Woba uriko urerekana ubuninahazwa bwa Yehova?
“Twerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova.”—2 KOR. 3:18.
WOKWISHURA GUTE?
Naho turi abacumuzi, dushobora gute kuninahaza Yehova?
Amasengesho dutura be no kwitaba amakoraniro ya gikirisu bidufasha gute kwerekana ubuninahazwa bw’Imana?
Ni ibiki vyodufasha kuguma tuninahaza Yehova?
1, 2. Ni kubera iki vyumvikana kwitega yuko dushobora kwigana kamere za Yehova?
HARI ukuntu twese tumeze nk’abavyeyi bacu. Dushobora kuba tumaze kwumva umuntu abwira umwana w’umuhungu ati: ‘So yarivyaye!’ Umwana w’umwigeme yoshobora kubwirwa ngo: ‘Unyibutsa nyoko wawe.’ Kandi akenshi abana barigana ivyo babona ku bavyeyi babo. Tweho bite? Twoba dushobora kwigana Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova? Naho tutamubonye, turashobora gutahura kamere ziwe nziza igitangaza mu kwiga Ijambo ryiwe, mu kwihweza ivyo yaremye no mu kuzirikana Ivyanditswe, na canecane ivyo Umwana w’Imana Yezu Kristu yavuze be n’ivyo yakoze. (Yoh. 1:18; Rom. 1:20) Turashobora kwerekana ubuninahazwa bwa Yehova.
2 Imbere y’uko Adamu na Eva baremwa, Imana yari yizigiye yuko abantu boshoboye gushitsa ivyo ibagombako, kwigana kamere zayo no kuyininahaza. (Soma Itanguriro 1:26, 27.) Mu kwihebera Imana kwacu, turakwiye kugaragaza kamere z’Umwe yaturema. Tubigenjeje gutyo, tuba dufise agateka ko kwerekana ubuninahazwa bw’Imana, twaba tuva mu mico kama iyihe, twize amashure ayahe canke tuva mu bwoko ubuhe. Kubera iki? Kubera yuko “Imana itagira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi [imwemera].”—Ivyak. 10:34, 35.
3. Abakirisu biyumva gute igihe bakorera Yehova?
3 Abakirisu barobanuwe barerekana ubuninahazwa bwa Yehova. Ni co gituma intumwa Paulo, uno akaba yari yaravyawe n’impwemu, yanditse ati: “Twese, mu gihe twerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova dufise mu maso hadatwikiriye, turahindurwa muri nya shusho nyene tukava mu buninahazwa tukaja mu buninahazwa.” (2 Kor. 3:18) Igihe umuhanuzi Musa yamanuka avuye ku musozi Sinayi afise vya bisate vyariko ya Mabwirizwa cumi, mu maso hiwe hararekura imishwarara kubera ko Yehova yari yavuganye na we. (Kuv. 34:29, 30) Naho abakirisu batashikiwe n’ikintu nk’ico, mu maso habo hakaba hatarekura imishwarara, haraca ibibatsi kubera umunezero igihe babwira abandi ivyerekeye Yehova, kamere ziwe hamwe n’umugambi mwiza igitangaza afitiye abantu. Nka kumwe kw’ivyirore vy’ivyuma vyakaka vyo mu bihe vya kera, abarobanuwe hamwe na bagenzi babo bafise icizigiro co kuba kw’isi, barerekana ubuninahazwa bwa Yehova biciye ku kuntu babayeho no ku busuku barangura. (2 Kor. 4:1) Woba uriko urerekana ubuninahazwa bwa Yehova biciye ku nyifato yawe ishimwa n’Imana no ku gikorwa urangura uri umwamamaji w’Ubwami adahorereza?
TWIPFUZA KWEREKANA UBUNINAHAZWA BWA YEHOVA
4, 5. (a) Cokimwe na Paulo, tunyinyana n’ingorane iyihe? (b) Igicumuro kigira ico gikoze gute kuri twebwe?
4 Kubera yuko turi abasavyi ba Yehova, nta gukeka ko twipfuza gutera iteka no kuninahaza Umuremyi wacu mu vyo dukora vyose. Ariko rero, akenshi usanga ivyo twipfuza gukora atari vyo dukora. Paulo ubwiwe yabwirijwe kunyinyana n’iyo ngorane. (Soma Abaroma 7:21-25.) Mu gusigura igituma tunyinyana n’iyo ngorane, Paulo yanditse ati: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” (Rm. 3:23) Egome, biciye ku co abantu barazwe na wa mucumuzi Adamu, baracitse abashumba b’igicumuro, kino kikaba kimeze nk’umwami w’imburakigongwe abaganza.—Rom. 5:12; 6:12.
5 None igicumuro ni iki? Ni ico cose gihushanye n’uko Yehova ameze, inzira ziwe, ingingo mfatirwako ziwe be n’ivyo agomba. Igicumuro kironona ubucuti umuntu afitaniye n’Imana. Igicumuro gituma duhusha, nka kurya kw’umurashi ashobora kurasa umwampi mugabo agahusha ico yarondera kugema. Turashobora gucumura n’ibigirankana canke kubera ukwihenda. (Guh. 15:27-31) Igicumuro carashinze imizi mu bantu maze kirabatandukanya n’Umuremyi wabo. (Zab. 51:5; Yes. 59:2; Kol. 1:21) Ku bw’ivyo, abantu muri rusangi bari kure cane ya Yehova, ivyo bikaba bituma bahomba akaryo kadasanzwe ko kwerekana ubuninahazwa bw’Imana. Nta woharira ko igicumuro ari bwo bumuga bubi kuruta ubundi bwose businzikaje abantu.
6. Naho turi abacumuzi, dushobora gute kuninahaza Imana?
6 Naho turi abacumuzi, Yehova yarabaye “Imana itanga icizigiro.” (Rom. 15:13) Yaratanze uburyo bwo gukuraho igicumuro, ubwo na bwo bukaba ari inkuka y’incungu ya Yezu Kristu. Twizeye iyo nkuka, ntituba tukiri “abashumba b’igicumuro,” mugabo tuba dushobora kwerekana ubuninahazwa bwa Yehova. (Rom. 5:19; 6:6; Yoh. 3:16) Kuguma dufitaniye n’Imana ubwo bucuti yemera biradukura amazinda yuko Yehova aduhezagira muri iki gihe, muri kazoza na ho akazoturonsa ubuzima butagira agasembwa kandi bw’ibihe bidahera. Naho tukiri abacumuzi, ese ukuntu ari umuhezagiro kuba Imana ibona yuko turi abantu bashobora kwerekana ubuninahazwa bwayo!
TWEREKANE UBUNINAHAZWA BW’IMANA
7. Dutegerezwa kwemera iki ku bitwerekeye nimba twipfuza kwerekana ubuninahazwa bw’Imana?
7 Kugira ngo dushobore kwerekana ubuninahazwa bw’Imana, dutegerezwa kwiyemerera ko turi abacumuzi. Umwe wese usanga afise ubugoyagoye butandukanye n’ubw’uwundi bivanye n’uko ivyiwe vyifashe. (2 Ngo. 6:36) Turakeneye kwemera yuko dufise ubwo bugoyagoye maze tukihatira kuburwanya kugira ngo dushobore gutera imbere gushika aho tuninahaza Imana bimwe bishitse. Nk’akarorero, nimba dukoze igicumuro gitesha ubuntu co kuraba amashusho yerekana ubushegabo, dutegerezwa kwemera ko dukeneye gufashwa mu buryo bw’impwemu kandi tukagira ico dukoze kugira dufashwe. (Yak. 5:14, 15) Iyo ni yo ntambwe ya mbere dukwiye gutera nimba twipfuza kubaho tuninahaza Imana bimwe bishitse. Kubera ko turi abasavyi ba Yehova, dutegerezwa kuguma twisuzuma kugira ngo tumenye nimba turiko turisunga ingingo mfatirwako ziwe zigororotse. (Imig. 28:18; 1 Kor. 10:12) Twaba dufise ubugoyagoye ubuhe, dutegerezwa kuguma tuburwanya kugira ngo dushobore kwerekana ubuninahazwa bw’Imana.
8. Naho turi abanyagasembwa, dukwiye gukora iki?
8 Yezu ni we muntu wenyene yabayeho ahimbara Imana yongera yerekana ubuninahazwa bwayo gushika apfuye. Naho tudatunganye nka Yezu, turashobora kwihatira kumwigana kandi turakwiye kubigira. (1 Pet. 2:21) Yehova arabona utwigoro n’iterambere tugira mu bijanye no kwerekana ubuninahazwa bwiwe kandi arahezagira utwo twigoro.
9. Bibiliya irangura uruhara uruhe mu buzima bw’abakirisu bipfuza kwisunga ivyo Imana isaba?
9 Ijambo rya Yehova rirashobora kudufasha kubona aho tworyohora. Birahambaye cane ko twiga Bibiliya mu buryo bwimbitse kandi tukazirikana ivyo dusoma. (Zab. 1:1-3) Gusoma Bibiliya ku musi ku musi bizodufasha kugira ivyo turyohoye. (Soma Yakobo 1:22-25.) Ubumenyi bwo muri Bibiliya ni ryo shingiro ry’ukwizera kwacu bukaba n’uburyo bwo gukomeza umwiyemezo dufise wo kwirinda gukora igicumuro gikomeye n’uwo guhimbara Yehova.—Zab. 119:11, 47, 48.
10. Isengesho rishobora gute kudufasha kurushiriza gukorera Yehova?
10 Kugira ngo twerekane ubuninahazwa bw’Imana, turakeneye kandi ‘gushishikara gusenga.’ (Rom. 12:12) Turashobora gusenga dusaba Yehova ngo adufashe kumukorera mu buryo yemera, kandi turakwiye kubigira. Kugira ngo tubishikeko, turashobora kumusaba ngo aduhe impwemu nyeranda, atwongerereze ukwizera, aduhe inkomezi zo kunanira ibigeragezo be n’ubushobozi bwo ‘gukoresha neza ijambo ry’ukuri.’ (2 Tim. 2:15; Mat. 6:13; Luka 11:13; 17:5) Nka kurya nyene umwana yiheka kuri se, turakwiye kwiheka kuri Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova. Tumusavye ngo adufashe kurushiriza kumukorera, turashobora kwizigira yuko azobigira. Ese tutokwigera twiyumvira yuko tumugora! Ahubwo nyabuna biciye kw’isengesho, nimuze tumushemeze, tumukengurukire, tumusabe ubuyobozi na canecane igihe turi mu bigeragezo, twongere tumusabe adufashe kumukorera mu buryo buninahaza izina ryiwe ryeranda.—Zab. 86:12; Yak. 1:5-7.
11. Amakoraniro y’ishengero adufasha gute kwerekana ubuninahazwa bw’Imana?
11 Imana yajeje wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” igikorwa co kwitwararika intama zayo z’agaciro. (Mat. 24:45-47; Zab. 100:3) Umugwi w’umushumba uritwararika cane ivy’uko abo basangiye ukwemera berekana ubuninahazwa bwa Yehova. Amakoraniro tugira aradufasha kuryohora kamere yacu ya gikirisu, nka kurya nyene umutayeri yoshobora gusubiramwo impuzu yacu kugira ngo turushirize kuberwa. (Heb. 10:24, 25) Ni co gituma dukwiye kuyashikako kare, kuko nimba dufise akamenyero ko gucerwa, turahomba n’imiburiburi ibintu bimwebimwe vyari kudufasha kuryohora kamere yacu ya gikirisu.
TWIGANE IMANA
12. Twokwigana Imana gute?
12 Nimba twipfuza kwerekana ubuninahazwa bwa Yehova, dutegerezwa ‘kwigana Imana.’ (Ef. 5:1) Uburyo bumwe twigana Yehova, ni ukubona ibintu nk’uko abibona. Igihe turondeye gukora ibintu nk’uko tubibona, tuba tumusize iceyi kandi tuba turiko turigirira nabi. Kubera ko isi idukikije yigaruriwe na wa mubi, ari we Shetani wa Mubesheranyi, dutegerezwa kwita ku rutare kugira ngo twanke ivyo Yehova yanka twongere dukunde cane ivyo akunda. (Zab. 97:10; 1 Yoh. 5:19) Turakeneye kujijuka bimwe bivuye ku mutima yuko uburyo bumwe gusa bubereye bwo gukorera Imana ari ugukora vyose ku bw’ubuninahazwa bwayo.—Soma 1 Abakorinto 10:31.
13. Ni kubera iki dutegerezwa kwanka igicumuro, kandi ivyo bizotuma dukora iki?
13 Yehova aranka igicumuro kandi na twebwe turakwiye kucanka. Mu vy’ukuri, tubwirizwa kuja kure rwose y’ikintu ico ari cose coshobora kudushikana ku gicumuro. Nk’akarorero, turakwiye kwirinda kugwa mu buhuni, ico kikaba ari igicumuro cotuma tuba abatabereye kuninahaza Imana. (Gus. 13:6-9) Nimuze rero duce kure abahuni canke umuntu uwo ari we wese yivugisha ko ari umuvukanyi mugabo akaba asiga iceyi Imana. Ivyo ni ko bikwiye kumera naho yoba ari uwo mu muryango wacu. (1 Kor. 5:11) Kugerageza guhinyuza ivyiyumviro vy’abahuni canke vy’abatyoza ishirahamwe rya Yehova, ntaco vyotumarira. Nkako, gusoma amakuru yabo, yaba ayari mu bitabu canke kuri Internet, birashobora kutugirira nabi mu vy’impwemu kandi ntibibereye.—Soma Yesaya 5:20; Matayo 7:6.
14. Igihe twihatira kwerekana ubuninahazwa bw’Imana, ni kamere iyihe ikwiye kwibonekeza muri twebwe kuruta izindi, kandi kubera iki?
14 Kugaragaza urukundo ni bwo buryo buhambaye kuruta ubundi bwo kwigana Dawe wa twese wo mw’ijuru. Egome, cokimwe na we turakwiye gukunda abandi. (1 Yoh. 4:16-19) Nkako, urukundo dufitaniye rurerekana ko turi abigishwa ba Yezu tukaba n’abasavyi ba Yehova. (Yoh. 13:34, 35) Naho kuba twararazwe igicumuro bishobora rimwe na rimwe kutubera intambamyi, dutegerezwa kwihatira gukundana ibihe vyose. Gutsimbataza urukundo be n’izindi kamere zishimwa n’Imana bizotuma twirinda gucumura no gukora ibintu bitaranga ubuntu.—2 Pet. 1:5-7.
15. Urukundo rugira ico rukoze gute ku migenderanire tugiranira n’abandi?
15 Urukundo ruratuma twipfuza gukorera abandi ibintu vyiza. (Rom. 13:8-10) Nk’akarorero, urwo dukunda uwo twubakanye ruratuma uburiri bwacu bw’ababiranye buguma budahumanye. Urwo dukunda abakurambere, ruri kumwe n’icubahiro dufitiye igikorwa barangura, ruradufasha kugamburuka no kuyoboka ubuyobozi baduha. Abana bakunda abavyeyi babo barabagamburukira bakongera bakabatera iteka kandi ntibabavuga nabi. Nimba dukunda abantu nkatwe, ntitubona ko tubaruta canke ngo tubavugishe mu buryo butaranga icubahiro. (Yak. 3:9) Abakurambere na bo bakunda intama z’Imana barazifatana ikibabarwe.—Ivyak. 20:28, 29.
16. Kugaragaza urukundo bidufasha gute mu busuku turangura?
16 Kamere y’urukundo irakwiye kandi kwigaragaza mu busuku turangura. Kubera urukundo rugera kure dukunda Yehova, ntiducika intege igihe abo dusanze ku mihana bamwebamwe batabinezwe canke bavyakiriye nabi. Ahubwo tuguma twamamaza inkuru nziza. Urukundo ruratuma twitegura neza kandi tukihatira kurangura ubusuku mu buryo buri n’ico buvamwo. Nimba vy’ukuri dukunda Imana na mugenzi wacu, ntiturangura igikorwa co kwamamaza Ubwami kubera gusa tubwirizwa kubigira. Ahubwo, tubona ko ari agateka gahambaye maze tukakirangura tunezerewe.—Mat. 10:7.
TUGUME TUNINAHAZA YEHOVA
17. Kuba tuzi yuko bishobora gushika ntitwerekane ubuninahazwa bw’Imana, bitumarira iki?
17 Isi muri rusangi ntizi ko igicumuro ari ikintu gikomeye, mugabo twebwe turabizi. Ivyo bituma dutahura ko dukeneye kurwanya impengamiro yacu yo gukora igicumuro. Kuba tuzi ko turi abacumuzi bituma tumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima ku buryo rituma dukora mu buryo bubereye igihe icipfuzo co gukora igicumuro gitanguye kuza mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu. (Rom. 7:22, 23) Ego ni ko turi n’intege nke, mugabo Imana irashobora kudukomeza kugira ngo dukore ikibereye uko ibintu vyoba vyifashe kwose.—2 Kor. 12:10.
18, 19. (a) Ni ibiki bidufasha gutsinda urugamba rwo kurwanya ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha? (b) Dukwiye kwiyemeza iki?
18 Nimba twipfuza kuninahaza Yehova, dutegerezwa kandi kurwanya ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha. Ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu Imana yaduhaye biradufasha gutsinda urwo rugamba. (Ef. 6:11-13) Shetani aguma agerageza kwiba Yehova ubuninahazwa we wenyene akwiriye. Shetani arabandanya kandi gukora uko ashoboye kwose kugira ngo asambure ubucuti dufitaniye na Yehova. Mugabo, ese ukuntu aba atsinzwe bimwe bibi igihe twebwe hamwe n’abandi bagabo n’abagore be n’abana amamiliyoni b’abanyagasembwa tugumije ugutungana kwacu tukongera tukaninahaza Imana! Nimuze rero tubandanye guhaya Yehova, nka kumwe kwa vya biremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru bivuga biti: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.”—Ivyah. 4:11.
19 Ese twokwiyemeza kuguma tuninahaza Yehova, naho hoshika iki! Nta gukeka ko anezerwa n’uko abantu b’intahemuka benshi cane bariko barakora uko bashoboye kwose kugira bamwigane bongere berekane ubuninahazwa bwiwe. (Imig. 27:11) Ese twokwiyumva nk’uko Dawidi yiyumva, uwaririmvye ati: “Ndaguhaya, ewe Yehova Mana yanje, n’umutima wanje wose, kandi nzoninahaza izina ryawe gushika igihe kitagira urugero.” (Zab. 86:12) Si twe tuzobona harageze ko twerekana ubuninahazwa bwa Yehova mu buryo butagira agahaze maze tukamushemeza ibihe bidahera! Ico kintu giteye umunezero ni co abantu bagamburuka bazokora. Woba uriko urerekana ubuninahazwa bwa Yehova Imana ubu, wizigiye kuzobigira ibihe vyose?
[Amafoto ku rup. 27]
Woba uriko urerekana ubuninahazwa bw’Imana muri ubu buryo?