‘Icabona ku mahanga yose’
“Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe . . . gushitsa ku mpera y’isi”. —Ivyakozwe n’intumwa 1:8.
1. Ni ryari abigishwa ba Yezu bumva ari bwo bwa mbere bwa buhanuzi buri muri Matayo 24:14, kandi ico gihe hari hehe?
AMAJAMBO ya Yezu ari muri Matayo 24:14 aramenyerewe cane ku buryo benshi muri twebwe usanga bayazi ku mutwe. Kandi ese ukuntu ubwo ari ubuhanuzi budasanzwe koko! Iyumvire ico abigishwa ba Yezu bategerezwa kuba bariyumviriye aho bamariye kwumva ubwo buhanuzi ari bwo bwa mbere! Hari mu mwaka wa 33 G.C. Abo bigishwa bari bamaranye na Yezu imyaka nk’itatu, bakaba ico gihe bari bazananye na we i Yeruzalemu. Bari barabonye ibitangaro yakoze bongera barumviriza inyigisho ziwe. Naho ukuri kw’agaciro Yezu yari yarabigishije kwabanezera cane, bari bazi neza ko atari bose kwanezera. Yezu yari afise abansi b’abanyabubasha kandi bemerwa n’abantu.
2. Ni ibintu biteye akaga ibihe be n’ibintu bitoroshe ibihe abigishwa bohanganye na vyo?
2 Abigishwa bane baricaranye na Yezu ku Musozi wa Elayono, baratega yompi ivyo yariko avuga ku bijanye n’ibintu biteye akaga be n’ibintu bitoroshe bohanganye na vyo vyari biraririye gushika. Imbere y’aho, Yezu yari yarababwiye ko yokwishwe (Matayo 16:21). Ico gihe yarabatomoreye yuko na bo nyene borwanijwe bimwe bikaze. Yavuze ati: “Bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje”. Ntivyogarukiye aho. Abigira abavugishwa n’Imana bozimije benshi. Hari abandi botsitajwe, bakaryarukana, bakongera bakankana. Hari mbere n’abandi, washaka na ‘benshi’, boretse urukundo bakunda Imana n’Ijambo ryayo rugatimba.—Matayo 24:9-12.
3. Ni kubera iki amajambo ya Yezu ari muri Matayo 24:14 atangaje vy’ukuri?
3 Yezu amaze kuvuga ivyo bintu bica intege, ni ho yavuga ikintu gitegerezwa kuba caratangaje cane abo bigishwa. Yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:14). Ni vyo, igikorwa Yezu yatanguje muri Isirayeli co ‘gushingira intahe ukuri’ cobandanije maze kikaguka gushika kw’isi yose (Yohana 18:37). Emwe, ubwo bwari ubuhanuzi butangaje vy’ukuri! Kwagura ico gikorwa gushika mu “mahanga yose” ubwavyo ntihobaye ari aho gutuma umwana; kwagura ico gikorwa umuntu ‘yankwa n’amahanga yose’, emwe, nta ho vyobaye bitaniye n’igitangaro. Kurangura ico gikorwa amahanga ntivyogaragaje gusa ubusegaba bwa Yehova be n’ububasha bwiwe, ariko kandi vyoshize ahabona urukundo rwiwe, ikigongwe ciwe be n’ukwihangana kwiwe. Vyongeye, vyohaye abasavyi biwe akaryo ko kwerekana ko bamwizera be n’uko bamuyobokera.
4. Ni bande babwiwe kurangura igikorwa co gushinga intahe, kandi ni impumurizo iyihe Yezu yabahaye?
4 Yezu yaratomoreye abigishwa biwe yuko igikorwa bari bagiye gukora cari amahero. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yarabiyeretse ababwira ati: “Muzohabga ubushobozi, [im]pwemu [y]era ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi” (Ivyakozwe n’intumwa 1:8). Ni ivy’ukuri yuko hari n’abandi batotevye kubiyungako. Yamara, ico gihe abo bigishwa bari bakeyi. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarabahumurije kumenya yuko impwemu yera ifise ububasha y’Imana yobahaye ububasha bwo kurangura ico gikorwa bari barashinzwe n’Imana!
5. Ni ibiki abigishwa batari bazi ku bijanye n’igikorwa co gushinga intahe?
5 Abo bigishwa bari bazi yuko bobwirijwe kwamamaza inkuru nziza no ‘guhindura [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa’ (Matayo 28:19, 20). Mugabo ntibari bazi urugero intahe yoshikanyeko mu gushingwa, eka kandi ntibari bazi igihe umuhero woziyeko. Na twebwe ivyo nta vyo tuzi. Ivyo Yehova wenyene ni we yobimenya (Matayo 24:36). Intahe niyamara gushingwa gushika ku rugero Yehova ashaka, azoca azana umuhero kuri iyi si mbi. Ico gihe gusa ni ho abakirisu bazoca batahura yuko igikorwa co kwamamaza kizoba kimaze kurangurwa ku rugero Yehova yagabiye. Abo bigishwa bo mu ntango bashobora kuba batatahura urugero intahe yoshinzwe muri iki gihe c’iherezo yoshikanyeko mu gushingwa.
Intahe yashinzwe mu kinjana ca mbere
6. Ni ibiki vyabaye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. n’inyuma yaho gatoyi?
6 Mu kinjana ca mbere, igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa caravuyemwo ivyiza bitangaje rwose. Ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C., abigishwa bashika nka 120 bari mu cumba kimwe co hejuru i Yeruzalemu. Barasutsweko impwemu yera y’Imana, intumwa Petero arashikiriza insiguro ikabura yo kwerekana insobanuro y’ico gitangaro, kandi abantu bashika 3.000 barizeye maze barabatizwa. Ariko iyo yari intango gusa. Naho indongozi z’amadini zari ziyemeje gukora uko zishoboye kwose ngo zihagarike igikorwa co kwamamaza inkuru nziza, “Umwami Imana [yarongera abigishwa] imisi yose abama barakizwa”. Bidatevye, “igitigiri c’abagabo [carashitse] nk’ibihumbi bitanu”. Inyuma y’aho, “[bararushirije] kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore”.—Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4, 8, 14, 41, 47; 4:4; 5:14.
7. Ni kubera iki uguhinduka kwa Koruneliyo cari ikintu gihambaye?
7 Mu mwaka wa 36 G.C., hari ikindi kintu gihambaye cabaye. Umugabo umwe w’Umunyamahanga yitwa Koruneliyo yarahindukiye aba umukirisu yongera arabatizwa. Mu kuyobora intumwa Petero kuri uwo mugabo yatinya Imana, Yehova yarerekanye yuko rya tegeko Yezu yatanga ryo ‘guhindura [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa’ ritagarukira gusa ku Bayuda baba mu bihugu bitandukanye (Ivyakozwe n’intumwa 10:44, 45). None abari bahagarikiye igikorwa bavyakiriye gute? Igihe intumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yudaya batahura yuko inkuru nziza yategerezwa kujanwa ku bantu bo mu yandi mahanga, ni ukuvuga abatari Abayuda, baciye bahimbaza Imana (Ivyakozwe n’intumwa 11:1, 18). Muri ico gihe nyene, inkuru nziza yarabandanya kwama ivyamwa mu Bayuda. Hashize imyaka nk’ingahe, kumbure nko mu 58 G.C., uretse Abanyamahanga benshi bari barizeye, hari n’‘Abayuda ibihumbi vyinshi bizeye’.—Ivyakozwe n’intumwa 21:20.
8. Inkuru nziza igira ico ihinduye gute ku buzima bw’abantu?
8 Naho iyongerekana ry’ibitigiri ryabaye mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere ritangaje rwose, ntidukwiye kwigera twibagira yuko ari ibitigiri vy’abantu. Ubutumwa bwo muri Bibiliya bumvise bwari bufise ububasha (Abaheburayo 4:12). Bwarahindura rwose ubuzima bw’ababwakira. Abantu baratyorora ubuzima bwabo, bakambara wa muntu musha, maze bagasubiza hamwe n’Imana (Abanyefeso 4:22, 23). Ivyo ni na ko biri muri iki gihe. N’ikindi kandi, abakira inkuru nziza bose barafise icizigiro ciza igitangaza co kuzobaho ibihe bidahera.—Yohana 3:16.
Abakozi bakorana n’Imana
9. Ni agateka akahe n’ibanga irihe abakirisu bo mu ntango bari bazi ko bafise?
9 Abakirisu bo mu ntango ntibiyitirira ivyariko birarangurwa. Bari bazi yuko igikorwa barangura bwa basuku cari gishigikiwe n’“ubushobozi bg’[im]pwemu [y]era” (Abaroma 15:13, 19). Yehova ni we yariko atuma haba iyongerekana ryo mu vy’impwemu. Abo bakirisu bari bazi kandi ko bafise agateka n’ibanga vyo kuba abakozi ‘bakorana n’Imana’ (1 Ab’i Korinto 3:6-9). Ku bw’ivyo rero, nk’uko Yezu yari yarabahanuye, barihata cane mu gikorwa bari barashinzwe gukora.—Luka 13:24.
10. Ni utwigoro utuhe abakirisu bo mu ntango bamwebamwe bagize kugira ngo bashinge intahe ku mahanga yose?
10 Paulo, bwa “ntumwa ku banyamahanga”, yaragenze ibilometero ibihumbi n’ibihumbi aca hasi ku butaka no mu biyaga, arashinga amashengero menshi mu ntara y’Abaroma yo muri Aziya no mu Bugiriki (Abaroma 11:13). Yaragiye n’i Roma, kumbure no muri Esupanye. Muri ico gihe, intumwa Petero, uwari yarahawe ‘ubutumwa bwiza bwo kwigisha abakebwe’, we yafashe iyindi inzira aja gukorera i Babiloni, ico kikaba cari ikibanza gikomeye idini ry’Abayuda ryari ritsimbatayemwo cane muri ico gihe (Ab’i Galatiya 2:7-9; 1 Petero 5:13). Mu bandi bantu benshi bakoze cane mu gikorwa c’Umukama, harimwo abagore nka Tirufaniya na Tirufosa. Hari n’uwundi mugore yitwa Perusi avugwa ko “yakoreye mu Mwami cane”.—Abaroma 16:12.
11. Yehova yahezagiye gute utwigoro abigishwa bagize?
11 Yehova yarahezagiye cane utwigoro abo bakirisu be n’abandi bakozi b’abanyamwete bagize. Hatarahera n’imyaka 30 kuva aho Yezu avugiye yuko hoshinzwe intahe ku mahanga yose, Paulo yanditse yuko “ubutumwa” bwari bumaze “[kuvugwa] mu bāremwe bose bo musi y’ijuru” (Ab’i Kolosayi 1:23). Umuhero woba none waciye uza? Mu buryo bunaka, twovuga ko waje. Washitse ku runkwekwe rw’ivy’Abayuda mu mwaka wa 70 G.C. igihe ingabo z’Abaroma zasangangura Yeruzalemu hamwe n’urusengero. Yamara, Yehova yari yarashinze ko imbere y’uko azana umuhero kuri iyi si mbi yose ya Shetani, hoshinzwe intahe iruta kure n’iyo iyo yari imaze gushingwa.
Intahe ishingwa mu gihe ca none
12. Abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango batahura gute itegeko ryo kwamamaza?
12 Mu gice ca nyuma c’ikinjana ca 19, inyuma y’ikiringo kirekire cari kihaciye ubuhuni bwo mu vy’idini ari bwo bwiganje, ugusenga gutyoroye kwarasubijweho. Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, baratahura neza rya tegeko ryatangwa ryo guhindura abantu abigishwa mw’isi yose (Matayo 28:19, 20). Mu mwaka wa 1914, hari nk’abashika 5.100 bagira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza, kandi inkuru nziza yari imaze gushika mu bihugu nka 68. Ariko rero, abo Batohoji ba Bibiliya bo mu ntango ntibatahura Matayo 24:14 mu buryo bushitse. Mu mpera zo mu kinjana ca 19, Bibiliya, iyirimwo inkuru nziza, yari imaze guhindurwa no gucapurwa mu ndimi nyinshi n’amashirahamwe y’ivya Bibiliya, kandi yari imaze gukwiragizwa hirya no hino kw’isi. Ku bw’ivyo, Abatohoji ba Bibiliya baramaze imyaka mirongo biyumvira ko intahe yari imaze gushingwa ku mahanga.
13, 14. Ni ugutahura ukuhe gutomoye kuruta kw’ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo kwashikirijwe mu nomero imwe y’Umunara w’Inderetsi yo mu 1928?
13 Buhorobuhoro, Yehova yarafashije abasavyi biwe baratahura ivyo agomba be n’umugambi wiwe mu buryo butomoye kuruta (Imigani 4:18). Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1928 (mu congereza) wavuga uti: “Twoba dushobora kuvuga ko [ukwo] gukwiragizwa kwa Bibiliya kwaranguye igikorwa cari caravuzwe co kwamamaza injili y’ubwami? Ihibambewe! Naho Bibiliya imaze gukwiragizwa ukuraho, biracakenewe ko umugwi mutoyi w’ivyabona w’Imana uri mw’isi ucapura ibitabu bisigura [umugambi] w’Imana, ukongera ukagendera imihana yahawe izo Bibiliya. Ahandi ho, abantu boguma ata co bazi ku bijanye n’ishirwaho mu gihe cacu ry’intwaro irongowe na Mesiya”.
14 Uwo Munara w’Inderetsi wabandanije uvuga uti: “Mu 1920, . . . Abatohoji ba Bibiliya baratahuye mu buryo bubereye ubuhanuzi bw’Umukama wacu buri muri Matayo 24:14. Ico gihe baratahuye yuko ‘iyi njili’ yabwirizwa kwamamazwa mw’isi yose ikabera icabona Abanyamahanga, canke amahanga yose, itari injili y’ubwami bwoje, ahubwo ko yari injili ivuga ahanini ivy’uko Umwami Mesiya yatanguye kuganza isi”.
15. Igikorwa co gushinga intahe cagutse gute kuva mu myaka ya 1920?
15 Uwo “mugwi mutoyi w’ivyabona” wo mu myaka ya 1920 ntiwagumye uri mutoyi. Mu myaka mirongo yakurikiye, “ishengero ryinshi” ry’“izindi ntama” ryaramenyekanye maze riratangura gutororokanywa (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16). Muri iki gihe, hari abamamaji b’inkuru nziza bashika 6.613.829 mu bihugu 235 vyo kw’isi. Ese ukuntu iryo ari iranguka ritangaje rwose ry’ubuhanuzi! “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami” ntibwari bwigere bwamamazwa ku rugero runini cane gutyo. Ntihari bwigere haba abasavyi ba Yehova b’intahemuka kw’isi benshi cane gutyo.
16. Ni ibiki vyaranguwe mu mwaka w’umurimo uheze? (Raba igicapo kiri ku rupapuro rwa 27-30.)
16 Iryo shengero ryinshi cane ry’Ivyabona uko ringana, ryarakoze cane mu mwaka w’umurimo wa 2005. Baramaze amasaha arenga umuliyaridi bamamaza inkuru nziza mu bihugu 235. Abantu amamiliyoni barasubiye kugenderwa, hararongorwa n’inyigisho amamiliyoni za Bibiliya. Ico gikorwa caranguwe n’Ivyabona vya Yehova batanze n’umutima ukunze umwanya wabo be n’ubutunzi bwabo kugira babwire abandi Ijambo ry’Imana (Matayo 10:8). Yehova, abicishije ku mpwemu yera yiwe y’ububasha, arabandanya guha abasavyi biwe inkomezi zo kurangura ivyo agomba.—Zekariya 4:6.
Barakora bivuye inyuma mu gushinga intahe
17. Abasavyi ba Yehova bariko bakurikiza gute amajambo Yezu yavuze ajanye no kwamamaza inkuru nziza?
17 Naho ubu haciye imyaka hafi 2.000 kuva aho Yezu avugiye ko inkuru nziza yokwamamajwe, umwete abasavyi b’Imana bafitiye ico gikorwa ntiwagabanutse. Turazi yuko iyo twumiye kw’ibanga mu gukora ivyiza, tuba twerekanye kamere za Yehova nk’urukundo, ikigongwe be n’ukwihangana. Cokimwe na Yehova, ntitugomba ko hagira uwuhona, ahubwo tugomba ko abantu bigaya bagasubiza hamwe na we (2 Ab’i Korinto 5:18-20; 2 Petero 3:9). Ivyabona vya Yehova barabandanya kwamamaza inkuru nziza gushitsa ku mpera y’isi barurumba impwemu y’Imana kandi babigiranye umwete (Abaroma 12:11). Ico bivamwo, ni uko abantu bo mu mihingo yose bariko bakira ukuri bongera bisunga ubuyobozi bwa Yehova burangwa urukundo. Rimbura uburorero bukeyi.
18, 19. Niwigane uburorero bw’abantu bamwebamwe bakiriye neza inkuru nziza.
18 Charles yari umwirimizi wo mu Burengero bwo muri Kenya. Mu 1998 yagurishije ibiro birenga 8.000 vy’itabi maze ahabwa urupapuro rwemeza yuko ari we murimyi w’itabi yarushije abandi bose. Muri ico gihe, yaratanguye kwiga Bibiliya. Hataraca n’igihe, yaratahuye yuko umuntu agira uruhara mu vyo kurima canke guhingura itabi aba arenga kw’itegeko Yezu yatanze ry’uko umuntu akwiye gukunda mugenziwe (Matayo 22:39). Charles amaze gushika ku ciyumviro c’uko uwari ‘umurimyi w’itabi arusha abandi bose’ ari we vy’ukuri yari ‘umwicanyi arusha abandi bose’, itabi ryiwe yaciye aripompa ubumara. Yarateye imbere gushika aho yiyegura akongera akabatizwa, kandi ubu n’umutsimvyi w’igihe cose akaba n’umukozi w’ishengero.
19 Nta gukeka yuko Yehova ubu ariko ahindisha amahanga agashitsi biciye ku ntahe iriko irashingwa kw’isi yose, kandi ibintu vy’igiciro, ibigereranya abantu, biriko biraza (Hagayi 2:7). Pedro, uwo akaba aba muri Porotigali, yagiye mw’iseminari afise imyaka 13. Intumbero yari afise yari iyo kuba umumisiyonari no kuza arigisha Bibiliya. Ariko rero, haciye igihe gito yaravuye muri iyo seminari kubera ko Bibiliya itashimikwako cane mu vyigwa yakurikirana. Imyaka itandatu inyuma y’aho, yariko yiga ivyigwa bijanye n’inyifato y’abantu kuri kaminuza imwe y’i Lisbonne. Yabana na nyinabo, uwari Icabona ca Yehova. Uwo nyinabo yaramuremesha kwiga Bibiliya. Ico gihe, Pedro ntiyabona neza nimba Imana ibaho koko, kandi vyaramugora gufata ingingo yo kwiga canke kutiga Bibiliya. Yaraganiriye n’umwigisha wiwe yigisha ivy’inyifato y’abantu, amubwira ibijanye n’ukunanirwa gufata ingingo. Uwo mwigisha wiwe yaciye amubwira yuko ivyigwa bijanye n’inyifato y’abantu vyerekana ko abantu bananirwa gufata ingingo usanga bakunda kwigirira nabi. Pedro avyumvise yaciye afata ingingo yo kwiga Bibiliya. Aheruka kubatizwa, kandi ubu na we nyene ararongora inyigisho za Bibiliya.
20. Ni kubera iki twonezerezwa n’uko intahe iriko irashingwa ku mahanga ku rugero runini cane ukuraho?
20 N’ubu ntituzi urugero intahe izoshikanako mu gushingwa ku mahanga, eka kandi ntituzi umusi n’isaha umuhero uzozirako. Ico tuzi conyene, ni uko ari vuba. Turanezerezwa n’uko ukwamamazwa kw’inkuru nziza ku rugero runini cane ukuraho ari kimwe gusa mu bimenyetso vyinshi vyerekana yuko igihe cegereje c’uko Ubwami bw’Imana busubirira intwaro z’abantu (Daniyeli 2:44). Ku mwaka ku mwaka, abantu amamiliyoni barahabwa akaryo ko kwakira inkuru nziza, kandi ivyo biraninahaza Imana yacu, Yehova. Nimuze twiyemeze kuguma turi intahemuka no kubandanya tugira uruhara mu gikorwa co gushinga intahe ku mahanga yose twifatanije n’abavukanyi bacu bo mw’isi yose. Tubigenjeje gutyo, tuzokwikizanya n’abatwumviriza.—1 Timoteyo 4:16.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki ubuhanuzi buri muri Matayo 24:14 ari ubuhanuzi budasanzwe koko?
• Ni utwigoro utuhe abakirisu bo mu ntango bagize mu kwamamaza, kandi twavuyemwo iki?
• Abatohoji ba Bibiliya bahavuye gute batahura ko intahe ikeneye gushingwa ku mahanga yose?
• Ni igiki kigushimisha cane iyo wihweje igikorwa abasavyi ba Yehova baranguye mu mwaka w’umurimo uheze?
[Ifoto ku rup. 25]
Paulo yaragenze ibilometero ibihumbi n’ibihumbi aca hasi ku butaka no mu biyaga agiye kwamamaza inkuru nziza
[Ifoto ku rup. 24]
Yehova yarayoboye Petero kugira aje gushinga intahe kuri Koruneliyo n’umuryango wiwe