ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w18 Ntwarante rup. 3-7
  • Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BIBILIYA IVUGA KU BIJANYE N’IBATISIMU
  • NTUTEBAGANE
  • NUFASHE ABATOHOJI KWISHINGIRA UWO MUGAMBI
  • Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Gukwiza Ibisabwa Kugira Umuntu Abatizwe Rukirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ico Ibatisimu Yawe Isobanura
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
w18 Ntwarante rup. 3-7
Abagiye kubatizwa barahagaze. Abavyeyi b’abo bana be n’uwigisha Bibiliya uwo mutama bariko barabitegereza bahimbawe

Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu

‘Ibatisimu ubu iriko irabakiza.’​—1 PET. 3:21.

INDIRIMBO: 52, 41

IVYANDITSWE BIKURIKIRA BITWIGISHA IKI KU BIJANYE N’IBATISIMU?

  • 1 Petero 3:20, 21

  • Matayo 28:19, 20

  • Ivyakozwe 22:16

1, 2. (a) Abavyeyi bamwebamwe bavyakira gute iyo umwana wabo yipfuje kubatizwa? (b) Kubera iki abagiye kubatizwa bababaza nimba bariyeguriye Yehova? (Raba ishusho itangura.)

ABAVYEYI b’umwigeme twise Maria, baramwitegereje ahagaze mu bagiye kubatizwa. Akoresheje ijwi ryumvikana, yarishuye ibibazo bibiri umushikirizansiguro yababajije. Gatoyi inyuma y’aho, yaciye abatizwa.

2 Abavyeyi ba Maria barahimbawe n’ukubona umukobwa wabo afashe ingingo yo kwiyegurira Yehova no kubatizwa. Naho ari ukwo, nyina wiwe yari amaze igihe yibaza ibibazo. Yaribaza ati: ‘Ubwo Maria yoba ageze kubatizwa? Yoba vy’ukuri atahura ko kubatizwa ari ingingo ihambaye? Ubwo ntivyoba vyiza abanje kurindira?’ Ivyo ni ibibazo abavyeyi benshi bibaza igihe umwana wabo aseruye iciyumviro co kubatizwa. (Umus. 5:5) Nakare, kwiyegura no kubatizwa ni intambwe zihambaye cane mu buzima bw’umukirisu.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Woba wariyeguriye Yehova?”

3, 4. (a) Intumwa Petero yerekanye gute ko kubatizwa bihambaye? (b) Kubera iki ibatisimu ishobora kugereranywa na bwa bwato Nowa yubatse?

3 Intumwa Petero yagereranije ibatisimu n’igihe Nowa yubaka ubwato. Yavuze ati: “Igihuye n’ico ni na co ubu kiriko kirabakiza, ni ukuvuga ibatisimu.” (Soma 1 Petero 3:20, 21.) Ubwo bwato cari ikintu kiboneka cagaragaza neza ko Nowa yari yihebeye gukora ivyo Imana igomba. Nowa yararanguye adahemuka igikorwa Yehova yari yamushinze. Egome, ibikorwa bigaragaza ukwizera vyaratumye Nowa n’umuryango wiwe barokoka wa Mwuzure. None Petero yashaka kuvuga iki?

4 Nka kurya nyene ubwo bwato bwatanga ikimenyamenya c’uko Nowa yari afise ukwizera, kubatizwa ku mugaragaro biratanga ikimenyamenya. Uti c’iki? C’uko uwo mwigishwa yiyeguriye Yehova kubera ko yizera Yezu Kristu. Cokimwe na Nowa, abigishwa biyeguye bararangura babigiranye ukugamburuka igikorwa Imana yabashinze. Nk’uko Nowa yarokotse wa Mwuzure, ababatijwe b’intahemuka bazorokoka umuhero w’iyi si mbi. (Mrk. 13:10; Ivyah. 7:9, 10) Ivyo birerekana ko kwiyegura no kubatizwa bihambaye cane. Umuntu aguma yigiza inyuma ivyo kubatizwa arashobora kutazoronka ubuzima budahera.

5. Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

5 Kubera ko ibatisimu ihambaye, turakwiye kurimbura ibi bibazo bitatu. Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ibatisimu? Ni intambwe izihe umuntu ategerezwa gutera imbere y’uko abatizwa? Kubera iki dukwiye kwama twibuka ko ibatisimu ihambaye igihe twigisha umwana wacu canke umutohoji wa Bibiliya?

ICO BIBILIYA IVUGA KU BIJANYE N’IBATISIMU

6, 7. (a) Ibatisimu ya Yohani yasobanura iki? (b) Ni ibatisimu ya nde yari iyidasanzwe, kandi kubera iki?

6 Umuntu wa mbere avugwa muri Bibiliya yabatije abantu, ni Yohani Umubatizi. (Mat. 3:1-6) Abo bantu babatizwa kugira berekane ko bigaye ibicumuro bakoze mu kurenga kw’Itegeko rya Musa. Ariko rero, biri n’ico bivuze kubona ibatisimu ihambaye cane Yohani yatanze ata co isa isana n’ukwigaya. Yohani yararonse agateka kadasanzwe ko kubatiza Yezu, Umwana w’Imana atagira akanenge. (Mat. 3:13-17) Yezu nta gicumuro yari afise, akaba rero atari akeneye kwigaya. (1 Pet. 2:22) Yabatijwe kugira yishikane ku Mana ngo akore ivyo igomba.​—Heb. 10:7.

7 Mu gihe c’ubusuku bwa Yezu bwo ng’aha kw’isi, abigishwa biwe na bo nyene barabatije abantu. (Yoh. 3:22; 4:1, 2) Cokimwe n’ibatisimu ya Yohani, abo bantu babatizwa kugira berekane ko bigaye ibicumuro bakoze mu kurenga kw’Itegeko rya Musa. Ariko Yezu amaze gupfa hanyuma akazuka, ibatisimu yogize iyindi nsobanuro ku bayoboke biwe.

8. (a) Yezu amaze kuzuka, ni itegeko irihe yahaye abayoboke biwe? (b) Ibatisimu ya gikirisu isobanura iki?

8 Mu 33 inyuma ya Kristu, Yezu amaze kuzuka yariyeretse isinzi ry’abantu barenga 500, rigizwe n’abagabo, abagore kumbure n’abana. Birashoboka ko ico gihe ari ho yavuze ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.” (Mat. 28:19, 20; 1 Kor. 15:6) Igihe Yezu yatanga iryo tegeko ryo guhindura abantu abigishwa, biboneka ko abayoboke biwe amajana ari ho bari. Yezu yari yerekanye rero ko uwo wese yemeye ingǒgo yiwe, canke kuba umuyoboke wiwe, akwiye kubatizwa. (Mat. 11:29, 30) Uwo wese yipfuza gukorera Imana mu buryo yemera ategerezwa kumenya no kwemera uruhara Yezu arangura mw’iranguka ry’umugambi wayo. Uwo muntu akwiye guca abatizwa. Iyo ni yo batisimu yonyene Imana yemera. Bibiliya iratanga ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko mu kinjana ca mbere, abigishwa bashasha ba Kristu batahura insobanuro y’ibatisimu. Kandi ntibaguma bigize inyuma ivyo kubatizwa.​—Ivyak. 2:41; 9:18; 16:14, 15, 32, 33.

NTUTEBAGANE

9, 10. Twokwigira iki kw’ibatisimu ya wa Munyetiyopiya be n’iy’intumwa Paulo?

9 Soma Ivyakozwe 8:35, 36. Rimbura akarorero k’Umunyetiyopiya umwe yari yahindukiriye idini ry’Abayuda. Yariko asubira inyuma avuye i Yeruzalemu gusenga. Filipo arungitswe n’umumarayika wa Yehova, yaregereye uwo Munyetiyopiya “amumenyesha inkuru nziza yerekeye Yezu.” None uwo Munyetiyopiya yavyakiriye gute? Ivyo yaciye akora vyarerekanye neza ko yaha agaciro bimwe bivuye ku mutima ukuri yari yize. Yaripfuje gukora ahuza n’intunganyo Yehova yashizeho, gutyo aca arabatizwa adatebaganye.

10 Akarorero kagira kabiri ni ak’umugabo umwe w’Umuyuda yahama abakirisu. Yari yavukiye mw’ihanga ryiyeguriye Imana. Ariko rero, Abayuda bari baratakaje ubucuti budasanzwe bari bafitaniye na Yehova. Uwo mugabo yari afitiye umwete imigenzo yo mw’idini ry’Abayuda, ariko yahavuye amenya ukuri. Yezu Kristu amaze kuzuka no kuronka ubuninahazwa mw’ijuru yaramubonekeye. None yavyakiriye gute? Yaremeye gufashwa n’umuyoboke wa Kristu yitwa Ananiya. Ku bijanye n’uwo mugabo, Bibiliya itubwira iti: “Nuko arahaguruka, arabatizwa.” (Ivyak. 9:17, 18; Gal. 1:14) Nta nkeka ko waciye umenya ko uwo mugabo ari umwe yahavuye aba intumwa Paulo. Urabona ko Paulo amaze gutahura ukuri kwerekeye uruhara Yezu arangura mw’iranguka ry’umugambi w’Imana, yaciye agira ico akoze. Yaciye abatizwa adatebaganye.​—Soma Ivyakozwe 22:12-16.

11. (a) Ni igiki gituma abatohoji ba Bibiliya muri kino gihe babatizwa? (b) Tumererwa gute iyo tubonye abashasha babatizwa?

11 Ivyo ni ko biri no muri kino gihe ku batohoji ba Bibiliya, baba abato canke abakuze. Abizera kandi bagaha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya barumva bashashaye kwiyegurira Yehova maze bakabatizwa. Insiguro iberekeye yama iri mu bigize amateraniro n’amahwaniro yacu. Ivyabona vya Yehova barahimbarwa igihe umutohoji wa Bibiliya yemeye ukuri maze agatera intambwe yo kubatizwa. N’abavyeyi barahimbarwa cane iyo abana babo bateye iyo ntambwe. Mu mwaka w’umurimo wa 2017, abantu barenga 284.000 bafise “agatima kabereye” baragaragaje ko biyeguriye Yehova mu kubatizwa. (Ivyak. 13:48) Ivyo biragaragaza ko abo bantu batahuye ko ibatisimu ari igisabwa ku bakirisu. None ni intambwe izihe bateye kugira babatizwe?

12. Umutohoji wa Bibiliya ategerezwa gutera intambwe izihe imbere y’uko abatizwa?

12 Imbere y’uko umutohoji abatizwa, ategerezwa gutsimbataza ukwizera gushingiye ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana, umugambi wayo be n’intunganyo yashizeho y’ubukiriro. (1 Tim. 2:3-6) Ukwo kwizera kuratuma aheba inyifato idahimbara Imana maze akabaho yisunga ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova. (Ivyak. 3:19) Bica vyumvikana ko ata muntu yokwiyegurira Imana mu buryo yemera kandi akora ikintu cotuma atazotorana Ubwami. (1 Kor. 6:9, 10) Ariko rero, kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga inyifato runtu ntibihagije. Umuntu arondera ubugororotsi, ategerezwa kandi kwitaba amakoraniro y’ishengero no kugira uruhara ruboneka mu gikorwa kirokora ubuzima co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Yezu yavuze ko ico gikorwa coranguwe n’abigishwa biwe b’ukuri. (Ivyak. 1:8) Umutohoji amaze gutera izo ntambwe ni ho gusa ashobora kwiyegurira Yehova mw’isengesho atura ari wenyene, maze akavyerekana ku mugaragaro mu kubatizwa.

NUFASHE ABATOHOJI KWISHINGIRA UWO MUGAMBI

Umuvukanyi ariko arasigurira uwo yigisha Bibiliya igituma bihambaye kubatizwa

Woba ugumiza ku muzirikanyi igituma ibatisimu ihambaye, kandi ukabisigurira abo wigisha? (Raba ingingo ya 13)

13. Igihe twigisha Bibiliya, kubera iki dukwiye kwibuka ko ibatisimu ari igisabwa ku bakirisu?

13 Igihe dufasha abana bacu hamwe n’abatohoji ba Bibiliya kugira batere intambwe zikenewe, turakwiye kwibuka ko kuba umwigishwa wa Kristu birimwo n’ukubatizwa. Ivyo nitwabigumiza ku muzirikanyi, bizodufasha kuganira n’abatohoji ba Bibiliya mu buryo ngirakamaro. Igihe tubona ko bibereye, ntituzokwitinya kubabwira ko kwiyegura no kubatizwa bihambaye. Ego cane, twipfuza ko abana bacu n’abatohoji ba Bibiliya batera imbere bakabatizwa.

14. Kubera iki tudakwiye guhata umuntu ngo abatizwe?

14 Ariko ntiwumve, nta n’umwe akwiye guhata umutohoji wa Bibiliya ngo abatizwe, yaba umuvyeyi wiwe, uwumwigisha Bibiliya canke uwundi muntu uwo ari we wese wo mw’ishengero. Yehova ntahata umuntu ngo amukorere. (1 Yoh. 4:8) Ahubwo igihe twigisha abantu, turakwiye kubahimiriza kugiranira ubucuti n’Imana. Umutohoji niyaha agaciro ukuri kandi akagira icipfuzo co kuba umwigishwa wa Yezu, bizomuvyurira umutima wo kubatizwa.​—2 Kor. 5:14, 15.

15, 16. (a) Hoba hariho imyaka isabwa kugira umuntu abatizwe? Sigura. (b) Kubera iki umutohoji wa Bibiliya akwiye gusubira kubatizwa naho yoba yarabatijwe mu rindi dini?

15 Umuntu ntasabwa kuba afise imyaka kanaka kugira abatizwe. Abatohoji ntibatera imbere kumwe. Benshi babatizwa bakiri bato, kandi bakabandanya gukorera Yehova badahemuka. Abandi batahura ko kubatizwa bihambaye bamaze kwiga ukuri kwo muri Bibiliya bakuze, bamwebamwe mbere ugasanga bararenza imyaka 100!

16 Hari umutohoji wa Bibiliya yitereye mu myaka yabajije uwumwigisha Bibiliya nimba bikenewe vy’ukuri ko yongera kubatizwa. Yari yagiye arabatizwa mu madini atandukanye. Uwo mutohoji be n’uwamwigisha barasuzumye imirongo yo muri Bibiliya yishura ico kibazo. Uwo mutohoji yaciye atahura ico Bibiliya imusaba maze inyuma y’aho gato arabatizwa. Naho yari mu gushikana imyaka 80, yaratahuye ko akeneye kubatizwa. Ego cane, ibatisimu yemewe ishingiye ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ivyo Yehova agomba. Ku bw’ivyo, abashasha bategerezwa kubatizwa naho boba barabatijwe mu rindi dini.​—Soma Ivyakozwe 19:3-5.

17. Ni ibiki umuntu akwiye kuzirikanako ku musi abatizwa?

17 Umusi wo kubatizwa, ni igihe giteye umunezero. Ariko kandi, ni igihe co kuzirikana cane. Kubaho wisunga ukwiyegura kwawe bisaba akigoro. Ni co gituma Yezu yagereranije kuba umuyoboke wiwe no kwikorera ingǒgo. Abigishwa ba Yezu bategerezwa ‘kutabaho ku bwabo, ahubwo bakabaho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.’​—2 Kor. 5:15; Mat. 16:24.

18. Tuzorimbura ibibazo ibihe mu kiganiro gikurikira?

18 Ivyo ni vyo vyari bihagaritse umutima nyina wa Maria igihe yibaza vya bibazo twavuga mu ntango. Nimba uri umuvyeyi, ushobora kuba umaze kwibaza uti: ‘Umwana wanje yoba vy’ukuri ageze kubatizwa? Yoba afise ubumenyi buhagije ku buryo yokwiyegurira Imana? Yoba akwiye kubanza kwiga amashure no kurondera akazi imbere y’uko abatizwa? Ubwo ntazohava abatizwa mu nyuma agaca akora icaha gikomeye?’ Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ivyo bibazo twongere turabe ukuntu abavyeyi bakirisu bakwiye kugumana uburimbane mu bijanye n’ibatisimu.

Umwigeme ariko ariyegurira Yehova mw’isengesho

Woba wariyeguriye Yehova?

Imbere y’uko abatohoji ba Bibiliya bakwije ibisabwa babatizwa ngo babe Ivyabona vya Yehova, barasabwa kwishura ku mugaragaro ibibazo bibiri. Ica mbere ni iki: “Wisunze inkuka ya Yezu Kristu, woba warigaye ivyaha vyawe utako uriyegurira Yehova kugira ngo ukore ivyo agomba?”

Kubera iki ari ikintu cumvikana kwitega ko abagiye kubatizwa baba baramaze kwiyegurira Yehova? Hasigaye nk’umwaka umwe gusa ngo Yezu ategeke abigishwa biwe ‘guhindura abantu abigishwa no kubabatiza,’ yarerekanye ico abashaka kuba abayoboke biwe basabwa. (Mat. 28:19, 20) Mu kiyago yagiranye n’intumwa ziwe be n’abandi bigishwa, yavuze ati: “Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co kubabarizwako ciwe hanyuma agume ankurikira.”​—Mat. 16:24.

Ubuzima bwa Yezu bwose bwari bushingiye ku gukora ivyo Se agomba. Ku bw’ivyo rero, abatohoji ba Bibiliya bipfuza kwubahiriza ibintu vyose Yezu yategetse bategerezwa kwiyanka, bakiyegurira Yehova ata co bisigarije. Barigana Yezu mu gushira imbere mu buzima bwabo ivyo Yehova agomba. (Mat. 26:39) Igihe bateye intambwe yo kubatizwa, baba bagaragaje ko biyanse be n’uko biyemeje gukorera Imana n’inguvu zabo zose, ivyo batunze vyose be n’ububangukirwe bwabo bwose. (Rom. 12:1) Ni co gituma abagiye kubatizwa basabwa kwemeza ko biyeguriye Yehova kugira bakore ivyo agomba.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika