo twitonze ni uko amakuru menshi ariho atama ari ngirakamaro. Nkako, amwamwe muri yo usanga mbere atabereye, ata n’akamaro ko kuyamenya. Uribuka yuko ubumenyi bushingiye ku makuru, yaba ari meza canke mabi, yubaka canke ntiyubake. Igituma turushiriza kubura ico dufata n’ico tureka, ni uko ibintu bimwebimwe benshi bafata ko ari ivy’ukuri usanga atari vyo namba. Ni kangahe amajambo yavuzwe mbere n’abategetsi bubahwa yahavuye aboneka ko atari ay’ukuri? Nk’akarorero, zirikana ku bijanye na wa mwanditsi ari we mukuru w’igisagara ca Efeso ya kera, uwo abantu baho bategerezwa kuba babona ko ari umutegetsi azi vyinshi. Yavuze ati: “Mbega harih’umuntu atazi yukw igisagara c’Abanyefeso ari co kizigama ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi, ari co gishushanyo cākorotse kiva mw ijuru?” (Ivyakozwe 19:35, 36). Naho biboneka yuko ivyo vyari ibintu vyemerwa na benshi, mbere benshi bakaba bari kuvuga ko ata wobiharira, mu vy’ukuri ico gishushanyo nticari cakorotse kiva mw’ijuru. Ni co gituma Bibiliya Nyeranda igabisha abakirisu ngo birinde “ivyitwa ubgenge atari bgo”.​—1 Timoteyo 6:20.

Imvo ihambaye ituma biba ngombwa ko duhitamwo twitonze ivyo turondera kumenya, ni uko ubuzima bwacu bumara igihe gito cane. Waba ufise imyaka ingana iki, nta nkeka yuko hariho ibintu vyinshi wipfuza kwiga, mugabo ukabona yuko uzopfa utarabimara.

None iyo ngorane nyamukuru yoba izoteba igahera? Hoba hariho ubumenyi bunaka buzotuma abantu baramba, eka mbere bakabaho ibihe bidahera? Mwene ubwo bumenyi bwoba busanzwe buriho? Nimba buriho, abantu bose boba bazoshobora kuburonka? Hoba hazogera igihe ubumenyi bwose buzoba bugizwe n’ico tubwitezeko, ni ukuvuga ukuri? Ba bamisiyonari babiri bubakanye twavuga mu ntango bararonse inyishu zishimishije kuri ivyo bibazo, kandi na wewe urashobora kuzironka. Turakwinginze usome ikiganiro gikurikira, ico na co kikaba kiza kukwereka ko ushobora kuzokwironsa ubumenyi ibihe bidahera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika