ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/8 rup. 8-10
  • Ibitangaro bigiye kuba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibitangaro bigiye kuba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Ubumuga Buzohera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ibitangaro vya Yezu dushobora kuvyigirako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Twigira iki ku bitangaro Yezu yakoze?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yezu akora ibitangaro
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/8 rup. 8-10

Ibitangaro bigiye kuba

HAMWE woba uri ku rutonde rwo kubagwa mu buryo bugoye, wokwiyumva gute umenye ko umuganga azokubaga atarigera abaga umuntu muri ubwo buryo? Ntiwobura guhagarika umutima. Ariko dufate ko umenye yuko uwo muganga ari we yakanongoreye kandi ko amaze kubaga abantu amajana n’amajana muri ubwo buryo bikagenda neza. Ntiworushiriza none kwizigira ko nawe ashobora kugufasha?

Imana imeze nk’uwo muganga yakanongoreye, iyi si na yo ikamera nk’uwo murwayi akeneye kubagwa mu buryo bukomeye. Yehova Imana, biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, yasezeranye ko azotuma iyi si isubira kuba Iparadizo. (2 Petero 3:13) Kugira ivyo bibe, ubukozi bw’ikibi buzobanza gukurwaho buhere. (Zaburi 37:9-11; Imigani 2:21, 22) Ibintu vyose bibi tubona hirya no hino yacu bitegerezwa kuranduranwa n’imizi imbere y’uko isi isubira kuba Iparadizo. Kugira ivyo bibe bizosaba vy’ukuri ko hakorwa igitangaro!​—Ivyahishuwe 21:4, 5.

Ivyabona vya Yehova bemera ko ayo mahinduka akomeye agiye kuba. Kubera iki? Kubera ko ibitangaro Yehova Imana amaze gukora vyerekana ko afise ububasha bwo gushitsa ivyo yasezeranye. Fata bitandatu gusa mu bitangaro bivugwa muri Bibiliya ubigereranye n’ivyo isezerana ku bijanye na kazoza.

Ese wobandanya kwiga ivyerekeye ivyo Bibiliya isezerana ku bijanye na kazoza kacu. Uko ukwizera kwawe kuzokura ni ko n’icizigiro cawe kizorushiriza gukomera, icizigiro co kubaho igihe wewe ubwawe uzokwungukira ku bitangaro Yehova akora.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9, 10]

IGITANGARO:

YEZU YARAGABURIYE ABANTU IBIHUMBI AKORESHEJE IMIKATE MIKEYI N’IFI NKEYI.​—MATAYO 14:13-21; MARIKO 8:1-9; YOHANI 6:1-14.

IVYASEZERANYWE:

“Isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo; Imana, Imana yacu, izoduhezagira.”​—ZABURI 67:6.

ICO TUZOHUNGUKIRA:

NTA WUZOSUBIRA GUSONZA.

IGITANGARO:

YEZU YARAHUMUYE IMPUMYI.​—MATAYO 9:27-31; MARIKO 8:22-26.

IVYASEZERANYWE:

“Amaso y’impumyi azohumuka.”​—YESAYA 35:5.

ICO TUZOHUNGUKIRA:

IMPUMYI ZOSE ZIZOSUBIRA KUBONA.

IGITANGARO:

YEZU YARAKIJIJE ABAMUGAYE.​—MATAYO 11:5, 6; YOHANI 5:3-9.

IVYASEZERANYWE:

“Uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri.”​—YESAYA 35:6.

ICO TUZOHUNGUKIRA:

UBUMUGA BWOSE BW’UMUBIRI BUZOKIZWA.

IGITANGARO:

YEZU YARAKIJIJE INDWARA ZITANDUKANYE.​—MARIKO 1:32-34; LUKA 4:40.

IVYASEZERANYWE:

“Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—YESAYA 33:24.

ICO TUZOHUNGUKIRA:

INDWARA ZOSE ZISINZIKAZA ZIZOKURWAHO. TUZOGIRA AMAGARA ATAGIRA AGAHAZE.

IGITANGARO:

YEZU YARAGIZE UBUBASHA KU BIDUKIKIJE.​—MATAYO 8:23-27; LUKA 8:22-25.

IVYASEZERANYWE:

“Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazocumukurira ubusa.”​—YESAYA 65:21, 23.

“Uzoba kure . . . y’ikintu cose gitera ubwoba, kuko kitazokwegera.”​—YESAYA 54:14.

ICO TUZOHUNGUKIRA:

NTA VYAGO VY’IVYADUKA BIZOSUBIRA KUBA.

IGITANGARO:

YEZU YARAZUYE ABAPFUYE.​—MATAYO 9:18-26; LUKA 7:11-17.

IVYASEZERANYWE:

‘Abari mu mva bose bazozivamwo.’​—YOHANI 5:28, 29.

“Ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye bo muri vyo.”​—IVYAHISHUWE 20:13.

ICO TUZOHUNGUKIRA:

ABACU TWABUZE BAZOZUKA.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika