ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/4 rup. 4-7
  • Niwironse ubumenyi ubu no mu bihe bidahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwironse ubumenyi ubu no mu bihe bidahera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kwironsa ubumenyi butanga ubuzima biradushobokera
  • Ukwiyigisha
  • Inyigisho y’umuryango
  • Urashobora Kuzogira Kazoza k’Ubuhirwe!
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Turashobora kubaho ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Wokora iki kugira uzobeho ibihe bidahera?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • ‘Nimubandanye Kwongereza Ubumenyi Nyakuri’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/4 rup. 4-7

Niwironse ubumenyi ubu no mu bihe bidahera

UMUGANGA w’umudagi yitwa Ulrich Strunz yaranditse urukurikirane rw’ibitabu yise ngo Kuguma uri muto ibihe bidahera (mu congereza). Muri ivyo bitabu yaremeje ko kwinonora imitsi, gufungura neza no kubaho neza bishobora gutuma umuntu agira amagara meza, gutyo bikaba vyokwongereza imisi yiwe yo kubaho. Ariko rero, ntasezeranira abasoma ibitabu yanditse yuko baramutse bakurikije impanuro yatanze bazoca koko babaho ibihe bidahera.

Ariko rero, hariho ubwoko bumwe bw’ubumenyi busezerana ubuzima budahera. Tubivuze mu bundi buryo, ubayeho koko ibihe bidahera, wokwironsa ubumenyi ngirakamaro ibihe bidahera. Yezu yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Ubu ni bgo bu[zima] buda[he]ra, ko [“bironsa ubumenyi bwerekeye”, NW] wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Nimuze tubanze dutange insobanuro y’imvugo ‘ubuzima budahera’, hanyuma duce twerekana ibigize ubwo bumenyi ivyo ari vyo be n’ingene woshobora kuburonka.

Nk’uko Bibiliya ibivuga, Umuremyi vuba agiye guhindura isi iparadizo izotuma abantu bashobora kubaho igihe kirekire. Gushiraho iyo Paradizo bizosaba ko hakorwa ikintu gikomeye, kimeze nka wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa. Muri Matayo ikigabane ca 24, umurongo wa 37 gushika ku wa 39, harerekana ingene Yezu yagereranije igihe tubayemwo n’‘imisi ya Nowa’, aho abantu ‘batagize ico bamenya’ ku bihe bigoye barimwo. Vyongeye, barirengagije ubutumwa Nowa yamamaza. Hanyuma harashitse ‘wa musi Nowa yinjiye muri bwa bwato’, Umwuzure uca urahonya abantu bose bari banse kwakira ubwo bumenyi. Nowa n’abari kumwe na we mu bwato nta co babaye.

Yezu yarerekanye yuko “umusi” nk’uwo uzoza muri iki gihe cacu. Abatega yompi ubumenyi bujanye n’uwo musi ntibazokwitega kurokoka gusa, ariko bazokwitega no kubaho ibihe bidahera. Ikindi kandi, abapfuye Imana yibuka bazosubira kuba bazima bafise icizigiro co kutazokwigera bongera gupfa (Yohana 5:28, 29). Raba ukuntu Yezu yaseruye ivyo vyiyumviro bibiri. Igihe yabwira Marita ivyerekeye izuka ry’abapfuye, yavuze ati: “Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; kand’ūriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira” (Yohana 11:25-27). Ibimenyamenya bihari vyose birerekana ko uwo “musi” wegereje cane, ivyo bikaba bisobanura yuko wewe ushobora ‘kutazokwigera upfa gushitsa ibihe bidahera’.​—Yohana 11:25-27.

Yezu yaciye abaza Marita ati: “Urizeye ivyo?”. Marita yishuye ati: “Ego Mukama” (UB). Nka hamwe Yezu yokubaza ico kibazo uyu musi, wokwishura iki? Kumbure vyokugora kwemera yuko bishoboka ko umuntu atokwigera apfa. Mugabo naho nyene vyokugora kwemera, nta gukeka yuko woshima ko bigushobokera kwemera. Niwibaze ibintu woshobora kwiga uko bingana hamwe ‘utokwigera upfa gushitsa ibihe bidahera’! Gerageza gusa n’uwubona uriko uriga wongera ukora ibintu vyose wipfuza ubu ariko ntiwigere ubironkera umwanya. Vyongeye, niwiyumvire gusubira kubonana n’abawe bari barapfuye! Ni ubumenyi ubuhe bushobora gutuma ivyo bintu bishoboka, kandi woburonka gute?

Kwironsa ubumenyi butanga ubuzima biradushobokera

Kwironsa ubwo bumenyi bwerekeye Imana na Kirisitu vyoba biturengeye? Oya. Ni ivy’ukuri yuko ubumenyi bwerekeye ibikorwa vy’Umuremyi butagira iherezo. Yamara, igihe Yezu yasanisha ‘ubumenyi’ n’‘ubuzima budahera’ ntiyariko yerekeza ku bumenyi buhanitse bwerekeye ibiri mu kirere canke ku bundi buhinga bw’ivya siyansi. Mu Migani ikigabane ca 2, umurongo wa 1 n’uwa 5 harerekana yuko “amajambo” be n’“amabgirizwa” biri muri Bibiliya ari ntahara kugira umuntu aronke ‘ubumenyi bwerekeye Imana’. Ku vyerekeye Yezu, muri Yohana 20:30, 31 herekana yuko ibintu vyanditswe vyonyene bihagije kugira ‘turonke ubuzima’.

Ni co gituma ubumenyi bwerekeye Yehova na Yezu Kirisitu nk’uko tubusanga muri Bibiliya bwonyene bushobora kukwereka ingene woronka ubuzima budahera. Nta gitabu gihwanye na Bibiliya. Umuremyi abigiranye ubuntu, yacandikishije ku buryo n’abantu bataronse akaryo ko kwiga amashure menshi bashobora kwironsa ubumenyi buhagije bwotuma baronka ubuzima budahera. No ku muntu atahura ningoga, afise umwanya mwinshi n’uburyo bwinshi, hama hari ikintu gishasha ashobora kwiga mu Vyanditswe vyahumetswe. Kuba ushoboye gusoma iki kiganiro ni ikimenyamenya c’uko ufise ubushobozi bwo kwiga. Ariko none ukwiye gukoresha gute ubwo bushobozi?

Kw’isi yose, vyaribonekeje yuko uburyo bwiza kuruta bufasha umuntu kwironsa ubwo bumenyi ari ukwiga Bibiliya ubifashijwemwo n’umuntu yamaze gutahura ibivugwa muri yo. Nka kumwe nyene Nowa yihatiye gushikiriza ubumenyi abo mu gihe ciwe, ni ko n’Ivyabona vya Yehova bemera kuza iwawe kugira muganire ibijanye na Bibiliya. Boshobora gukoresha agatabu kitwa Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu citwa Ubumenyi Bujana mu Buzima Budaheraa. Naho wobona ko bigoye kwemera yuko mw’Iparadizo yo kw’isi abantu b’intahemuka ‘batazokwigera bapfa gushitsa ibihe bidahera’, urashobora kwizigira uwo muhango biciye kuri ivyo biyago mwogirana bishingiye kuri Bibiliya. Ukwiye gukora iki none nimba wipfuza kubaho ibihe bidahera canke ukaba ushaka gusa kuraba nimba kwizera yuko ushobora kubaho ibihe bidahera ari ikintu gitegereka? Ntugishe ako karyo ko kwiga Bibiliya.

Iyo nyigisho izofata igihe kingana iki? Ako gatabu duhejeje kuvuga k’impapuro 32, akaboneka mu ndimi amajana, karimwo ivyigwa bitarenze 16 bigufibigufi. Canke na ho, ushoboye gutegekanya nk’isaha imwe mu ndwi, bizogusaba amezi makeya gusa kugira ngo wige ibintu nyamukuru vyo muri Bibiliya ukoresheje ca gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Ivyo bitabu biramaze gufasha abantu benshi kuronka ubumenyi bwinshi no gukunda Imana bimwe bishika ibwina. Umuremyi azoha impera abamukunda vy’ukuri, mu kubaha ubuzima budahera.

Emwe, ubumenyi butanga ubuzima turashobora kuburonka, kandi buraboneka bitagoranye. Bibiliya yose uko ingana, canke n’imiburiburi igice cayo, iramaze guhindurwa mu ndimi zirenga 2.000. Ivyabona vya Yehova mu bihugu 235 barahimbarwa no gufasha umuntu ukwiwe be no gutanga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, kugira ngo abantu bashobore kwongerereza ubumenyi bwabo.

Ukwiyigisha

Ubucuti ugiranira n’Imana ni ikintu kiri hagati yawe n’Umuremyi. Ni wewe wenyene ushobora kubuzigama no kubukomeza, kandi Umuremyi ni we wenyene ashobora kuguha ubuzima budahera. Ukwiye rero kubandanya kwiyigisha Ijambo ryiwe ryanditswe. Usavye umuntu ngo azoze aragusanga ku muhana, hari aho wosanga gushira ku ruhande umwanya wo kwiga birushirije kukworohera.

Kubera ko Bibiliya be n’ibitabu bifasha umuntu kuyiga birimwo ‘ubumenyi bwerekeye Imana’, birabereye rwose yuko ubifata neza (Imigani 2:5). Niwabifata neza, bizoramba. Nimba uba mu gihugu kikiri mu nzira y’amajambere, ushobora kuba utakoresheje ibitabu vyinshi kw’ishure, ukaba wize ahanini biciye ku kwumviriza no kwihweza. Nk’akarorero, mu gihugu ca Bénin havugwa indimi zirenga 50. Birashika ugasanga hariho abantu bazi neza indimi zine canke zitanu, naho baba batarigera bakora ku gitabu canditswe muri izo ndimi. Ubushobozi ufise bwo kwiga biciye mu kwumviriza, mu kwihweza no mu gukurikira neza, ni ingabirano. Ariko rero, uzosanga ibitabu bishobora kugufasha rwose mu kwiga.

Naho woba uba ahantu haga, nugerageze kurondera ikibanza kibereye wobikamwo Bibiliya yawe be n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Nubibike aho bitazokugora kuvyakira, mugabo habe ari ahantu bitazokwononekara.

Inyigisho y’umuryango

Nimba uri umuvyeyi, ukwiye kurondera gufasha abana bawe ngo baronke ubumenyi nk’ubwo uriko urironsa. Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, usanga abavyeyi bakunda kwigisha abana babo ibintu vyinshi bizobafasha mu buzima. Aho twovuga nko guteka, gusenya, kuvoma, kurima, kuroba, no kuraba utwo yirukangamwo kw’isoko. Emwe, iyo ni inyigisho ifasha umuntu kwibeshaho. Ariko rero, muri iyo nyigisho abavyeyi benshi ntibashiramwo ubumenyi bushobora gushikana mu buzima budahera.

Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, ushobora kuba ubona yuko ata mwanya ufise. Umuremyi na we nyene ivyo arabibona. Ku bijanye n’uburyo bwo kwigisha abana inzira ziwe, ehe raba ivyo yabwiye abavyeyi, ubu hakaba haciye igihe kirekire: “Muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse” (Gusubira mu vyagezwe 6:7). Wisunze ivyo vyiyumviro, ubona gute ugerageje kwishingira urutonde rwo kwigisha abana bawe nk’uru rukurikira:

1. “Iyo mwicaye mu nzu”: Niwihatire kwama uganira ivyerekeye Bibiliya n’abana bawe i muhira, kumbure ku ndwi ku ndwi, nka kurya nyene umuntu munaka ashobora kuba yarakugiriye. Ivyabona vya Yehova bararonsa abantu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bokoresha mu kwigisha abana bafise imyaka itandukanye.

2. “Iyo muriko muragenda mu nzira”: Nuyagire abana bawe ivyerekeye Yehova uko uronse akaryo, nk’uko nyene ubigisha ibintu bikenewe mu buzima canke ubaha inyobozo utarinze kubitegura.

3. “Iyo muryamye”: Nusengere hamwe n’abana bawe imisi yose ku mugoroba.

4. “Iyo muvyutse”: Imiryango myinshi yarironkeye ivyiza mu kuza irasuzumira hamwe icanditswe kimwe co muri Bibiliya imisi yose mu gitondo. Ivyabona vya Yehova ivyo babigira bakoresheje agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musib.

Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, abavyeyi baraca ku biti no ku mabuye kugira ngo bafashe umwe mu bana babo aronke inyigisho nziza yo mu mashure. Gutyo uwo mwana azoshobora kubungabunga abavyeyi igihe bazoba bageze mu zabukuru. Ariko rero, wize Bibiliya ukongera ugafasha abana bawe bose ngo na bo nyene bayige, uzoronka ubumenyi buzotuma wewe n’abawe bose mushobora kubaho ibihe bidahera.

Hoba hazogera igihe tumenya vyose? Ekaye. Uko isi yacu ibandanya kuzunguruka mu kirere amahanga, ni ko tuzobandanya kwironsa ubumenyi. Nkako, mu Musiguzi 3:11 hagira hati: “Ikintu cose [Imana] yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, [“kugira ngo umuntu ntazokwigere ashobora”, NW] guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo”. Kwironsa ubumenyi ni ikintu gihimbaye kitazokwigera kigira iherezo.

[Utujambo tw’epfo]

a Ivyo bitabu vyompi vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Ako gatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro ku rup. 5]

‘Ubu ni bwo buzima budahera, ko bironsa ubumenyi . . . ’

[Ifoto ku rup. 7]

Nufashe umuryango wawe kwironsa ubumenyi ubu no mu bihebidahera

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika