ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/2 rup. 22-23
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ibatisimu ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/2 rup. 22-23

Ibibazo vy’abasomyi

Ni ryari hoshobora kurimburwa ivyo gusubira kubatizwa?

Bivanye n’ibintu kanaka, hari aho umuntu yabatijwe yokwibaza nimba ibatisimu yiwe yoba yemewe, hanyuma akarimbura ibijanye no gusubira kubatizwa. Nk’akarorero, igihe umuntu yabatizwa, yoshobora kuba yari abayeho mu buryo bunaka canke yarisuka mu vyo gukora ikintu kinaka mu mpisho, ku buryo, nk’iyo aza kuba yari amaze kubatizwa mu buryo bwemewe, ivyo bintu vyotumye acibwa. None yoba yari akwiye kwiyegurira Imana ibintu bimeze gutyo? Umuntu nk’uwo yoshoboye kwiyegurira Yehova mu buryo bwemewe, mu gihe gusa yobaye yaravavanuye n’iyo nyifato iteye kubiri n’Ivyanditswe. Ku bw’ivyo rero, umuntu yabatijwe hakiriho intambamyi ikomeye nk’iyo, vyoshobora kuba ibibereye azirikanye nimba vyoba bikenewe ko asubira kubatizwa.

Bite ho ku bijanye n’umuntu atari yaramogoreye gukora igicumuro igihe yabatizwa, yamara hakaba hari ikibi yakoze amaze kubatizwa biba ngombwa ko cicarirwa na komite ncarubanza? Dufate ko uwo muntu aciye avuga yuko igihe yabatizwa atatahura bimwe vyuzuye ico yariko arakora, maze akavuga ko ibatisimu yiwe itari yemewe vy’ukuri. Igihe abakurambere bayaga n’uwuba yakoze ikibi, ntibakwiye kuvyura ibibazo ku bijanye n’ibatisimu yiwe ngo bamubaze nimba yoba yumva yuko ukwiyegurira Imana kwiwe be n’ibatisimu yiwe vyoba vyari vyemewe. Nakare, yarateze yompi insiguro ishingiye ku Vyanditswe ivuga ibijanye n’insobanuro y’ibatisimu. Yarishuye ngo “egome” kuri vya bibazo vyerekeye ukwiyegura n’ukubatizwa. Mu nyuma yaragiye kwihindura impuzu hanyuma yibizwa mu mazi. Ni ivyumvikana rero kwemera yuko uwo muntu yatahura bimwe vyuzuye ko ivyo yariko arakora vyari bihambaye. Ku bw’ivyo, abakurambere bakwiye kumufata nk’umuntu yabatijwe.

Igihe uwo muntu avyuye ikibazo ku bijanye n’uko ibatisimu yiwe yoba yemewe, abakurambere boshobora kwerekeza ivyiyumviro vyiwe ku Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Ntwarante 1960, urupapuro rwa 159 n’urwa 160 be n’uwo ku wa 15 Ruhuhuma 1964, urupapuro rwa 123 gushika ku rwa 126, ahatanga amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’ico kibazo cerekeye ivyo gusubira kubatizwa. Ku bw’ivyo rero, ivyo gusubira kubatizwa bivanye n’ibintu kanaka (nko mu gihe umuntu yoba atatahura Bibiliya bimwe bihagije igihe yabatizwa) ni ikibazo cega umuntu ku giti ciwe.

Ni ibintu ibihe abakirisu bakwiye kurimbura mu bijanye no kubana n’abandi mu nzu imwe?

Umuntu wese arakeneye aho akika umusaya. Yamara rero, muri iki gihe abantu benshi ntibagira uburaro bwabo bwite. Ukuntu ivy’umuntu vyifashe mu vy’ubutunzi, ingorane z’amagara canke ibindi bintu, vyoshobora gutuma biba ngombwa ko abantu bo mu miryango, harimwo n’incuti nka zingahe, babana hamwe. Mu mihingo imwimwe yo kw’isi, incuti zoshobora kugundanira mu kumba kamwe, ku buryo wosanga ata kintu umuntu yokora mw’ibanga.

Ishirahamwe rya Yehova si ryo rijejwe guha abagize ishengero rikwiye kw’isi yose urutonde rw’amategeko umuyoro ajanye n’ingene uburaro bubereye bwoba bumeze. Abakirisu baremeshwa kwiyumvira bisunze ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe kugira ngo barabe nimba aho babaye be n’ukuntu babayeho vyoba vyemerwa canke bitemerwa n’Imana. None zimwezimwe muri izo ngingo ngenderwako ni izihe?

Ikintu ca mbere, ni ukurimbura ingaruka twogira mu vy’impwemu bivuye ku kubana n’abandi bantu. Abo bantu ni bande? Boba ari abasenga Yehova? Boba babayeho bahuza n’ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya? Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimuzimizwe. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”​—1 Kor. 15:33.

Ivyanditswe birasigura yuko Yehova yiyamiriza ubusambanyi hamwe n’ukurenga ibigo. (Heb. 13:4) Ku bw’ivyo rero, uburaro ubwo ari bwo bwose bwotuma abantu batubakanye kandi badasangiye igitsina babana hamwe nk’aho ari umugabo n’umugore, biratomoye ko bwoba butemewe ku Mana. Umukirisu ntiyokwipfuza kuba ahantu ubushegabo burenzwako uruho rw’amazi.

N’ikindi kandi, Bibiliya ihimiriza abipfuza bose gutoneshwa n’Imana ‘guhunga ubusambanyi.’ (1 Kor. 6:18) Vyoba biranga ubukerebutsi rero, abakirisu birinze uburaro ubwo ari bwo bwose bwoshobora gutuma bageragezwa ngo bisuke mu bushegabo. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye abakirisu batari bake barara mu nzu imwe. Indinganizo nk’iyo yoba ishobora gutuma haba ibintu vyotuma umuntu yoshwa nabi? Vyogenda gute nka hamwe abantu babiri batubakanye bosanga bari kumwe ari bonyene batari bavyiteze, kubera yuko abategerezwa kuba bari aho atari ho bari mu kiringo kinaka? Muri ubwo buryo nyene, vyotera akaga mu vy’inyifato runtu hamwe abirebange abo ari bo bose bafitaniye ubucuti bujanye n’ivyo kureshanya, boba mu nzu imwe. Vyoba biranga ubukerebutsi umuntu yirinze mwene ivyo bintu.

Ikindi kandi, vyoba bitabereye abahukanye babandanije kuba mu nzu imwe. Ukuba bari bamenyereye guhuza ibitsina vyoshobora gutuma vyoroha ko bagwa mu buhumbu.​—Imig. 22:3.

Ikindi kintu ca nyuma umuntu akwiye kurimbura, yamara na co nyene kikaba gihambaye, ni ukuntu abantu bo mu kibano babona amahitamwo aba yagize. Uburaro umukirisu abona ko bubereye ariko bukaba bwovugwa nabi mu kibano, burakwiye kurabwa neza. Ntitwigera twipfuza ko inyifato yacu ituma izina rya Yehova risigwa iceyi. Paulo yavuze ati: “Mwirinde kuba ibitsitaza ku Bayuda no ku Bagiriki no kw’ishengero ry’Imana, nk’uko na jewe nshimisha bose mu bintu vyose, ntarondera akarusho kanje bwite ahubwo aka benshi, kugira bakizwe.”​—1 Kor. 10:32, 33.

Kuronka ahantu ho kuba habereye vyoshobora kubera rugamba abipfuza gushigikira ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Ariko rero, abakirisu bategerezwa ‘kuguma biyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.’ Barakeneye kuraba neza ko ata kintu na kimwe giteye isoni kibera mu ngo iwabo. (Ef. 5:5, 10) Ivyo bisaba ko abakirisu basenga basaba ubuyobozi buva ku Mana kandi bagakora ivyo bashoboye vyose kugira ngo umwe wese akingire ineza y’uwundi mu vy’umubiri no mu vy’inyifato runtu, hamwe n’izina rya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika