ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w23 Kigarama rup. 32
  • Inkuru y’ivyabaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru y’ivyabaye
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kugaragariza impuhwe abantu bose
  • Niwigane impuhwe za Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • «Impuhwe z’Imana yacu»
    Niwiyegereze Yehova
  • Mugire “impuhwe z’ikibabarwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Woba witeguriye ya makuba akomeye?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
w23 Kigarama rup. 32

Inkuru y’ivyabaye

Kugaragariza impuhwe abantu bose

Umusi umwe, mushiki wacu wo muri Nouvelle-Zélande yararavye ividewo ivuga ngo “Mubabarane kumwe.” Iyo videwo yarerekana ko Yehova atumvira abantu impuhwe gusa, ahubwo ko anazibagaragariza. (Yes. 63:​7-9) Yaciye afata ingingo yo gushira mu ngiro ivyo yize mu kuraba umuntu yofasha. Mu nyuma kuri uwo musi nyene ariko arasuma, yarahuye n’umugore asega maze aramubaza ko yomugurira ico afungura. Nya mugore yaremeye. Agarutse amuzaniye ivyo bifungurwa, yaciye amubwira inkuru nziza akanya gato, akoresheje agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Imibabaro yoba izoteba igahera?

Uwo mugore yaciye aturikisha ararira. Yamubwiye ko yari yakuriye mu muryango w’Ivyabona mugabo ko hari haciye imyaka myinshi yarabihevye. Ariko yari aherutse gusenga Yehova amusaba ngo amufashe kumugarukako. Uwo mushiki wacu yaciye amuha Bibiliya yongera aratunganya ivy’uko boza bariga.a

Turashobora kwigana impuhwe Yehova agaragariza abantu, ushizemwo incuti zacu n’abo mw’ishengero. Turashobora kandi kugaragaza impuhwe mu kurondera uturyo two kubwira abandi inkuru nziza.

a Kugira umenye ingene wofasha abahororokewe, raba ikiganiro kivuga ngo «Nimungarukeko» mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruheshi 2020.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika